Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 11

Ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye biragaragaza ubweranda bw’Imana

Ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye biragaragaza ubweranda bw’Imana

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene Umwami yigishije abatwarwa biwe kwubaha ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ikibereye n’ikitabereye

Sa n’uwubona uriko urinjira mw’irembo rishikana mu kigo c’inyuma ca rwa rusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu

1. Ni ibiki Ezekiyeli yabonye bituma tugira akoba?

 WARI gukora iki iyo ushikirwa n’ivyashikiye umuhanuzi Ezekiyeli, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.500? Nuse n’uwubona iki kintu: Uregereye inyubakwa y’urusengero amahero ikayangana. Umumarayika w’umunyenkomezi ari ng’aho kugira akwereke ico kibanza giteye akoba! Muraduze ingazi indwi zija kuri rimwe mu marembo atatu y’inyuma. Ubwo bwinjiriro ububonye, uratangara cane. Bureha n’imetero nka 30 uduga uja hejuru. Muri ubwo bwinjiriro, ubona hari ivyumba abarinzi barindiramwo. Ku nkingi hariko ibishusho vy’ibigazi biryoheye ijisho.​—Ezk. 40:1-4, 10, 14, 16, 22; 41:20.

2. (a) Urwo rusengero rwobayeho muri kazoza rugereranya iki? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Ibintu biri mu bwinjiriro bw’urwo rusengero bitwigisha iki?

2 Urwo rwari urusengero rwo mu vy’impwemu rwobayeho muri kazoza. Ezekiyeli yararudondoye ido n’ido ku buryo muri ico gitabu c’ubuhanuzi iyo nkuru iva ku kigabane ca 40 igashika ku ca 48. Urwo rusengero rugereranya ugusenga Yehova gutyoroye. Imice yarwo yose iri n’ico ivuze ku gusenga kwacu muri iyi misi y’iherezo. a Ayo marembo ahanitse asobanura iki? Atwibutsa ko abinjira muri ukwo gusenga gutyoroye bategerezwa kubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana zihanitse kandi zigororotse. N’ivyo bishusho bikorogoshoye vy’ibigazi bigereranya ico kintu nyene, kuko rimwe na rimwe muri Bibiliya ibigazi bikoreshwa mu kwerekana ubugororotsi. (Zab. 92:12) Ivyo vyumba abarinzi barindiramwo na vyo bisobanura iki? Vyerekana ko abatubaha ingingo ngenderwako z’Imana batemererwa kwinjira muri ukwo gusenga gutyoroye kwiza igitangaza kandi gutanga ubuzima.​—Ezk. 44:9.

3. Kubera iki abayoboke ba Kristu bamye bakeneye kuguma batyororwa?

3 Ivyo Ezekiyeli yeretswe vyarangutse gute? Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 2 c’iki gitabu, Yehova yarakoresheje Kristu mu gutyorora mu buryo budasanzwe abasavyi biwe kuva mu 1914 gushika mu ntango za 1919. Yoba yagarukirije aho? Eka da! Mu kinjana giheze cose, Kristu yarabandanije gushigikira ingingo ngenderwako nyeranda za Yehova zigenga inyifato. Ku bw’ivyo, abayoboke biwe bamye bakeneye kuguma batyororwa. Kubera iki? Kubera ko Kristu yagiye aratororokanya abayoboke biwe abakuye muri iyi si yononekaye mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye kandi Shetani akaba atigera areka kugerageza kubakwega abasubiza mu rushanga rw’ubuhumbu. (Soma 2 Petero 2:20-22.) Reka twihweze imice itatu abakirisu b’ukuri bagiye baratyororwamwo. Tubanza kwihweza ingene batyorowe mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye, duce twihweza intunganyo ihambaye cane yagizwe kugira ishengero rigume ridahumanye, hanyuma dusozere twihweza ibijanye n’umuryango.

