Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

Yehova arashira hejuru izina ryiwe

Yehova arashira hejuru izina ryiwe

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene abasavyi b’Imana bahaye izina ry’Imana ikibanza rikwiriye

1, 2. Bibiliya y’isi nshasha ishira hejuru gute izina ry’Imana?

 HARI ku wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 1947, hakaba hari hapfutse n’akazuba kaka. Ico gihe umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe bo kuri Beteli y’i Brooklyn i New York waratanguye igikorwa amahero. Cari igikorwa gisaba vyinshi, mugabo bagumye bagikora mu myaka 12 yakurikiye. Ku w’iyinga igenekerezo rya 13 Ntwarante 1960, bagiye basozera igisomwa ca nyuma ca Bibiliya nshasha. Haciye amezi atatu, ku wa 18 Ruheshi 1960, umuvukanyi Nathan Knorr yarasohoye Bibiliya y’isi nshasha yose ikwiye imbere y’abantu banezerewe bari bitavye ihwaniro ryabereye i Manchester mu Bwongereza. Uwo mushikirizansiguro yarerekanye neza ukuntu abari aho bose biyumva igihe yavuga ati: ‘Uyu musi uri hejuru ni umusi wo kunezerwa ku Vyabona vya Yehova bo kw’isi yose!’ Ikintu gihambaye caranga iyo Bibiliya catuma canecane umuntu agira umunezero, ni uko yakoresha kenshi izina ry’uruharo ry’Imana.

Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yasohowe kw’iteraniro ryo mu 1950 ryari ryataziriwe ngo “Iyongerekana rya tewokarasi” (Ibubamfu: Ikibuga c’inkino citwa Yankee Stadium mu gisagara ca New York; iburyo: Gana)

2 Bibiliya nyinshi ntizirimwo izina ry’Imana. Ariko abasavyi ba Yehova barobanuwe bararwanije umugambi Shetani yari afise wo gutuma abantu bibagira izina ry’Imana. Intangamarara y’iyo Bibiliya y’isi nshasha yasohowe kuri uwo musi yavuze iti: “Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose kiranga iyi Bibiliya ni uko izina ry’Imana ryasubijwe aho rikwiye kuba riri mu gisomwa ca Bibiliya.” Nkako, Bibiliya y’isi nshasha ikoresha izina ry’uruharo ry’Imana ari ryo Yehova incuro zirenga 7.000. Emwe, iyo Bibiliya yarashize hejuru bimwe bidasanzwe izina rya Dawe wa twese wo mw’ijuru, ari ryo Yehova!

3. (a) Ni igiki abavukanyi bacu batahuye ku bijanye n’insobanuro y’izina ry’Imana? (b) Dukwiye gutahura gute ibivugwa muri Kuvayo 3:13, 14? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Insobanuro y’izina ry’Imana.”)

3 Mu ntango Abatohoji ba Bibiliya batahura ko izina ry’Imana risobanura ngo “Ndi uwo ndi we.” (Kuv. 3:14, Bibiliya Yera) Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 1926 wavuze uti: “Izina Yehova risobanura . . . Uwutagira intango n’iherezo.” Ariko igihe abahinduzi ba Bibiliya y’isi nshasha batangura igikorwa cabo, Yehova yari yarafashije abasavyi biwe gutahura ko izina ryiwe ridasobanura gusa ko atagira intango n’iherezo, ariko ko hejuru ya vyose risobanura ko ari Imana ifise umugambi n’igikorwa. Baramenye ko izina Yehova ijambo ku rindi risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Ni vyo, yaratumye ijuru n’isi n’ibiremwa bifise ubwenge bibaho, kandi arabandanya gutuma ivyo agomba be n’umugambi wiwe biranguka. Kubera iki none bihambaye rwose ko izina ry’Imana rishirwa hejuru, kandi dushobora gute kubigiramwo uruhara?

