Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Abamamaza—Abasuku bitanga babikunze

Abamamaza—Abasuku bitanga babikunze

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Umwami ahagurutsa ingabo z’abamamaji

1, 2. Ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu yavuze, kandi ni ikibazo gihambaye ikihe gica kivyuka?

 ABATEGETSI mu vya politike akenshi barasezerana ibintu ariko ntibabishitse. Mbere n’abafise intumbero nziza cane boshobora kuba badashoboye gushitsa ivyo basezerana. Umwami Mesiya Yezu Kristu aratandukanye rwose na bo. We yama ashitsa ivyo asezerana.

2 Yezu amaze kuba Umwami mu 1914, yari yiteguriye gushitsa ubuhanuzi hari haciye nk’imyaka 1.900 avuze. Gatoyi imbere y’uko apfa, yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Iranguka ry’ayo majambo ryobaye riri mu bigize ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami. Ariko ikibazo gihambaye gica kivyuka ni iki: Uwo Mwami yoshoboye gute guhagurutsa ingabo z’abamamaza babikunze mu misi ya nyuma kandi ari igihe coranzwe n’ubwikunzi, ukudakundana, n’ukudakunda ivy’Imana? (Mat. 24:12; 2 Tim. 3:1-5) Turakeneye kubimenya kuko inyishu y’ico kibazo iraba abakirisu b’ukuri bose.

3. Ni ukwizigira ukuhe Yezu yagaragaje, kandi yagukuye he?

3 Subira wihweze ayo majambo y’ubuhanuzi ya Yezu. Ijambo ngo “izokwamamazwa” ryoba ryerekana ko yari yizigiye neza ko ari ko vyogenze? Cane nyene! Yezu yari azi neza ko yoronse abamushigikira babikunze mu misi ya nyuma. None ukwo kwizigira yagukuye hehe? Yakwigiye kuri Se wiwe. (Yoh. 12:45; 14:9) Imbere y’uko aba umuntu, yariboneye ingene Yehova yizigira ko abasavyi biwe bafise umutima ukunze. Reka turabe ukuntu Yehova yagaragaje ukwo kwizigira.

“Abantu bawe bazokwitanga babikunze”

4. Ni igikorwa ikihe Yehova yasavye Abisirayeli gushigikira, kandi bavyakiriye gute?

4 Niwibuke ivyabaye igihe Yehova yategeka Musa kwubaka itaberenakulo, ari ryo hema, yobaye ikibanza nyamukuru ihanga rya Isirayeli ryokoresheje ku bw’ugusenga. Yehova abicishije kuri Musa yarasavye abantu bose gushigikira ico gikorwa. Musa yababwiye ati: ‘Umuntu wese afise umutima ukunze nazane intererano ya Yehova.’ None vyagenze gute? Abantu “baguma [bazana] ishikanwa ritangwa ku bushake, uko bukeye.” Barazanye vyinshi cane ku buryo vyabaye ngombwa ko ‘babuzwa kugira ibindi bazanye’! (Kuv. 35:5; 36:3, 6) Abisirayeli barerekanye ko vyari bikwiriye ko Yehova abizigira.

5, 6. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 110:1-3, ni umutima uwuhe Yehova na Yezu bari biteze ko abasenga b’ukuri bogaragaje mu gihe c’iherezo?

5 Yehova yoba yari yiteze ko abasavyi biwe bogaragaje umutima ukunze mu misi ya nyuma? Cane nyene! Imyaka irenga 1.000 imbere y’uko Yezu avukira kw’isi, Yehova yarahumekeye Dawidi kwandika ibijanye n’igihe Mesiya yotanguriye kuganza. (Soma Zaburi 110:1-3.) Yezu, Umwami yari aherutse kwimikwa, yogize abansi bomurwanije. Ariko kandi yogize ingabo nyinshi z’abamushigikira. Izo ngabo ntizokoreye Umwami ku gahato. Mbere n’abakiri bato bo muri zo bokwitanze babikunze, bakaba benshi cane ku buryo bobaye nk’amama y’ikime adaharurika apfuka isi ku kazuba ko mu gitondo. a

Abashigikira Ubwami babikunze ni benshi nk’amama y’ikime (Raba ingingo ya 5)

6 Yezu yari azi ko ubuhanuzi buri muri Zaburi 110 ari we bwari bwerekeye. (Mat. 22:42-45) Yari afise rero imvo yumvikana yo kwizigira ko yoronse abamushigikira b’intahemuka bokwitanze babikunze kugira bamamaze inkuru nziza mw’isi yose. Ivyabaye vyerekana iki? Umwami yoba koko yarahagurukije ingabo z’abamamaza babikunze muri iyi misi ya nyuma?

