Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

Turatunganywa kugira dukorere “ya Mana y’amahoro”

Turatunganywa kugira dukorere “ya Mana y’amahoro”

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Yehova agenda aratunganya buhorobuhoro abasavyi biwe

1, 2. Ni ihinduka irihe ryagizwe ku Munara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Nzero 1895, kandi abavukanyi baryakiriye gute?

 IGIHE Umutohoji wa Bibiliya w’umunyamwete John A. Bohnet yaronka ikopi yiwe y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Nzero 1895, yaranezerejwe cane n’ivyo yabonye. Kuri ico kinyamakuru hariko ishusho nshasha izize y’umunara muremure uriko itara, wubatse ku nkengera y’ikiyaga kirimwo ibihuhusi, iryo tara rikaba ryarungika imishwarara y’umuco waryo mu kirere c’umwiza. Itangazo ryari muri ico kinyamakuru ryavuga ivy’iyo shusho nshasha ryari rifise umutwe uvuga ngo “Ikanzu yacu nshasha.”

2 Iyo shusho yarakoze cane ku mutima umuvukanyi Bohnet, aca arungikira ikete umuvukanyi Russell. Yanditse ati: “Birahimbaye kubona UMUNARA usohotse wambaye ikanzu nziza cane y’agahore. Usa neza ntiworaba.” Uwundi Mutohoji wa Bibiliya w’umwizigirwa yitwa John H. Brown yanditse ku bijanye n’ico gipfukisho ati: “Kiraryoheye ijisho pe! Ntiworaba ukuntu umushinge uwo munara uhagazeko ukomeye, naho iyo mipfunda n’ibihuhusi biwikubitako.” Ico gipfukisho gishasha ryari ryo hinduka rya mbere abavukanyi bacu babonye uwo mwaka, ariko ntiryari irya nyuma. Muri Munyonyo baramenye ko hari n’irindi hinduka rikomeye ryagira ribe. Birashimishije kubona iryo hinduka ryari ryerekeye kandi ikiyaga kirimwo ibihuhusi.

3, 4. Ni ingorane iyihe yavuzwe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 1895, kandi ni ihinduka rikomeye irihe ryatangajwe?

3 Ikiganiro kirekire casohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 1895 carashize ahabona ikibazo cariko kiraba: Ingorane zimeze nk’imipfunda y’ikiyaga kirimwo ibihuhusi zariko zihungabanya amahoro mw’ishirahamwe ry’Abatohoji ba Bibiliya. Abavukanyi baguma barushiriza guhazuka ku bijanye n’uwari akwiye kuyobora ishengero ryo mu karere iwabo. Mu ntumbero yo gufasha abavukanyi kubona icari gikenewe gukorwa kugira ngo ako gatima ko guhiganwa katuma haba ukwicamwo ibice gakosorwe, ico kinyamakuru cagereranije ishirahamwe n’ubwato. Caciye kivuga gitomora yuko abaja imbere abandi batari barafashije iryo shirahamwe rimeze nk’ubwato kwitegurira igihuhusi. None hari hakwiye gukorwa iki?

4 Ico kinyamakuru cavuze ko umukapitene w’ubwato abishoboye araba neza ko yitwaje mu bwato twa tuntu abantu bambara ngo ntibadwibire mu mazi be n’uko abakorera kuri ubwo bwato biteguriye gukora uko bashoboye kugira barokoke hamwe hoza igihuhusi. N’abari bayoboye ishirahamwe bari bakwiye kuraba neza ko amashengero yose yiteguriye kuvyifatamwo neza mu bihe vy’ingorane zimeze nk’ibihuhusi. Mu ntumbero yo gushitsa ico kintu, nya kiganiro caramenyesheje ihinduka rikomeye cane ryari rigiye kuba. Categetse ko kuva ubwo nyene “mu mugwi umwumwe wose hatorwa abakurambere” kugira “ ‘bacungere’ ubusho.”​—Ivyak. 20:28.

