Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 14

Ubwami buzotegeka isi yose

Ubwami buzotegeka isi yose

Wibaza ko ubwo Bwami ari ubuhe?— Ni Ubwami bw’Imana, Ubwami buzotuma isi iba Iparadizo. Urashaka kumenya ivyerekeye ubwo Bwami?—

Ubwami bwose usanga bufise umwami. Kandi umwami aganza abantu bo mu gihugu ciwe. Wibaza ko Umwami w’Ubwami bw’Imana ari nde?— Ni Yezu Kristu. Aba mw’ijuru. Vuba agiye kuba Umwami w’abantu bose bo ng’aha kw’isi! Wibaza ko tuzoryoherwa igihe Yezu azoba ari Umwami w’isi yose?—

Ni igiki wipfuza cane kuzobona mw’Iparadizo?

Tuzoryoherwa cane! Mw’Iparadizo, abantu ntibazosubira kurwana canke kuja mu ntambara. Abantu bose bazoba bakundana. Nta n’umwe azorwara canke ngo apfe. Impumyi zizohumuka, ibipfamatwi bizokwumva, kandi abadashobora gutambuka bazoshobora kwiruka no gusimba. Abantu bose bazoba bafise ibifungurwa vyinshi. Vyongeye ibikoko bizokina hagati yavyo kandi na twebwe tuzokina na vyo. Abantu bapfuye bazosubira kubaho. Benshi mu bagabo n’abagore wize muri kano gatabu nka Rebeka, Rahabu, Dawidi be na Eliya na bo nyene bazosubira kubaho! Woshima kuzobonana na bo nibasubira kubaho?—

Yehova aragukunda kandi ashaka ko unezerwa. Niwabandanya kwiga ivyerekeye Yehova no kumugamburukira, uzoshobora kuba mw’Iparadizo nziza cane! Ivyo vyoba ari vyo ushaka?—