Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

“Ubwami bwawe nibuze”

“Ubwami bwawe nibuze”

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Gica irya n’ino ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’Ubwami bw’Imana

1, 2. Ni amajambo ayahe Yehova ubwiwe yavuze zitatu mu ntumwa za Yezu zumva, kandi zavyakiriye gute?

 HAMWE Yehova Imana yogusaba gukora ikintu, wovyakira gute? Ico yogusaba cose ntiwogikora none ubishashaye? Nta nkeka ko wogikora ubishashaye!

2 Inyuma ya Pasika yo mu 32, zitatu mu ntumwa za Yezu, ari zo Petero, Yakobo na Yohani, zarashikiwe n’ikintu nk’ico. (Soma Matayo 17:1-5.) Zari kumwe na Shebuja wazo ku “musozi muremure,” maze zirerekwa imbere y’igihe Yezu ari Umwami aninahaye mw’ijuru. Ivyo zeretswe wamengo biriko biraba koko ku buryo Petero yaciye arondera kugira ico akoze. Petero akiriko aravuga, haraje igicu kirabatwikira. We na bagenziwe baciye bumva mu buryo butomoye ikintu abantu bari ku rushi gusa batewe agateka ko kwumva: ijwi rya Yehova ubwiwe. Yehova amaze kwemeza ko Yezu ari Umwana wiwe, yaciye avuga atomora ati: “Nimumwumvirize.” Intumwa zarakoze ico kintu zasabwe n’Imana. Zarumvirije ivyo Yezu yigishije, zirahimiriza n’abandi kuvyumviriza.​— Ivyak. 3:19-23; 4:18-20.

Yezu yaravuze cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana kuruta uko yavuze ikindi kintu ico ari co cose

3. Kubera iki Yehova ashaka ko twumviriza Umwana wiwe? Ni igiki rero dukwiye gusuzuma?

3 Iryo jambo ngo “Nimumwumvirize” ryaranditswe muri Bibiliya kugira turyungukireko. (Rom. 15:4) Kubera iki? Kubera ko Yezu ari umuvugizi wa Yehova no kubera ko igihe cose yaba ateranuye akanwa ngo yigishe yabwira abantu ivyo Se wiwe yashaka ko tumenya. (Yoh. 1:1, 14) Yezu yaravuze cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana, ari yo ntwaro yo mw’ijuru irongowe na Mesiya Kristu Yezu na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza, kuruta uko yavuze ikindi kintu cose. Ku bw’ivyo, turakwiye gusuzuma twitonze ico kintu gihambaye cane. (Ivyah. 5:9, 10; 14:1-3; 20:6) Ariko reka tubanze twihweze igituma Yezu yavuze cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana.

“Ibibogaboga mu mutima . . . ”

4. Yezu yerekanye gute ko yitwararika cane Ubwami bw’Imana?

4 Yezu aritwararika cane Ubwami bw’Imana. Kubera iki tuvuze gutyo? Kubera ko amajambo tuvuga aserura ibiri mu mutima wacu, ni ukuvuga ko ahishura ivyo tubona ko bihambaye koko. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.” (Mat. 12:34) Igihe cose akaryo kaba kabonetse, yaravuga ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami buvugwa incuro zirenga 100 muri za Njili zine, canecane mu vyo Yezu yavuze. Ubwami bw’Imana ni bwo yashimikako mu kwamamaza. Yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) N’inyuma y’aho amariye kuzuka, yarabandanije kubwira abigishwa biwe ibijanye n’Ubwami bw’Imana. (Ivyak. 1:3) Vy’ukuri, Yezu yaraha agaciro cane Ubwami bw’Imana bigatuma avuga ibijanye na bwo.

5-7. (a) Ni igiki kitwereka ko Yehova yitwararika cane Ubwami bwiwe? Tanga akarorero. (b) Twokwerekana gute ko twitwararika cane Ubwami bw’Imana?

5 Na Yehova aritwararika cane ubwo Bwami. Ivyo tubimenyeshwa n’iki? Ibuka ko Yehova ari we yarungitse Umwana wiwe w’ikinege mw’isi. Ibintu vyose rero Umwana wiwe yavuze canke yigishije vyakomoka kuri Yehova. (Yoh. 7:16; 12:49, 50) Yehova ni we kandi ibintu vyose vyerekeye ubuzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe vyiganwa muri za Njili zine bikomokako. Zirikana gatoyi ico ivyo bisobanura.

Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nitwararika cane Ubwami bw’Imana?’