5. (a) Kubera iki intunganyo ya mbere y’uko habaho abakurambere yari intambwe ije hageze? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

5 Iyo ntunganyo ya mbere y’uko habaho abakurambere yari intambwe ije hageze mu bijanye no gushinga amashengero atunganijwe kandi atekanye. Yarafashije abavukanyi bacu kujabuka ingorane zimeze nk’ibisebuzi zatewe n’Intambara ya mbere y’isi yose. Mu myaka mirongo yakurikiye, hari n’ibindi vyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ugutunganya ibintu, ayo mahinduka akaba yarafashije abasavyi b’Imana kurushiriza kuba abafise ibikwiye kugira bakorere Yehova. Ni ubuhanuzi ubuhe bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ico kintu? Ni amahinduka ayahe ajanye n’uburyo bwo gutunganya ibintu wiboneye? Wayungukiyeko gute?

“Nzogena amahoro ngo akubere abacungezi”

6, 7. (a) Ibivugwa muri Yesaya 60:17 bisobanura iki? (b) Mu kuvuga ngo “abacungezi” n’ “abagabuzi b’ibikorwa,” Yehova yerekana iki?

6 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 9, Yesaya yari yaravuze ko Yehova yohezagiye abasavyi biwe agatuma bongerekana cane. (Yes. 60:22) Ariko Yehova yarasezeranye ko yokoze n’ibindi. Muri ubwo buhanuzi nyene yavuze ati: “Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma; kandi nzogena amahoro ngo akubere abacungezi, n’ubugororotsi ngo bukubere abagabuzi b’ibikorwa.” (Yes. 60:17) None ubwo buhanuzi busobanura iki? Butwerekeye gute muri iki gihe?

Ukwo gusubiriza si amahinduka yo kuva ku kintu kibi uja ku kintu ciza, ariko ni ukuva ku kintu ciza uja ku kirushirije kuba ciza

7 Ubuhanuzi bwa Yesaya buvuga ko igikoresho kimwe cosubirijwe ikindi. Mugabo urabona ko ukwo gusubiriza atari amahinduka yo kuva ku kintu kibi uja ku kintu ciza, ariko ko ari kuva ku kintu ciza uja ku kirushirije kuba ciza. Gusubiriza umujumpu inzahabu ni ukuryohora, ni na ko biri no ku bindi bikoresho bivugwa muri ubwo buhanuzi. Ku bw’ivyo, Yehova akoresheje iyo mvugo ngereranyo, yaramenyesheje imbere y’igihe ko ivy’abasavyi biwe vyogiye biraryohorwa. None ivyo vyogiye biraryohorwa ni ibiki? Mu kuvuga ngo “abacungezi” n’ “abagabuzi b’ibikorwa,” Yehova yarerekanye ko ivyogiye biraryohorwa vyobaye ari ibijanye n’ukuntu abasavyi biwe bitwararikwa be n’ukuntu batunganijwe.

8. (a) Ni nde atuma haba ukuryohora ibintu kuvugwa mu buhanuzi bwa Yesaya? (b) Twungukira gute kuri ukwo kuryohora ibintu? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Yaricishije bugufi aremera gukosorwa.”)

8 Ni nde atuma haba iryo terambere mu bijanye n’ugutunganya ibintu? Yehova avuga ati: “Nzozana inzahabu, . . . nzane ifeza . . . kandi nzogena amahoro.” Mu vy’ukuri, ukuntu ishengero ritunganijwe kwagiye kuraryohorwa, ariko ntivyagizwe n’utwigoro tw’abantu mugabo vyagizwe na Yehova ubwiwe. Kandi kuva aho Yezu yimikiwe, Yehova yagiye araryohora ukuntu ishengero ritunganijwe abicishije ku Mwana wiwe. None twungukira gute kuri ayo mahinduka? Ico canditswe kivuga ko ukwo kuryohora ibintu kuzotuma haba “amahoro” n’ “ubugororotsi.” Igihe twemera ubuyobozi bw’Imana maze tukagira ivyo duhinduye, amahoro arasasagara muri twebwe maze urukundo dukunda ubugororotsi rugatuma dukorera Yehova, uwo intumwa Paulo yavuze ko ari “ya Mana y’amahoro.”​—Flp. 4:9.

