Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu

Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Abasavyi b’Imana barakoresha uburyo butandukanye bwo kwamamaza kugira inkuru nziza ishikire abantu benshi bashoboka

1, 2. (a) Ni uburyo ubuhe Yezu yakoresheje mu kubwira ubutumwa abantu benshi? (b) Abigishwa ba Kristu b’abizigirwa biganye gute akarorero kiwe, kandi kubera iki?

 AMASINZI y’abantu arakikije Yezu ku nkengera y’ikiyaga, mugabo Yezu aca yurira ubwato akegera kure gatoyi. Kubera iki? Arazi ko ijwi ryiwe niryaca hejuru ku mazi rica ryongerekana bigatuma abo bantu amasinzi bumva neza ubutumwa abashikiriza.​—Soma Mariko 4:1, 2.

2 Imbere y’ivuka ry’Ubwami bw’Imana n’inyuma yaho, abigishwa ba Kristu b’abizigirwa bariganye akarorero kiwe, barakoresha ubuhinga bwaba bugezweho kugira bakwiragize inkuru nziza y’Ubwami mu bantu benshi. Abasavyi b’Imana bayobowe n’Umwami, barabandanya kuryohora no guhindura uburyo bakoresha igihe ibintu bihindutse canke igihe habonetse ubuhinga bugezweho. Twipfuza kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka imbere y’uko umuhero uza. (Mat. 24:14) Reka turabe bumwe mu buryo twakoresheje kugira inkuru nziza ishikire abantu aho baba hose. Nurabe kandi ukuntu ushobora kwigana ukwizera kw’abo bantu bakwiragije inkuru nziza muri ivyo bihe vyo mu ntango.

Kubwira abantu benshi

3. Kubera iki abansi b’ukuri bashavujwe n’uko twakoresheje ibinyamakuru vyo mw’isi?

3 Ibinyamakuru vyo mw’isi. Umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa bari basanzwe basohora Umunara w’Inderetsi kuva mu 1879, bagatuma ubutumwa bw’Ubwami bushikira abantu benshi. Ariko mu myaka cumi y’imbere ya 1914, biboneka ko Kristu yayoboye ibintu kugira inkuru nziza ishikire abantu barushirije kuba benshi. Vyose vyatanguye mu 1903. Muri uwo mwaka, Ephraim L. Eaton, umuvugizi w’umugwi w’abapasitori b’abaporotisanti w’i Pensilivaniya, yaratumiye Charles Taze Russell mu rukurikirane rw’ibiganiro vyo guharira ku nyigisho zo muri Bibiliya. Mw’ikete Eaton yarungikiye Russell, yanditse ati: “Niyumviriye ko hamwe twoharira imbere y’abantu bimwebimwe mu bibazo jewe nawe tudahurizako . . . vyoshimisha cane abantu.” Russell n’abo bari bafatanije igikorwa na bo nyene babona ko vyoshimishije cane abantu, baca batunganya ivyo gusohora ivyo bintu bahaririyeko mu kinyamakuru cari gikomeye cane (citwa The Pittsburgh Gazette). Ibiganiro vyo muri ico kinyamakuru vyarakunzwe cane kandi insobanuro zitomoye Russell yatanze ku bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya zarajijura cane ku buryo ico kinyamakuru casavye ko coza kirasohora insiguro za Russell buri ndwi. Emwe, ivyo vyarashavuje koko abansi b’ukuri!

Mu 1914, ibinyamakuru vyo mw’isi birenga 2.000 vyarasohora insiguro za Russell

4, 5. Ni kamere iyihe Russell yagaragaje, kandi abafise amabanga bomwigana gute?