“Agateka n’ibanga mfise ni ugutangaza ubwo butumwa”

7. Yezu amaze kwimikwa, ni intambwe izihe yateye kugira ategure abamushigikira ku bw’igikorwa cari kibarindiriye?

7 Haciye igihe gitoyi Yezu yimitswe, yarateye intambwe zo gutegura abayoboke biwe ku bw’igikorwa kinini cokozwe. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 2, yarakoze igikorwa co gusuzuma no gutyorora kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919. (Mal. 3:1-4) Maze mu 1919, yaragenye umushumba w’umwizigirwa kugira ayobore abayoboke biwe. (Mat. 24:45) Kuva ico gihe, uwo mushumba yaratanguye gutanga ibifungurwa vy’impwemu biciye ku nsiguro zishikirizwa ku mahwaniro no ku bisohokanyandikiro, vyaguma vyerekana ko abakirisu bose umwe wese ku giti ciwe bafise ibanga ryo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.

8-10. Ni gute amahwaniro yatumye igikorwa co kwamamaza gikorwa? Tanga akarorero. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Amahwaniro yo mu ntango yatumye igikorwa co kwamamaza gikorwa.”)

8 Insiguro zo ku mahwaniro. Kubera ko bari bashashaye kuronka ubuyobozi, Abatohoji ba Bibiliya barakoraniye i Cedar Point, i Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika ku rya 8 Nyakanga 1919, kugira bagire ihwaniro ryabo rya mbere rinini inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose. Ku musi ugira kabiri, mu nsiguro umuvukanyi Rutherford yashikirije, yabwiye adakikiriza abari baje bavuye mu bindi bihugu ati: “Igikorwa umukirisu ajejwe kw’isi . . . ni ukwamamaza ubutumwa bw’ubwami bw’Umukama.”

9 Igihe c’agakura c’iryo hwaniro cashitse haciye imisi itatu igihe umuvukanyi Rutherford yashikiriza insiguro ivuga ngo “Insiguro igenewe abo dufatanije igikorwa,” ikaba yasohowe mu Munara w’Inderetsi ifise umutwe uvuga ngo “Amamaza Ubwami.” Yavuze ati: “Mu bihe bitoroshe, umukirisu aribaza ati: ‘Kubera iki ndi ng’aha kw’isi?’ Inyishu rero itegerezwa kuba iyi: ‘Umukama yarangiriye ubuntu angira uwumuserukira kugira nshikirize isi ubutumwa buvuye ku Mana bw’ugusubiza hamwe, kandi agateka n’ibanga mfise ni ugutangaza ubwo butumwa.’ ”

10 Muri iyo nsiguro y’intibagirwa, umuvukanyi Rutherford yaramenyesheje ko hosohowe ikinyamakuru gishasha kivuga ngo Ikiringo c’agakura (icitwa ubu Be maso!) kugira gikoreshwe mu kwereka abantu ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bakwiye kwizigira. Yaciye abaza abari ng’aho bose aboba bipfuza kugira uruhara mu gikorwa co gutanga ico kinyamakuru. Raporo yashikirijwe ku bijanye n’iryo hwaniro yasiguye iti: “Igitigiri c’abavyemeye cari gitangaje cane. Abari aho bose uko bari ibihumbi bitandatu baciye bahagurukira rimwe.” b Biragaragara ko Umwami yari afise abamushigikira b’umutima ukunze bari bashashaye gutangaza Ubwami bwiwe!

11, 12. Mu 1920, Umunara w’Inderetsi wavuze ko ca gikorwa Yezu yavuga cokozwe ryari?

11 Ibisohokayandikiro. Biciye ku Munara w’Inderetsi, insobanuro y’igikorwa Yezu yari yaravuze, ari co gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, yararushirije gutomoka. Reka turabe uburorero bumwebumwe bwo mu ntango z’imyaka ya 1920.

