Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 5

Samweli yagumye akora ibintu vyiza

Samweli yagumye akora ibintu vyiza

Kuva Samweli akiri muto cane, yaba kw’itaberenakulo kandi akahakorera, aho hakaba ari ahantu abantu baja gusengera Yehova. Urazi ingene vyagenze ngo Samweli aje kuba kw’itaberenakulo? Reka tubanze turabe ivyerekeye nyina wa Samweli, Hana.

Hana yaramaze igihe ataravyara umwana naho yamwipfuza cane. Rero yarasenze Yehova amusaba ngo amufashe. Yaramwemereye ko hamwe yoronka umwana w’umuhungu, yociye amurungika kuba kw’itaberenakulo no kuhakorera. Yehova yarishuye isengesho ryiwe, kandi yararonse umuhungu. Yamwise Samweli. Kandi nk’uko nyene Hana yari yaravyemeye, igihe Samweli yashikana imyaka itatu canke ine, yaramujanye kw’itaberenakulo kugira ngo akorere Imana ari ng’aho.

Eli yari umuherezi mukuru kw’itaberenakulo. Rero, Eli ni we wenyene yaserukira abantu imbere y’Imana. Abahungu biwe babiri na bo nyene ni ho bakorera. Niwibuke ko itaberenakulo yari inzu y’Imana yo gusengeramwo, kandi vyari vyitezwe ko abantu bahakorera ibintu vyiza. Ariko abahungu ba Eli bariko barakora ibintu bibi cane. Samweli yarabona ivyo bakora. Wibaza ko Samweli yoba yarakoze ibintu bibi nk’abahungu ba Eli?— Yagumye akora ibintu vyiza, nk’uko nyene abavyeyi biwe bari baramwigishije.

Wibaza ko Eli yari akwiye gukora iki ku bijanye n’abo bahungu biwe babiri?— Yari akwiye kubahana. Ntiyari akwiye kubareka ngo bagume bakorera ku nzu y’Imana. Ariko Eli ivyo nta vyo yagize, rero Yehova yarashavuriye Eli be n’abahungu biwe babiri. Yehova yaciye afata ingingo yo kubahana.

Samweli yarabwiye Eli ubutumwa buvuye kuri Yehova

Umusi umwe mw’ijoro Samweli aryamye, yarumvise umuntu amuhamagara ati: ‘Samweli!’ Yaciye agenda ariruka kwa Eli, ariko Eli amubwira ati: ‘Sinaguhamagaye.’ Ivyo vyarabaye izindi ncuro zibiri. Ku ncuro igira gatatu, Eli yabwiye Samweli ko yongeye kwumva iryo jwi, akwiye guca avuga ati: ‘Nuvuge, Yehova; ndiko ndumviriza.’ Ivyo ni vyo Samweli yagize. Yehova yaciye abwira Samweli ati: ‘Nubwire Eli ko nzohana umuryango wiwe kubera ibintu bibi bakoze.’ Wibaza ko vyoroheye Samweli kubwira Eli ubwo butumwa?— Ntivyamworoheye. Ariko naho Samweli yari afise ubwoba, yarakoze ivyo Yehova yamubwiye gukora. Ivyo Yehova yavuze vyarabaye. Ba bahungu babiri ba Eli barishwe, kandi na Eli yarapfuye.

Samweli ni akarorero keza twokwigana. Yarakoze ibintu vyiza naho yabona abandi bantu bariko barakora ibibi. Weho bite? Uzomera nka Samweli ugume ukora ibintu vyiza? Niwabigenza gutyo, uzonezereza Yehova n’abavyeyi bawe.

SOMA MURI BIBILIYA YAWE