Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 17

Abacungezi b’imizunguruko badufasha gute?

Abacungezi b’imizunguruko badufasha gute?

Muri Malawi

Umugwi wo gusohoka mu ndimiro

Mu busuku bwo mu ndimiro

Mu nama n’abakurambere

Ahatari hake mu Vyanditswe vy’ikigiriki haravugwamwo ivyerekeye Barunaba n’intumwa Paulo. Abo bagabo basukura ari abacungezi b’ingenzi, bakaba bagendera amashengero yo mu ntango. Kubera iki bayagendera? Bari barajwe ishinga cane n’ukumererwa neza kw’abo basangiye ukwizera. Paulo yavuze ko yashaka ‘gusubira kugendera abavukanyi’ kugira ngo arabe ingene bameze. Yaremeye kugira urugendo rw’ibilometero amajana kugira ngo aje kubaremesha. (Ivyakozwe 15:36) Ico cipfuzo nyene ni co abacungezi bacu b’ingenzi bo muri kino gihe bafise.

Bazanwa no kuturemesha. Buri mucungezi w’umuzunguruko aba afise amashengero nka 20 agendera, akamara indwi mw’ishengero rimwerimwe ryose, ivyo akabigira kabiri mu mwaka. Turungukira cane ku tuntu n’utundi tw’abo bavukanyi be n’utw’abakenyezi babo, igihe baba bubatse. Barihatira kumenya abakiri bato be n’abitereye mu myaka, kandi baba bashashaye kujana natwe mu busuku bwo mu ndimiro be no ku nyigisho zacu za Bibiliya. Abo bacungezi baratugendera cungere bari kumwe n’abakurambere, bakongera bagatanga insiguro ziremesha ku makoraniro no ku materaniro kugira ngo badukomeze.—Ivyakozwe 15:35.

Baratwitwararika twese. Abacungezi b’imizunguruko baritwararika cane ivy’uko amashengero amererwa neza mu vy’impwemu. Baragira inama bari kumwe n’abakurambere be n’abakozi b’ishengero kugira ngo barabire hamwe iterambere ishengero ryagize bongere babagire inama ngirakamaro y’ukuntu bokwitwararika amabanga bajejwe. Barereka abatsimvyi ivyotuma baroranirwa mu busuku, kandi barahimbarwa no kumenya abashasha be no kwumva amaterambere bagezeko. Umwe wese muri abo bavukanyi aritanga nk’‘umukozi mugenzi wacu ku bw’inyungu zacu.’ (2 Abakorinto 8:23) Ese natwe twokwigana ukwizera kwabo be n’ukwihebera Imana kwabo!—Abaheburayo 13:7.

  • Kubera iki abacungezi b’imizunguruko bagendera amashengero?

  • Dushobora gute kwungukira ku ngendo bagira?