Ja ku birimwo

Imibabaro yoba izoteba igahera?

Imibabaro yoba izoteba igahera?

Woba wokwishura ngo . . .

  • egome?

  • oya?

  • kumbure?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Urahera amazinda ko Imana atari yo iduteza ingorane.Yakobo 1:13.

Urahumurizwa no kumenya ko Imana itwumvira impuhwe igihe dushikiwe n’imibabaro.Zekariya 2:8.

Urizigira ko imibabaro yose igiye guhera.Zaburi 37:9-11.

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Imana iranka imibabaro n’akarenganyo. Rimbura ukuntu Yehova Imana yumvise amerewe igihe abasavyi biwe bo mu bihe vya kera bafatwa bunyamaswa. Bibiliya ivuga ko yatuntura kubera “ababaturubika.”Abacamanza 2:18, NW.

    Imana iranka urunuka abantu bagirira nabi abandi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko “amaboko asesa amaraso y’intungane” ayishisha.Imigani 6:16, 17.

  • Imana iratubabara umwe wese ku giti ciwe. Umuntu si we wenyene azi “icago ciwe n’ububabare bwiwe” mugabo na Yehova arabizi.2 Ngoma 6:29, 30.

    Yehova abicishije ku Bwami bwiwe, agiye gukuraho imibabaro ishikira umuntu umwumwe wese. (Matayo 6:9, 10) Mu kurindira, arahoza abigiranye ikibabarwe abamurondera ata buryarya.Ivyakozwe 17:27; 2 Abakorinto 1:3, 4.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?

Bibiliya irishura ico kibazo mu BAROMA 5:12 no muri 2 PETERO 3:9.