Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 9

Yeremiya ntiyaretse kuvuga ivyerekeye Yehova

Yeremiya ntiyaretse kuvuga ivyerekeye Yehova

Kubera iki abo bantu bashavuriye Yeremiya?

Yehova yararokoye Yeremiya

Rimwe na rimwe abantu baradutwenga canke bakadushavurira igihe tubabwiye ivyerekeye Yehova. Ivyo vyoshobora gutuma twumva umengo tworeka kuvuga ivyerekeye Imana. Vyoba bimaze gushika ukiyumva gutyo?— Bibiliya iratubwira umusore yakunda Yehova ariko yahatswe kureka kuvuga ibimwerekeye. Yitwa Yeremiya. Reka turabe ibimwerekeye.

Igihe Yeremiya yari akiri umusore, Yehova yamutegetse ngo abwire abantu bareke gukora ibibi. Ico kintu nticari coroshe kuri Yeremiya kandi yari afise ubwoba. Yabwiye Yehova ati: ‘Sinzi ivyo novuga. Ndacari agahungu gatoyi.’ Ariko Yehova yamubwiye ati: ‘Ntugire ubwoba. Nzogufasha.’

Rero Yeremiya yaciye atangura kubwira abantu ko badahevye gukora ibintu bibi bazohanwa. Wibaza ko abantu bakoze ivyo Yeremiya yababwiye?— Bamwe baramutwenze abandi baramushavurira cane. Hari mbere n’abashatse kumwica! Wibaza ko Yeremiya yumvise amerewe gute?— Yaragize ubwoba aca avuga ati: ‘Sinzosubira kuvuga ivyerekeye Yehova.’ Ariko none yoba vy’ukuri yarahevye kuvuga?— Ntiyahevye. Yarakunda Yehova cane ku buryo atari gushobora kureka kuvuga ibimwerekeye. Kandi kubera ko Yeremiya ataretse kuvuga, Yehova yaramurokoye.

Nk’akarorero, hari abantu babi bigeze guta Yeremiya mu kinogo kirekire cuzuyemwo ivyondo. Nta bifungurwa yari afise canke amazi. Abo bantu bashaka ko Yeremiya apfira ng’aho. Ariko abifashijwemwo na Yehova, yararokotse!

Akarorero ka Yeremiya kakwigisha iki?— Naho rimwe na rimwe yagize ubwoba, ntiyaretse kuvuga ivyerekeye Yehova. Igihe uvuga ivyerekeye Yehova, abantu boshobora kugutwenga canke bakagushavurira. Woshobora kwumva umaramaye canke mbere ukagira ubwoba. Ariko ntukigere ureka kuvuga ivyerekeye Yehova. Azokwama agufasha, nk’uko yafashije Yeremiya.