Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA GATANU

“Umugore w’agahebuza”

“Umugore w’agahebuza”

1, 2. (a) Ni igikorwa nyabaki Rusi yariko arakora? (b) Ni imice myiza iyihe yo muri rya Tegeko ry’Imana be no mu basavyi bayo Rusi yamenye?

RUSI yari apfukamye iruhande y’imiganda ya sayiri yari amaze kwegeranya kuri uwo musi. Mu mirima yari ikikuje Betelehemu, bwari butanguye guhwibira, kandi abakozi benshi bari bamaze gutangura gufata akayira baduga kw’irembo ry’ico gisagara gitoyi cari kw’isonga ry’umusozi wari mu micungararo. Rusi yari arushe yasanzaye kubera igikorwa kitoroshe yari yakoze uwo musi wose, narirya yari yagumye akora kuva mu gitondo. Mugabo yagumyeko, aguma akubita imiganda ya sayiri akoresheje inkoni canke ikindi gikubitisho kugira ngo intete zikoroke. Naho uwo musi utari wamworoheye, wari wamubereye mwiza kuruta uko yari gushobora kuvyitega.

2 Ibintu vyoba vyari bitanguye kugendera neza uwo mupfakazi akiri muto? Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, yari yarafashe ingingo yo kutavana na inabukwe Nawomi, amusezeranira ko azomwumirako be n’uko Imana Nawomi yasenga, ari yo Yehova, Rusi yoyigize Imana yiwe. Abo bapfakazi babiri bari baje aho i Betelehemu bavuye i Mowabu, kandi Rusi Umunyamowabukazi ntiyatevye kumenya ko Itegeko rya Yehova ryashiraho intunganyo nziza yubahiriza abakene bo muri Isirayeli, ushizemwo na ba kavamahanga. Ico gihe yarabonye ko mu basavyi ba Yehova bagengwa n’iryo Tegeko kandi bamenyerejwe na ryo, hari harimwo aberekana ko bihatira kuyobokera Imana no kugaragaza ubuntu, ivyo bikaba vyatumye uwo mukenyezi yari yarakomeretse ku mutima yumva aremye.

3, 4. (a) Ni gute Bowazi yaremesheje Rusi? (b) Ni gute akarorero ka Rusi kodufasha muri iki gihe c’ingorane mu vy’ubutunzi?

3 Umwe muri abo bantu yari umugabo akuze w’umutunzi yitwa Bowazi, akaba ari we yari nyene imirima Rusi yari yagiye gutororamwo. Uwo musi yari yabonye Rusi hanyuma aramwitwararika kivyeyi. Rusi yaragize akamwemwe mu mutima yibutse amajambo aranga ubuntu Bowazi yari yamubwiye yo kumushemagiza ku kuntu yitwararika Nawomi be n’ukuba yarahisemwo guhungira mu mababa y’Imana y’ukuri, Yehova.​-Soma Rusi 2:11-14.

4 Ariko rero, Rusi ashobora kuba yaguma yibaza ibijanye na kazoza kiwe. Ko yari umunyamahangakazi w’umukene atagira umugabo canke umwana, yokuye hehe ivyomubeshejeho na Nawomi mu myaka yokurikiye? Boba bari gutungwa n’utwo yaja gutorora? Mbe hoho ni nde yomwitwararitse amaze gusaza? Niba vyarashitse akibaza ivyo bibazo, nta gitangaje kirimwo. Muri iki gihe c’ingorane mu vy’ubutunzi, abenshi usanga bafise imyitwarariko nk’iyo. Nitwabona ukuntu ukwizera kwa Rusi kwamufashije muri ivyo bihe bitoroshe, turaza kubona ibintu bitari bike twomwiganamwo.

Umuryango uba ugizwe na bande?

5, 6. (a) Ni gute Rusi yaroraniwe ku musi wa mbere yatorora mu murima wa Bowazi? (b) Nawomi yavyakiriye gute igihe yabona Rusi?

