Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

Umwami atyorora abayoboke biwe mu vy’impwemu

Umwami atyorora abayoboke biwe mu vy’impwemu

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Igituma Yezu yatyoroye yongera arahumanura mu vy’impwemu abayoboke biwe n’ingene yabigize

1-3. Yezu yakoze iki igihe yasanga urusengero ruriko rurahumanywa?

 YEZU yarubaha cane urusengero rw’i Yeruzalemu kubera ko yari azi ico rwagereranya. Urwo rusengero rwari rumaze igihe ari intimatima y’ugusenga kw’ukuri kw’isi. Ariko ukwo gusenga, ni ukuvuga ugusenga ya Mana nyeranda Yehova, gutegerezwa kuba kudahumanye kandi gutyoroye. Ibaze rero ukuntu Yezu yamerewe igihe yaza ku rusengero ku wa 10 Nisani 33 agasanga ruriko rurahumanywa. Ni ibiki vyariko biba?—Soma Matayo 21:12, 13.

2 Mu Kigo c’Abanyamahanga, abadandaza n’abakaba amahera b’abanyamwina bararenganya abasavyi b’Imana baba baje gushikanira Yehova amashikanwa. a Yezu “[yarahindiye] hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero bose, ahenagura imeza z’abakaba amahera.” (Gereranya na Nehemiya 13:7-9.) Yariyamirije abo bagabo b’abikunzi kubera ko inzu ya Se wiwe bari bayihinduye “isenga ry’abambuzi.” Gutyo Yezu yarerekanye ko yubaha urusengero n’ico rwagereranya. Ugusenga Se wiwe kwategerezwa kuguma kudahumanye!

3 Haciye ibinjana, aho Yezu amariye kwimikwa akaba Umwami Mesiya, hari urusengero yongeye guhumanura, bino bikaba bigira ico bikoze ku bantu bose bipfuza gusenga Yehova mu buryo yemera. None urwo rusengero yahumanuye ni uruhe?

Ahumanura “bene Lewi”

4, 5. (a) Abayoboke ba Yezu barobanuwe batyorowe gute bongera bahumanurwa gute kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919? (b) Gutyorora no guhumanura abasavyi b’Imana vyoba vyari birangiye? Sigura.

4 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 2 c’iki gitabu, Yezu amaze kwimikwa mu 1914, yarazananye na Se wiwe gusuzuma urusengero rwo mu vy’impwemu, ni ukuvuga ugusenga gutyoroye. b Umwami amaze kugira iryo suzuma, yasanze “bene Lewi,” ari bo bakirisu barobanuwe, bakeneye gutyororwa no guhumanurwa. (Mal. 3:1-3) Kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919, Yehova wa Mutyorozi yararetse abasavyi biwe barashikirwa n’ibigeragezo be n’ingorane bitandukanye vyabatyoroye vyongera birabahumanura. Birashimishije kubona abo barobanuwe bavuye muri ivyo bigeragezo bimeze nk’umuriro bahumanuye, bashashaye gushigikira Umwami Mesiya!

5 None gutyorora no guhumanura abasavyi b’Imana vyari birangiye? Oya. Muri iyi misi ya nyuma, Yehova abicishije ku Mwami Mesiya yarabandanije gufasha abayoboke ba Yezu kuba abadahumanye kugira bashobore kuguma mu rusengero rwo mu vy’impwemu. Mu bigabane bibiri bikurikira tuzobona ukuntu yabatyoroye mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye no mu bijanye n’ugutunganya ibintu. Reka tubanze twihweze ingene yabahumanuye mu vy’impwemu. Birakomeza ukwizera kwihweza ivyo Yezu yakoze mu buryo buboneka no mu buryo butaboneka, kugira afashe abayoboke biwe kuba abadahumanye mu vy’impwemu.

