Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 19

Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ni nde?

Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ni nde?

Twese turungukira ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu turonswa

Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaraganiriye mu mwiherero na bane mu bigishwa biwe, ari bo Petero, Yakobo, Yohani na Andereya. Magingo yariko arabamenyesha icobaye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe mu misi ya nyuma, yarabajije ikibazo gihambaye cane, ati: “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye?” (Matayo 24:3, 45; Mariko 13:3, 4) Aho Yezu yari akuye amazinda abigishwa biwe ko we “shebuja” wabo yogenye abogumye baronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu abayoboke biwe mu gihe c’iherezo. None uwo mushumba yobaye agizwe na bande?

Ni umugwi mutoyi w’abayoboke ba Yezu barobanuwe. Uwo “mushumba” ni Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Araronsa abasavyi ba Yehova bagenzi biwe ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. Turakeneye ko uwo mushumba w’umwizigirwa aguma aduha “ingero [yacu] y’ibifungurwa ku gihe kibereye.”—Luka 12:42.

Aratunganya ivyo mu rugo rw’Imana. (1 Timoteyo 3:15) Yezu yashinze uwo mushumba ibanga rikomeye ryo gutunganya igikorwa kirangurwa n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova, ni ukuvuga kubungabunga amatungo yaryo, kuyobora igikorwa co kwamamaza, be no kutwigisha biciye ku mashengero dukukira. Ku bw’ivyo, kugira ngo aturonse ivyo dukeneye ku gihe kibereye, uwo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ariko aratanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biciye ku bitabu dukoresha mu gikorwa cacu co kwamamaza, be no ku biganiro bishikirizwa ku makoraniro no ku materaniro tugira.

Uwo mushumba ni umwizigirwa ku kuri kwo muri Bibiliya no ku gikorwa yashinzwe co kwamamaza inkuru nziza, kandi ni uw’ubwenge uravye ingene yitwararika abigiranye ubukerebutsi ivyo Kristu atunze ng’aha kw’isi. (Ivyakozwe 10:42) Yehova ariko arahezagira igikorwa c’uwo mushumba mu gutuma haba iyongerekana no mu gutuma ashobora gutanga ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu.—Yesaya 60:22; 65:13.

  • Ni nde Yezu yagenye ngo agaburire abigishwa biwe mu vy’impwemu?

  • Ni mu buryo ki umushumba ari umwizigirwa akaba n’uw’ubwenge?