5 Igihe Rusi yarangiza gukubita sayiri akegeranya intete zose, yasanze yatoroye hafi ingero imwe yitwa efa, ikaba yari ingero yaja mu kintu c’amalitiro nka 22. Izo ntete zishobora kuba zapima ibilo nka 14! Yaciye aziterura, kumbure akaba yari yazizingiriye mu mpuzu, hanyuma azirema umutwe, aca afata akayira aja i Betelehemu butanguye guhwibira.​—Rusi 2:17.

6 Nawomi yarahimbawe no kubona umukazana wiwe yikundira, kandi ashobora kuba yarajorewe igihe yabona Rusi aje yikoreye umuzigo munini w’intete za sayiri. Rusi yaje azanye kandi imfungurwa zari zasigaye ku zo Bowazi yari yaronkeje abakozi biwe, aca asangira utwo dufungurwa na inabukwe. Nawomi yamubajije ati: “Watoroye hehe uno musi, kandi wakoreye hehe? Uwakubonye aragahezagirwa.” (Rusi 2:19) Nawomi yaritegereza ibintu; kuba yabonye Rusi aje yikoreye uwo muzigo uremereye vyamweretse ko hari umuntu yari yabonye uwo mupfakazi akiri muto hanyuma akamufatana ubuntu.

7, 8. (a) Ubuntu Bowazi yagaragaje Nawomi yabonye ko bwavuye kuri nde, kandi kubera iki? (b) Ni gute Rusi yarushirije kugaragariza urukundo rudahemuka inabukwe?

7 Baciye batangura kuyaga, Rusi ariganira Nawomi ukuntu Bowazi yamugaragarije ubuntu. Nawomi arakorwa ku mutima hanyuma akavuga ati: “Ahezagirwe na Yehova, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo abazima n’abapfuye.” (Rusi 2:20) Ubwo buntu Bowazi yagaragaje, Nawomi abona ko bwavuye kuri Yehova, we atuma abasavyi biwe batanga batitangiriye itama akongera akabasezeranira kubaha impera kubera bagaragaza ubuntu. *-Soma Imigani 19:17.

8 Nawomi yahanuye Rusi kwemera ivyo Bowazi yamusavye yuko yoguma atorora mu mirima yiwe, akaguma hafi y’abasukukazi biwe bakiri bato kugira ngo abimbuzi ntibamugore. Rusi yaciye afata nka nkama iyo mpanuro. Yaciye kandi “aguma abana na inabukwe.” (Rusi 2:22, 23) Ayo majambo arasubira gushira ahabona kamere nyamukuru yamuranga, na yo akaba ari urukundo rudahemuka. Akarorero Rusi yatanze koshobora gutuma natwe twibaza nimba duha agaciro ubucuti dufitaniye n’abo mu muryango wacu, mu kubashigikira tudahemuka no mu kugira ivyo tubafashije igihe bikenewe. Yehova ntabura kubona urukundo rudahemuka tuba tugaragaje.

Uburorero bwa Rusi na Nawomi buratwibutsa guha agaciro umuryango dufise uko uri kwose

9. Ni igiki twigira kuri Rusi na Nawomi ku bijanye n’umuryango?

9 Rusi na Nawomi boba bari bagize umuryango vy’ukuri? Hari abibaza ko uvuze umuryango uba ushatse kuvuga urugo rurimwo umugabo, umugore, umuhungu, umukobwa, sokuru na nyokuru, n’abandi n’abandi, ata n’umwe abuzemwo. Ariko rero, uburorero bwa Rusi na Nawomi buratwibutsa yuko abasavyi ba Yehova bashobora kwaguka mu mitima bagatuma mu miryango yabo harangwa igishika, ubuntu n’urukundo naho iyo miryango yoba ari mitomito kubera hari ababuzemwo. Woba uha agaciro umuryango ufise uko uri kwose? Yezu yaribukije abayoboke biwe yuko n’umuntu adasanzwe afise umuryango, ishengero rya gikirisu rishobora kumubera umuryango.​—Mrk. 10:29, 30.

