Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 24

Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?

Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?

Muri Népal

Muri Togo

Mu Bwongereza

Buri mwaka, ishirahamwe ryacu rirasohora amabibiliya n’ibindi bitabu amamiliyoni amajana rikongera rikabishikiriza abantu ata mahera ririnze kubasaba. Turubaka tukongera tukabungabunga Ingoro z’Ubwami n’ibiro vy’amashami. Turabungabunga abanyabeteli n’abamisiyonari ibihumbi, tukongera tugatanga imfashanyo zo gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Ku bw’ivyo woshobora kwibaza uti: ‘None ayo mahera yose mukoresha muyakura he?’

Ntidutoza ibigiracumi canke imperezwa. Naho dukoresha amahera menshi cane mu gushigikira igikorwa co kwamamaza, ntidusegerereza. Haraciye imyaka irenga ijana inomero igira kabiri y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi ivuze yuko twemera tudakeka ko Yehova ari we adufashe mu mugongo, be n’uko ‘tutazokwigera dusegerereza canke ngo twambambire abantu ngo badufashe,’ kandi ntiturigera tubigira.—Matayo 10:8.

Amahera dukoresha ava mu ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Abantu benshi barashima igikorwa turangura co kwigisha Bibiliya, akaba ari co gituma batanga intererano zo kugishigikira. Ivyabona ubwabo barahimbarwa no gutanga umwanya wabo, inguvu zabo, amahera yabo be n’ibindi bintu batunze kugira ngo ivyo Imana igomba bikorwe kw’isi hose. (1 Ngoma 29:9) Ku Ngoro z’Ubwami no mu bibanza tugiriramwo amateraniro n’amahwaniro hariho udusandugu tw’intererano abipfuza guterera bashiramwo intererano zabo. Intererano kandi zirashobora gutangwa biciye ku muhora wacu jw.org. Ahanini amahera turonka atangwa n’abantu bafise uburyo bubayabaye, benshi muri bo bakaba bameze nka wa mupfakazi w’umworo Yezu yavuga ko yatiburiye uduceri tubiri mu gasandugu ko mw’ishikaniro ry’urusengero. (Luka 21:1-4) Ku bw’ivyo, uwo ari we wese arashobora kwama ‘ashira ikintu ku ruhande’ kugira ngo atange “nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe.”—1 Abakorinto 16:2; 2 Abakorinto 9:7.

Turemera tudakeka ko Yehova azobandanya gutuma abipfuza ‘kumutera iteka bakoresheje ibintu vyabo vy’agaciro’ bagira umutima wo gutanga kugira ngo bashigikire igikorwa c’Ubwami ku buryo ivyo agomba biranguka.—Imigani 3:9.

  • Ni mu buryo ki ishirahamwe ryacu ritandukanye n’ayandi madini?

  • Intererano zitangwa n’abavyishakiye zikoreshwa ibiki?