12 Ni ubutumwa ubuhe bwokwamamajwe mu gushitsa ibivugwa muri Matayo 24:14? Ico gikorwa cokozwe ryari? Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1920, mu kiganiro cavuga ngo “Injili y’Ubwami,” warasiguye ubwo butumwa ubwo ari bwo uti: “Iyo nkuru nziza yerekeye iherezo ry’ivy’iyi si be n’ishingwa ry’Ubwami bwa Mesiya.” Ico kiganiro carerekanye neza igihe ubwo butumwa bwokwamamajwe giti: “Ubwo butumwa butegerezwa gushikirizwa hagati y’igihe ca ya ntambara ikomeye y’isi yose [Intambara ya mbere y’isi yose] n’igihe ca ya ‘makuba akomeye.’ ” Ni co gituma ico kiganiro cavuze giti: “Ubu ni co gihe . . . co kwamamaza cane iyi nkuru nziza mu biyita abakirisu.”

13. Mu 1921, Umunara w’Inderetsi waremesheje gute abakirisu barobanuwe kugaragaza umutima ukunze?

13 Abasavyi b’Imana boba bokoze ku gahato ico gikorwa Yezu yavuze? Habe namba. Ikiganiro cavuga ngo “Gira umutima rugabo” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1921 cararemesheje abakirisu barobanuwe kugaragaza umutima ukunze. Umwe wese yaremeshejwe kwibaza ati: “None simfise agateka ntangere n’ibanga vyo kugira uruhara muri ico gikorwa?” Ico kiganiro cabandanije giti: “Turizigiye ko niwabona [ko kugira uruhara muri ico gikorwa ari agateka] uzomera nka Yeremiya: mu mutima wiwe ijambo ry’Umukama ryari ‘nk’umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa [yiwe],’ rikaguma rimuhimiriza ngo ntareke kuvuga.” (Yer. 20:9) Iyo ndemesho irangwa igishika yaragaragaje ko Yehova na Yezu bizigira abashigikira Ubwami badahemuka.

14, 15. Mu 1922, Umunara w’Inderetsi wahimirije gute abakirisu barobanuwe gushikiriza abandi bantu ubutumwa?

14 Abakirisu b’ukuri boshikirije gute abandi bantu ubutumwa bw’Ubwami? Ikiganiro kigufi yamara gikomeye cavuga ngo “Umurimo urahambaye cane,” casohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 1922 carahimirije abakirisu barobanuwe kugira uruhara “n’umwete mu bijanye no gushira abantu ubutumwa bwanditse no kubayagisha ku mihana yabo, bababwira ko ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.”

15 Biribonekeza ko kuva mu 1919 Kristu yakoresheje umushumba wiwe w’umwizigirwa kandi w’ubwenge kugira agume yerekana ko umukirisu afise kw’isi agateka n’ibanga vyo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. None Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango bakiriye gute indemesho bahawe yo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami?

“Abizigirwa bazokwitanga babikunze”

16. Bamwebamwe mu bakurambere batowe mu matora bakiriye gute iciyumviro c’uko abakirisu bose bakwiye kugira uruhara mu busuku?

16 Mu myaka ya 1920 n’iya 1930, bamwebamwe bariyamirije iciyumviro c’uko abakirisu barobanuwe bose bakwiye kugira uruhara mu busuku. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1927 warasiguye ivyariko biraba uti: “Muri iki gihe mw’ishengero hari abafise amabanga y’ubukurambere . . . banka kuremesha abavukanyi babo kugira uruhara mu murimo, na bo ubwabo bakanka kugira uruhara mu murimo. . . . Baratwengera mw’ijigo iciyumviro co kugenda inzu ku nzu bashiriye abantu ubutumwa bwerekeye Imana, Umwami yagenye n’ubwami bwayo.” Ico kiganiro cavuze kidomako giti: “Harageze ko abizigirwa bamenya abo bantu maze bakabirinda, kandi bakababwira ko abantu mwene abo batazosubira kuzezwa ibanga ry’ubukurambere.” c

17, 18. Benshi mu mashengero bakiriye gute ubuyobozi buvuye ku cicaro gikuru, kandi muri iyi myaka 100 iheze abantu amamiliyoni babwakiriye gute?

