Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Ibikoresho vyo kwamamaza—Turasohora ibitabu bigenewe abantu bo kw’isi yose

Ibikoresho vyo kwamamaza—Turasohora ibitabu bigenewe abantu bo kw’isi yose

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Yehova arabandanya kuturonsa ibikoresho dukeneye kugira twigishe abantu bo mu mahanga yose no mu moko yose n’indimi zose

1, 2. (a) Mu kinjana ca mbere, vyagenze gute ngo inkuru nziza ikwiragire mu Nganji y’Uburoma? (b) Ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko Yehova adushigikiye muri iki gihe? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Inkuru nziza mu ndimi zirenga 670.”)

 ABARI baje i Yeruzalemu barumiwe. Abanyagalilaya bariko bavuga neza indimi z’inyamahanga, kandi ubutumwa bariko bashikiriza bwarashimishije abariko babumviriza. Ico gihe hari kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu; abigishwa bari baronse ku gitangaro ingabirano yo kuvuga indimi nyinshi, ivyo bikaba vyagaragaza ko bashigikiwe n’Imana. (Soma Ivyakozwe 2:1-8, 12, 15-17.) Inkuru nziza bamamaje uwo musi yarumviswe n’abantu bari baje bava mu mihingo itandukanye, mu nyuma irakwiragira mu Nganji y’Uburoma.​—Kol. 1:23.

2 Muri iki gihe abasavyi b’Imana ntibavuga ku gitangaro indimi nyinshi. Naho ari ukwo, kugira ngo inkuru nziza ikwiragire mu ndimi nyinshi kuruta mu kinjana ca mbere, barahindura ubutumwa bw’Ubwami mu ndimi zirenga 670. (Ivyak. 2:9-11) Abasavyi b’Imana barahinguye ibitabu vyinshi cane mu ndimi nyinshi cane ku buryo ubutumwa bw’Ubwami bwashoboye gushika mu mihingo yose y’isi. a Ico na co nyene ni ikimenyamenya gitomoye cerekana ko Yehova ariko arakoresha Umwami Yezu Kristu mu kuyobora igikorwa cacu co kwamamaza. (Mat. 28:19, 20) Uko twihweza bimwebimwe mu bikoresho twakoresheje mu kurangura ico gikorwa muri iyi myaka 100 iheze, raba ukuntu Umwami yagiye aratumenyereza kwitwararika abantu umwumwe ukwiwe yongera araturemesha kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana.​— 2 Tim. 2:2

Umwami araronsa abasavyi biwe ibikwiye kugira bateragire imbuto z’ukuri

3. Kubera iki dukoresha ibikoresho bitandukanye mu gikorwa cacu co kwamamaza?

3 Yezu yagereranije “ijambo ry’ubwami” n’imbuto, umutima w’umuntu na wo awugereranya n’ivu. (Mat. 13:18, 19) Nk’uko umurimyi ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye mu kworosha ivu no mu kuritegura kugira ryakire imbuto, ni ko n’abasavyi ba Yehova bakoresheje ibikoresho bitandukanye mu gutegura imitima y’abantu amamiliyoni kugira yakire ubutumwa bw’Ubwami. Bimwe muri ivyo bikoresho vyaramaze igihe kinaka ari ngirakamaro. Ibindi na vyo, nk’ibitabu n’ibinyamakuru, birabandanya kurangura igikorwa ngirakamaro. Ibikoresho vyose bivugwa muri iki kigabane biratandukanye na bwinshi muri bwa buryo twavuga mu kigabane c’imbere y’iki bwakoreshwa kugira inkuru nziza ishikire abantu benshi cane icarimwe. Vyovyo vyarafashije abamamaji b’Ubwami kuganira n’abantu amaso mu yandi.​—Ivyak. 5:42; 17:2, 3.

Aha bariko barahingura amafono n’ibikoresho biduza amajwi, i Toronto muri Kanada

4, 5. Amafono yakoreshwa gute, ariko ni igiki yari ahajije?