Ingene bagiye baratyororwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye

4, 5. Ni amayeri ayahe Shetani yakoresheje kuva kera, kandi yaroraniwe ku rugero rungana iki?

4 Abasavyi ba Yehova bamye bitwararika cane inyifato ibereye kandi igororotse. Ku bw’ivyo, baremeye ubuyobozi burushirije kuba ubutomoye ku bijanye n’ico kintu. Ehe uburorero bukeyi.

5 Ubuhumbu. Yehova yateguye ko amabanga mpuzabitsina hagati y’abubakanye agirwa mu buryo budahumanye kandi bwiza. Shetani arahimbarwa no kugoramika iyo ngabirano y’agaciro akayihindura ikintu gicafuye maze akagikoresha mu kugerageza abasavyi ba Yehova kugira ntibabe bagishimwa n’Imana. Yarakoresheje ayo mayeri mu gihe ca Balamu araroranirwa cane, kandi muri iyi misi ya nyuma ni ho ayakoresha yivuye inyuma.​—Guh. 25:1-3, 9; Ivyah. 2:14.

6. Ni indagano iyihe yasohowe mu Munara w’Inderetsi, yakoreshejwe gute, kandi ni kubera iki yahavuye ihagarara? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

6 Mu ntumbero yo kurwanya utwigoro twa Shetani, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 1908 warasohoye indagano yarimwo uwu mwiyemezo ugira uti: “Igihe cose n’ahantu hose, uko nokwifata ndi kumwe n’abo tudasangiye igitsina mu bantu ni ko nzokwifata ndi kumwe na bo ahiherereye.” b Naho bitari ngombwa ngo iyo ndagano igirwe, benshi barayigize maze bararungika amazina yabo kugira asohorwe mu Munara w’Inderetsi w’i Siyoni. Haciye imyaka, vyarabonetse ko naho yari yaragiriye akamaro abantu benshi, yari isigaye ari nk’uguheza umwuga; yaciye rero ihagarara. Ariko ingingo ngenderwako ziri hejuru zigenga ikibereye n’ikitabereye zari muri yo zagumye zikurikizwa.

7. Mu 1935, ni ingorane iyihe Umunara w’Inderetsi wavuze, kandi ni ingingo ngenderwako iyihe wasubiye kwemeza?

7 Shetani yaciye yongereza ibitero vyiwe. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1935 waravuze utomora ingorane yariko irushiriza kuba mu basavyi b’Imana. Biboneka ko hari abiyumvira yuko kugira uruhara mu busuku hari ukuntu vyabakurako ibanga ryo gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye mu buzima bwabo. Umunara w’Inderetsi wavuze udakikiriza uti: “Umuntu akwiye kwibuka yuko kugira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe atari co kintu conyene gisabwa. Ivyabona vya Yehova ni abamuserukira, bakaba rero bafise ibanga ryo guserukira Yehova n’ubwami bwiwe mu buryo bubereye.” Ico kiganiro caciye gitanga impanuro itomoye ku bijanye n’umubano w’ababiranye be n’ukwigenza runtu mu vy’igitsina, kiba gifashije abasavyi b’Imana ‘guhunga ubusambanyi [canke, “ubuhumbu”].’​—1 Kor. 6:18.

8. Kubera iki Umunara w’Inderetsi wagiye urerekana insobanuro yuzuye y’ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ku bijanye n’ubuhumbu?

8 Muri iyi myaka mirongo iheze, Umunara w’Inderetsi wagiye urerekana insobanuro ibereye y’ijambo rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki mu kuvuga ubuhumbu, ari ryo por·neiʹa. Ntirisobanura gusa guhuza ibitsina. Ahubwo ijambo por·neiʹa ririmwo ubuhumbu bw’ubwoko bwinshi, muri rusangi hakaba harimwo ibiterasoni vyose bikorerwa mu mazu y’ubumaraya. Gutyo abayoboke ba Kristu bagiye barakingirwa ca kiza c’ubuhumbu cafashe abantu benshi cane mw’isi ya none.​—Soma Abanyefeso 4:17-19.