“Mugume mudahumanye”

6. Amategeko Yehova yahaye Abayuda bari mu bunyagano adufasha gute gutahura ico kudahumana mu vy’impwemu bisobanura?

6 Kudahumana mu vy’impwemu bisobanura iki? Kugira twishure ico kibazo, reka twihweze amajambo Yehova yabwiye Abayuda bari mu bunyagano igihe bagira bave i Babiloni mu kinjana ca gatandatu Imbere ya Kristu. (Soma Yesaya 52:11.) Abo Bayuda bagira basubire i Yeruzalemu canecane kugira basubire kwubaka urusengero no kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri. (Ezr. 1:2-4) Yehova yashaka ko abasavyi biwe basiga inyuma akantu kose kajanye n’idini rya Babiloni. Urabona ko yabategetse yikurikiranya ati: “Ntimukore ku gihumanye na kimwe,” “sohoke muve hagati muri we,” “mugume mudahumanye.” Ugusenga Yehova gutyoroye ntigukwiye kwanduzwa n’ugusenga kw’ikinyoma. None ivyo bitwereka iki? Kudahumana mu vy’impwemu bisobanura kwirinda inyigisho n’imigenzo vy’idini ry’ikinyoma.

7. Ni umuhora uwuhe Yezu yakoresheje mu gufasha abayoboke biwe kuba abadahumanye mu vy’impwemu?

7 Haciye igihe gitoyi Yezu yimitswe, yarashizeho umuhora wibonekeza neza yakoresheje mu gufasha abayoboke biwe kuba abadahumanye mu vy’impwemu. Uwo muhora ni wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge Kristu yagena mu 1919. (Mat. 24:45) Muri uwo mwaka, Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze kwihumanura inyigisho nyinshi z’idini ry’ikinyoma. Ariko rero, bari bakeneye kurushiriza guhumanurwa mu vy’impwemu. Kristu abicishije ku mushumba wiwe w’umwizigirwa, yagiye araronsa umuco abayoboke biwe ku bijanye n’imisi mikuru be n’ibikorwa bari bakeneye guheba. (Imig. 4:18) Reka twihweze uburorero bumwebumwe.

Abakirisu boba bari bakwiye guhimbaza Noweli?

8. Ni igiki Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze igihe bemera ku bijanye na Noweli, ariko ni igiki batabona neza?

8 Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze igihe bemera ko Noweli ikomoka mu bapagani be n’uko Yezu atavutse ku wa 25 Kigarama. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Kigarama 1881 wavuze uti: “Abantu amamiliyoni bazanywe mw’ishengero bakuwe mu bapagani. Ariko ahanini bahindutse gusa kw’izina, kubera ko abaherezi b’abapagani ari bo babaye abaherezi b’abakirisu kandi imisi mikuru y’abapagani yahawe amazina ya gikirisu, Noweli ukaba ari umwe muri yo.” Mu 1883, Umunara w’Inderetsi, mu kiganiro cavuga ngo “Yezu yavutse ryari?”, warerekanye ko Yezu yavutse nko mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu. c Ariko ico gihe Abatohoji ba Bibiliya ntibabona neza ko bikenewe ko bahagarika guhimbaza Noweli. Mbere n’umuryango wa Beteli y’i Brooklyn warabandanije kuyihimbaza. Ariko inyuma yo mu 1926 ibintu vyaratanguye guhinduka. Kubera iki?

9. Ni igiki Abatohoji ba Bibiliya batahuye ku bijanye na Noweli?

9 Abatohoji ba Bibiliya bamaze kubisuzuma neza, baratahuye ko inkomoko ya Noweli be n’ibintu bikorwa kuri uwo musi bidatera iteka Imana na gato. Ikiganiro “Inkomoko ya Noweli” co mu kinyamakuru Ikiringo c’agakura co ku wa 14 Kigarama 1927, cavuze ko Noweli ari umusi mukuru wa gipagani ushimika ku kwinezereza kandi ujanye n’ugusenga ibigirwamana. Ico kiganiro caratomoye ko Kristu atari we yategetse ko uwo musi mukuru uhimbazwa, gica gisozerera kuri aya majambo adomako ku bijanye na Noweli agira ati: “Kuba isi, umubiri, na Shetani bishigikira ko [Noweli] igumaho kandi ikaguma ihimbazwa . . . ni yo mvo ntaharirizwa ituma idakwiye gusubira guhimbazwa n’abihebeye gukorera Yehova.” Ntibitangaje kuba umuryango wa Beteli utasubiye guhimbaza Noweli kuva muri ukwo kwezi kwa Kigarama!

