Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 20

Inama Nyobozi ikora gute muri iki gihe?

Inama Nyobozi ikora gute muri iki gihe?

Inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere

Bariko barasoma ikete ryavuye ku nama nyobozi

Mu kinjana ca mbere, umugwi mutoyi ugizwe n’“intumwa n’abagabo b’inararibonye [b’i] Yeruzalemu,” ni wo wari ugize inama nyobozi yafata ingingo zihambaye ku bw’ineza y’ishengero ryose ry’abakirisu barobanujwe impwemu. (Ivyakozwe 15:2) Kugira ngo abari bagize iyo nama bafate ingingo bahurijeko bose, baraganira ku Vyanditswe bakongera bakiheka ku mpwemu y’Imana. (Ivyakozwe 15:25) Ukwo ni ko nyene bigenda no muri iki gihe.

Iriko irakoreshwa na Yehova mu gukora ivyo agomba. Abavukanyi barobanujwe impwemu bagize Inama Nyobozi baritwararika cane Ijambo ry’Imana kandi barazi utuntu n’utundi mu vyerekeye gutorera umuti ibibazo bijanye n’igikorwa cacu be n’ibijanye n’ivy’impwemu. Baragira inama buri ndwi kugira ngo bihweze ivyo abavukanyi babo bo hirya no hino kw’isi bakeneye. Nk’uko vyagenda mu kinjana ca mbere, ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya buratangwa biciye ku makete, ku bacungezi b’ingenzi canke ku bandi. Ivyo biratuma abasavyi b’Imana biyumvira kumwe bakongera bagakora kumwe. (Ivyakozwe 16:4, 5) Inama Nyobozi irahagarikira ibijanye no gutegura ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu, ikaturemesha gushira imbere igikorwa co kwamamaza Ubwami, ikongera igacungera igikorwa co kugena abavukanyi mu mabanga atandukanye.

Irakurikiza ubuyobozi bw’impwemu y’Imana. Abagize Inama Nyobozi baronderera ubuyobozi kuri Segaba w’ibiriho vyose, Yehova, be no ku Mutwe w’ishengero, Yezu. (1 Abakorinto 11:3; Abanyefeso 5:23) Abagize Inama Nyobozi ntibabona ko ari bo ndongozi z’abasavyi b’Imana. Bo hamwe n’abandi bakirisu bose barobanujwe impwemu “baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama [ni ukuvuga Yezu] aho aja hose.” (Ivyahishuwe 14:4) Abagize Inama Nyobozi barakenguruka amasengesho dutura tubasabira.

  • Ni bande bari bagize inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere?

  • Ni mu buryo ki abagize Inama Nyobozi yo muri iki gihe barondera kuyoborwa n’Imana?