9, 10. (a) Ni ikibazo ikihe kijanye n’ikibereye n’ikitabereye Umunara w’Inderetsi waciye irya n’ino mu 1935? (b) Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga?

9 Inzoga. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1935 waravyuye ikindi kibazo kijanye n’ikibereye n’ikitabereye. Wavuze uti: “Vyarabonetse kandi ko hari abaja mu ndimiro canke bakarangura amabanga mw’ishirahamwe banyoye [inzoga]. Ni ryari Ivyanditswe bitwemerera kunywa inzoga? Vyoba bibereye kunywa inzoga gushika n’aho zigira ingaruka ku murimo umuntu arangura mw’ishirahamwe ry’Umukama?”

10 Inyishu yatanzwe yarerekana ukuntu Ijambo ry’Imana ribona inzoga. Bibiliya ntibuza kunywa inzoga ku rugero, ariko iriyamiriza yivuye inyuma akaborerwe. (Zab. 104:14, 15; 1 Kor. 6:9, 10) Ku bijanye no kugira uruhara mu murimo mweranda umuntu yanyoye, abasavyi b’Imana baramaze igihe bibutswa ya nkuru y’abahungu ba Aroni, bamwe Imana yica kubera bashikanye ku gicaniro c’Imana umurimo utemewe n’amategeko. Iyo nkuru imaze kuvuga ivyo, ica yerekana igishobora kuba caratumye abo bagabo bakora ikintu kitabereye na gato, kuko Imana yaciye itanga itegeko ribuza abaherezi bose kunywa inzoga igihe bagira barangure ibikorwa vyabo vyeranda. (Lew. 10:1, 2, 8-11) Mu gukurikiza iyo ngingo ngenderwako muri iki gihe, abayoboke ba Kristu baririnda kuba banyonye inzoga igihe barangura ibikorwa vyabo bigize umurimo mweranda.

11. Kubera iki kuronswa ugutahura kwiyongereye ku bijanye n’ukwizizirwa n’inzoga wabaye umuhezagiro ku basavyi b’Imana?

11 Muri iyi myaka mirongo iheze, abayoboke ba Kristu bagiye barahezagirwa mu kuronswa ugutahura kwiyongereye ku bijanye n’ukwizizirwa n’inzoga. Bivuye ku mfungurwa z’ivy’impwemu turonswa ku gihe kibereye, benshi barafashijwe gutorera umuti neza iyo ngorane maze barasubira kuza barigumya. Abandi benshi barafashijwe kwirinda iyo ngorane. Iyo wumva nta wukwiye kureka ngo inzoga zimunyage iteka ryiwe, umuryango wiwe, n’ikiruta vyose agateka yifitiye ko kugira uruhara mu gusenga Yehova gutyoroye.

“Biragoye kwiha ishusho Umukama wacu anuka itabi canke ashize mu kanwa ikintu gihumanya.”​—C. T. Russell

12. Abayoboke ba Kristu bǎbona gute kunywa itabi n’imbere y’uko imisi ya nyuma itangura?

12 Itabi. Abayoboke ba Kristu batanguye kubona ko kunywa itabi bitabereye n’imbere y’uko imisi ya nyuma itangura. Ubu haraciye imyaka itari mike umuvukanyi umwe ageze mu zabukuru yitwa Charles Capen yibutse igihe yabonana ari bwo bwa mbere na Charles Taze Russell mu mpera z’ikinjana ca 19. Ico gihe Capen yari afise imyaka 13 ari kumwe na bene wabo, bakaba bari mu ngazi zo muri ya Nzu ya Bibiliya i Allegheny muri Pensilivaniya. Russell aciye aho bari yababajije ati: “Muriko muranywa itabi? Numva rinukiye.” Bamubwiye ko ata ryo bariko baranywa. Nta gukeka ko baciye batahura ukuntu abona itabi. Mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1895, umuvukanyi Russell yaragize ico avuze ku 2 Abakorinto 7:1 ati: “Simbona ko umukirisu anyoye itabi mu buryo ubwo ari bwo bwose vyoninahaza Imana canke bikamugirira akamaro. . . . Biragoye kwiha ishusho Umukama wacu anuka itabi canke ashize mu kanwa ikintu gihumanya.”