4 Insiguro zafashwe amajwi. Mu myaka ya 1930 no mu myaka ya 1940, abamamaji barakoresheje insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi zavuzwa ku vyuma ngendanwa vyitwa amafono. Insiguro imwimwe yose ntiyashikana iminuta itanu. Rimwe na rimwe zaba zifise imitwe migufimigufi, nk’akarorero “Ubutatu,” “Ipurugatori,” n’ “Ubwami.” None izo nsiguro zakoreshwa gute? Umuvukanyi yitwa Clayton Woodworth yabatijwe mu 1930 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yavuze ati: “Naritwaza ifono ntoyi iri mu kavarisi kayo, irasoro be n’akantu gasohokanamwo amajwi, ako nabwirizwa gucomeka neza ku mubari w’ifono kugira ivuge neza. Naregera umuhana, nkugurura nya kavarisi, ngacomeka nya kantu gasohokanamwo amajwi, ngaca mfyonda agakengeri ko ku rugi. Umunyamuhana yuguruye, naca mvuga nti: ‘Ndafise ubutumwa buhambaye nipfuza ko wumva.’ ” None abantu bavyakira gute? Umuvukanyi Woodworth avuga ati: “Akenshi nya muntu yaravyakira neza. Mu bindi bihe na ho abantu baca bugara urugi. Vyaranashika bakiyumvira ko ndiko ngurisha amafono.”

Gushika mu 1940, hari hamaze kuboneka insiguro zafashwe amajwi zirenga 90 no gutunganywa ivyo kwumviriza birenga umuliyoni

5 Gushika mu 1940, hari hamaze kuboneka insiguro zafashwe amajwi zirenga 90 no gutunganywa ivyo kwumviriza birenga umuliyoni. John E. Barr, ico gihe akaba yari umutsimvyi mu Bwongereza mu nyuma akaba mu bagize Inama Nyobozi, yavuze ati: “Kuva mu 1936 gushika mu 1945, ifono ntitwavana. Mu vy’ukuri, ico gihe ntayifise sinumva amahoro. Vyararemesha cane kwumva ijwi ry’umuvukanyi Rutherford ku muhana; ni nk’aho mwaba muri kumwe. Ariko ntiwumve, gukoresha amafono vyari bihajije umuce w’ubusuku ujanye no kwigisha; ntiyashobora gukora abantu ku mutima.”

6, 7. (a) Udukarata two gushinga intahe twavuyemwo ivyiza ibihe, ariko ni ibiki tutashobora gushikako? (b) Ni gute Yehova ‘yashize amajambo mu kanwa kacu’?

6 Udukarata two gushinga intahe. Kuva mu 1933, abamamaji bararemeshejwe gukoresha udukarata two gushinga intahe mu kwamamaza inzu ku nzu. Agakarata ko gushinga intahe kapima santimetero 7 n’ibice 6 kuri santimetero 12 n’ibice 7. Kaba karimwo ubutumwa bugufi bwo muri Bibiliya kakavuga n’igitabu gishingiye kuri Bibiliya umuntu yashobora kwironsa. Umwamamaji yaraha gusa umuntu ako gakarata maze akamusaba kugasoma. Lilian Kammerud, akaba yahavuye aba umumisiyonari muri Porto Riko no muri Arjantine, yavuze ati: “Narakunze cane ivy’ugukoresha udukarata.” Kubera iki? Yavuze ati: “Si twese twashobora gutanguza neza ikiyago. Twaramfashije rero kumenyera kuyagisha abantu.”

Agakarata ko gushinga intahe (ko mu gitaliyano)

7 Umuvukanyi David Reusch yabatijwe mu 1918 yavuze ati: “Udukarata two gushinga intahe twarafashije abavukanyi, kubera ko bake cane ari bo babona yuko bashoboye kuvuga vyo.” Ariko n’ico gikoresho hari ivyo kitashobora gushikako. Umuvukanyi Reusch yavuze ati: “Vyarashika abantu bakiyumvira ko tutavuga. Ni nk’aho benshi muri twebwe batari bashoboye kuvuga. Ariko Yehova yariko aradutegura kuba abasuku bashoboye kuyaga n’abantu. Ntiyotevye gushira amajambo mu kanwa kacu mu kutwigisha gukoresha Bibiliya ku muhana. Ivyo yabigize biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryatanguye mu myaka ya 1940.”​—Soma Yeremiya 1:6-9.