9. Umushinge ubereye w’amahoro n’ubumwe mw’ishengero ni uwuhe, kandi kubera iki?

9 Ku vyerekeye Yehova, Paulo yanditse kandi ati: ‘Imana si Imana y’umuvurungano, ahubwo ni iy’amahoro.’ (1 Kor. 14:33) Urabona ko Paulo atahushanije umuvurungano n’urutonde, ariko ko yahushanije umuvurungano n’amahoro. Kubera iki? Zirikana iki kintu: Urutonde ntirwama ruvamwo amahoro. Nk’akarorero, umugwi w’abasoda woshobora kugenda mu rutonde ugiye ku rugamba, ariko ukwo kugenda mu rutonde bivamwo intambara ntibivamwo amahoro. Ku bw’ivyo, twebwe abakirisu twipfuza kugumiza ku muzirikanyi iki kintu: Urutonde rwose rutubatswe ku mushinge w’amahoro impera n’imperuka rurasambuka. Amahoro ava ku Mana yoyo atuma haba urutonde rwamaho. Ese rero ukuntu dukenguruka kuba ishirahamwe ryacu riyoborwa kandi rigatyororwa na “ya Mana itanga amahoro”! (Rom. 15:33) Amahoro atangwa n’Imana ni yo mushinge w’urutonde ngirakamaro n’ubumwe butarimwo uburyarya twifitiye kandi duha agaciro cane mu mashengero yacu yo kw’isi yose.​—Zab. 29:11.

10. (a) Ni ibiki vyaryohowe mw’ishirahamwe ryacu mu myaka yo mu ntango? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ukuntu ivy’ubucungezi vyaryohowe.”) (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

10 Uruzitiro ruvuga ngo “ Ukuntu ivy’ubucungezi vyaryohowe” ruratwereka muri make amahinduka ngirakamaro kandi arimwo urutonde yabaye mw’ishirahamwe ryacu mu myaka yo mu ntango. Ariko ni amahinduka ayahe yo ‘kuva ku mujumpu tuja ku nzahabu’ Yehova yagize muri iyi myaka abicishije ku Mwami wacu? Ayo mahinduka mu vy’ubucungezi yakomeje gute amahoro n’ubumwe mu mashengero yo kw’isi yose? Wewe ubwawe ariko agufasha gute gukorera “ya Mana y’amahoro”?

Ingene Kristu ayobora ishengero

11. (a) Icigwa cagizwe ku Vyanditswe catumye hagirwa ihinduka irihe ku kuntu batahura ibintu? (b) Ni igiki abavukanyi bo mu nama nyobozi bari biyemeje gukora?

11 Kuva mu 1964 gushika 1971, inama nyobozi yarahagarikiye igikorwa co kwiga Bibiliya mu buryo bwimbitse, mu bintu vyinshi vyizwe hakaba harimwo n’ukuntu ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ryakora. a Ku bijanye n’uko ibintu vyari bitunganijwe, ico cigwa carerekanye ko amashengero yo mu kinjana ca mbere atacungerwa n’umukurambere umwe canke umucungezi umwe gusa, ariko ko yacungerwa n’inama y’abakurambere. (Soma Abafilipi 1:1; 1 Timoteyo 4:14.) Igihe ico ciyumviro carushiriza gutahurwa neza, inama nyobozi yarabonye ko Umwami wabo Yezu yariko arabayobora kugira baryohore ukuntu abasavyi b’Imana bari batunganijwe, kandi abavukanyi bo mu nama nyobozi bari biyemeje gukurikiza ubuyobozi bw’Umwami. Baciye bagira ivyo bahinduye kugira ngo mw’ishirahamwe abakurambere bashirweho nk’uko vyerekanwa mu Vyanditswe. Ni amahinduka amwamwe ayahe yagizwe mu ntango z’imyaka ya 1970?

12. (a) Ni ihinduka irihe ryagizwe ku nama nyobozi? (b) Ubu Inama Nyobozi itunganijwe gute? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene Inama Nyobozi yitwararika ivy’Ubwami.”)