17 Igishimishije, benshi mu mashengero bakiranye akamwemwe ubuyobozi buvuye ku cicaro gikuru. Babonye ko gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami ari agateka. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1926 wavuze uti: “Abizigirwa bazokwitanga babikunze . . . kugira babwire abantu ubu butumwa.” Abo bizigirwa barakurikije amajambo y’ubuhanuzi ari muri Zaburi 110:3, barerekana ko bashigikira babikunze Umwami Mesiya.

18 Muri iyi myaka 100 iheze, abantu amamiliyoni baritanze babikunze bararangura igikorwa co kwamamaza Ubwami. Mu biganiro bikeyi bikurikira tuzokwihweza ukuntu bamamaje, ni ukuvuga uburyo n’ibikoresho bakoresheje, twongere twihweze ivyavuyemwo. Reka tubanze turabe igituma abantu amamiliyoni bitanze babikunze bagakora ico gikorwa co kwamamaza Ubwami, naho baba mw’isi y’ubwikunzi. Uko turaba igituma, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ni kubera iki mbwira inkuru nziza abandi bantu?’

“Gume . . . mubanza kurondera ubwami”

19. Kubera iki dukurikiza impanuro Yezu yatanze igira iti: “Gume . . . mubanza kurondera ubwami”?

19 Yezu yahanuye abayoboke biwe ati: “Gume . . . mubanza kurondera ubwami.” (Mat. 6:33) Kubera iki dukurikiza iyo mpanuro? Ahanini ni kubera ko dutahura yuko ubwo Bwami buhambaye: ni bwo ntimatima y’umugambi w’Imana. Nk’uko twabibonye mu kigabane giheze, impwemu nyeranda yagiye irahishura ukuri guteye akamwemwe kwerekeye Ubwami bw’Imana. Igihe ukuri kw’Ubwami kw’agaciro kudukoze ku mutima, turumva tuvyuriwe umutima wo kubanza kurondera ubwo Bwami.

Cokimwe n’umugabo anezerewe cane kubera yubutse kw’itunga ryanyegejwe, abakirisu baranezerezwa no kuba barubuye ukuri kw’Ubwami (Raba ingingo ya 20)

20. Ca kigereranyo ca Yezu c’itunga ryanyegejwe cerekana gute ukuntu abayoboke biwe bokwakiriye impanuro yatanze yo kuguma babanza kurondera Ubwami?

20 Yezu yari azi ukuntu abayoboke biwe bokwakiriye impanuro yatanze yo kuguma tubanza kurondera Ubwami. Zirikana ca kigereranyo yatanga c’itunga ryanyegejwe. (Soma Matayo 13:44.) Igihe umurimyi avugwa muri ico kigereranyo ari ku mirimo yiwe ya misi yose, arubuka kw’itunga ryanyegejwe agaca atahura agaciro karyo. None aca akora iki? “Kubera akanyamuneza agize, aragenda a[ka]gurisha ivyo afise vyose hanyuma a[ka]gura [nya] tongo.” Ivyo bitwigisha iki? Igihe twubuye ukuri kw’Ubwami kandi tugatahura agaciro gufise, turahimbarwa no kugira utwigoro twose dukenewe ngo tugumize ivy’Ubwami mu kibanza cavyo, ni ukuvuga mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. d

21, 22. Abashigikira Ubwami badahemuka berekana gute ko bariko babanza kurondera Ubwami? Tanga akarorero.

21 Abashigikira Ubwami badahemuka barerekana mu vyo bakora, atari mu vyo bavuga gusa, ko bariko babanza kurondera Ubwami. Barakoresha ubuzima bwabo, ububangukirwe bwabo n’ubutunzi bwabo mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Benshi barahevye vyinshi kugira bakore umurimo w’igihe cose. Abo bamamaji b’umutima ukunze bose bariboneye ko Yehova ahezagira abashira imbere Ubwami. Ehe akarorero ko mu bihe vyo mu ntango.