4 N’ibindi binyamakuru vyo mw’isi ntivyatevye gusaba ko vyoza birasohora insiguro za Russell. Mu 1908, Umunara w’Inderetsi waravuze yuko izo nsiguro zasohorwa “ubudahorereza mu binyamakuru vyo mw’isi cumi na kimwe.” Ariko abavukanyi bari bamenyereye ibijanye n’ibinyamakuru bahanuye Russell ko hamwe yokura ibiro vy’ishirahamwe i Pittsburgh akavyimurira mu gisagara kizwi cane, n’ibindi binyamakuru vyo mw’isi vyogiye birasohokamwo ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya. Russell amaze gusuzuma iyo mpanuro be n’ibindi bintu, mu 1909 yarimuriye ibiro i Brooklyn muri New York. None havuyemwo iki? Haciye amezi makeyi gusa bimutse, ibinyamakuru vyo mw’isi nka 400 vyari bisigaye bisohora izo nsiguro, n’ibindi binyamakuru bikaguma vyiyongerako. Igihe Ubwami bw’Imana bwashingwa mu 1914, ibinyamakuru vyo mw’isi birenga 2.000 vyarasohora mu ndimi zine insiguro za Russell n’ibiganiro yandika!

5 Ni icigwa gihambaye ikihe ivyo bitwigisha? Abafise amabanga mw’ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe vyoba vyiza biganye ukwicisha bugufi kwa Russell. Gute? Igihe bafata ingingo zihambaye, ntibakwiye kwirengagiza impanuro abandi babaha.​—Soma Imigani 15:22.

6. Ukuri kwasohowe mu biganiro vyo mu binyamakuru vyo mw’isi kwafashije gute umuntu umwe?

6 Ukuri kw’Ubwami kwasohowe muri ivyo biganiro vyo mu binyamakuru vyo mw’isi kwarahinduye ubuzima bw’abantu. (Heb. 4:12) Nk’akarorero, uwitwa Ora Hetzel, akaba yabatijwe mu 1917, yari umwe mu bantu benshi bamenye ukuri ari bwo bwa mbere biciye kuri mwene ivyo biganiro. Yavuze ati: “Maze kwubaka urwanje naragiye kuramutsa mama i Rochester muri Minnesota. Nshitse, nasanze ariko arakata ibiganiro ku kinyamakuru. Zari insiguro za Russell. Yaransiguriye ivyo yari yarize muri izo nsiguro.” Ora yaremeye ukuri yize maze amara nk’imyaka mirongo itandatu ari umwamamaji w’Ubwami bw’Imana w’umwizigirwa.

7. Kubera iki abari bahagarikiye igikorwa basubiye gusuzuma nimba bobandanya gukoresha ibinyamakuru vyo mw’isi?

7 Mu 1916, hari ibintu bibiri bihambaye vyabaye, bituma abari bahagarikiye igikorwa basubira gusuzuma nimba bobandanya gukoresha ibinyamakuru vyo mw’isi mu gukwiragiza inkuru nziza. Ica mbere ni ya Ntambara ihambaye yariko irabica bigacika ico gihe. Yaratumye ibikoresho vy’ugucapura bigora kuronka. Mu 1916, raporo ivuye ku rwego rwacu rwo mu Bwongereza rujejwe ibinyamakuru yarerekanye iyo ngorane mu kuvuga iti: “Ubu hari ibinyamakuru birenga 30 gusa bisohora Insiguro. Birashoboka rwose ko vuba ico gitigiri kizogabanuka cane kubera ko igiciro c’impapuro kiguma kiduga.” Ica kabiri ni urupfu rw’umuvukanyi Russell rwashitse ku wa 31 Gitugutu 1916. Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 1916 watangaje uti: “Kubera ko umuvukanyi Russell yapfuye, insiguro ntizizosubira gusohorwa [mu binyamakuru vyo mw’isi].” Naho ubwo buryo bwo kwamamaza bwahagaze, hari ubundi buryo bwabandanije kuvamwo ivyiza vyinshi, aho ni nka rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.”

8. Rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe” rwatunganijwe gute?

8 Amasanamu. Russell n’abo bari bafatanije igikorwa baramaze nk’imyaka itatu batunganya rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe” rwasohowe mu 1914. (Imig. 21:5) Urwo rukurikirane rw’amafoto, ukwo akaba ari ko rwiswe, rwari rukozwe mu buhinga bwari bugezweho, rukaba rwari rugizwe n’amasanamu agendagenda, amajwi yafashwe, be n’amashusho y’amabara ari ku tuyo. Abantu amajana baragize uruhara mu gukina inkuru zo muri Bibiliya maze bagafatwa amasanamu; mbere n’ibikoko vyarafashwe amasanamu. Raporo imwe yo mu 1913 ivuga iti: “Vyinshi cane mu bikoko vyo mw’ibungabungiro ry’ibikoko rinini vyarakoreshejwe mu gutegura amasanamu agendagenda yo mu gihimba ca Nowa co muri urwo Rukurikirane.” Ku bijanye n’amashusho amajana yo ku tuyo yakoreshejwe muri urwo Rukurikirane, abahinga mu vy’ugucapa b’i Filadelifiya, i Londres, i New York, n’i Paris, barasize amabara ishusho imwimwe yose.