12 Ihinduka rya mbere ryagizwe ku nama nyobozi ubwayo. Gushika ico gihe, uwo mugwi w’abavukanyi barobanuwe wari ugizwe n’abavukanyi indwi bo mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pensilivaniya. Ariko mu 1971, inama nyobozi yaraguwe iva ku bantu 7 ishika kuri 11, kandi ntiyasubiye kwitiranywa n’urwo rwego nshingwantwaro. Abagize inama nyobozi babona ko bangana, baca batangura kuza barakurakuranwa buri mwaka mu buhagarikizi hakurikijwe uko amazina yabo akurikirana.

13. (a) Ni intunganyo iyihe yari imaze imyaka 40 ikora? (b) Ni igiki Inama Nyobozi yakoze mu 1972?

13 Ihinduka rikurikira ryagizwe kw’ishengero rimwerimwe ryose. Mu buhe buryo? Kuva mu 1932 gushika mu 1972, ahanini ishengero ryacungerwa n’umuvukanyi umwe. Gushika mu 1936, uwo muvukanyi yaba yaragenywe yitwa umuyobozi w’umurimo. Inyuma y’aho, iryo zina ryarahindutse riba umusuku w’umugwi, mu nyuma na ho umusuku w’ishengero, amaherezo riba umucungezi w’ishengero. Abo bavukanyi baba baragenywe baritaho n’umwete ineza yo mu vy’impwemu y’ubusho. Mu bisanzwe umucungezi w’ishengero yarafata ingingo zerekeye ishengero atarinze guhanuza abandi basuku bo mw’ishengero. Ariko mu 1972, Inama Nyobozi yarateguriye inzira ihinduka ry’intibagirwa ryobaye. Iryo hinduka ryari irihe?

14. (a) Ni intunganyo iyihe yatanguye gukora kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 1972? (b) Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ashira mu ngiro gute impanuro iri mu Bafilipi 2:3?

14 Hako umuvukanyi umwe aba ari we aba umucungezi w’ishengero mw’ishengero rimwerimwe ryose, abandi bavukanyi bakwije ibisabwa vyo mu Vyanditswe na bo nyene bogenywe gitewokarasi ngo babe abakurambere bakirisu. Bose hamwe bogize inama y’abakurambere yocungereye ishengero barimwo. Iyo ntunganyo nshasha ijanye n’abakurambere yatanguye gukora kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 1972. Ubu umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ntabona ko asumba abandi bakurambere, ahubwo abona ko ari “nk’umuto.” (Luka 9:48) Ese ukuntu abo bavukanyi bicisha bugufi ari umuhezagiro ku muryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose!—Flp. 2:3.

Biragaragara ko Umwami wacu yakoranye ubukerebutsi araronsa abayoboke biwe abungere bakenewe ku gihe kibereye

15. (a) Intunganyo y’uko ishengero riba rifise inama y’abakurambere yavuyemwo ivyiza ibihe? (b) Ni igiki cerekana ko Umwami wacu yakoranye ubukerebutsi?

15 Intunganyo y’uko abagize inama z’abakurambere basabikanya ibikorwa yabaye ikintu gikomeye kiryohowe. Ehe ivyiza bitatu vyavuyemwo: Ica mbere, ari na co gihambaye kuruta ibindi, iyo ntunganyo irafasha abakurambere bose gutahura neza ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero, ata kuraba amabanga bafise mw’ishengero ukuntu ahambaye. (Ef. 5:23) Ica kabiri ni ikivugwa mu Migani 15:22, ahagira hati: “Mu bajanama indiri haragira igishitsweko.” Igihe abakurambere bahanahanye ivyiyumviro ku bibazo bijanye n’ineza yo mu vy’impwemu y’ishengero kandi ntibirengagize iciyumviro umwumwe wese ashikirije, bituma bafata ingingo zihuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Imig. 27:17) Yehova arahezagira mwene izo ngingo zigatuma ibintu bigenda neza. Ica gatatu, kuba hagiye haraboneka n’abandi bavukanyi bakwije ibisabwa basukura ari abakurambere, vyatumye ishirahamwe riguma ryitwararika ibikorwa bijanye n’ugucungera be n’ukuragira biguma vyiyongera mu mashengero. (Yes. 60:3-5) Zirikana gatoyi: igitigiri c’amashengero kw’isi yose carongerekanye kiva ku mashengero arenga 27.000 mu 1971 gishika ku yarenga 113.000 mu 2013! Biragaragara ko Umwami wacu yakoranye ubukerebutsi araronsa abayoboke biwe abungere bakenewe ku gihe kibereye.​—Mika 5:5.