13. Ni ugutyororwa ukuhe mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye kwabaye mu 1973?

13 Mu 1935, Umunara w’Inderetsi wavuze ko itabi ari “icatsi c’umucafu,” uca uvuga ko ata wohitamwo kurihekenya canke kurinywa ngo agume mu muryango wa Beteli canke ngo abandanye guserukira ishirahamwe ry’Imana mu gikorwa c’ubutsimvyi canke co kugendera amashengero. Mu 1973 harabaye ukundi gutyororwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi wasiguye yuko ata Cabona ca Yehova ashishikara iyo ngeso yica, ihumanya kandi itaranga urukundo yoguma afise impagararo nziza mw’ishengero. Abanse guheba itabi bari guca bacibwa. c Kristu yari ateye iyindi ntambwe ihambaye mu bijanye no gutyorora abayoboke biwe.

14. Ingingo ngenderwako y’Imana ijanye n’amaraso ni iyihe, kandi vyagenze gute ngo ivyo gutera amaraso bikwiragire hose?

14 Amaraso. Mu gihe ca Nowa, Imana yavuze ko kurya amaraso vyobaye ari bibi. Yarasubiriye kwemeza ico kintu muri rya Tegeko yaha ihanga rya Isirayeli, kandi yarategetse n’ishengero rya gikirisu “kwirinda . . . amaraso.” (Ivyak. 15:20, 29; Ita. 9:4; Lew. 7:26) Ntibitangaje kubona mu bihe vya none Shetani yaratoye uburyo bwo gutuma abantu benshi birengagiza iyo ngingo ngenderwako y’Imana. Mu kinjana ca 19, abaganga bariko baragerageza ivyo gutera amaraso, ariko aho imigwi y’amaraso imariye kwuburwa, ivyo gutera amaraso vyaciye bikwiragira cane. Mu 1937, amaraso yaratanguye kuza aratororokanywa akabikwa mu bushinguro bwayo, maze Intambara ya kabiri y’isi yose ica ituma noneho ivy’ugutera amaraso bigirwa cane. Ivyo gutera amaraso ntivyatevye gukwiragira kw’isi yose.

15, 16. (a) Ivyabona vya Yehova bafashe impagararo iyihe ku bijanye n’uguterwa amaraso? (b) Ni imfashanyo iyihe abayoboke ba Kristu bagiye bararonswa ku bijanye no guterwa amaraso be n’ukuvurwa hadakoreshejwe amaraso, kandi vyavuyemwo iki?

15 Mu ntango za 1944, Umunara w’Inderetsi warerekanye ko guterwa amaraso mu vy’ukuri bwari ubundi buryo bwo kuyarya. Mu mwaka wakurikiye, ico ciyumviro gishingiye ku Vyanditswe carakomejwe congera kiratomorwa. Mu 1951, harasohowe urutonde rw’ibibazo n’inyishu kugira rufashe abasavyi b’Imana kumenya uko bovyifatamwo imbere y’abaganga. Ico gihe, kw’isi yose abayoboke ba Kristu b’abizigirwa bariko bafata impagararo iranga umutima rugabo, naho akenshi batwengwa, bakankwa, mbere bagahamwa bikaze. Ariko Kristu yagumye atuma ishirahamwe ryiwe ritanga imfashanyo ikenewe. Harasohowe udutabu n’ibiganiro birimwo amakuru y’ido n’ido kandi yagiriwe ubushakashatsi.

