Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 4

Kubera iki twasohoye Bibiliya y’isi nshasha?

Kubera iki twasohoye Bibiliya y’isi nshasha?

Muri Kongo (Kinshasa)

Mu Rwanda

Igihimba c’icandikano ca Symmaque co mu kinjana ca gatatu canke ca kane mu Gihe Cacu canditseko izina ry’Imana muri Zaburi 69:31

Ivyabona vya Yehova bǎramaze imyaka mirongo bakoresha impinduro za Bibiliya zitandukanye, zimwezimwe bakazicapura kandi bakazikwiragiza. Mugabo twahavuye tubona ko bikenewe ko dusohora impinduro nshasha yoshoboye kurushiriza gufasha abantu kuronka “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri,” ico kikaba ari co Imana igomba ku muntu uwo ari we wese. (1 Timoteyo 2:3, 4) Ku bw’ivyo mu 1950 twaratanguye gusohora ibice vya Bibiliya ihinduwe mu mvugo ya none, ari yo Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya iramaze guhindurwa mu buryo butagira amakosa kandi bwizigirwa mu ndimi zirenga 130.

Hari hakenewe Bibiliya yoroshe gutahura. Uko haciye igihe indimi zirahinduka, kandi mu mpinduro nyinshi za Bibiliya usanga harimwo imvugo zitamenyerewe canke zataye igihe, zitoroshe gutahura. Kandi harubuwe ivyandikano vy’iminwe vya kera bitagira amakosa bifitaniye isano rya hafi n’ibisomwa vyo mu ntango, ivyo bikaba vyatumye imvugo z’igiheburayo, z’igiharameya n’iz’ikigiriki zakoreshejwe mu kwandika Bibiliya zirushiriza gutahurwa.

Hari hakenewe impinduro itagoreka ijambo ry’Imana. Aho kugira ico bahinduye ku vyandikano vyahumetswe n’Imana, abahindura Bibiliya mu zindi ndimi bakwiye kwumira ku gisomwa co mu ntango. Ariko rero, impinduro nyinshi z’Ivyanditswe Vyeranda usanga zitarimwo izina ry’Imana, ari ryo Yehova.

Hari hakenewe Bibiliya isubiza umutamana uwo ikomokako. (2 Samweli 23:2) Muri Bibiliya y’isi nshasha, izina rya Yehova ryarasubijwe aho ryari risanzwe riboneka, ahagera ku ncuro 7.000, mu vyandikano vy’iminwe vya kera vya Bibiliya, nk’uko vyerekanwa kw’ishusho iri aho munsi. (Zaburi 83:18) Icavuye ku bushakashatsi bwitondewe bwamaze imyaka myinshi bugirwa, ni uko usanga umuntu aryoherwa no gusoma iyo Bibiliya iserura ivyiyumviro vy’Imana mu buryo bwumvikana. Waba ufise Bibiliya y’isi nshasha mu rurimi rwawe canke utayifise, tukuremesheje kwishingira urutonde rwo gusoma Ijambo rya Yehova buri musi.—Yosuwa 1:8; Zaburi 1:2, 3.

  • Ni igiki catumye tubona ko hakenewe iyindi mpinduro ya Bibiliya?

  • Umuntu wese yipfuza kumenya ukugomba kw’Imana ni igiki akwiye kwama akora buri musi?