Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 6

Twungukira gute ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu?

Twungukira gute ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu?

Muri Madagaskari

Muri Norveje

Muri Libani

Mu Butaliyano

Naho twoba tubwirizwa guca mw’ishamba rya manyenye canke igihe ikirere kitifashe neza, turitaba amakoraniro yacu ya gikirisu tudahorereza. Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bagira utwo twigoro two kwifatanya n’abo basangiye ukwemera naho bashikirwa n’ingorane mu buzima canke bakaba barushe inyuma y’ibikorwa vyabo vya misi yose?

Biratugirira akamaro. Mu kwerekeza kuri abo bose twifatanya na bo mw’ishengero, Paulo yanditse ati: “Twiyumvirane.” (Abaheburayo 10:24) Iyo mvugo isigura “kwiyumvira ikintu witonze,” ivyo bikaba bisobanura kumenyana. Ku bw’ivyo ayo majambo iyo ntumwa yanditse aturemesha kwitwararika abandi. Tugerageje kumenya iyindi miryango y’abakirisu, turamenya ko bamwebamwe mu bari muri iyo miryango bashoboye gutsinda ingorane zisa n’iziba ziriko ziradushikira maze bakatwereka na twe ukuntu twozitsinda.

Biratuma tugiranira ubugenzi bukomeye. Ku makoraniro yacu duhurira hamwe tutari nk’abazinanye gusa, ariko turi nk’abagenzi bashika. Mu bindi bihe, turamarana umwanya turiko turinezereza mu buryo bubereye. None ukwo kwifatanya kuvamwo ivyiza ibihe? Turiga guha agaciro abandi, ivyo bikaba bituma urukundo dufitaniye rukomera. Gutyo, igihe abo dusangiye ukwizera bashikiwe n’ingorane, duca twihutira kubafasha kubera ko tuba twaramaze kugiranira na bo ubucuti bukomeye. (Imigani 17:17) Igihe twifatanya n’abo turi kumwe bose mw’ishengero, tuba twerekanye ko ‘tubabarana kumwe.’—1 Abakorinto 12:25, 26.

Tukuremesheje kuronderera abagenzi mu bariko barakora ivyo Imana igomba. Abagenzi nk’abo uzobasanga mu Vyabona vya Yehova. Turagusavye ntureke ngo hagire ikintu na kimwe kikubuza kwifatanya natwe.

  • Ni kubera iki kwifatanya n’abandi ku makoraniro bitugirira akamaro?

  • Ubona uzoza kwifatanya n’ishengero ryacu ryari?