Rusi na Nawomi barafashanya bakongera bakaremeshanya

“Ni umwe mu bacunguzi bacu”

10. Ni mu buryo ubuhe Nawomi yashaka gufasha Rusi?

10 Rusi yagumye atorora mu mirima ya Bowazi kuva mw’iyimbura rya sayiri ryaba muri Ndamukiza gushika mw’iyimbura ry’ingano ryaba muri Ruheshi. Uko amayinga yagiye ararengana, nta gukeka ko Nawomi yaguma yiyumvira ico yokorera umukazana wiwe mukundwa. Bakiri i Mowabu, Nawomi yabona yuko atokwigeze aronkera Rusi uwundi mugabo. (Rusi 1:11-13) Ico gihe hoho yari atanguye guhindura ivyiyumviro. Yaregereye Rusi amubwira ati: “Mukobwa wanje, mbega sinkwiye kukuronderera ahantu h’ukuruhukira?” (Rusi 3:1) Ico gihe, vyari ibisanzwe ko abavyeyi baronderera abana babo abo bubakana, kandi Rusi yari asigaye ari umukobwa wa Nawomi koko. Yipfuza kuronderera Rusi “ahantu h’ukuruhukira,” ni ukuvuga urugo rurimwo umugabo, ivyo bikaba vyotumye yumva atekaniwe kandi akingiwe. None Nawomi yari kubigenza gute?

11, 12. (a) Igihe Nawomi yita Bowazi ‘umucunguzi,’ ni intunganyo iranga urukundo iyihe yo muri rya Tegeko ry’Imana yariko arerekezako? (b) Rusi yakiriye gute inama yagiriwe na inabukwe?

11 Igihe Rusi yavuga ivyerekeye Bowazi ari bwo bwa mbere, Nawomi yaciye avuga ati: “Uwo mugabo ni incuti yacu. Ni umwe mu bacunguzi bacu.” (Rusi 2:20) None ivyo vyasobanura iki? Itegeko Imana yahaye Isirayeli ryarimwo intunganyo iranga urukundo yo gushigikira imiryango yaba iri mu bihe bitoroshe bivuye ku bukene canke ku kubura ababo. Mu gihe umugore yaba apfakaye atararonka ikibondo, yaratuntura cane kubera yuko mu mayaruka yokurikiye izina ry’umugabo wiwe ryozimanganye kubera ata ruvyaro yasize. Ariko rero, Itegeko ry’Imana ryararekurira mwene wabo n’umuhisi gucura umupfakazi asigwa na nya muhisi kugira ngo aze avyare samuragwa yotumye izina ry’uwo muhisi ritazimangana akongera akitwararika amatungo y’uwo muryango. *​—Gus. 25:5-7.

12 Nawomi yariganiye Rusi uko yobigenza. Niwiyumvire ukuntu uwo mugore yari akiri muto yatangaye yumvise iciyumviro inabukwe amuhaye. Itegeko ryahawe Isirayeli ryari rikiri rishasha kuri Rusi, kandi imigenzo itari mike y’iryo hanga ntiyari bwayimenyere. Naho ari ukwo, yarubaha cane Nawomi ku buryo yateze ugutwi yitonze ivyo yamubwiye vyose. Rusi ashobora kuba yabonye ko ivyo Nawomi yamusavye gukora bitoroshe canke ko biteye ubuyega, mbere ko vyoshobora gutuma amaramara. Yamara, Rusi yaremeye kubikora. Yavuganye ubwitonzi ati: “Ivyo umbwiye vyose ndabikora.”​—Rusi 3:5.

