Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 7

Amakoraniro yacu atunganijwe gute?

Amakoraniro yacu atunganijwe gute?

Muri Nouvelle Zélande

Mu Buyapani

Mu Buganda

Muri Lituwaniya

Amakoraniro ya gikirisu yo mu kinjana ca mbere yaba agizwe n’indirimbo, gusenga be no gusoma Ivyanditswe no kubiganirako; muri ivyo vyose akaba ata kintu na kimwe kijanye n’ivy’imigenzo cajamwo. (1 Abakorinto 14:26) Ukwo ni ko uzosanga bigenda no ku makoraniro yacu.

Higishwa ibintu bishingiye kuri Bibiliya kandi vy’ingirakamaro. Ku mpera y’umushamvu, abagize ishengero barahurira hamwe kugira ngo bumvirize Insiguro ishingiye kuri Bibiliya imara iminuta 30, ikaba yerekana ingene Ivyanditswe bivuga ibintu bifitaniye isano n’ubuzima bwacu be n’igihe tubayemwo. Umwe wese mu baba bitavye iryo koraniro araremeshwa gukurikira muri Bibiliya yiwe. Inyuma y’iyo nsiguro haca hakurikira Inyigisho y’“Umunara w’Inderetsi” imara isaha imwe, aho abagize ishengero basabwa kugira uruhara mu kiganiro c’ibibazo n’inyishu kiba gishingiye ku nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Ico kiganiro kiradufasha kubona ingene twoshira mu ngiro ubuyobozi Bibiliya iduha mu buzima bwacu. Usanga twiga ikiganiro kimwe mu mashengero yacu arenga 110.000 ari hirya no hino kw’isi.

Aradufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha. Turahurira hamwe kandi ku rindi koraniro rigizwe n’ibice bitatu ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu rishingiye ku gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu gasohorwa buri kwezi. Igice ca mbere c’iryo koraniro ni Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Kiradufasha gutahura neza igihimba kanaka co muri Bibiliya ishengero riba ryarahawe gusoma imbere y’igihe. Haca hakurikira igice kivuga ngo Niwijukire igikorwa co mu ndimiro. Kiba kirimwo imyerekano itwereka ingene twokwigisha abandi Bibiliya. Uwuba ahagarikiye iryo koraniro aragira ivyo ashikirije kugira ngo adufashe kurushiriza kuryohora ugusoma kwacu be n’ubuhanga bwacu bwo kwigisha. (1 Timoteyo 4:13) Igice ca nyuma ni Ubuzima bw’umukirisu. Kiratwereka ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu bwa misi yose. Kirimwo kandi ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kidufasha gutahura Bibiliya mu buryo bugera kure.

Niwitaba amakoraniro yacu, nta gukeka ko uzokorwa ku mutima cane n’inyigisho nziza zishingiye kuri Bibiliya uzoharonkera.—Yesaya 54:13.

  • Ni ibiki uzokwumva ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova?

  • Ni ikoraniro irihe mu yo tugira buri ndwi ubona ko wokwitaba ubutaha?