8. Ushobora gute kureka ngo Kristu akumenyereze?

8 Ibitabu. Kuva mu 1914, abasavyi ba Yehova basohoye ibitabu bitandukanye birenga 100 birimwo ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya. Bimwe muri ivyo bitabu vyari bigenewe kumenyereza abamamaji kuba abasuku babishoboye. Anna Larsen wo muri Danemarke, akaba amaze nk’imyaka 70 ari umwamamaji, avuga ati: “Yehova yaradufashije kurushiriza kuba abamamaji babishoboye biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no ku bitabu twaronka bijanye na ryo. Ndibuka ko ica mbere muri ivyo bitabu cavuga ngo Igitabu ca gitewokarasi gifasha abamamaji b’Ubwami, kikaba casohowe mu 1945. Cakurikiwe n’ikivuga ngo “Bafise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose” casohowe mu 1946. Ubu dufise ikivuga ngo Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi casohotse mu 2001.” Vy’ukuri, Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’ibitabu bijanye na ryo vyararanguye uruhara ruhambaye, kuko Yehova “yatugize koko abakwije neza ibisabwa kugira tube abasuku.” (2 Kor. 3:5, 6) Woba wariyandikishije mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi? Woba uzana igitabu c’Ishure ry’Ubusuku ku makoraniro ku ndwi ku ndwi kandi ugakurikira mu gitabu cawe igihe umucungezi w’ishure yerekeje ku bivugwa muri co? Nimba ubigira, uzoba uriko urareka ngo Kristu akumenyereze kuba umwigisha mwiza kuruta.​— 2 Kor. 9:6; 2 Tim. 2:15.

9, 10. Ni uruhara uruhe ibitabu vyaranguye mu gikorwa co gutera no kuvomera imbuto z’ukuri?

9 Yehova yaradufashije kandi mu gutuma ishirahamwe ryiwe rituronsa ibitabu bifasha abamamaji gusigura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera carabaye ngirakamaro cane. Casohowe ari bwo bwa mbere mu 1968 kandi ivyiza vyaco ntivyatevye kwibonekeza. Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1968 cavuze giti: “Igitabu Ukuri carasabwe cane ku buryo muri Nyakanga icapuriro [ryacu] ry’i Brooklyn ryashizeho n’umugwi udasanzwe ukora mw’ijoro.” Congeyeko giti: “Igihe kimwe muri Myandagaro igitigiri c’ibitabu Ukuri vyari vyasabwe cararenze kure n’iyo ivyashobora kuboneka, harengako ibirenga umuliyoni n’igice!” Gushika mu 1982, ibitabu Ukuri birenga imiliyoni 100 vyari bimaze gusohorwa mu ndimi 116. Mu myaka 14, kuva 1968 gushika 1982, igitabu Ukuri caratumye igitigiri c’abamamaji b’Ubwami ciyongerako abarenga umuliyoni. b

10 Mu 2005, harasohowe ikindi gikoresho gihambaye gifasha kwiga Bibiliya: igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Amakopi yaco nk’imiliyoni 200 aramaze gusohorwa mu ndimi 256! None cavuyemwo ivyiza ibihe? Mu myaka indwi gusa kuva mu 2005 gushika 2012, nk’abantu umuliyoni n’ibihumbi amajana abiri barabaye abamamaji b’inkuru nziza. Muri ico kiringo nyene, igitigiri c’abo twigana Bibiliya caraduze kiva ku miliyoni nka 6 gishika ku barenga imiliyoni umunani n’ibihumbi amajana indwi. Vy’ukuri, Yehova ariko arahezagira utwigoro tugira two gutera no mu kuvomera imbuto z’ukuri kw’Ubwami.​—Soma 1 Abakorinto 3:6, 7.

11, 12. Nk’uko ivyanditswe bivyerekana, ibinyamakuru vyacu vyateguriwe ba nde?

11 Ibinyamakuru. Mu ntango, Umunara w’Inderetsi wari ugenewe canecane “ubusho buto,” ni ukuvuga ‘abahamagariwe ijuru.’ (Luka 12:32; Heb. 3:1) Kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 1919, ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ikindi kinyamakuru cari kigenewe abantu bose muri rusangi. Ico kinyamakuru carakunzwe cane n’Abatohoji ba Bibiliya be n’abantu muri rusangi ku buryo camaze imyaka myinshi gitangwa cane kurusha Umunara w’Inderetsi. Cabanje kwitwa Ikiringo c’agakura. Mu 1937 caciye citwa Uruhoza. Mu 1946 na ho, caciye citwa Be maso!

