Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 8

Yosiya yari afise abagenzi beza

Yosiya yari afise abagenzi beza

Wibaza ko gukora ivyiza bigoye?— Abantu benshi biyumvira ko bigoye. Bibiliya itubwira ko vyari bigoye cane ko umuhungu yitwa Yosiya akora ivyiza. Ariko yari afise abagenzi beza bamufashije. Reka turabe ivyerekeye Yosiya be n’abagenzi biwe.

Se wa Yosiya yari Amoni, umwami wa Yuda. Amoni yari mubi cane kandi yasenga ibigirwamana. Igihe se wa Yosiya yapfa, Yosiya yaciye aba umwami wa Yuda. Ariko yari afise imyaka umunani gusa! Wibaza ko yari mubi nka se wiwe?— Ntiyari mubi!

Zefaniya yarabwira abantu ngo ntibasenge ibigirwamana

Mbere n’igihe Yosiya yari akiri mutoyi cane, yarashaka kugamburukira Yehova. Rero yaciye ahitamwo kugiranira ubugenzi gusa n’abantu bakunda Yehova. Kandi barafashije Yosiya gukora ibintu vyiza. Bamwe mu bagenzi ba Yosiya bari bande?

Umwe mu bagenzi biwe yari Zefaniya. Zefaniya yari umuntu Yehova yari yarungitse ngo abwire abantu b’i Buyuda ko hari ibintu bibi vyobashikiye baramutse basenze ibigirwamana. Yosiya yarumviye Zefaniya maze arasenga Yehova, ntiyasenga ibigirwamana.

Uwundi mugenzi wa Yosiya yari Yeremiya. Yasa n’uwunganya imyaka na Yosiya kandi barakuranye. Bari abagenzi cane ku buryo igihe Yosiya yapfa, Yeremiya yanditse ururirimbo rudasanzwe avuga ukuntu yakumbura Yosiya. Yeremiya na Yosiya barafashanya gukora ivyiza no kugamburukira Yehova.

Yosiya na Yeremiya barafashanya gukora ivyiza

Wokwigira iki ku karorero ka Yosiya?— N’igihe Yosiya yari akiri agahungu gatoyi, yarashaka gukora ivyiza. Yari azi ko abwirizwa kugiranira ubugenzi n’abantu bakunda Yehova. Nurabe neza ko uhitamwo abagenzi bakunda Yehova kandi bashobora kugufasha gukora ivyiza!

SOMA MURI BIBILIYA YAWE