10. (a) Ni amakuru y’ido n’ido ayahe yerekana inkomoko ya Noweli yasohowe muri Kigarama 1928? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Inkomoko ya Noweli n’intumbero yayo.”) (b) Abasavyi b’Imana bagabishijwe gute ku bijanye n’iyindi misi mikuru bakwiye kwirinda? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Iyindi misi mikuru yerekanywe ko itabereye.”)

10 Mu mwaka wakurikiye, Abatohoji ba Bibiliya bararonse amakuru y’ido n’ido yerekana inkomoko ya Noweli. Ku wa 12 Kigarama 1928, umuvukanyi Richard H. Barber wo ku cicaro gikuru yaratanze insiguro kw’iradiyo yerekana neza ko uwo musi mukuru ukomoka ahantu hahumanye. None abasavyi b’Imana bakiriye gute ubwo buyobozi butomoye buvuye ku cicaro gikuru? Umuvukanyi Charles Brandlein yaributse igihe we n’umuryango wiwe bahagarika guhimbaza Noweli. Yavuze ati: “Twoba twarababajwe n’uko twahevye ivyo bintu vya gipagani? Habe namba. . . . Kwari nko kwambura impuzu icafuye tukayishibura.” Umuvukanyi Henry A. Cantwell, uwahavuye aba umucungezi w’ingenzi, na we nyene yaraseruye agatima nk’ako ati: “Twarahimbawe n’uko twashoboye guheba ikintu kugira twerekane ko dukunda Yehova.” Abayoboke ba Kristu b’intahemuka baremeye guhindura ibikenewe, ntibasubira guhimbaza umusi mukuru ukomoka mu gusenga guhumanye. dYoh. 15:19; 17:14.

11. Twokwerekana gute ko dushigikira Umwami Mesiya?

11 Ese ukuntu ari akarorero keza abo Batohoji ba Bibiliya b’abizigirwa badusigiye! Tuzirikanye ku karorero kabo, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Mbona gute ubuyobozi turonswa n’icicaro gikuru? Noba ndabwakirana ugukenguruka kandi ngashira mu ngiro ivyo niga?’ Igihe tugamburutse tubikunze tuba twerekanye ko dushigikira Umwami Mesiya, we ariko arakoresha wa mushumba w’umwizigirwa mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye.​—Ivyak. 16:4, 5.

Abakirisu boba bari bakwiye gukoresha umusaraba?

Akamenyetso kariko umusaraba n’urugori (Raba ingingo ya 12 n’iya 13))

12. Abatohoji ba Bibiliya bamaze imyaka myinshi babona gute umusaraba?

12 Abatohoji ba Bibiliya baramaze imyaka myinshi babona ko umusaraba ari ikimenyetso kiranga ubukirisu cemewe. Mu vy’ukuri ntibabona ko umusaraba ukwiye gusengwa, kuko batahura ko gusenga ibigirwamana ari bibi. (1 Kor. 10:14; 1 Yoh. 5:21) Mu ntango za 1883, Umunara w’Inderetsi wavuze udomako yuko “gusenga ibigirwamana ari ikintu gisesema Imana.” Yamara mu ntango, hari ikoreshwa ry’umusaraba Abatohoji ba Bibiliya babona ko ata co ritwaye. Nk’akarorero, bararyoherwa no kwambara akamenyetso kabaranga kariko umusaraba n’urugori. Babona ko kasobanura ko baramutse babaye abizigirwa gushika ku rupfu, boronse urugori rw’ubuzima. Kuva mu 1891, ako kamenyetso karaboneka ku Munara w’Inderetsi.

13. Ni umuco uwuhe abayoboke ba Kristu baronse ku bijanye n’ikoreshwa ry’umusaraba? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Bagiye bararonswa umuco ku bijanye n’umusaraba.”)