6 Dufate ko uriko urashira amafoto y’umuryango mu gitabu kijamwo amafoto. Ufise amafoto menshi mugabo ico gitabu kikaba gishobora kujamwo makeyi gusa. None uca ukora iki? Urahitamwo ayo woshiramwo. Twovuga ko Injili ari nk’igitabu kijamwo amafoto kitwereka neza ukuntu Yezu ameze. Yehova ntiyahumekeye abanditse Injili ngo bandike akantu kose Yezu yavuze canke yakoze igihe yari kw’isi. (Yoh. 20:30; 21:25) Ahubwo, impwemu ya Yehova yarabayoboye barandika amajambo n’ibikorwa bidufasha gutahura intumbero y’ubusuku bwa Yezu be n’ivyo Yehova abona ko bihambaye kuruta ibindi. (2 Tim. 3:16, 17; 2 Pet. 1:21) Kubera ko Injili zuzuyemwo ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, twoshobora kuvuga ata mazinda ko Yehova yitwararika cane ubwo Bwami. Iyumvire ntuze, Yehova ashaka ko tumenya Ubwami bwiwe ico ari co!

7 Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nitwararika cane Ubwami bw’Imana?’ Nimba tubwitwararika, tuzokwumviriza tubishashaye ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yigishije ku bijanye n’ubwo Bwami, ni ukuvuga akamaro kabwo, ukuntu buzoza, be n’igihe buzozira.

“Ubwami bwawe nibuze”​—Buzoza gute?

8. Yezu yavuze gute muri make akamaro k’Ubwami bw’Imana?

8 Zirikana rya sengesho ry’akarorero. Yezu akoresheje amajambo ahambaye ariko yoroshe, yaravuze muri make akamaro k’Ubwami bw’Imana, arerekana ivyo buzokora. Iryo sengesho rigizwe n’ibintu indwi dusaba. Bitatu vya mbere vyerekeye ibintu Yehova ashaka ko biba: ashaka ko izina ryiwe ryezwa, ko Ubwami bwiwe buza, be n’uko ivyo agomba bikorwa kw’isi nko mw’ijuru. (Soma Matayo 6:9, 10.) Ivyo bintu bitatu birafitaniye isano cane. Ubwami burongowe na Mesiya ni bwo Yehova azokoresha mu kweza izina ryiwe no mu gushitsa ivyo agomba.

9, 10. (a) Ubwami bw’Imana buzoza gute? (b) Ni umuhango uwuhe wo muri Bibiliya ushashaye kubona warangutse?

9 Ubwami bw’Imana buzoza gute? Igihe dusenga ngo “Ubwami bwawe nibuze,” tuba turiko dusaba ngo ubwo Bwami bugire ikintu gikomeye bukoze. Nibwaza, buzokoresha ububasha bwabwo bwose ku bijanye n’isi. Buzokuraho iyi si mbi, ushizemwo n’intwaro zose z’abantu, maze buzane isi nshasha igororotse. (Dan. 2:44; 2 Pet. 3:13) Ku ngoma y’ubwo Bwami, isi yose izoba Iparadizo. (Luka 23:43) Abo Imana yibuka bazozurwa basubire kubonana n’ababo. (Yoh. 5:28, 29) Abantu bagamburuka bazoshikira ugutungana, bibereho ibihe bidahera. (Ivyah. 21:3-5) Amaherezo isi izomera neza na neza nk’ijuru, imere nk’uko Yehova Imana agomba! Ntushashaye none kubona iyo mihango yo muri Bibiliya yarangutse? Ibuka ko igihe cose usenze usaba ngo Ubwami bw’Imana buze, uba uriko usaba ngo iyo mihango myiza igitangaza iranguke.

10 Biribonekeza ko Ubwami bw’Imana ‘butaraza’ gushitsa ibivugwa muri iryo sengesho ry’akarorero. Nakare, intwaro z’abantu ziracaganza kandi isi nshasha igororotse ntiraza. Mugabo hariho inkuru nziza. Ubwami bw’Imana bwarashinzwe, nk’uko tuzobibona mu kigabane gikurikira. Reka rero turabe ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’igihe ubwo Bwami bwoshingiwe be n’igihe bwoje.

Ubwami bw’Imana bwoshinzwe ryari?

11. Ni igiki Yezu yerekanye ku bijanye n’ishingwa ry’Ubwami bw’Imana?

11 Yezu yarerekanye ko Ubwami bw’Imana butoshinzwe mu kinjana ca mbere, naho ari vyo bamwe mu bigishwa biwe bari biteze. (Ivyak. 1:6) Zirikana ivyo yavuze mu migani ibiri itandukanye yaciye mu biringo bitari bimwe mu myaka idashika n’ibiri.