Ukwezwa kw’izina ry’Imana

4, 5. (a) Igihe dusenga ngo “Izina ryawe niryezwe” tuba turiko dusaba iki? (b) Imana izokweza izina ryayo ryari kandi gute?

4 Yehova ashaka ko izina ryiwe rishirwa hejuru. Nkako, umugambi wiwe nyamukuru ni uwo kweza izina ryiwe, nk’uko tubibonera muri ca kintu ca mbere Yezu yatwigisha gusaba muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, ari co c’iki: “Izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Igihe dusavye ico kintu, tuba turiko dusaba Imana iki?

5 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 1 c’iki gitabu, gusaba ngo “Izina ryawe niryezwe” ni kimwe mu bintu bitatu Yezu yatwigishije gusaba muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero gifitaniye isano n’umugambi wa Yehova. Ibindi bibiri ni ibi: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe.” (Mat. 6:10) Ku bw’ivyo, nk’uko dusaba Yehova ngo agire ico akoze kugira atume Ubwami bwiwe buza n’ukugomba kwiwe gukorwa, ni ko tumusaba ngo agire ico akoze kugira yeze izina ryiwe. Mu yandi majambo, tuba turiko dusaba Yehova ngo agire ico akoze kugira akure kw’izina ryiwe iceyi cose ryasizwe kuva kuri bwa bugarariji bwo muri Edeni. Yehova azokora iki ku bijanye n’isengesho nk’iryo? Avuga ati: “Sinzobura kweza izina ryanje rihambaye ryariko rihumanywa mu mahanga.” (Ezk. 36:23; 38:23) Azokweza izina ryiwe kuri Harumagedoni imbere y’ivyaremwe vyose, mu gukuraho ububisha.

6. Dushobora gute kugira uruhara mu bijanye no kweza izina ry’Imana?

6 Kuva kera hose, Yehova yamye areka abasavyi biwe bakagira uruhara mu bijanye n’ukweza izina ryiwe. Ariko ntiwumve, ntidushobora gutuma izina ry’Imana riba ryeranda kuruta uko riri. Risanzwe ari ryeranda mu buryo bwuzuye. None turyeza gute? Yesaya avuga ati: “Yehova nyen’ingabo—uyo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda.” N’ikindi kandi, Yehova ubwiwe yavuze ku vyerekeye abasavyi biwe ati: “Bazokweza izina ryanje . . . , kandi Imana ya Isirayeli bazoyigirira akoba.” (Yes. 8:13; 29:23) Tweza rero izina ry’Imana mu kubona ko ritandukanye n’ayandi mazina yose kandi ko riyarengeye, mu kwubaha ico rigereranya, no mu gufasha abandi kubona ko ari ryeranda. Turerekana canecane ko dufitiye akoba izina ry’Imana kandi ko turyubaha bigera kure igihe twemera ko Yehova ari we Mutware wacu kaminuza kandi tukamugamburukira n’umutima wacu wose.​—Imig. 3:1; Ivyah. 4:11.

Bategurwa ngo bitirirwe izina ry’Imana kandi barishire hejuru

7, 8. (a) Kubera iki vyafashe igihe kugira abasavyi b’Imana bitirirwe izina ryayo? (b) Ni ibiki tugira twihweze?

7 Abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none barakoresheje izina ry’Imana mu vyo basohoye kuva mu myaka ya 1870. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Myandagaro 1879 be n’igitabu Indirimbo za wa Mugeni casohowe muri uwo mwaka nyene birimwo izina Yehova. Ariko rero, biboneka ko imbere y’uko Yehova yemerera abasavyi biwe kwitirirwa izina ryiwe ryeranda ku mugaragaro, yabanje kuraba neza ko bakwije ibisabwa vyo guterwa ako gateka kadasanzwe. Yehova yateguye gute abo Batohoji ba Bibiliya bo mu ntango kugira bitirirwe izina ryiwe?

