Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 10

Ugusenga kwo mu muryango ni iki?

Ugusenga kwo mu muryango ni iki?

Muri Koreya y’Epfo

Muri Brezile

Muri Ostraliya

Muri Guinée

Kuva kera na rindi, Yehova yamye asaba abagize umuryango kumara umwanya bari hamwe kugira ngo bakomeze ubucuti bafitaniye na we be n’ubwo bafitaniye hagati yabo. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bategekanya umwanya buri ndwi kugira ngo uko bagize umuryango bahurire hamwe ku bwo gusenga, ni ukuvuga baganire ku bintu vyerekeye Imana bihuye n’ivyo baba bakeneye, ivyo bakabigira mu buryo umwe wese yumva yorohewe. Naho woba wibana, urashobora kumara uwo mwanya uri kumwe n’Imana mu kwiga ibintu kanaka vyo muri Bibiliya uba wahisemwo.

Ni akaryo ko kurushiriza kwiyegereza Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Turarushiriza kumenya Yehova neza igihe twize biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditse, ibintu vy’ido n’ido ku bijanye na kamere ziwe be n’ivyo yakoze. Uburyo bworoshe mwotangurirako mu kugira ugusenga kwo mu muryango ni ukumara umwanya muriko murasomera hamwe Bibiliya n’ijwi ryumvikana, kumbure mukaza murakurikiza igisomwa ca buri ndwi co mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Umwe wese mu bagize uwo muryango arashobora guhabwa igice kanaka co gusoma, maze bose bakagira ico bavuze ku bijanye n’ikintu bigiye ku Vyanditswe.

Ni akaryo ko kurushiriza gushikirana mu muryango. Abanega n’abakenyezi, cokimwe n’abavyeyi n’abana, bose barakomeza ubucuti bafitaniye iyo biga Bibiliya bari hamwe uko bagize umuryango. Ico kiringo gikwiye kuba gihimbaye, kirangwa amahoro kandi umwe wese mu bagize umuryango akaba aciteganye umushasharo. Bivanye n’imyaka abana babo bafise, abavyeyi barashobora guhitamwo ibiganiro ngirakamaro borimbura, kumbure bakabikura mu Munara w’Inderetsi na Be maso! canke ku muhora wacu wa Internet jw.org. Murashobora kuyaga ku vyerekeye ingorane abana banyu bahura na zo kw’ishure be n’ingene bovyifatamwo neza. Mubona gute muravye ikiganiro co kuri televiziyo yacu (tv.pr418.com) maze mukakiganirako? Murashobora no kuririmbira hamwe indirimbo zizoririmbwa ku makoraniro hanyuma ukwo gusenga kwo mu muryango kurangiye mukaraba utwo mwosangirira hamwe.

Uwo mwanya udasanzwe mumara buri ndwi muriko murasenga Yehova muri hamwe uzobafasha mwese uko mugize umuryango guhimbarwa n’ukwiga Ijambo ry’Imana, kandi izohezagira cane utwigoro mugira.—Zaburi 1:1-3.

  • Ni kubera iki dutegekanya umwanya w’ugusenga kwo mu muryango?

  • Abavyeyi bashobora gute gutuma abagize umuryango bose bahimbarwa n’ukwo gusenga?