‘Mubere uburorero ubusho’

16. (a) Ni ibanga irihe abakurambere bafise? (b) Abatohoji ba Bibiliya bǎbona gute inkeburo Yezu yatanze yo ‘kuragira intama’?

16 Mu bihe vyo mu ntango vy’Abatohoji ba Bibiliya, abakurambere bari basanzwe batahura yuko bafise ibanga ryo gufasha abo basangiye ukwizera kuguma ari abasavyi b’Imana. (Soma Abagalatiya 6:10.) Mu 1908, hari ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi caciye irya n’ino inkeburo ya Yezu igira iti: “Ragira intama zanje ntonto.” (Yoh. 21:15-17) Ico kiganiro cabwiye abakurambere giti: “Birahambaye rwose ko igikorwa Databuja yadushinze ku bijanye n’ubusho tugiha ikibanza gihambaye mu mitima yacu be n’uko kugaburira no kwitwararika abayoboke b’Umukama tubibona mu buryo bubereye ko ari agateka gakomeye.” Mu 1925, Umunara w’Inderetsi warasubiye kwerakana ko kuba abungere bihambaye, mu kwibutsa abakurambere uti: “Ishengero ry’Imana ni iryayo, . . . kandi bose azogira ico ababaza ku bijanye n’agateka bafise ko gukorera abavukanyi babo.”

17. Abacungezi bagiye barafashwa gute kuba abungere babishoboye?

17 Ishirahamwe rya Yehova ryafashije gute abakurambere kuva ku ‘cuma bakaja kw’ifeza’ ku bijanye n’ubuhanga bwabo bwo kuragira? Mu kubamenyereza. Mu 1959 harabaye Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami rya mbere ry’abacungezi. Muri iryo shure, harimwo icigwa cavuga ngo “Twitwararike abo tujejwe umwumwe ukwiwe.” Abo bavukanyi bajejwe amabanga bararemeshejwe “kugira urutonde rwo kugendera abamamaji ku mihana yabo.” Ico gihimba carerekanye uburyo butandukanye abungere botuma ukwo kugendera abamamaji kuba ukwubaka. Mu 1966, haratanguye Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami rihuje n’igihe. Muri iryo Shure harimwo icigwa kivuga ngo: “Igituma igikorwa co kuragira gihambaye.” None iciyumviro nyamukuru c’ico cigwa cari ikihe? Cari ic’uko abaja imbere abandi “bakwiye kwitwararikana urukundo ubusho bw’Imana, ariko kandi ntibibagire kwitwararika nk’uko bikwiriye ingo zabo bwite n’umurimo wo mu ndimiro.” Muri iyi myaka ya vuba, haragizwe n’ayandi mashure y’abakurambere. Kuba ishirahamwe rya Yehova ryagumye ritanga ukumenyerezwa vyavuyemwo iki? Ubu, ishengero rya gikirisu rifise abavukanyi ibihumbi bakwije ibisabwa, basukura ari abungere bo mu vy’impwemu.

Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ryabereye muri Filipine mu 1966

18. (a) Ni ibanga ritoroshe irihe abakurambere bajejwe? (b) Kubera iki Yehova na Yezu bakunda cane abakurambere bakora cane?

