Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 28

Ni ibiki biri ku muhora wacu wa Internet?

Ni ibiki biri ku muhora wacu wa Internet?

Mu Bufaransa

Muri Polonye

Mu Burusiya

Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.” (Matayo 5:16) Kugira ngo ivyo tubishikeko, turiko turakoresha neza ubuhinga bwa none, ushizemwo na Internet. Umuhora wo kuri Internet witwa jw.org ni wo muhora wacu nyamukuru uriko amakuru ajanye n’ivyo Ivyabona vya Yehova bemera be n’ibikorwa barangura. None neza na neza uwo muhora urimwo ibiki?

Inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo abantu bakunda kwibaza. Kuri uwo muhora urashobora kuhasanga inyishu z’ibibazo bimwebimwe bihambaye cane bishika abantu bakibaza. Nk’akarorero, agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera? n’akavuga ngo Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho? turaboneka kuri uwo muhora mu ndimi zirenga 600. Urashobora kandi kuhasanga Bibiliya y’isi nshasha mu ndimi zirenga 130 be n’ibitabu bitari bike bifasha kwiga Bibiliya, nk’ikivuga ngo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? be n’inomero za vuba z’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Vyinshi muri ivyo bitabu urashobora kubisomera canke kuvyumviririza kuri uwo muhora, canke na ho ukabivoma biri mu mero zikundwa cane bita MP3, PDF na EPUB. Urashobora no gucapura impapuro nkeyi z’igitabu kinaka woganirako n’umuntu akunda ivy’Ivyabona, mu rurimi rwiwe! N’ibitabu vyo mu mvugo y’ibimenyetso biraboneka mu ndimi nyinshi. Urashobora no kwabura ibikino vyo kwumviriza bishingiye kuri Bibiliya, ibikino vyo kurorera bishingiye kuri Bibiliya, be n’umuziki uryoheye ugutwi umuntu yokwumviriza yiruhukiye.

Amakuru y’ukuri yerekeye Ivyabona vya Yehova. Turashira kandi kuri Internet amakuru ya vuba be n’amasanamu ajanye n’igikorwa turangurira kw’isi yose, ibintu biba bigira ico bikoze ku Vyabona vya Yehova, be n’utwigoro tugira mu gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Urashobora kandi kuhasanga amakuru yerekeye amahwaniro twimirije kugira be n’amakuru yogufasha kuvugana n’ibiro vyacu vy’amashami.

Biciye kuri ubwo buhinga bwa Internet, turiko turatuma umuco w’ukuri waka gushika no mu mihingo ya kure rwose y’isi. Abantu bo mu migabane yose y’isi, ushizemwo n’abo mu karere ka kure k’isi, bariko barungukira kuri ubwo buhinga. Dusenga dusaba ko “ijambo rya Yehova rigu[ma] rija imbere ningoga” kw’isi yose, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.—2 Abatesalonika 3:1.

  • Umuhora wacu wo kuri Internet wa jw.org, uriko ufasha gute abantu benshi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya?

  • Ni ibiki woshima kuraba ku muhora wacu?