13 Abatohoji ba Bibiliya barakunda cane ako kamenyetso kariko umusaraba n’urugori. Ariko kuva mu mpera z’imyaka ya 1920, abayoboke ba Kristu bagiye bararonswa umuco ku bijanye n’ikoreshwa ry’umusaraba. Umuvukanyi Grant Suiter, uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, yaributse iteraniro ryo mu 1928 ryabereye i Detroit, i Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Kw’iteraniro harerekanywe ko utwo tumenyetso turiko umusaraba n’urugori tudakenewe kandi ko tutabereye na gato.” Mu myaka mikeyi yakurikiye, harabonetse n’uwundi muco. Vyaratomotse ko umusaraba ata kibanza ufise mu gusenga gutyoroye kandi kudahumanye mu vy’impwemu.

14. Abasavyi b’Imana bakiriye gute umuco bagiye bararonswa ku bijanye n’umusaraba?

14 Abasavyi b’Imana bakiriye gute umuco bagiye bararonswa ku bijanye n’umusaraba? Boba barabandanije gukoresha akamenyetso kariko umusaraba n’urugori bari bamaze igihe bikundira cane? Lela Roberts, akaba amaze igihe kirekire ari umusavyi wa Yehova, yavuze ati: “Igihe twatahura ico kagereranya, twaciye tugaheba.” Uwundi mushiki wacu w’umwizigirwa yitwa Ursula Serenco yaravuze ukuntu benshi biyumvise ati: “Twaratahuye ko ico twahora twikundira tukabona ko ari ikimenyetso kigereranya urupfu rw’Umukama wacu be n’ukwihebera Imana kwacu, mu vy’ukuri cari ikimenyetso ca gipagani. Nk’uko bivugwa mu Migani 4:18, twarakengurutse kubona umunyuro wariko urushiriza gukayangana.” Abayoboke ba Kristu b’intahemuka ntibashaka kugira uruhara mu bikorwa bihumanye vy’idini ry’ikinyoma!

15, 16. Twokwerekana gute ko twiyemeje gutuma ibigo vyo kw’isi vy’urusengero rwa Yehova rwo mu vy’impwemu biguma bidahumanye?

15 Natwe ubu uwo ni wo mwiyemezo dufise. Turemera ko Kristu amaze igihe akoresha umuhora wibonekeza neza, ari wo wa mushumba wiwe w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, kugira afashe abayoboke biwe kuguma badahumanye mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, igihe ibifungurwa vy’impwemu turonka bitweretse ko imisi mikuru, ibikorwa canke imigenzo vyandujwe n’idini ry’ikinyoma, duca tugamburuka. Nk’ukwo kw’abo bavukanyi bacu na bashiki bacu bo mu ntango y’ukuhaba kwa Kristu, twiyemeje gutuma ibigo vyo kw’isi vy’urusengero rwa Yehova rwo mu vy’impwemu biguma bidahumanye.

16 Muri iyi misi ya nyuma, Kristu yagiye kandi arakora mu buryo butibonekeza kugira akingire amashengero y’abasavyi ba Yehova abohava babandukiza mu vy’impwemu. Ivyo yabigize gute? Reka tubirabe.

Arobanura “ababisha mu bagororotsi”

17, 18. Muri ca kigereranyo c’urusenga rw’umukwabu, ibi bikurikira bisobanura iki: (a) kurekura urusenga rw’umukwabu, (b) ‘kwegeranya ifi z’ubwoko bwose,’ (c) kwegeraniriza ifi mu biseke, (d) guta ifi mbimbi?

17 Umwami Yezu Kristu agumiza ijisho ku mashengero y’abasavyi b’Imana yo kw’isi yose. Mu buryo tudashobora gutahura neza, Kristu n’abamarayika baramaze igihe bakora igikorwa c’ukurobanura. Yezu yaradondoye ico gikorwa muri ca kigereranyo yatanga c’urusenga rw’umukwabu. (Soma Matayo 13:47-50.) Ico kigereranyo gisobanura iki?

