Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Ni kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova?

Ni kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova?

Nowa

Aburahamu na Sara

Musa

Yezu Kristu

Abantu benshi biyumvira ko Ivyabona vya Yehova ari izina ry’idini rishasha. Ariko rero, haraciye imyaka irenga 2.700 abasavyi ba ya Mana imwe y’ukuri badondowe ko ari “ivyabona” vyayo. (Yesaya 43:10-12) Gushika mu 1931 twitwa Abatohoji ba Bibiliya. Kubera iki none twahavuye twitwa Ivyabona vya Yehova?

Iryo zina riratuma Imana yacu imenyekana. Twisunze ivyandikano vy’iminwe vya kera, izina ry’Imana ari ryo Yehova riboneka incuro ibihumbi muri Bibiliya. Mu mpinduro nyinshi za Bibiliya iryo zina ryarasubirijwe amazina y’icubahiro nk’aya ngo Uhoraho, Umukama canke Imana. Naho biri ukwo, Imana y’ukuri yarimenyekanishije kuri Musa ikoresheje izina ryayo ry’uruharo ari ryo Yehova, imubwira iti: “Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero.” (Kuvayo 3:15; Yesaya 12:2, Bibiliya Yera) Muri ubwo buryo, yaritandukanije n’imana z’ikinyoma zose. Turiratira ukuba twitirirwa izina ryeranda ry’Imana.

Iryo zina rirerekana igikorwa twashinzwe. Kuva kera na rindi, abantu benshi cane, uhereye kuri wa mugororotsi Abeli, bamye bashinga intahe ko bizera Yehova. Mu binjana n’ibindi, Nowa, Aburahamu, Sara, Musa, Dawidi be n’abandi barabaye abo mu bagize ico ‘gipfungu kinini c’ivyabona.’ (Abaheburayo 11:4–12:1) Nka kurya nyene muri sentare umuntu ashobora kubera icabona uwundi muntu ata co yagirwa, twiyemeje kumenyekanisha ukuri ku vyerekeye Imana yacu.

Twigana Yezu. Bibiliya imwita “icabona cizigirwa kandi c’ukuri.” (Ivyahishuwe 3:14) Yezu ubwiwe yavuze ko ‘yamenyekanishije izina ry’Imana’ yongera aguma ‘ashingira intahe ukuri’ kwerekeye Imana. (Yohani 17:26; 18:37) Ku bw’ivyo, abayoboke b’ukuri ba Kristu babwirizwa gushingira intahe izina rya Yehova no kurimenyekanisha. Ivyo ni vyo Ivyabona vya Yehova bihatira gukora.

  • Kubera iki Abatohoji ba Bibiliya bahavuye bitwa Ivyabona vya Yehova?

  • Haciye igihe kingana iki Yehova afise ivyabona ng’aha kw’isi?

  • Ni nde Cabona ca Yehova ahambaye kuruta abandi?