18 Abakurambere bakirisu bashizweho na Yehova biciye ku Mwami wacu Yezu kugira barangure igikorwa kitoroshe. Ikihe? Igikorwa co kuyobora intama z’Imana mu gihe kigoye kuruta ivyabayeho vyose. (Ef. 4:11, 12; 2 Tim. 3:1) Yehova na Yezu barakunda cane abo bakurambere bakora cane kubera ko abo bavukanyi bagamburuka iyi nkeburo yo mu Vyanditswe igira iti: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe . . . mubikunze . . . , mubishashaye . . . , mu kubera uburorero ubusho.” (1 Pet. 5:2, 3) Reka twihweze bubiri mu buryo bwinshi abungere bakirisu babera akarorero ubusho kandi bakagira ikintu kinini baterereye ku mahoro n’umunezero mw’ishengero.

Ingene abakurambere baragira ubusho bw’Imana muri iki gihe

19. Tubona gute abakurambere dukorana mu ndimiro?

19 Ubwa mbere, abakurambere barakorana n’abagize ishengero. Umwanditsi w’Injili Luka yavuze ku vyerekeye Yezu ati: “Agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana. Kandi bamwe cumi na babiri bari kumwe na we.” (Luka 8:1) Nk’uko Yezu yamamaza ari kumwe n’intumwa ziwe, ni ko n’abakurambere b’intangakarorero muri iki gihe bakorana n’abo basangiye ukwizera mu gikorwa co kwamamaza. Baratahura yuko babigenjeje gutyo baba baterereye ikintu kinini ku gatima keza k’ishengero. Abagize ishengero babona gute abakurambere nk’abo? Mushiki wacu yitwa Jeannine ari mu gushikana imyaka 90 avuga ati: “Gukorana mu ndimiro n’umukurambere birandonsa akaryo keza ko kuyaga na we no kurushiriza kumumenya.” Umuvukanyi yitwa Steven w’imyaka nka 35 avuga ati: “Iyo dukoranye n’umukurambere mu busuku bw’inzu ku nzu, nca mbona ko ashaka kumfasha. Kumfasha muri ubwo buryo biranezera cane.”

Nk’uko umwungere arondera intama yatakaye, ni ko n’abakurambere bihatira kurondera abaretse kwifatanya n’ishengero

20, 21. Abakurambere bigana gute wa mwungere avugwa mu mugani wa Yezu? Tanga akarorero. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Kubagendera buri ndwi vyaravuyemwo ivyiza.”)

20 Ubugira kabiri, ishirahamwe rya Yehova ryaramenyereje abakurambere kwitwararika abaretse kwifatanya n’ishengero. (Heb. 12:12) Kubera iki abakurambere bakwiye gufasha abantu nk’abo bagoyagoya mu vy’impwemu, kandi bakwiye kubigenza gute? Wa mugani wa Yezu w’umwungere n’intama yatakaye uratanga inyishu. (Soma Luka 15:4-7.) Igihe uwo mwungere avugwa muri uwo mugani abonye ko hari intama ibuze, arayirondera nk’aho ari yo yonyene yari afise. Muri iki gihe abakurambere bakirisu bigana gute uwo mwungere? Nk’uko intama yazimiye iguma ifise agaciro ku mwungere, ni ko abo baretse kwifatanya n’abasavyi b’Imana baguma bafise agaciro ku bakurambere. Uwugoyagoya mu vy’impwemu bamubona nk’intama yatakaye, ntibamubona nk’umuntu wo gutakarizako umwanya. Vyongeye, nk’uko uwo mwungere afata ingingo yo kuja “kurondera iyatakaye gushika ayitoye,” ni ko n’abakurambere bibwiriza kurondera abagoyagoya no kubafasha.