Urusenga rw’umukwabu rugereranya igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko gikorerwa mu kiyaga kigereranya abantu (Raba ingingo ya 18)

18 Kurekurira “urusenga rw’umukwabu . . . mu kiyaga.” Urusenga rw’umukwabu rugereranya igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko gikorerwa mu kiyaga kigereranya abantu. ‘Kwegeranya ifi z’ubwoko bwose.’ Inkuru nziza ikwegera abantu b’ubwoko bwose, ni ukuvuga abatera intambwe bakaba abakirisu b’ukuri be n’abandi benshi bishika bagashimishwa mu ntango mugabo ntibashigikire koko ugusenga gutyoroye. e Kwegeraniriza “ifi nzizanziza mu biseke.” Abantu b’umutima nziraburyarya baregeranirizwa mu mashengero yogereranywa n’ibiseke, aho bashobora gusenga Yehova mu buryo budahumanye. Guta ifi “mbimbi.” Muri iyi misi ya nyuma, Kristu n’abamarayika bagiye bararobanura “ababisha mu bagororotsi.” f Ivyo vyatumye abantu badafise agatima kabereye, ni ukuvuga abantu bashobora kuba batipfuza guheba ivyo bemera n’ivyo bakora bitabereye, batemererwa kwanduza amashengero. g

19. Ubona gute ivyo Kristu amaze igihe akora kugira atume abasavyi b’Imana baguma badahumanye no kugira atume ugusenga kw’ukuri kuguma gutyoroye?

19 Ntibihumuriza none kumenya ko Umwami wacu Yezu Kristu akingira abo ajejwe? N’ikindi kandi, ntibihumuriza kumenya ko ahumanura akongera agakingira ugusenga kw’ukuri be n’abasavyi b’Imana b’ukuri abigiranye wa mwete nyene yakoresha igihe yahumanura urusengero mu kinjana ca mbere? Turakenguruka koko kuba Kristu amaze igihe akora kugira atume abasavyi b’Imana baguma badahumanye mu vy’impwemu no kugira atume ugusenga kw’ukuri kuguma gutyoroye! Turashobora kwerekana ko dushigikiye Umwami n’Ubwami bwiwe mu kwirinda ibintu vyose bifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma.

a Abayuda baba baje ku rusengero bategerezwa gukoresha amahera kanaka mu gutanga ikori ry’urusengero rya buri mwaka, kandi abakaba amahera baraka amahera mu gukaba ibiceri mu mahera yemewe. N’ikindi kandi, birashoboka ko abo Bayuda bakenera kugura ibitungwa vyo gutangako amashikanwa. Abo badandaza Yezu yabise “abambuzi,” kumbure kubera ko bagurisha ivyo bitungwa canke bagakaba amahera ku biciro vy’umurengera.

b Abasavyi ba Yehova bo kw’isi bamusengera mu bigo vyo kw’isi vy’urusengero rwiwe ruhambaye rwo mu vy’impwemu.

c Ico kiganiro cavuze ko ivy’uko Yezu yoba yavutse kw’igenekerezo rinaka ryo mu rushana “bidahuye na ya nkuru ivuga ko abungere baba hanze bari kumwe n’amasho yabo.”​—Luka 2:8.

d Mw’ikete ryo ku wa 14 Munyonyo 1927 umuvukanyi Frederick W. Franz yanditse, yavuze ati: “Uwu mwaka ntituzohimbaza Noweli. Umuryango wa Beteli wafashe ingingo yuko utazosubira guhimbaza Noweli.” Haciye amezi makeyi, mw’ikete ryo ku wa 6 Ruhuhuma 1928, umuvukanyi Franz yanditse ati: “Buhorobuhoro Umukama ariko araduhumanura amakosa y’ishirahamwe rya Shetani rikomoka kuri Babiloni.”

e Nk’akarorero, mu 2013 abamamaji babaye 7.965.954, abitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu na bo baba 19.241.252.

f Ukwo gutandukanya ifi nzizanziza n’ifi mbimbi si co kimwe na kwa gutandukanya intama n’impene. (Mat. 25:31-46) Gutandukanya intama n’impene, ari rwo rubanza rwa nyuma, kuzoba muri ya makuba akomeye yimirije. Gushika ico gihe, abameze nk’ifi mbimbi boshobora kugaruka kuri Yehova maze bakegeranirizwa mu mashengero agereranywa n’ibiseke.​—Mal. 3:7.

g Amaherezo, abatabereye bazotabwa mu buryo bw’ikigereranyo mw’itanure rirurumba umuriro, bikaba bisobanura ko bazotikizwa.