Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 14

Ni ivyigwa ibihe abatsimvyi baronswa?

Ni ivyigwa ibihe abatsimvyi baronswa?

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ishure rya Gileyadi, i Patterson i New York

Muri Panama

Gutanga inyigisho mu vya gitewokarasi biramaze igihe ari ikintu kiranga Ivyabona vya Yehova. Ivyigwa bidasanzwe biraronswa abahebera umwanya wabo wose igikorwa co kwamamaza Ubwami kugira ngo bashobore ‘kurangura ubusuku bwabo bimwe bishitse.’—2 Timoteyo 4:5.

Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi. Umutsimvyi asanzwe arangije umwaka wiwe wa mbere w’umurimo w’igihe cose, aratumirwa kwitaba ishure rimara imisi itandatu, irishobora kubera ku Ngoro y’Ubwami yo hafi. Intumbero y’iryo shure ni iyo gufasha uwo mutsimvyi kurushiriza kwiyegereza Yehova, kurushiriza kuba kirumara mu mice yose y’ubusuku no kubandanya uwo murimo adahemuka.

Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Iryo shure rimara amezi abiri rigenewe kumenyereza abatsimvyi bazi utuntu n’utundi bafise umutima ukunze wo kuja gukorera ahari inkenero. Ni nk’aho bavuga ngo “Ndi hano! Ntuma” mu kwigana wa Mwamamaji ahambaye kuruta abandi bose bigeze gukorera kw’isi, Yezu Kristu. (Yesaya 6:8; Yohani 7:29) Kwimukira kure y’iwabo bishobora gusaba ko bamenyera ubuzima buciye bugufi. Imico kama, ikirere be n’ibifungurwa, ushobora gusanga bitandukanye cane n’ivyo bari bamenyereye. Birashobora no gukenerwa ko biga ururimi rushasha. Iryo shure rirafasha abavukanyi na bashiki bacu b’abirebange hamwe n’abubakanye, bose bafise imyaka iri hagati ya 23 na 65, gutsimbataza kamere z’ivy’impwemu bazokenera mu gikorwa cabo be n’ubuhanga buzobafasha kurushiriza gukoreshwa cane na Yehova be n’ishirahamwe ryiwe.

Ishure ryʼivya Bibiliya rya Gileyadi. Mu giheburayo ijambo “Gileyadi” risobanura “Ikirundo c’intahe.” Kuva iryo shure rishinzwe mu 1943, abantu barenga 8.000 basohotse iryo shure bararungitswe ari abamisiyonari gushinga intahe “gushika ku mpera y’isi” kandi bararoraniwe cane. (Ivyakozwe 13:47) Igihe muri Peru hashika ari bwo bwa mbere abasohotse iryo shure, nta shengero na rimwe ryari muri ico gihugu. Ubu hari amashengero arenga 1.000. Igihe abamisiyonari bacu batangura gukorera mu Buyapani, mu gihugu cose hariyo Ivyabona badashika cumi. Ubu hari abarenga 200.000. Muri ivyo vyigwa vya Gileyadi bimara amezi atanu harajamwo kwiga Ijambo ry’Imana bimwe vyitondewe. Abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari bakorera mu ndimiro, abamamaji bakorera ku biro vy’amashami be n’abacungezi b’imizunguruko baratumirwa muri iryo shure kugira bamenyerezwe bimwe bidasanzwe maze bafashe mu bijanye no gutuma igikorwa kirangurirwa kw’isi yose gishinga imizi kandi gikomera.

  • Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi rifise intumbero iyihe?

  • Ishure ry’abamamaji b’Ubwami rigenewe bande?