8 Dutereje amaso inyuma mu mpera z’imyaka ya 1800 no mu ntango z’imyaka ya 1900, turabona ukuntu Yehova yatumye abasavyi biwe barushiriza gutahura neza ukuri guhambaye kujanye n’izina ryiwe. Reka twihweze uburorero butatu bw’ukwo kuri guhambaye.

9, 10. (a) Kubera iki ibiganiro vya kera vyo mu Munara w’Inderetsi vyashimika cane kuri Yezu? (b) Ni ihinduka irihe ryabaye kuva mu 1919, kandi vyavuyemwo iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene Umunara w’Inderetsi washize hejuru izina ry’Imana.”)

9 Ubwa mbere, abasavyi ba Yehova bahavuye babona neza ko izina ry’Imana rihambaye. Abatohoji ba Bibiliya b’intahemuka bo mu ntango babona ko incungu ari yo nyigisho ihambaye yo muri Bibiliya. Ni co gituma ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi akenshi cashimika kuri Yezu. Nk’akarorero, mu mwaka waco wa mbere, cavuze izina Yezu incuro cumi kuruta uko cavuze izina Yehova. Ku bijanye n’imyaka yo mu ntango y’Abatohoji ba Bibiliya, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1976 wavuze ko baha Yezu “agaciro karenze urugero.” Ariko Yehova yahavuye abafasha gutahura ko Bibiliya iha ikibanza gihambaye rwose izina ry’uruharo ry’Imana. None ivyo vyagize ico bikoze gute ku Batohoji ba Bibiliya? Uwo Munara w’Inderetsi nyene wavuze ko canecane kuva mu 1919, “batanguye guha agaciro cane Se wa Mesiya wo mw’ijuru Yehova.” Nkako, kuva mu 1919, Umunara w’Inderetsi wavuze izina ry’Imana incuro zirenga 6.500!

10 Mu guha izina Yehova icubahiro ribereye, abavukanyi bacu barerekanye ko bakunda izina ry’Imana. Nka kumwe kwa Musa wo mu gihe ca kera, baratanguye ‘kumenyesha izina rya Yehova.’ (Gus. 32:3; Zab. 34:3) Yehova na we, nk’uko yari yarasezeranye mu Vyanditswe, yarabonye urukundo bakunda izina ryiwe maze arabatonesha.​—Zab. 119:132; Heb. 6:10.

11, 12. (a) Ni ihinduka irihe ryabaye mu bisohokayandikiro vyacu gatoyi inyuma ya 1919? (b) Ni igiki Yehova yariko yereka abasavyi biwe, kandi kubera iki?

11 Ubwa kabiri, abakirisu b’ukuri baratahuye neza igikorwa bashinzwe n’Imana. Gatoyi inyuma ya 1919, abavukanyi barobanuwe bahagarikira igikorwa barasuzumye ubuhanuzi bwa Yesaya. Inyuma y’aho, ibisohokayandikiro vyacu vyarahinduye ivyo vyahora bishimikako. Kubera iki iryo hinduka ryabaye ‘ibifungurwa bije ku gihe kibereye’?—Mat. 24:45.

12 Imbere ya 1919, Umunara w’Inderetsi ntiwari bwigere uca irya n’ino aya majambo ya Yesaya agira ati: “ ‘Muri ivyabona vyanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘mbere umusavyi wanje natoye.’ ” (Soma Yesaya 43:10-12.) Ariko inyuma gatoyi ya 1919, ibisohokayandikiro vyacu vyaratanguye kwitwararika ico canditswe, biraremesha abarobanuwe bose kugira uruhara mu gikorwa Yehova yari yarabashinze co kumubera ivyabona. Nkako, kuva mu 1925 gushika mu 1931 honyene, ikigabane ca 43 ca Yesaya carihwejwe mu nomero 57 z’Umunara w’Inderetsi, kandi inomero imwimwe yose yarerekana ko amajambo ya Yesaya yerekeye abakirisu b’ukuri. Biribonekeza ko muri iyo myaka Yehova yariko yereka abasavyi biwe igikorwa babwirizwa gukora. Kubera iki? Ni nk’aho kwari ukugira ngo “[babanze] kugezwa kugira ngo birabwe ko bakwiriye.” (1 Tim. 3:10) Imbere y’uko Abatohoji ba Bibiliya baba ababereye kwitirirwa izina ry’Imana, bategerezwa kwereka Yehova biciye ku bikorwa vyabo ko ari ivyabona vyiwe koko.​—Luka 24:47, 48.