21 Uwo mwungere avugwa muri uwo mugani akora iki atoye iyo ntama? Arayiterura buhorobuhoro ‘akayishira ku bitugu vyiwe,’ akayisubiza mu busho. Muri ubwo buryo nyene, amajambo y’ubwitwararitsi avuye ku mutima umukurambere avuga yoshobora guterura buhorobuhoro uwugoyagoya mu vy’impwemu maze akamufasha kugaruka mw’ishengero. Ivyo ni vyo vyashikiye umuvukanyi yitwa Victor wo muri Afrika yari yararetse kwifatanya n’ishengero. Yigana ati: “Mu myaka umunani namaze narahororokewe, abakurambere baguma bagerageza kumfasha.” Ni igiki camukoze ku mutima cane? Asigura ati: “Umusi umwe hari umukurambere yitwa John twari kumwe mw’Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi yafashe umwanya wo kungendera aranyereka amafoto amwamwe yari yaradufotoye igihe twari muri iryo shure. Ayo mafoto yaranyibukije ibintu bihimbaye vyinshi cane ku buryo naciye nipfuza cane umunezero nari mfise ngikorera Yehova.” Haciye igihe gito John amugendeye, Victor yaragarutse mw’ishengero. Ubu yarasubiye kuba umutsimvyi. Vy’ukuri, abakurambere bakirisu bitwararikana baratuma tugira umunezero mwinshi.​—2 Kor. 1:24. b

Ivyaryohowe mu bijanye n’ubucungezi birakomeza ubumwe mu basavyi b’Imana

22. Ubugororotsi n’amahoro bikomeza gute ubumwe bw’ishengero rya gikirisu? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Twarumiwe.”)

22 Nk’uko twamaze kubibona, Yehova yari yaravuze ko ubugororotsi n’amahoro vyogumye vyongerekana mu basavyi biwe. (Yes. 60:17) Izo kamere zompi zirakomeza ubumwe mu mashengero. Gute? Ku bijanye n’ubugororotsi, “Imana . . . ni Yehova umwe.” (Gus. 6:4) Ingingo ngenderwako ziwe zigororotse ntizigenda ziratandukana mu mashengero yo mu gihugu kimwe no mu kindi. Ahubwo ingingo ngenderwako ziwe zigenga ikibereye n’ikitabereye ni zimwe ku “mashengero y’aberanda yose.” (1 Kor. 14:33) Ku bw’ivyo, ishengero risagamba mu gihe gusa rikurikiza ingingo ngenderwako z’Imana. Ku bijanye n’amahoro, Umwami wacu ntashaka gusa ko tugira amahoro mw’ishengero, ariko kandi ashaka ko tuba “indemeshamahoro.” (Mat. 5:9) Ni co gituma ‘dukurikirana ibiremesha amahoro.’ Turibwiriza gutorera umuti ukutumvikana bishika kukaduka hagati yacu. (Rom. 14:19) Gutyo, tuba tugize ico duterereye ku mahoro n’ubumwe vy’ishengero ryacu.​—Yes. 60:18.

23. Ni igiki twebwe abasavyi ba Yehova twifitiye muri iki gihe?

23 Muri Munyonyo 1895, ca gihe Umunara w’Inderetsi watangaza ya ntunganyo ya mbere yuko habaho abakurambere, abavukanyi bajejwe amabanga na bo nyene baraseruye icipfuzo kivuye ku mutima bari bafise. Cari ikihe? Bipfuza kandi bagasenga basaba ko iyo ntunganyo nshasha yofasha abasavyi b’Imana “gushika ningoga na ningoga ku bumwe mu bijanye n’ukwizera.” Dutereje amaso inyuma mu myaka mirongo iheze, turakenguruka kubona ivyo Yehova yagiye araryohora mu bijanye n’ubucungezi abicishije ku Mwami wacu vyarakomeje koko ubumwe bwacu mu vy’ugusenga. (Zab. 99:4) Ico vyavuyemwo ni uko muri iki gihe twese abasavyi ba Yehova bo kw’isi yose tunezerwa uko tubandanya kugendera “mu gatima kamwe,” dukurikira “amakanda amwe,” kandi dukorera ya “Mana y’amahoro” ‘duhuje inama.’​— 2 Kor. 12:18; soma Zefaniya 3:9.

a Ivyavuye muri ubwo bushakashatsi bwimbitse vyasohowe mu gitabu gisigura ivya Bibiliya citwa Igikoresho gifasha gutahura Bibiliya.

b Raba ikiganiro kivuga ngo “Abakurambere ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu’” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2013.