12. Wa mugani w’ingano n’icatsi kibi werekana gute ko Ubwami bw’Imana butashinzwe mu kinjana ca mbere?

12 Umugani w’ingano n’icatsi kibi. (Soma Matayo 13:24-30.) Yezu amaze guca uwo mugani, akaba yoba yawuciye mu mpeshi yo mu 31, yarawusiguriye abigishwa biwe. (Mat. 13:36-43) Ng’iki iciyumviro nyamukuru kiri muri uwo mugani n’insobanuro yawo: Intumwa zimaze gupfa, Shetani yobivye icatsi kibi (abiyita abakirisu) mu ngano (ari bo “bana b’ubwami,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe). Ingano n’ico catsi kibi vyoretswe bigakurana mu gihe c’ikura cobandanije gushika kw’iyimbura, ari ryo “nsozero y’ivy’isi.” Igihe c’iyimbura kimaze gutangura, icatsi kibi cokwegeranijwe. Hanyuma ingano zokwegeranijwe. Uwo mugani werekana rero ko ubwo Bwami butoshinzwe mu kinjana ca mbere, ariko ko bwoshinzwe ari uko igihe c’ikura kirangiye. Igihe c’ikura cahavuye kirangira maze igihe c’iyimbura kiratangura mu 1914.

13. Yezu yerekanye gute ko atociye yimikwa ngo abe Umwami Mesiya akimara gusubira mw’ijuru?

13 Umugani w’imina. (Soma Luka 19:11-13.) Yezu yaciye uwo mugani mu 33 igihe yariko aja i Yeruzalemu ubwa nyuma. Bamwe mu bariko bamwumviriza biyumvira ko yoshinze Ubwami bwiwe bakimara gushika i Yeruzalemu. Kugira Yezu akosore ico ciyumviro yongere yerekane ko hari hagisigaye igihe kirekire cane ngo Ubwami bw’Imana bushingwe, yigereranije n’ “umuntu umwe wo mu muryango uhambaye” yabwirijwe gufata urugendo “aja mu gihugu ca kure kwihesha ububasha bwa cami.” a Kuri Yezu, ico “gihugu ca kure” hari mw’ijuru, aho Se wiwe yomuhereye ububasha akaba Umwami. Mugabo Yezu yari azi ko atociye yimikwa ngo abe Umwami Mesiya akimara gusubira mw’ijuru. Ahubwo yokwicaye iburyo bw’Imana akarindira gushika igihe cashinzwe kigeze. Ukwo kurindira kwahavuye kumara ibinjana vyinshi.​—Zab. 110:1, 2; Mat. 22:43, 44; Heb. 10:12, 13.

Ubwami bw’Imana buzoza ryari?

14. (a) Yezu yishuye gute ikibazo zine mu ntumwa ziwe zamubajije? (b) Iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu ritubwira ko ukuhaba kwiwe kwatanguye ryari kandi ko Ubwami bw’Imana bwashinzwe ryari?

14 Hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu yicwe, zine mu ntumwa ziwe zamubajije ziti: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3; Mrk. 13:4) Mu kuzishura, Yezu yaravuze ubuhanuzi bugizwe n’ibintu vyinshi buri muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25. Yaravuze ibintu bitandukanye vyoshitse kw’isi yose vyobaye ikimenyetso kiranga ikiringo citwa “ukuhaba” kwiwe. Ukuhaba kwiwe kwotanguye Ubwami bw’Imana butanguye kuganza, maze kukarangira ubwo Bwami bushinzwe neza kw’isi yose. Turafise ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko ubwo buhanuzi bwa Yezu buriko buraranguka kuva mu 1914. b Ku bw’ivyo, uwo mwaka ni ho ukuhaba kwiwe kwatangura kandi ni ho Ubwami bw’Imana bwashingwa.

15, 16. Amajambo ngo “iri yaruka” yerekeza kuri bande?

15 None Ubwami bw’Imana buzoza ryari? Yezu ntiyahishuye igihe nyezina bwoziye. (Mat. 24:36) Mugabo yaravuze koko ikintu gikwiye kutwereka ko buri hafi cane. Yarerekanye ko ubwo Bwami bwoje “iri yaruka” rimaze kwibonera iranguka ry’ico kimenyetso cavuzwe mu buhanuzi. (Soma Matayo 24:32-34.) Amajambo ngo “iri yaruka” yerekeza kuri bande? Reka dusuzume neza ayo majambo ya Yezu.