13. Ijambo ry’Imana rihishura gute ikibazo gihambaye kuruta ibindi vyose gitegerezwa gutorerwa inyishu?

13 Ubwa gatatu, abasavyi ba Yehova bahavuye batahura ko bihambaye yuko izina ry’Imana ryezwa. Mu myaka ya 1920, baratahuye ko ukwezwa kw’izina ry’Imana ari co kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose gitegerezwa gutorerwa inyishu. Ijambo ry’Imana rihishura gute ukwo kuri guhambaye cane? Zirikana uburorero bubiri. Ni imvo nyamukuru iyihe yatumye Imana irokora Isirayeli mu Misiri? Yehova yavuze ati: “Kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose.” (Kuv. 9:16) N’ikindi kandi, kubera iki Yehova yagiriye imbabazi Isirayeli igihe yamugarariza? Yehova kandi yavuze ati: “[Naragize] ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga.” (Ezk. 20:8-10) Abatohoji ba Bibiliya bigiye iki kuri izo nkuru zo muri Bibiliya no ku zindi nkuru zo muri yo?

14. (a) Mu mpera z’imyaka ya 1920, ni igiki abasavyi b’Imana batahuye? (b) Ibintu Abatohoji ba Bibiliya barushirije gutahura vyagize ico bikoze gute ku gikorwa co kwamamaza? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Imvo ikomeye ituma twamamaza.”)

14 Mu mpera z’imyaka ya 1920, abasavyi b’Imana baratahuye insobanuro y’ibintu hari haciye nk’imyaka 2.700 Yesaya avuze. Ku bijanye na Yehova, yavuze ati: “Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe kugira ngo wiheshe izina ryiza.” (Yes. 63:14) Abatohoji ba Bibiliya baratahuye ko ikibazo nyamukuru kitari cerekeye ubukiriro bw’umuntu ku giti ciwe, ariko ko cari cerekeye ukwezwa kw’izina ry’Imana. (Yes. 37:20; Ezk. 38:23) Mu 1929, igitabu Ubuhanuzi caravuze muri make ukwo kuri giti: “Izina rya Yehova ni co kibazo gihambaye kuruta ibindi ku vyaremwe vyose.” Ico kintu cahinduwe mu bijanye n’ukuntu abasavyi b’Imana batahura ibintu catumye barushiriza gushingira intahe Yehova no gukura kw’izina ryiwe iceyi ryasizwe.

15. (a) Mu myaka ya 1930, ni ibiki abavukanyi bacu batahuye? (b) Hari hageze igihe c’iki?

15 Mu ntango z’imyaka ya 1930, abavukanyi bacu bari bamaze kubona neza ko izina ry’Imana rihambaye, gutahura neza igikorwa Imana yabashinze gukora, no gutahura rwose ko izina ry’Imana ritegerezwa kwezwa. Hari hageze rero ko Yehova atera abasavyi biwe agateka ko kwitirirwa izina ryiwe ku mugaragaro. Kugira tumenye uko vyagenze, reka twihweze ibintu bimwebimwe vyabaye.

Yehova atora ‘igisata ku bw’izina ryiwe’

16. (a) Ni mu buryo buhambaye ubuhe Yehova ashira hejuru izina ryiwe? (b) Kera ni bande batanguye kuba igisata citirirwa izina ry’Imana?