16 Mu 1979, abakurambere bamwebamwe baratanguye kugendera ibitaro kugira bafashe abaganga gutahura neza igituma tutemera guterwa amaraso, imvo zishingiye ku Vyanditswe zituma tutayaterwa, be n’uko hariho uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso. Mu 1980, abakurambere bo mu bisagara 39 vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baramenyerejwe mu buryo budasanzwe muri ico gikorwa. Mu nyuma, Inama Nyobozi yaremeye ko hashingwa Komite zija inama n’ibitaro kw’isi yose. Utwo twigoro twagiye turagirwa twoba twaragize ico tuvamwo? Ubu, abaganga ibihumbi mirongo, harimwo abaganga babaga n’abatimbisha umubiri, baremera kuvura Ivyabona, bakubahiriza impagararo yacu yo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Ibitaro birushiriza kwongerekana birashobora kuvura bidakoresheje amaraso. Hari mbere n’ibibona ko ari bwo buryo bwo kuvura bwiza kuruta ubundi bwose. Ntibihimbaye none kubona uburyo butari bumwe Yezu yakingiye abayoboke biwe utwigoro Shetani yagize arondera kubahumanya?—Soma Abanyefeso 5:25-27.

Ibitaro birushiriza kwongerekana birashobora kuvura bidakoresheje amaraso. Hari mbere n’ibibona ko ari bwo buryo bwo kuvura bwiza kuruta ubundi bwose

17. Twokwerekana gute ko duha agaciro ukuntu Kristu yagiye aratyorora abayoboke biwe?

17 Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Twoba duha agaciro uburyo Kristu yagiye aratyorora abayoboke biwe, akatumenyereza kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova zihanitse zigenga ikibereye n’ikitabereye?’ Nimba tubuha agaciro, nimuze rero tugume twibuka ko Shetani arondera hasi hejuru kutwonkora kuri Yehova no kuri Yezu mu gutuma tureka kwubaha ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ikibereye n’ikitabereye. Kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rirwanye ako kosho kabi, ryama ritanga ivyibutsa n’ingabisho biranga urukundo ku bijanye n’inzira zitabereye z’iyi si. Nimuze tugume tugavye, twemera, kandi tugamburuka izo mpanuro ngirakamaro.​—Imig. 19:20.

Gukingira ishengero ngo ntirisigwe iceyi

18. Ku bijanye n’abagarariza nkana ingingo ngenderwako z’Imana, ni ikintu gitomoye ikihe ivyo Ezekiyeli yeretswe bitwibutsa?

18 Umuce ugira kabiri abakirisu batyorowemwo mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye werekeye ingingo zafashwe kugira ishengero rigume ridahumanye. Ikibabaje ni uko bamwe mu bemera ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato maze bakamwiyegurira bataguma bumiye ku ngingo bafashe. Barahava bagahindura agatima bakagarariza nkana izo ngingo ngenderwako. Ni ibiki bikwiye gukorwa ku bantu nk’abo? Kimwe mu vyokorwa turakibonera muri bimwe Ezekiyeli yerekwa bijanye na rwa rusengero rwo mu vy’impwemu rwavugwa mu ntango z’iki kigabane. Ibuka ya marembo ahanitse. Mu bwinjiriro bumwebumwe bwose hari ivyumba abarinzi barindiramwo. Biboneka ko abo barinzi bakingira urwo rusengero kugira ‘abatagenyerewe mu mutima’ ntibinjire. (Ezk. 44:9) Ico ni ikintu gitomoye kitwibutsa ko ugusenga gutyoroye ari agateka gaterwa gusa abihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova zityoroye zigenga inyifato. Eka mbere n’agateka ko kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu mu gusenga ntigaterwa uwo ari we wese muri iki gihe.

19, 20. (a) Kristu yagiye arafasha gute abayoboke biwe gutyorora ukuntu imanza z’ibicumuro bikomeye zicibwa? (b) Ni imvo zitatu izihe zituma abacumuzi batigaya bacibwa mw’ishengero?