9. Kubera iki hakoreshejwe uwo mwanya wose n’ubwo buryo bwose mu gutegura urwo “Rukurikirane rw’amafoto”?

9 Kubera iki hakoreshejwe uwo mwanya wose n’ubwo buryo bwose mu gutegura urwo “Rukurikirane rw’amafoto”? Umwiyemezo wafashwe ku mahwaniro yo mu 1913 usigura uti: “Kuba ibinyamakuru vyo muri Amerika vyarashoboye guhindura ku rugero rw’akataraboneka ivyiyumviro vy’abantu biciye ku mashusho n’ibicapo, be n’ukuba amasanamu agendagenda yarakunzwe bimwe vy’igitangaza kandi agahuza n’uko ibintu vyifashe, vyarerekanye neza ko bifise akamaro kanini, kandi twebwe abamamaji n’abigisha b’ivya Bibiliya batera baja imbere twumva dufise imvo yumvikana rwose yo kwemeza ijana kw’ijana ko amasanamu agendagenda be n’amashusho ari uburyo bwiza kandi ngirakamaro abamamaji b’inkuru nziza n’abigisha bakwiye gukoresha.”

Hejuru: Akumba bakoreramwo mu kwerekana rwa “Rukurikirane rw’amafoto”; munsi: Utuntu tumeze nk’utuyo turiko amafoto ya rwa “Rukurikirane rw’amafoto”

10. Rwa “Rukurikirane rw’amafoto” rwerekanywe ku rugero rungana iki?

10 Mu 1914, urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwerekanwa mu bisagara 80 ku musi. Nk’abantu imiliyoni umunani muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada barabonye urwo Rukurikirane. Muri uwo mwaka nyene, rwarerekanywe mu Budagi, mu Buswise, mu Bwongereza, muri Danemarke, muri Finlande, muri Norveje, muri Nouvelle-Zélande, muri Ostraliya, no muri Suwede. Haratunganijwe n’integuro yoroheje y’urwo Rukurikirane (yitwa “Eurêka Drame”) itarimwo amasanamu agendagenda, kugira ikoreshwe mu bisagara bitobito. Iyo nteguro ntiyasaba amahera menshi mu kuyitegura kandi yari yoroshe gutwara. Gushika mu 1916, urwo “Rukurikirane rw’amafoto” canke integuro yarwo yoroheje vyari bimaze guhindurwa mu gifaransa, mu gipolonye, mu gisupanyoli, mu gisuwede, mu gitaliyano, mu kidagi, mu kidanemarke kivanze n’ikinorveje, mu kigiriki, no mu kinyarumeniya.

Mu 1914, rwa “Rukurikirane rw’amafoto” rwarerekanywe mu bibanza vyuzuyemwo abantu

11, 12. Rwa “Rukurikirane rw’amafoto” rwafashije gute uwukiri muto umwe, kandi ni akarorero akahe yadusigiye?

11 “Urukurikirane rw’amafoto” rwo mu gifaransa rwarafashije cane uwitwa Charles Rohner yari afise imyaka 18. Avuga ati: “Rwarerekanywe mu gisagara cacu ca Colmar i Alsace mu Bufaransa. Kuva mu ntango yarwo, narakozwe ku mutima n’ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kwashikirizwa mu buryo butomoye.”