22 Avery Bristow n’umukenyezi wiwe Lovenia bari abatsimvyi mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu mpera z’imyaka ya 1920. Haciye imyaka, Lovenia yavuze ati: “Kuva ico gihe twe na Avery twaramaranye imyaka myinshi y’umunezero mu gikorwa c’ubutsimvyi. Akenshi vyarashika ntitubone aho dukura amahera y’igitoro canke y’ibifungurwa. Ariko Yehova yama abituronsa mu buryo bumwe canke mu bundi. Twaguma twikorera ubutsimvyi. Ntitwigeze tubura ivyo dukeneye koko.” Lovenia yaributse ivyashitse umusi umwe, igihe bakorera i Pensacola muri Florida. Bari basigaranye uduhera dukeyi n’udufungurwa dukeyi. Batashe ku kazu kabo gakwegwa n’umuduga, basanzeho imipfuko ibiri minini y’ibifungurwa iri kumwe n’agapapuro kanditseko ngo: “Abo mu Mugwi wa Pensacola babahoza ku mutima.” e Lovenia azirikanye ku myaka mirongo yari amaze mu murimo w’igihe cose, yavuze ati: “Yehova ntiyigera aduheba. Ntiyigera aduhemukira.”

23. Ubona gute ukuri kw’Ubwami wubuye, kandi wiyemeje gukora iki?

23 Twese ntidushobora gukora bimwe mu gikorwa co kwamamaza. Ivyacu ntivyifashe kumwe. Ariko twese turashobora kubona ko kwamamaza inkuru nziza tutiziganya ari agateka. (Kol. 3:23) Kubera ko duha agaciro ukuri kw’Ubwami kw’agaciro twubuye, turiteguriye kandi turashashaye kugira utwigoro twose dushoboka kugira dukorere Yehova ku rugero runini rushoboka. None si wo mwiyemezo ufise?

24. Kimwe mu bintu vy’Ubwami bihambaye kuruta ibindi vyose vyakozwe muri iyi misi ya nyuma ni ikihe?

24 Mu kinjana giheze, Umwami yagiye vy’ukuri arashitsa amajambo yiwe y’ubuhanuzi ari muri Matayo 24:14. Kandi yayashikije ata we agobereye. Abayoboke biwe bamaze kuva muri iyi si y’ubwikunzi, baritanze babikunze kugira bamamaze. Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza barangurira kw’isi yose kiri mu bigize ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami, kandi ico gikorwa ni kimwe mu bintu vy’Ubwami bihambaye kuruta ibindi vyose vyakozwe muri iyi misi ya nyuma.

a Muri Bibiliya, urume rwerekana ko ibintu ari vyinshi.​—Ita. 27:28; Mika 5:7.

b Agatabu Ku bajejwe igikorwa kasiguye gati: “Igikorwa [co gutanga ikinyamakuru] Ikiringo c’agakura ni isekeza ryo gushikiriza ubutumwa bw’ubwami inzu ku nzu. . . . Turetse iryo sekeza, ikinyamakuru Ikiringo c’agakura gikwiye gusigwa ku muhana umwumwe wose, umunyamuhana yaba yiyandikishije kuzoza arakironka canke atiyandikishije.” Mu myaka yakurikiye, abavukanyi baremeshejwe gusaba abantu ngo biyandikishe kuza bararonka ibinyamakuru Ikiringo c’agakura n’Umunara w’Inderetsi. Kuva ku wa 1 Ruhuhuma 1940, abasavyi ba Yehova baremeshejwe kuza baratangira rimwe ivyo binyamakuru no gushira kuri raporo igitigiri c’ivyo batanze.

c Ico gihe, abakurambere batorwa n’ishengero biciye mu matora. Ishengero ryarashobora rero kwanka gutora abagabo baterekwa ubusuku. Ingene ivyo gutora vyahindutse bagasigara bagenwa gitewokarasi bizokwihwezwa mu kigabane ca 12.

d Yezu yarashikirije iciyumviro nk’ico muri ca kigereranyo c’umudandaza w’ingenzi aja kurondera imaragarita y’agaciro kanini. Uwo mudandaza ayironse, aragurisha ibintu vyose afise akayigura. (Mat. 13:45, 46) Iyo migani ibiri iratwigisha kandi yuko dushobora kumenya ukuri kw’Ubwami mu buryo butandukanye. Hari abakwubukako batariko barakurondera, n’abakurondera. Twaba tumenye ukuri muri ubu buryo canke buriya, turiteguriye kugira ivyo duhevye kugira dushire imbere Ubwami mu buzima bwacu.

e Ico gihe amashengero yitwa imigwi.