19 Mu 1892, Umunara w’Inderetsi wavuze ko “dufise ibanga ryo guca (abakirisu) bahakana mu buryo budomako canke bukikiriza yuko Kristu yitanzeko incungu . . . ku bwa bose.” (Soma 2 Yohani 10.) Mu 1904, igitabu Ibiremwa bishasha caremeje ko abaguma bigenza nabi bashobora vy’ukuri kwonona ishengero. Ico gihe ishengero ryose ryaragira uruhara mu “manza z’ishengero” rigaca imanza z’ibicumuro bikomeye. Ariko ivyo ntivyaba kenshi. Mu 1944, Umunara w’Inderetsi warerekanye ko abavukanyi bajejwe amabanga ari bo gusa bakwiye kwicarira ivyo bibazo. Mu 1952, uburyo bwo guca imanza bushingiye kuri Bibiliya bwarasohowe mu Munara w’Inderetsi, bukaba bwarerekana imvo nyamukuru ituma abacumuzi batigaya bacibwa: kugira ngo ishengero rigume ridahumanye.

20 Kuva ico gihe, Kristu yarafashije abayoboke biwe gutomora no gutyorora ukuntu imanza z’ibicumuro bikomeye zicibwa. Abakurambere bakirisu baramenyerezwa neza guca imanza nk’uko Yehova ashaka, ni ukuvuga bagakurikiza ubutungane ariko kandi bakagaragaza imbabazi. Muri iki gihe turabona neza n’imiburiburi imvo zitatu zituma umucumuzi atigaya acibwa mw’ishengero: (1) kugira izina rya Yehova ntirisigwe iceyi, (2) kugira ishengero ntiryandukizwe igicumuro gikomeye, no (3) kugira ngo umucumuzi yigaye nimba bishoboka.

21. Ni gute intunganyo yo guca abatigaya yabaye umuhezagiro ku basavyi b’Imana?

21 Woba ubona ukuntu intunganyo yo guca abatigaya yabaye umuhezagiro ku bayoboke ba Kristu muri iki igihe? Muri Isirayeli ya kera, abacumuzi akenshi baronona ihanga, mbere rimwe na rimwe ugasanga ari benshi kuruta abakunda Yehova kandi barondera gukora ibigororotse. Akenshi ivyo vyatuma iryo hanga risiga iceyi izina rya Yehova maze ntiribe rigishimwa n’Imana. (Yer. 7:23-28) Ariko ubu Yehova akorana n’ikibano kigizwe n’abagabo be n’abagore bakomeye mu vy’impwemu. Kubera ko abacumuzi b’intagondwa bakurwa muri twebwe, ntibemererwa kuba nk’ibirwanisho Shetani akoresha kugira arushirize kwonona ishengero n’ukudahumana kwaryo. Ahubwo akosho kabo karagabanywa rwose. Gutyo, turasubirizwa umutima mu nda ko Yehova aguma adushima uko tugize umugwi. Ibuka ko Yehova yasezeranye ati: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa.” (Yes. 54:17) Twoba dushigikira tudahemuka abakurambere, bo bikoreye ibanga riremereye ryo guca imanza?

Tuninahaze Umwe umuryango wose ukesha izina ryawo

22, 23. Kubera iki dukengurukira abakirisu bagenzi bacu bo mu ntango z’ikinjana ca 20, yamara ni igiki cerekana ko bari bakeneye kurushiriza kugira uburimbane ku bijanye n’umuryango?

22 Umuce ugira gatatu abayoboke ba Kristu bungukiye ku kuba babandanya gutyororwa ni mu mubano w’ababiranye no mu muryango. Ukuntu tubona umuryango kwoba kwaratyorowe uko imyaka yagiye irarengana? Ego cane. Nk’akarorero, igihe dusoma inkuru z’abasavyi b’Imana bo mu gice ca mbere c’ikinjana ca 20, turakorwa ku mutima mbere tugatangazwa n’agatima kabo ko kwitanga. Turakenguruka cane ukuntu bashira umurimo wabo mweranda imbere y’ibindi vyose mu buzima. Ariko kandi, turabona ko bari bakeneye kurushiriza kugira uburimbane. Uti gute?