12 Ivyo vyatumye Charles abatizwa maze mu 1922 arinjira mu murimo w’igihe cose. Igikorwa ca mbere yashinzwe cari ico gufasha kwerekana urwo “Rukurikirane rw’amafoto” mu Bufaransa. Charles adondora ico gikorwa ati: “Nari njejwe ibikorwa nka bingahe: kuvuza igicurarangisho co mu bwoko bw’ibitari (citwa violon), kwitwararika ivy’amakonte, no kwitwararika ibitabu. Barampaye kandi igikorwa co gusaba abantu ngo bacereze, imbere y’uko porogarama itangura. Mu karuhuko, twarereka abantu ibitabu. Umuvukanyi canke mushiki wacu umwumwe wese twamushinga agace kanaka. Umwe wese yaba afise igitigiri kinaka c’ibitabu, akagenda aravyereka abantu bose bari mu gace ajejwe. N’ikindi kandi, mu bwinjiriro haba hari imeza zuzuyeko ibitabu.” Mu 1925, Charles yarahamagawe gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn muri New York. Yahawe igikorwa co guhagarikira umugwi w’abacuraranzi bacurarangira iradiyo y’ishirahamwe yari iherutse gushingwa yitwa WBBR. Akarorero k’umuvukanyi Rohner gakwiye gutuma twibaza duti: ‘Noba niteguriye kwemera ibikorwa vyose nshingwa bijanye no gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami?’​—Soma Yesaya 6:8.

13, 14. Iradiyo yakoreshejwe gute mu gukwiragiza inkuru nziza? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ibiganiro vyo kw’iradiyo WBBR” be n’uruvuga ngo “ Ihwaniro ry’intibagirwa”)

13 Iradiyo. Mu myaka ya 1920, ivyo gukoresha urwo “Rukurikirane rw’amafoto” vyaratanguye kugabanuka, iradiyo ica iba bwo buryo buhambaye bwo gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Ku wa 16 Ndamukiza 1922 ni ho umuvukanyi Rutherford yashikiriza insiguro yʼintibagirwa kw’iradiyo yo mu nyubakwa ya Metropolitan Opera y’i Filadelifiya muri Pensilivaniya. Abantu nka 50.000 barumvirije insiguro yavuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Maze mu 1923, harashikirijwe ari bwo bwa mbere kw’iradiyo bimwe mu vyashikirijwe kw’ihwaniro. Uretse ko twakoresha amaradiyo y’abikorera utwabo, abari bahagarikiye igikorwa barabonye ko vyoba vyiza dushinze iradiyo yacu bwite, iyashinzwe i Staten Island i New York, izina ryayo ryemewe n’amategeko rikaba ryari WBBR. Ikiganiro ca mbere co kuri iyo radiyo cumvikanye ku wa 24 Ruhuhuma 1924.

Mu 1922, abantu nka 50.000 barumvirije biciye ku maradiyo ya nsiguro yavuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa”

14 Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1924 warasiguye intumbero y’iyo radiyo uti: “Tubona ko iradiyo ari bwo buryo budatwara amahera menshi kandi bwiza butarakoreshwa bwo gukwiragiza ubutumwa bwerekeye ukuri.” Wongeyeko uti: “Umukama niyabona ko bibereye gushiraho n’ayandi maradiyo kugira ukuri gukwiragire, azotanga amahera mu buryo abona ko ari bwiza.” (Zab. 127:1) Gushika mu 1926, abasavyi ba Yehova bari bafise amaradiyo atandatu. Abiri muri yo yari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika: iyitwa WBBR yari i New York, iyitwa WORD na yo ikaba hafi y’i Chicago. Ane asigaye na yo yari muri Kanada: imwe yari i Alberta, iyindi i British Columbia, iyindi i Ontario, iyindi na yo i Saskatchewan.

15, 16. (a) Abakuru b’amadini bo muri Kanada bakiriye gute ibiganiro vyacu vyo ku maradiyo? (b) Insiguro zaca ku maradiyo be n’igikorwa c’inzu ku nzu vyunganirana gute?

15 Ubwo buryo bwo gukwiragiza cane ukuri kwo muri Bibiliya ntibwaciye mu ryahumye abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu. Albert Hoffman, uwari amenyereye igikorwa co kw’iradiyo y’i Saskatchewan muri Kanada, yavuze ati: “Abantu barushiriza kuba benshi baratanguye kumenya ivy’Abatohoji ba Bibiliya [ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe]. Intahe ikomeye yarashinzwe gushika mu 1928, igihe abakuru b’amadini bahata abategetsi ngo bahagarike ayo maradiyo bigatuma amaradiyo yose y’Abatohoji ba Bibiliya yo muri Kanada yugarwa.”