13. Ni igiki twigira kuri Rusi ku bijanye no kwemera inama tugirwa n’abadukurira? (Raba kandi Yobu 12:12.)

13 Rimwe na rimwe usanga abakiri bato bibagora kwumvira impanuro z’ababarusha imyaka canke abazi utuntu n’utundi kubarusha. Biroroshe ko umuntu yiyumvira ko abakuze badatahura vy’ukuri ibibazo n’ingorane vy’abakiri bato. Ukwicisha bugufi kwa Rusi kuratwibutsa yuko gutega ugutwi ubukerebutsi bw’abadukurira, badukunda kandi batwipfuriza ineza, bishobora kuvamwo ivyiza vyinshi. (Soma Zaburi 71:17, 18.) None Nawomi yahanuye iki Rusi? Kuba Rusi yarumviye iyo mpanuro vyoba vy’ukuri vyaravuyemwo ivyiza?

Rusi ku mbuga y’ikubitiro

14. Imbuga y’ikubitiro yari iki, kandi yakoreshwa gute?

14 Kuri uwo mugoroba nyene, Rusi yaciye agenda ahari imbuga y’ikubitiro, hakaba hari ahantu hashashe kandi hitsindagiye, aho abarimyi batari bake baja gukubitira intete zabo bakongera bakazigosora. Ico kibanza akenshi caba kiri ku mucamo canke kw’isonga ry’umurambi, aho wasanga haca imiyaga ikomeye umuhingamo ugeze kure canke butanguye kugoroba. Kugira ngo abakozi batandukanye intete n’ibikumbi, bakoresha ibikoresho bininibinini bimeze nk’ikanya canke nk’igipawa bakaza baraterera mu muyaga ivyo bakubise, na wo ugaca ugurura ibikumbi, intete na zo zigaca zikorokera kuri nya mbuga.

15, 16. (a) Dondora ivyabaye ku mbuga y’ikubitiro igihe Bowazi yari arangije ibikorwa vyo ku mugoroba. (b) Bowazi yamenye gute ko Rusi yari aryamye ku birenge vyiwe?

15 Uko igikorwa cagenda kiragabanuka kuri uwo mugoroba, Rusi yaguma avyitegereza ku rwenge. Bowazi yariko aragenzura igikorwa co kugosora intete ziwe, na zo zikaba zari zimaze kuba ikigunguzi kinini. Bowazi amaze kurya agahimba, yaciye aja kuryama ku mpera ya nya kigunguzi. Biboneka ko ico ari ikintu cakunda gukorwa, kumbure kugira ngo abasuma n’abambuzi ntibibe uwo mwimbu w’agaciro. Igihe Bowazi yaryama, Rusi yarabibona. Hari hageze rero ko ashira mu ngiro wa mugambi wa Nawomi.

16 Rusi yaciye asoboka aramwegera, umutima udidagizwa. Yarabona ko uwo mugabo ari muri rinini. Nk’uko Nawomi yari yamubwiye, yaciye aja ku birenge vya Bowazi arabipfukura, maze aryama iruhande yavyo, ararindira. Amasaha n’ayandi yaraheze. Kuri Rusi, wamengo amasaha ntava aho ari. Vyakabaye kera, nka sasita z’ijoro Bowazi yaciye atangura kwinyagaza. Ariko arajugumira kubera imbeho, yarigoroye amera nk’uwuvyuka, kumbure kugira ngo asubire kwipfuka ku birenge. Mugabo yaciye yumva ko hari umuntu ku birenge vyiwe. Iyo nkuru yigana iti: “Asanga hari umugore aryamye ku birenge vyiwe!”​—Rusi 3:8.