16 Uburyo buhambaye Yehova ashira hejuru izina ryiwe ni mu kugira kw’isi igisata c’abantu citirirwa izina ryiwe. Kuva mu 1513 Imbere ya Kristu, ihanga rya Isirayeli ni ryo ryari igisata ca Yehova kimuserukira. (Yes. 43:12) Ariko ntibagumije isezerano bagiranye n’Imana, bituma mu 33 Inyuma ya Kristu batakaza ubucuti budasanzwe bari bafitaniye na yo. Gatoyi inyuma y’aho, Yehova ‘yaritayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo ayakuremwo igisata ku bw’izina ryiwe.’ (Ivyak. 15:14) Ico gisata gishasha ciswe “Isirayeli y’Imana,” ikaba igizwe n’abayoboke ba Kristu barobanuwe bo mu mahanga atandukanye.​—Gal. 6:16.

17. Ni umugambi uwuhe Shetani yashitseko?

17 Nko mu 44 Inyuma ya Kristu, abigishwa biwe ‘baratanguye kwitwa abakirisu bivuye ku Mana.’ (Ivyak. 11:26) Mu ntango, ryari izina ribatandukanya n’abandi bantu, kuko ryitwa abakirisu b’ukuri gusa. (1 Pet. 4:16) Ariko nk’uko vyerekanwa muri wa mugani wa Yezu w’ingano n’icatsi kibi, Shetani yarashitse ku mugambi wiwe wo kwitirira iryo zina ridasanzwe abantu bose bavuga ko ari abakirisu. Ni co gituma ibinjana n’ibindi vyahaciye umuntu adashobora gutandukanya abakirisu b’ukuri n’abiyita abakirisu. Ariko ivyo vyaratanguye guhinduka mu “gihe c’iyimbura,” icatanguye mu 1914. Kubera iki? Kubera ko abamarayika batanguye gutandukanya abiyita abakirisu n’abakirisu b’ukuri.​—Mat. 13:30, 39-41.

18. Ni igiki cafashije abavukanyi bacu kubona ko hari hakenewe izina rishasha?

18 Wa mushumba w’umwizigirwa amaze kugenwa mu 1919, Yehova yarafashije abasavyi biwe gutahura igikorwa yari yarabashinze. Ntibatevye kubona ko kwamamaza inzu ku nzu vyabatandukanya n’abiyita abakirisu bose. Bamaze kubibona, ntibatevye gutahura ko izina “Abatohoji ba Bibiliya” ritabatandukanya neza n’abandi. Intumbero nyamukuru bari bafise mu buzima ntiyari iyo kwiga Bibiliya gusa, ariko kandi no kuba ivyabona bishingira intahe Imana, gutera iteka izina ryayo, no kurishira hejuru. Ni izina irihe none ryobaye riberanye n’igikorwa bakora? Ico kibazo carishuwe mu 1931.

Agapapuro ka porogarama y’ihwaniro ryo mu 1931

19, 20. (a) Ni umwiyemezo uteye umunezero uwuhe washikirijwe kw’ihwaniro ryo mu 1931? (b) Abavukanyi bacu bakiriye gute izina rishasha?

19 Muri Mukakaro 1931, Abatohoji ba Bibiliya nka 15.000 barashitse i Columbus i Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baje kw’ihwaniro. Aho baboneye agapapuro ka porogarama y’ihwaniro, barashatse kumenya ico indome nini zibiri J na W zari kuri ko zasobanura. Baribaza bati: ‘Mbe basha izi ndome zisobanura iki?’ Hari n’abagerageje gutomboza ico zasobanura. Maze ku w’iyinga igenekerezo rya 26 Mukakaro, umuvukanyi Joseph Rutherford yarashikirije umwiyemezo warimwo aya majambo akomeye agira ati: “Twipfuza kumenyekana ko turi ivyabona vya Yehova no kwitwa iryo zina.” Ako kanya abari ng’aho bose baciye batahura ico za ndome zari zabazazaniye zasobanura: zasobanura ngo Ivyabona vya Yehova (Jehovah’s Witnesses mu congereza), izina ryo mu Vyanditswe rishingiye kuri Yesaya 43:10.