16 Naho amaradiyo yacu yo muri Kanada yugawe, insiguro zishingiye kuri Bibiliya zarabandanije gushikirizwa ku maradiyo y’abikorera utwabo. (Mat. 10:23) Kugira izo nsiguro zirushirize kuba ngirakamaro, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi n’ikinyamakuru Ikiringo c’agakura (citwa ubu Be maso!) vyaba birimwo urutonde rw’amaradiyo y’abikorera utwabo yasamiriza ukuri kwo muri Bibiliya, kugira ngo abamamaji bariko bamamaza inzu ku nzu baremeshe abantu kwumviriza izo nsiguro ku maradiyo yo mu karere iwabo. None havuyemwo iki? Agatabu k’ikoraniro (akitwa ico gihe Bulletin) ko muri Nzero 1931 kavuga gati: “Ivyo biganiro vyo ku maradiyo vyaratumye koko abavukanyi bijukira kwamamaza inzu ku nzu. Ku biro twararonse amaraporo menshi atubwira ko abantu bayumvirije mu mpisho, kandi ko bari biteguriye cane kwakira ibitabu kubera bumvise insiguro zashikirijwe n’umuvukanyi Rutherford.” Ako gatabu kavuze ko gukoresha amaradiyo no kwamamaza inzu ku nzu ari “bwo buryo bubiri buhambaye bwo kwamamaza bwakoreshejwe n’ishirahamwe ry’Umukama.”

17, 18. Naho ibintu vyahindutse, iradiyo yabandanije gute gufasha gukwiragiza inkuru nziza?

17 Mu myaka ya 1930, bararushirije kutubuza gukoresha amaradiyo y’abikorera utwabo. Ku bw’ivyo, mu mpera za 1937, abasavyi ba Yehova barahuje n’uko ibintu vyari bisigaye vyifashe. Barakuye akarenge mu maradiyo y’abikorera utwabo, bitaho canecane ubusuku bw’inzu ku nzu. a Ariko nticabujije ko amaradiyo abandanya kurangura uruhara ruhambaye mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami mu turere twa kure canke mu mihingo yo hirya no hino kw’isi. Nk’akarorero, kuva mu 1951 gushika mu 1991, hari iradiyo yo mu burengero bw’igisagara ca Berlin co mu Budagi yama ishikiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya kugira ngo abantu bo mu mihingo y’ahahoze hitwa Ubudagi bwo mu Buseruko bumve ubutumwa bw’Ubwami. Kuva mu 1961 kubandanya mu kiringo c’imyaka irenga 30, iradiyo y’igihugu yo muri Suriname muri Amerika y’Epfo yarashikiriza ku ndwi ku ndwi ikiganiro c’iminuta 15 cakwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya. Kuva mu 1969 gushika 1977, ishirahamwe ryaratunganije ibiganiro vyo kw’iradiyo birenga 350 vyo mu rukurikirane rwiswe “Icanditswe cose ni ngirakamaro.” Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, amaradiyo 291 yo mu maleta 48 yarashikiriza ivyo biganiro. Mu 1996, iradiyo yo ku mugwa mukuru Apiya w’igihugu ca Samowa co muri Pasifike y’Epfo yarashikiriza ku ndwi ku ndwi ikiganiro kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo vyanyu bishingiye kuri Bibiliya.”

18 Mu mpera z’ikinjana ca 20, iradiyo ntiyari ikirangura uruhara ruhambaye mu gukwiragiza inkuru nziza. Ariko harabonetse ubundi buhinga bwatumye bishoboka ko inkuru nziza ishikira abantu benshi ku rugero rutari bwigere rushikwako.

19, 20. Kubera iki abasavyi ba Yehova bashizeho umuhora wa jw.org, kandi uriko uvamwo ivyiza ibihe? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ JW.ORG.”)