17. Abashaka kwerekana ko ivyo bintu Rusi yakoze bitari bibereye baba biyobagije ibintu bibiri vyumvikana ibihe?

17 Yaciye amubaza ati: “Uri nde?” Rusi yaciye yishura kumbure n’ijwi rijugumira, ati: “Ndi Rusi umushumbakazi wawe; nusanze impuzu yawe ku mushumbakazi wawe, kuko uri umucunguzi.” (Rusi 3:9) Abasobanuzi b’ivya Bibiliya bamwebamwe bo muri iki gihe basa n’abashaka kwerekana ko ivyo bintu Rusi yavuze be n’ivyo yakoze birimwo akantu ko kuryosharyosha Bowazi ngo baryamane; mugabo baba birengagije ibintu bibiri vyumvikana. Ica mbere, ivyo Rusi yakoze vyari bihuye n’imigenzo y’ico gihe, myinshi muri yo ikaba itakiriho muri kino gihe. Kwoba rero ari ukwihenda hamwe umuntu yogerageza gusigura ivyo Rusi yakoze afatiye ku mico yataye ubuntu yo muri iki gihe. Ica kabiri, Bowazi yishuye mu buryo bwerekana neza ko yabona yuko iyo nyifato ya Rusi itarimwo ubushirasoni kandi ko yari ibereye gushimagizwa cane.

Rusi yegereye Bowazi atabigiranye ubwikunzi canke imvo mbi

18. Ni amajambo ayahe Bowazi yavuze kugira ngo asubirize umutima mu nda Rusi, kandi ni ibiringo bibiri ibihe Bowazi yavuze Rusi yagaragajemwo urukundo rudahemuka?

18 Bowazi yaciye amwishura, kandi nta gukeka yuko ijwi ritoyi kandi rihumuriza yakoresheje ryatumye Rusi asubiza umutima mu nda. Yamubwiye ati: “Uragahezagirwa na Yehova, mukobwa wanje. Werekanye neza ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ubu kuruta ubwa mbere, mu kudakurikira imisore, yaba iyiciye bugufi canke iyitunze.” (Rusi 3:10) Mu kuvuga ngo “ubwa mbere,” Bowazi yashaka kuvuga urukundo rudahemuka Rusi yagaragarije Nawomi mu kujana na we igihe yasubira muri Isirayeli akongera akamwitwararika. Mu kuvuga ngo “ubu” na ho yashaka kuvuga urukundo rudahemuka Rusi yari agaragaje ico gihe ku bijanye na Bowazi. Bowazi yarabona ko vyari vyoroshe ko umugore akiri muto nka Rusi aronderera umugabo mu misore, yaba iyitunze canke iyikenye. Mugabo Rusi ntiyashaka gukorera iciza Nawomi gusa ariko yashaka no kugikorera umugabo wa Nawomi yari yarapfuye, kugira ngo izina ry’uwo muhisi ntirizimangane mu gihugu ciwe c’amavukiro. Ntibigoye kubona igituma Bowazi yakozwe ku mutima n’agatima kazira ubwikunzi uwo mugore akiri muto yari afise.

19, 20. (a) Kubera iki Bowazi atashotse acura Rusi? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Bowazi yagaragajemwo ubuntu n’ubwitwararitsi ku bijanye na Rusi be n’uko batomwambika ibara?

19 Bowazi yongeyeko ati: “Ubu rero ga mukobwa wanje, ntutinye. Ivyo uvuga vyose ndabigukorera, kuko bose mu gisagara c’abantu banje bazi yuko uri umugore w’agahebuza.” (Rusi 3:11) Iciyumviro co gucura Rusi caramuhimbaye; kandi ashobora kuba atatangaye cane yumvise Rusi amusavye ngo amubere umucunguzi. Ariko rero, kubera ko Bowazi yari umuntu w’umugororotsi, ntiyari guca akora gusa ivyo ubwiwe yipfuza. Yarabwiye Rusi ko hariho iyindi ncuti ya hafi cane y’umuryango w’umugabo wa Nawomi yari yarapfuye yashobora kumubera umucunguzi. Bowazi yobanje kuyaga na we kugira ahe uwo mugabo akaryo ko gucura Rusi.

