Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 8

Ni kubera iki twambara neza igihe tugiye ku makoraniro?

Ni kubera iki twambara neza igihe tugiye ku makoraniro?

Muri Islande

Muri Megizike

Muri Guinée-Bissau

Muri Filipine

Woba wabonye ku mafoto ari muri aka gatabu ingene Ivyabona vya Yehova bambara neza igihe baba bagiye ku makoraniro y’ishengero? Ni kubera iki none twitwararika cane ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?

Kugira ngo twerekane ko twubaha Imana yacu. Ego ni ko Imana ntiyibanda ku kuntu tuboneka inyuma. (1 Samweli 16:7) Ariko rero, igihe duhuriye hamwe kugira ngo tuyisenge, tuba dufise icipfuzo kivuye ku mutima co kwerekana ko tuyubaha be n’uko twubaha abo dusangiye ukwemera. Hamwe twoba tugomba kurenguka imbere y’umutegetsi akomeye, ubwo ntitwokwambara kandi tukitunganya mu buryo bwerekana ko tumwubaha? Muri ubwo buryo nyene, ukuntu tuba twambaye kandi twitunganije igihe tugiye ku makoraniro birerekana ko twubaha wa “Mwami w’amahanga,” Yehova Imana, be n’uko twubaha aho tumusengera.—Yeremiya 10:7.

Kugira ngo twerekane ingingo ngenderwako zitugenga mu buzima. Bibiliya iremesha abakirisu kwambara “mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi.” (1 Timoteyo 2:9, 10) Kwambara “mu rupfasoni” bisigura kwirinda kwambara impuzu zotuma twikwegerako amaso y’abandi kubera ko ziba ari iz’ukwiyerekana, zivyurira abandi inambu y’umubiri canke zibonerana. N’ikindi kandi, “ukurorana kw’umuzirikanyi” kuradufasha guhitamwo impuzu zibereye, atari iz’ikivuruvundi canke zirengeje urugero. Ariko ntiwumve, izo ngingo ngenderwako ntizituma umuntu yakwa uburenganzira afise bwo kwihitiramwo ukuntu yambara. Ukuntu tuboneka birashobora ‘gushariza inyigisho y’Umukiza wacu’ bikongera ‘bikaninahaza Imana,’ ata jambo na rimwe turinze kuvuga. (Tito 2:10; 1 Petero 2:12) Ukuntu twambara igihe tugiye ku makoraniro biragira ico bikoze ku kuntu abandi babona ugusenga Yehova.

Ntureke ngo ukuntu wambara bikubuze kuza ku Ngoro y’Ubwami. Si ngombwa ngo impuzu zacu zibe ari izizimvye canke iziharawe kugira ngo zibe izibereye, izisukuye canke izisoneye.

  • Ni kubera iki ukuntu twambara tugiye gusenga Imana bihambaye?

  • Ni ingingo ngenderwako izihe zigenga ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya?