Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 22

Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?

Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?

Mu Mazinga ya Salomo

Muri Kanada

Muri Afrika y’Epfo

Abagize umuryango wa Beteli bakorera mu nzego zitandukanye, bakitwararika igikorwa co kwamamaza kirangurirwa mu gihugu kimwe canke vyinshi. Hari abo usanga bakora igikorwa c’ubuhinduzi, ico gucapura ibinyamakuru, ico guteranya ibitabu, abakorera aho ibitabu bibikwa, hakaba abakora igikorwa co gutunganya amayagwa yo kwumviriza be n’ayo kurorera, hakaba n’abitwararika ibindi bikorwa vyo mu karere baherereyemwo.

Komite y’ishami ni yo ihagarikira igikorwa. Ibikorwa bikorerwa ku Biro vy’ishami Inama Nyobozi ibizeza Komite y’ishami, ino ikaba igizwe n’abakurambere babishoboye batatu canke barenga. Iyo komite iguma imenyesha Inama Nyobozi ukuntu igikorwa kirangurirwa mu gihugu canke mu bihugu iryo shami rihagarikiye kiriko kiragenda, ikongera ikayimenyesha ingorane izo ari zo zose igize. Ayo makuru arafasha Inama Nyobozi guhitamwo ivyiyumviro vyosohorwa mu bitabu be n’ivyoshikirizwa mu makoraniro no mu materaniro. Uko haciye igihe, Inama Nyobozi yama irungika mu mashami abayiserukira kugira bagendere ayo mashami bongere baronse abagize Amakomite y’amashami ubuyobozi bokwisunga mu mabanga bajejwe. (Imigani 11:14) Haragirwa porogarama idasanzwe aho uwo aba yaserukiye icicaro gikuru ashikiriza insiguro kugira aremeshe abavukanyi baba mu cibare iryo shami rikoreramwo.

Ishami rirashigikira amashengero rihagarikiye. Abavukanyi bagize Komite y’ishami baremeza ishingwa ry’amashengero mashasha. Abo bavukanyi kandi baritwararika igikorwa c’abatsimvyi, ic’abamisiyonari be n’ic’abacungezi b’imizunguruko bakorera mu cibare c’iryo shami. Baratunganya ibijanye n’amateraniro be n’amahwaniro, bagahagarikira iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami nshasha, bakongera bakiyemeza neza yuko amashengero arungikirwa ibisohokayandikiro akeneye. Igikorwa cose kirangurirwa ku biro vy’ishami kiratuma ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwa ku rutonde.—1 Abakorinto 14:33, 40.

  • Amakomite y’amashami afasha gute Inama Nyobozi?

  • Ni ibikorwa ibihe birangurirwa ku biro vy’ishami?