23 Vyarakunda gushika abavukanyi bakaja kurangurira ibikorwa vyo mu busuku canke igikorwa co kugendera amashengero kure y’i muhira ku buryo bamara amezi menshi batari i muhira. Rimwe na rimwe, hararemeshwa cane ivy’ukutubaka kurusha uko Ivyanditswe bibigira, ariko hakavugwa bike ku bijanye n’ukuntu imibano y’abubatse yokomezwa. Vyoba ari ko vyifashe mu bayoboke ba Kristu muri iki gihe? Habe namba!

Ibikorwa vya gitewokarasi ntibikwiye gutuma umuntu yirengagiza amabanga ajejwe mu muryango

24. Kristu yafashije gute abayoboke biwe b’abizigirwa kurushiriza kugira uburimbane mu bijanye n’ukuntu babona umubano w’ababiranye be n’umuryango?

24 Muri iki gihe, ibikorwa vya gitewokarasi ntibikwiye gutuma umuntu yirengagiza amabanga ajejwe mu muryango. (Soma 1 Timoteyo 5:8.) N’ikindi kandi, Kristu yaritwararitse ko abayoboke biwe b’abizigirwa bo kw’isi baguma baronka impanuro ngirakamaro kandi ziri ku burimbane zishingiye ku Vyanditswe zijanye n’umubano w’ababiranye be n’umuryango. (Ef. 3:14, 15) Mu 1978, harasohowe igitabu Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare. Haciye nk’imyaka 18, harabonetse igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Vyongeye, Umunara w’Inderetsi wagiye urasohokamwo ibiganiro bitari bike bigenewe gufasha abubakanye gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe mu bucuti bafitaniye.

25-27. Ivyo abana b’imyaka itandukanye bakeneye vyagiye birarushiriza gute kwitwararikwa uko imyaka yagiye irarengana?

25 Abakiri bato bo bite? Ivyo bakeneye vyagiye birarushiriza kwitwararikwa uko imyaka yagiye irarengana. Ishirahamwe rya Yehova riramaze igihe kirekire rironsa abana b’imyaka itandukanye ibintu vyiza. Kera, amakuru yerekeye abana yaboneka nk’akama kamwekamwe, ariko ubu asigaye yisukira nka kurya kw’uruzi rwuzuye ruguma rutemba. Nk’akarorero, kuva mu 1919 gushika mu 1921, ikiganiro kivuga ngo “Inyigisho ya Bibiliya igenewe urwaruka ” carasohoka mu kinyamakuru Ikiringo c’agakura. Mu 1920 na ho harabonetse agatabu ABC y’Ikiringo c’agakura, mu 1941 na ho hasohoka igitabu Abana. Mu myaka ya 1970, harasohowe igitabu Nimwumvirize wa Mwigisha Ahambaye, igitabu Ubuto bwawe—Ingene wobwungukirako bimwe bishitse, be n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Mu 1982, Be maso! yaratanguye gusohokamwo urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza,” bikaba vyashikanye ku gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi, casohotse mu 1989.

Agatabu Ivyigwa vyanje vya Bibiliya kakiranywe umunezero kuri iri hwaniro ryabereye mu Budagi

26 Ubu dufise ibitabu bibiri bihuje n’igihe vy’igitabu Urwaruka ruribaza, kandi urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo Urwaruka ruribaza rurabandanya gusohoka kuri wa muhora wacu wa jw.org. Turafise kandi igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Umuhora wacu uriko kandi ibintu vyinshi cane bigenewe urwaruka, ushizemwo udupapuro tw’abavugwa muri Bibiliya, udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya tugenewe abana bakuze n’abana batoyi, udupfindo, amavidewo, amashusho yigana inkuru za Bibiliya, be n’ivyigwa vya Bibiliya bigenewe abana batarenza imyaka itatu. Biribonekeza ko Kristu akibona abana nk’uko yababona ca gihe yabafata mu maboko yiwe mu kinjana ca mbere. (Mrk. 10:13-16) Ashaka ko abakiri bato bo muri twebwe biyumvamwo ko bakundwa kandi bagaburirwa neza mu vy’impwemu.