20 Abari aho bose baciye biha akamo gakomeye barakoma n’amashi menshi umwanya munini. Ako kamo n’ayo mashi vy’umunezero vy’i Columbus vyarumvikanye hirya no hino kw’isi biciye ku nsamirizi! Ernest Barber n’umukenyezi wiwe Naomi bo muri Ostraliya baravuze ivyo bibuka bati: “Igihe nya mashi yasamirana muri Amerika, abavukanyi b’i Melbourne baciye bahagurukira rimwe baguma bakoma amashi. Ntituzokwigera tuvyibagira!” a

Izina ry’Imana ririko rirashirwa hejuru kw’isi yose

21. Ni gute izina rishasha ryahaye abasavyi b’Imana ingoga ziyongereye zo kwamamaza?

21 Aho abasavyi b’Imana baronkeye izina rishingiye ku Vyanditswe ari ryo Ivyabona vya Yehova, vyarabahaye ingoga ziyongereye zo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Edward Grimes n’umukenyezi wiwe Jessie, abatsimvyi bakorera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bitavye iryo hwaniro ryabereye i Columbus mu 1931, bavuze bati: “Twavuye i muhira turi Abatohoji ba Bibiliya, tugaruka turi Ivyabona vya Yehova. Twararyohewe no kuba twari dusigaye dufise izina ridufasha kuninahaza izina ry’Imana yacu.” Inyuma y’iryo hwaniro, hari Ivyabona bakoresheje uburyo bushasha mu kurininahaza. Bidondora ku bo basanze ku mihana mu kubaha agakarata kariko ubu butumwa bugira buti: “Ndi icabona ca YEHOVA ariko yamamaza Ubwami bwa YEHOVA Imana yacu.” Ni vyo, abasavyi b’Imana barahimbawe no kwitirirwa izina rya Yehova, kandi bari biteguriye gutangaza insobanuro yaryo gushika kure.​—Yes. 12:4.

“Twavuye i muhira turi Abatohoji ba Bibiliya, tugaruka turi Ivyabona vya Yehova”

22. Ni igiki cerekana ko abasavyi ba Yehova bafise akaranga bisangije?

22 Ubu haraciye imyaka myinshi kuva Yehova atumye abavukanyi bacu barobanuwe bitwa izina ribatandukanya n’abandi. Muri iyo myaka yose, Shetani yoba yarashoboye gupfukiranya akaranga k’abasavyi b’Imana? Yoba yarashoboye gutuma tumirwa n’amadini yo muri iyi si? Uwokubesha! Ahubwo riho akaranga twisangije ko kuba turi ivyabona vy’Imana ubu karibonekeza kuruta ikindi gihe cose. (Soma Mika 4:5; Malaki 3:18.) Mu vy’ukuri, dusigaye twitirirwa cane izina ry’Imana ku buryo umuntu wese arikoresha cane baca ubwo nyene bavuga ko ari Icabona ca Yehova. Aho gutwikirwa n’amadini y’ikinyoma yogereranywa n’umusozi muremure, ugusenga Yehova kw’ukuri ‘kurashimangiwe hejuru y’isonga ry’imisozi.’ (Yes. 2:2) Vy’ukuri, muri iki gihe insengo ya Yehova n’izina ryiwe ryeranda biri hejuru cane.

23. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 121:5, ni ukuri guhambaye ukuhe kwerekeye Yehova gutuma turushiriza kugira ingoga?

23 Biradukomeza koko kumenya ko Yehova azodukingira ibitero Shetani yotugabako ubu no muri kazoza! (Zab. 121:5) Turi n’imvo yumvikana yo guserura inyiyumvo nk’izo umwanditsi w’amazaburi yaseruye igihe yandika ati: “Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova, igisata c’abantu yatoye ngo kibe intoranwa yiwe.”​—Zab. 33:12.

a Wipfuza kumenya ukuntu iradiyo yakoreshwa, raba ikigabane ca 7, urupapuro rwa 72-74