Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 12

Igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami gitunganijwe gute?

Igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami gitunganijwe gute?

Muri Espanye

Muri Biélorussie

Muri Hong Kong

Muri Peru

Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yategetse ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) None ico gikorwa co kwamamaza kw’isi yose coranguwe gute? Coranguwe mu gukurikiza akarorero Yezu yatanze igihe yari kw’isi.—Luka 8:1.

Turagerageza gusanga abantu ku mihana yabo. Yezu yaramenyereje abigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza bava ku nzu baja ku yindi. (Matayo 10:11-13; Ivyakozwe 5:42; 20:20) Umwe wese muri abo bamamazanjili bo mu kinjana ca mbere yarahabwa icibare yisangije yamamazamwo. (Matayo 10:5, 6; 2 Abakorinto 10:13) No muri kino gihe, igikorwa cacu co kwamamaza gitunganijwe neza ku buryo buri shengero rihabwa icibare ryamamazamwo. Ivyo biratuma dushitsa itegeko rya Yezu ryo “kwamamaza inkuru nziza ku bantu no gushinga intahe inogangije.”—Ivyakozwe 10:42.

Turihatira gusanga abantu aho boba bari hose. Yezu kandi yaratanze akarorero mu kubwira inkuru nziza abantu mu bibanza abantu bahuriramwo, nko ku nkengera z’ibiyaga canke ku mariba rusangi. (Mariko 4:1; Yohani 4:5-15) Na twebwe turaganira n’abantu ivyerekeye Bibiliya aho dushobora kubasanga hose, haba ku mabarabara, mu bibanza badandarizamwo, mu bibanza bisamarizamwo canke biciye kuri telefone. Vyongeye, igihe turonse akaryo keza, turabwira inkuru nziza ababanyi bacu, abo dukorana, abo twigana be n’incuti zacu. Gukoresha ubwo buryo butandukanye mu kwamamaza vyaratumye abantu amamiliyoni bo kw’isi yose bumva ya “nkuru nziza y’ubukiriro.”—Zaburi 96:2.

Ubona gute wiyumviriye abantu wobwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana be n’ico iyo nkuru nziza izobamarira muri kazoza? Ntiwigumizemwo ubu butumwa butanga icizigiro. Ntutebagane kububwira abandi!

  • “Inkuru nziza” itegerezwa kwamamazwa ni iyihe?

  • Ivyabona vya Yehova bigana gute uburyo Yezu yakoresha mu kwamamaza?