12 Mu myaka n’iyindi, ukuntu Umunara w’Inderetsi na Be maso! bitunganijwe kwagiye kurahinduka, ariko intumbero yavyo ntiyahindutse: ni iyo gutangaza Ubwami bw’Imana no gutuma abantu bizigira Bibiliya. Ubu Umunara w’Inderetsi usohoka mu nteguro zibiri: integuro y’ukwiga be n’integuro ya bose. Integuro y’ukwiga igenewe ‘abakozi bo mu nzu’, ni ukuvuga “ubusho buto” n’ “izindi ntama.” c (Mat. 24:45; Yoh. 10:16) Integuro ya bose na yo igenewe canecane abataramenya ukuri ariko bubaha Bibiliya n’Imana. (Ivyak. 13:16) Be maso! yibanda canecane ku bazi bike kuri Bibiliya no ku Mana y’ukuri Yehova.​—Ivyak. 17:22, 23.

13. Ni ikintu ikihe ubona ko kidasanzwe ku bijanye n’ibinyamakuru vyacu? (Nugire ico uvuze ku biri mu gicapo kivuga ngo “ Ibintu bisohorwa cane kuruta ibindi kw’isi.”)

13 Kuva mu ntango z’umwaka wa 2014, buri kwezi hasohoka Be maso! zirenga imiliyoni 44 n’amakopi nk’imiliyoni 46 y’Umunara w’Inderetsi. Be maso! yahindurwa mu ndimi nka 100, Umunara w’Inderetsi na wo mu ndimi zirenga 200. Ku bw’ivyo, ni vyo binyamakuru vyahindurwa mu ndimi nyinshi kandi bigatangwa cane kuruta ibindi vyose kw’isi! Ntibitangaje kubona twarashitse kuri ivyo bintu bidasanzwe. Nakare, ivyo binyamakuru birimwo ubutumwa Yezu yavuze ko bwokwamamajwe mw’isi yose.​—Mat. 24:14.

14. Ni igiki twakoranye umwete mwinshi, kandi kubera iki?

14 Bibiliya. Mu 1896, umuvukanyi Russell n’abo bari bafatanije igikorwa barahinduye izina ry’ishirahamwe bakoresha mu gusohora ibitabu kugira rijemwo ijambo Bibiliya; baryise Watch Tower Bible and Tract Society. Vyari bibereye ko rihindurwa kubera ko Bibiliya yamye ari co gikoresho nyamukuru gikoreshwa mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. (Luka 24:27) Abasuku b’Imana barakoze bahuza n’iryo zina ryemewe n’amategeko, barakorana umwete mu gukwiragiza Bibiliya no mu kuremesha abantu kuyisoma. Nk’akarorero, mu 1926 twaracapuye n’imashini zacu impinduro y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yitwa The Emphatic Diaglott yatunganijwe na Benjamin Wilson. Kuva mu 1942, twaracapuye twongera turatanga nk’amakopi 700.000 ya Bibiliya yitwa King James Version. Haciye imyaka ibiri gusa, twaratanguye gucapura Bibiliya yitwa American Standard Version, ino ikaba ikoresha izina rya Yehova ahantu 6.823. Gushika mu 1950, twari tumaze gutanga amakopi yayo arenga 250.000.

15, 16. (a) Ni igiki ushima kuri Bibiliya y’isi nshasha? (Nugire ico uvuze ku biri mu ruzitiro ruvuga ngo “ Guhindura Bibiliya biriko birihutishwa.”) (b) Ushobora gute kureka Yehova akagukora ku mutima?

15 Mu 1950 harasohowe Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Bibiliya y’isi nshasha yose hamwe yasohowe mu 1961. Iyo Bibiliya iratera iteka Yehova mu gusubiza izina ryiwe aho ryari riri mu gisomwa co mu ntango c’igiheburayo. Izina ry’Imana riraboneka kandi incuro 237 mu gisomwa nyamukuru c’igihimba c’iyo Bibiliya c’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Kugira hiyemezwe neza ko itagiramwo amakosa kandi yoroshe gusoma uko bishoboka kwose, yarasubiwemwo incuro nka zingahe, ubuheruka hakaba hari mu 2013. Gushika mu 2013, hari hamaze gusohorwa amakopi arenga imiliyoni 201 ya Bibiliya y’isi nshasha ikwiye canke igice cayo mu ndimi 121.