Kubera ko Rusi yafatana abandi ubuntu n’icubahiro, yaravuzwe neza bihebuje

20 Bowazi yaciye abwira Rusi ngo asubire kuryama maze aruhuke gushika buri mu guca, hanyuma yitahire ata wumubonye. Yashaka ko we na Rusi hatogira ababambika ibara, narirya abantu bari gushobora kwiyumvira ko hari ikintu gihumanye bakoze kandi atari vyo. Rusi yaciye asubira kuryama hafi y’ibirenge vya Bowazi, kumbure umutima uri mu nda kubera ko uwo mugabo yari ahejeje kwemera n’umutima mwiza ico kintu yari amusavye. Hakiri mu bucagucagu, Rusi yaciye avyuka. Bowazi yarujuje igikwemu ca Rusi ingabirano igizwe n’intete za sayiri nyinshi, nya mugore aca afata akayira asubira i Betelehemu.​-Soma Rusi 3:13-15.

21. Ni igiki catumye Rusi amenyekana ko yari “umugore w’agahebuza,” kandi twomwigana gute?

21 Ese ukuntu Rusi yumva akamwemwe yibutse ivyo Bowazi yari yamubwiye yuko abantu bose bari bazi ko yari “umugore w’agahebuza”! Nta nkeka yuko ishaka uwo mukenyezi yari afise ryo kumenya Yehova no kumukorera riri mu bintu nyamukuru vyatumye avugwa neza gutyo. Vyongeye, yari yaragaragarije ubuntu bwinshi Nawomi n’abo mu gihugu ciwe yongera arabitaho cane mu kwemera kubaho yisunga imico n’imigenzo atari amenyereye namba. Nitwigana ukwizera kwa Rusi, bizotuma turondera kwubaha abandi no kwubahiriza imico n’imigenzo yabo. Tubigize, vyoshobora gutuma na twebwe tuvugwa neza bihebuje.

Rusi aronka ahantu ho kuruhukira

22, 23. (a) Ingabirano Bowazi yahaye Rusi ishobora kuba yari ifise insobanuro iyihe? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Nawomi yahanuye Rusi gukora iki?

22 “Uri nde ga mukobwa wanje?” Ukwo ni kwo Nawomi yabajije Rusi ashitse i muhira. Nawomi ashobora kuba yamubajije ico kibazo kubera butari bwace neza, ariko kandi Nawomi yashaka kumenya ko Rusi yoba yari akiri wa mupfakazi yirebanga canke ko yari yaronse icizigiro co gusubira kwubaka urwiwe. Rusi yaciye ubwo nyene agira ku muriri inabukwe uko ibintu vyose vyari vyagenze hagati yiwe na Bowazi. Yaciye amushikiriza n’ingabirano y’intete za sayiri nyinshi Bowazi yari yamurungikanye ngo azimuhe. *​—Rusi 3:16, 17.

23 Nawomi yarahaye Rusi impanuro iranga ubukerebutsi y’uko yokwicara i muhira kuri uwo musi aho kuja gutorora mu mirima. Yaramusubirije umutima mu nda ati: “Uwo mugabo [nta]ruhuka ico kibazo atakirangije uno musi.”​-Rusi 3:18.

24, 25. (a) Bowazi yerekanye gute ko yari intore akaba n’umuntu azira ubwikunzi? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Rusi yahezagiwe?