19 Internet. Gushika mu 2013, abantu barenga imiliyaridi zibiri n’imiliyoni amajana indwi, ni ukuvuga nk’ibice 40 kw’ijana vy’abantu bose baba kw’isi, barakoresha Internet. Ibitigiri bimwebimwe vyerekana ko ubu nk’abantu imiliyaridi zibiri bashobora gukoresha Internet ku twuma ngendanwa (nk’amatelefone ngendanwa yitwa smartphones n’ama tabletttes). Ico gitigiri kiguma congerekana kw’isi yose, ariko muri Afrika ni ho igitigiri c’abakoresha Internet kuri telefone ngendanwa kiriko kiduga ningoga na ningoga kuruta ahandi hose. Ubu muri Afrika abantu barenga imiliyoni 90 barakoresha Internet kuri telefone ngendanwa. Ubwo buhinga bwarahinduye cane uburyo abantu benshi baronka amakuru.

20 Kuva mu 1997, abasavyi ba Yehova baratanguye gukoresha ubwo buryo bwo guha amakuru abantu benshi cane icarimwe. Mu 2013, umuhora wa jw.org warabonetse mu ndimi nka 300, abantu bakaba barashobora kuvoma amakuru ashingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 520. Ubu, buri musi nk’abantu 750.000 baraja kuri uwo muhora. N’ikindi kandi, buri kwezi abantu baravoma ibitabu bikwiye birenga imiliyoni 3, ibinyamakuru bikwiye birenga imiliyoni 4, n’ibintu vyo kwumviriza birenga imiliyoni 22.

21. Inkuru ya Sina yakwigishije iki?

21 Uwo muhora usigaye ari uburyo bukomeye bwo gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, mbere no mu bihugu aho usanga igikorwa cacu co kwamamaza kiburabuzwa. Nk’akarorero, mu ntango za 2013, hari umugabo yitwa Sina yabonye umuhora wacu jw.org aca aterefona ku cicaro gikuru cacu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika asaba ko bomufasha kumenya n’ibindi ku bijanye na Bibiliya. Ni igiki catumye iyo telefone iba iyidasanzwe? Sina ni umwisilamu aba mu kagwati ka kure ko mu gihugu aho igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kiburabuzwa rwose. Amaze guterefona haratunganijwe ivy’uko Icabona wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika amwigisha Bibiliya kabiri ku ndwi. Biga bakoresheje bwa buryo bwa Internet aho abantu bayaga babonana.

Kwigisha abantu umwumwe ukwiwe

22, 23. (a) Uburyo twakoresheje kugira ngo inkuru nziza ishikire abantu benshi bwoba bwarasubiriye ukwamamaza inzu ku nzu? (b) Umwami yahezagiye gute utwigoro twacu?

22 Mu buryo bwose twakoresheje kugira ngo inkuru nziza ishikire abantu benshi, bwaba ibinyamakuru vyo mw’isi, rwa “Rukurikirane rw’amafoto,” ibiganiro vyo ku maradiyo, canke wa muhora wacu wa Internet, nta na bumwe bwasubiriye ukwamamaza inzu ku nzu. Kubera iki? Kubera ko abasavyi ba Yehova bigiye ku karorero basigiwe na Yezu. Yarakora n’ibindi uretse ukubwira inkuru nziza amasinzi y’abantu. Yibanda ku gufasha abantu umwumwe ukwiwe. (Luka 19:1-5) N’ikindi kandi, yaramenyereje abigishwa biwe kubigenza gutyo nyene, kandi yarabahaye ubutumwa bwo gushikiriza. (Soma Luka 10:1, 8-11.) Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 6, abahagarikiye igikorwa bamye baremesha buri musavyi wa Yehova kuyagisha abantu amaso mu yandi.​—Ivyak. 5:42; 20:20.

23 Inyuma y’imyaka ijana ihaciye Ubwami bw’Imana buvutse, abamamaji barenga imiliyoni indwi n’ibihumbi amajana icenda baragira uruhara n’umwete mu kwigisha abandi ibijanye n’imigambi y’Imana. Emwe, Umwami yarahezagiye koko uburyo twakoresheje mu gutangaza Ubwami. N’ikindi kandi, nk’uko ikigabane gikurikira kivyerekana, yaraturonkeje ibikoresho dukeneye kugira dukwiragize inkuru nziza mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose.​—Ivyah. 14:6.

a Mu 1957, abari bahagarikiye igikorwa barafashe ingingo yo kwugara iya nyuma mu maradiyo yacu, ari yo WBBR yari i New York.