16 “Iri yaruka.” Yezu yoba yashaka kuvuga abatizera? Oya. Zirikana abo yariko arabwira. Ubwo buhanuzi yabubwiye intumwa nkeyi zari ‘zamwegereye ziherereye.’ (Mat. 24:3) Vuba izo ntumwa zorobanujwe impwemu nyeranda. Zirikana kandi ivyo yariko aravuga. Imbere y’uko Yezu avuga ngo “iri yaruka,” yavuze ati: “Nimufatire rero ku kigereranyo c’igiti c’umusukoni, muhigire iki kintu: Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici riri hafi. Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango.” Abayoboke ba Yezu barobanuwe ni bo bobonye ibintu yavuze bagatahura n’insobanuro yavyo, yuko Yezu “ari hafi ku miryango.” Ntivyobonywe kandi ngo bitahurwe n’abatizera. Igihe rero Yezu yavuga ngo “iri yaruka,” yashaka kuvuga abayoboke biwe barobanuwe.

17. Ijambo “iyaruka” be n’amajambo “ivyo vyose” asobanura iki?

17 ‘Ntirizogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.’ Ayo majambo azoranguka gute? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye kumenya ibintu bibiri: (1) insobanuro y’ijambo “iyaruka,” (2) insobanuro y’aya majambo ngo “ivyo vyose.” Ijambo “iyaruka” akenshi ryerekeza ku bantu b’imyaka itandukanye ariko ibiringo vyabo vy’ukubaho vyinjiranamwo mu kiringo kinaka. Iyaruka si rirerire birenze kandi rirashika aho rihera. (Kuv. 1:6) Amajambo ngo “ivyo vyose” yerekeza ku bintu vyose vyari vyaravuzwe vyobaye mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu, kuva gutanguye mu 1914 gushika ku gihe cakwo c’agaheta kuri ya “makuba akomeye.”​—Mat. 24:21.

18, 19. Twotahura gute amajambo ya Yezu ngo “iri yaruka,” kandi twoshika ku ciyumviro ikihe?

18 None twotahura gute amajambo ya Yezu ngo “iri yaruka”? Iryo yaruka rigizwe n’imigwi ibiri y’abarobanuwe yinjiranamwo: uwa mbere ugizwe n’abarobanuwe babonye intango y’iranguka rya ca kimenyetso mu 1914, uwa kabiri na wo ugizwe n’abarobanuwe bafise ikiringo kinaka c’ukubaho bahuriyeko n’abo muri uwo mugwi wa mbere. N’imiburiburi bamwe muri uwo mugwi ugira kabiri bazoba bakiriho ya makuba yimirije niyatangura. Iyo migwi uko ari ibiri igize iyaruka rimwe kubera ko ibiringo vyabo vy’ukubaho ari abakirisu barobanuwe vyinjiranamwo mu gihe kinaka. c

19 None twoshika ku ciyumviro ikihe? Turazi ko ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami cibonekeza neza kw’isi yose. N’ikindi kandi, turabona ko abarobanuwe bo mu bagize “iri yaruka” bakiriho bariko barasaza. Ariko ya makuba akomeye niyatangura, ntibazoba barapfa bose. Twoshika rero ku ciyumviro c’uko vuba Ubwami bw’Imana bugiye kuza bukaganza isi. Bizoba koko bihimbaye kwibonera iranguka rya rya sengesho Yezu yatwigisha ati: “Ubwami bwawe nibuze.”

20. Ni ibintu bihambaye ibihe bizokwihwezwa muri iki gitabu, kandi ni ibiki duca irya n’ino mu kigabane gikurikira?

20 Ntitwigere twibagira aya majambo Yehova yavuze ari mw’ijuru ku bijanye n’Umwana wiwe ati: “Nimumwumvirize.” Twebwe abakirisu b’ukuri turashashaye gukora ico kintu Imana idusaba. Turitwararika cane ibintu vyose Yezu yavuze canke yigishije ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Ivyo ubwo Bwami bumaze kurangura be n’ivyo buzorangura muri kazoza ni vyo bintu bihambaye bizokwihwezwa muri iki gitabu. Mu kigabane gikurikira turaca irya n’ino ibintu bishimishije vyabaye igihe Ubwami bw’Imana bwavuka mw’ijuru.

a Uwo mugani wa Yezu ushobora kuba waribukije abariko bamwumviriza ivya Arikelayo umuhungu wa Herodi Mukuru. Imbere y’uko Herodi apfa, yaragenye Arikelayo ngo abe ari we azoca atwara Yudaya n’utundi turere. Ariko imbere y’uko Arikelayo atangura kuganza, yategerezwa kubanza gufata urugendo rurerure akaja i Roma kugira ngo Sezari Ogusito amuhe uburenganzira.

b Wipfuza kumenya n’ibindi, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ikigabane ca 9.

c Uwo wese yarobanuwe inyuma y’urupfu rw’uwa nyuma mu barobanuwe bo mu mugwi wa mbere, ni ukuvuga inyuma y’ababonye “intango y’ububabare nk’ubw’ibise” mu 1914, ntiyoba ari mu bagize “iri yaruka.”​—Mat. 24:8.