16 Bamwebamwe bavyakiriye gute igihe basoma Bibiliya y’isi nshasha mu rurimi rwabo? Hari umugabo w’i Nepale yavuze ati: “Bibiliya ya kera yo mu kinepale benshi yarabagora gutahura kuko yakoresha imvugo ya kera. Ariko ubu turashobora gutahura Bibiliya neza cane, kubera ko ikoresha imvugo yo mu buzima bwa misi yose.” Igihe umugore umwe wo muri République centrafricaine yatangura gusoma Bibiliya y’isi nshasha mu gisango, yaciye arira maze avuga ati: “Uru ni rwo rurimi runkora ku mutima.” Cokimwe n’uwo mugore, twese turashobora kureka Yehova akadukora ku mutima mu gusoma Ijambo ryiwe ku musi ku musi.​—Zab. 1:2; Mat. 22:36, 37.

Niwerekane ko ukenguruka ibikoresho n’ukumenyerezwa turonswa

17. Wokwerekana gute ko uha agaciro kandi ukenguruka ibikoresho be n’ukumenyerezwa uronswa, kandi niwabigira hazovamwo iki?

17 Woba uha agaciro kandi ugakenguruka ibikoresho n’ukumenyerezwa Umwami Yezu Kristu agenda araturonsa? Woba urondera umwanya wo gusoma ibitabu ishirahamwe ry’Imana risohora kandi ukabikoresha mu gufasha abandi? Nimba ubigira, uzovuga nk’uko mushiki wacu Opal Betler yabatijwe kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 1914 yavuze. Yavuze ati: “Mu myaka n’iyindi, twe n’umunega wanje [Edward] twarakoresheje ifono n’udukarata two gushinga intahe. Twarashinze intahe inzu ku nzu dukoresheje ibitabu, udutabu, n’ibinyamakuru. Twaragiye mu masekeza no mu madefile twongera turatanga ubutumwa bucapuye. Mu nyuma twaramenyerejwe gusubira kuraba abo twayaze no kuyobora inyigisho za Bibiliya ku mihana y’ababa bashimishijwe. Twagize ubuzima burimwo vyinshi vyo gukora kandi buhimbaye.” Yezu yasezeranye ko abatwarwa biwe bokoze cane mu kubiba, mu kwimbura, no mu kunezeranwa. Ubu abantu amamiliyoni bameze nka Opal barashobora kwemeza ko uwo muhango ari uw’ukuri.​—Soma Yohani 4:35, 36.

18. Ni agateka akahe dufise?

18 Abantu benshi bataraba abasuku b’Umwami boshobora kubona abasavyi b’Imana nk’ “abantu batize kandi basanzwe.” (Ivyak. 4:13) Ariko zirikana gatoyi! Umwami yaratumye abantu biwe basanzwe baba ishirahamwe rikomeye risohora ibitabu, bakaba barasohoye bimwe mu bitabu vyahinduwe cane kandi bigakwiragizwa cane kuruta ibindi vyose kuva abantu babayeho! N’igihambaye kuruta, yaratumenyereje yongera araduha ingoga kugira ngo dukoreshe ivyo bikoresho mu gukwiragiza inkuru nziza mu bantu bo mu mahanga yose. Emwe, ni agateka gahambaye kubona dukorana na Kristu mu gutera imbuto z’ukuri no mu kwimbura abigishwa!

a Mu myaka cumi gusa iheze, abasavyi ba Yehova basohoye ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya birenga imiliyaridi 20. Vyongeye, abantu barenga imiliyaridi zibiri n’imiliyoni amajana indwi kw’isi yose bakoresha Internet, ubu barashobora kuja ku muhora wacu jw.org.

b Ibindi bikoresho bifasha kwiga Bibiliya vyafashije abamamaji kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya ni: igitabu Inanga y’Imana (casohowe mu 1921), igitabu “Imana iboneke ko ari inyakuri” (casohowe mu 1946), igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi (casohowe mu 1987), be n’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera (casohowe mu 1996).

c Raba ikiganiro kivuga ngo “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, ingingo ya 13 , cerekana ukuntu dusigaye dutahura abagize ‘abakozi bo mu nzu’ abo ari bo.