27 Yezu ashaka kandi ko abana bakingirwa ivyobagirira nabi. Kubera ko iyi si yononekaye mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye itera yononekara rwose, ca kiza c’amabi akorerwa abana gisigaye carakwiragiye cane. Ku bw’ivyo, harasohowe amakuru atomoye kandi arashe kugira afashe abavyeyi kuguma bakingira abana babo ubwo bugesera. d

28. (a) Nk’uko vyerekanwa na rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa, hasabwa iki kugira tugire uruhara mu gusenga gutyoroye? (b) Wiyemeje gukora iki?

28 Ntibihimbaye none kwibonera ukuntu Kristu yabandanije gutyorora abayoboke biwe, akabamenyereza kwubaha ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga ikibereye n’ikitabereye, kubaho bazisunga, no kuzungukirako? Subira uzirikane rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa. Ibuka bwa bwinjiriro buhanitse. Ego ni ko, urwo rusengero si ahantu nya hantu ariko ni urusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Naho ari ukwo, twoba tubona ko rubaho koko? Ntiturwinjiramwo mu kuja ku Ngoro y’Ubwami canke mu kuzingurura Bibiliya canke mu kuja mu ndimiro. Ivyo ni ibikorwa vyibonekeza bijanye n’ibintu bibonwa n’amaso. N’indyadya yoshobora kubikora itigeze yinjira mu rusengero rwa Yehova. Ariko rero, dukoze ivyo bintu tukongera tukabaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga ikibereye n’ikitabereye kandi tukagira uruhara mu gusenga gutyoroye dufise agatima kabereye, tuba twarinjiye kandi turiko dukorera muri ico kibanza ceranda kuruta ibintu vyose, ari co ugusenga Yehova Imana gutyoroye! Nimuze twame duha agaciro ako gateka ntangere. Nimuze kandi tugume dukora uko dushoboye kwose kugira tugaragaze ubweranda bwa Yehova mu gushigikira ingingo ngenderwako ziwe zigororotse!

a Mu 1932, igitabu Iyemezwa, igitabu ca 2, carerekanye ari bwo bwa mbere ko mu gihe ca none ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bujanye n’ukugarukana abasavyi b’Imana mu gihugu cabo butarangukiye kuri Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, ahubwo ko bwarangukiye kuri Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Ubwo buhanuzi bwerekeza kw’isubizwaho ry’ugusenga gutyoroye. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1999 wasiguye ko rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa ari ubwo buhanuzi bujanye n’ukugarukanwa, ko rero iranguka ryabwo rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu riba muri iyi misi ya nyuma.

b Iyo ndagano yarabuza umugabo n’umugore kuba ari bonyene mu cumba kiretse urugi rutaburuye, canke kiretse ari abubakanye canke bakaba ari incuti zishika. Iyo ndagano yari imaze imyaka nk’ingahe isubirwamwo ku musi ku musi mu gihe ca porogarama y’Ugusenga kwo mu gitondo yo kuri Beteli.

c Mu bijanye n’itabi harimwo kuritumura, kurihekenya, kunywa inconco, kunywa ubugoro canke kuririma ku bw’iyo ntumbero.

d Nk’akarorero, raba igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, ikigabane ca 32; raba kandi urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Nimukingire abana banyu!” muri Be maso! (mu gifaransa canke mu giswahili) yo muri Gitugutu 2007.