Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 21

Beteli ni iki?

Beteli ni iki?

Urwego rujejwe ivyo gushushanya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Mu Budagi

Muri Kenya

Muri Kolombiya

Beteli ni ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “Inzu y’Imana.” (Itanguriro 28:17, 19) Birabereye ko inyubakwa z’Ivyabona vya Yehova ziri hirya no hino kw’isi ziyoborerwamwo kandi zigatunganirizwamwo igikorwa co kwamamaza, zitirirwa iryo zina. Inama Nyobozi ikorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze igacungera igikorwa kirangurirwa ku biro vy’amashami biri mu bihugu bitari bike. Abakorera muri izo nyubakwa bose hamwe bagize umuryango wa Beteli. Nka kurya nyene kw’umuryango, barabana kandi bagakorera hamwe, bagafungurira hamwe, bakongera bakigira hamwe Bibiliya mu bumwe.—Zaburi 133:1.

Ni ho hantu honyene usanga abahaba uko bagize umuryango bitanga babikunze. Kuri Beteli iyo ari yo yose hariho abagabo n’abagore bakirisu bitanze ngo bakore ivyo Imana igomba bongere bakore ivyungura Ubwami igihe cose. (Matayo 6:33) Nta n’umwe muri bo ahembwa, ariko bose barahabwa ibifungurwa n’uburaro be n’agafashanyo kabafasha kwikenura. Uwo ari we wese kuri Beteli aba afise aho akorera, haba mu biro, mu gikoni canke mu buriro. Hari n’abakorera mw’icapuriro, mw’isuku, mw’imesuriro, mu rwego rujejwe kubungabunga ibikoresho kibure ahandi.

Ni ahantu hakorerwa ibintu vyinshi vyo gushigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami. Intumbero nyamukuru ya Beteli iyo ari yo yose ni ugutuma abantu benshi bashoboka baronka ibintu bituma bamenya ukuri kwo muri Bibiliya. Aka gatabu ni kimwe muri ivyo bintu. Bihagarikiwe n’Inama Nyobozi, karateguwe, kararungikirwa imigwi amajana y’abahinduzi iri hirya no hino kw’isi biciye ku buhinga bwa elegitoronike, karacapurwa mu buryo bunyaruka cane mu macapuriro yo mu mabeteli atari make kongera kararungikirwa amashengero arenga 110.000. Mu gukora ivyo bikorwa vyose, abagize umuryango wa Beteli baba bariko barashigikira igikorwa cihutirwa kuruta ibindi vyose, na co kikaba ari ico kwamamaza inkuru nziza.—Mariko 13:10.

  • Ni bande bakorera kuri Beteli, kandi ni ibiki baronswa?

  • Ibikorwa birangurirwa kuri Beteli bishigikira igikorwa cihutirwa ikihe?