24 Nawomi ntiyihenze ku bijanye na Bowazi. Uwo mugabo yaciye aja kw’irembo ry’igisagara, aho abagabo b’inararibonye bakunda guhurira, ararindira gushika ya ncuti ya hafi cane irenganye. Bowazi yaciye abaza nya mugabo bari imbere y’ivyabona nimba yoshima kuba umucunguzi agacura Rusi. Ariko nya mugabo yariyankiye, avuga yuko kubigenza gutyo vyokwononye intoranwa yiwe. Imbere y’ivyo vyabona vyari kw’irembo ry’igisagara, Bowazi yaciye avuga yuko yobaye umucunguzi, akagura itongo rya Elimeleki umugabo wa Nawomi yari yarapfuye, akongera agacura Rusi, umupfakazi yasigwa na Mahiloni umuhungu wa Elimeleki. Bowazi yaciye avuga ko yizigiye yuko ivyo vyotumye “izina ry’umuhisi rigaruka ku ntoranwa yiwe.” (Rusi 4:1-10) Vy’ukuri, Bowazi yari intore akaba n’umuntu azira ubwikunzi.

25 Bowazi yaciye acura Rusi. Inyuma y’aho, inkuru yigana ivyiwe ivuga iti: “Yehova amuha gusama inda hanyuma avyara umuhungu.” Abagore b’i Betelehemu barahezagiye Nawomi bongera barashimagiza Rusi bavuga ko arutira Nawomi abahungu indwi. Iyo nkuru ivuga ko uwo muhungu wa Rusi yahavuye aba sekuruza wa wa Mwami Dawidi ahambaye. (Rusi 4:11-22) Dawidi na we yahavuye aba sekuruza wa Yezu Kristu.​—Mat. 1:1. *

Yehova yarahezagiye Rusi amutera agateka ko kuba inakuruza wa Mesiya

26. Uburorero bwa Rusi na Nawomi butwibutsa iki?

26 Rusi yarahezagiwe koko, cokimwe na Nawomi, uwagize ico aterereye mu kurera uwo mwana nk’aho ari uwiwe. Ubuzima bw’abo bakenyezi babiri buratwibutsa bimwe bikomeye yuko Yehova Imana abona abakora cane bicishije bugufi kugira baronse imiryango yabo ivyo ikeneye bongere bamukorere badahemuka bifatanije n’abasavyi biwe yatoranije. Ntiyigera areka guha impera abasavyi biwe b’abizigirwa nka Bowazi, Nawomi na Rusi.

^ ing. 7 Nk’uko Nawomi yabivuze, ubuntu bwa Yehova ntibugarukira ku bazima gusa; n’abapfuye barabwungukirako. Nawomi yari yarabuze umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri. Rusi na we yari yarabuze umugabo wiwe. Nta gukeka yuko abo bantu batatu bari barapfuye bari n’agaciro gakomeye kuri abo bakenyezi. Kugaragariza ubuntu Nawomi na Rusi ni nk’aho kwari ukugaragariza ubuntu abo bahisi kuko na bo nyene bari gushima ko abo bakenyezi bitwararikwa.

^ ing. 11 Biboneka yuko abavukana n’umuhisi ari bo babanza guhabwa uburenganzira bwo gucura umupfakazi asigwa na mwene wabo, hagakurikira incuti za hafi, nk’uko vyari biri no ku burenganzira bwo gutorana.​—Guh. 27:5-11.

^ ing. 22 Bowazi yahaye Rusi ingero zitandatu zitazwi neza uburemere, kumbure akaba yashaka kwerekana yuko nk’uko imisi itandatu y’ibikorwa yakurikirwa n’akaruhuko k’Isabato, ari na ko imisi Rusi yari amaze acumukuzwa n’ubupfakazi itotevye kurangira akagira ‘akaruhuko’ kava ku kuronka umugabo n’urugo rutekanye. Ku rundi ruhande, izo ngero zitandatu zishobora kuba zangana n’ibiyozo bitandatu, zikaba kumbure ari zo Rusi yari ashoboye gutwara.

^ ing. 25 Rusi ni umwe mu bakenyezi batanu Bibiliya ivuga ko babaye ba inakuruza ba Yezu. Uwundi ni Rahabu, nyina wa Bowazi. (Mat. 1:3, 5, 6, 16) Cokimwe na Rusi, Rahabu ntiyari Umwisirayelikazi.