Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 15

Turwanira umwidegemvyo wo gusenga

Turwanira umwidegemvyo wo gusenga

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene Kristu yafashije abayoboke biwe kurwana urugamba ngo bemerwe n’amategeko bongere baronke uburenganzira bwo kugamburuka amategeko y’Imana

1, 2. (a) Ni igiki cerekana ko uri umwenegihugu w’Ubwami bw’Imana? (b) Kubera iki rimwe na rimwe Ivyabona vya Yehova babwirijwe kuburanira umwidegemvyo wabo wo gusenga?

 WOBA uri umwenegihugu w’Ubwami bw’Imana? Kubera ko uri Icabona ca Yehova, nta gukeka ko uri umwenegihugu wabwo! Ni igiki kivyerekana? Si igitabu c’inzira, canke ikindi kintu gitangwa na Leta. Ahubwo vyerekanwa n’ukuntu usenga Yehova Imana. Ugusenga kw’ukuri ntikugizwe n’ivyo wemera gusa. Harimwo n’ivyo ukora, ni ukuvuga kuba ugamburuka amategeko y’Ubwami bw’Imana. Kuri twese, ugusenga kwacu kwerekeye imice yose y’ubuzima, ushizemwo n’uburyo twitwararika imiryango yacu, eka mbere n’uburyo dutunganya ibibazo bimwebimwe vyerekeye amagara.

2 Ariko rero, iyi si tubayemwo ntiyama yubahiriza ubwenegihugu bwacu twikundira kuruta ibindi vyose canke ivyo busaba. Intwaro zimwezimwe zaragerageje kuburabuza ugusenga kwacu canke mbere kuguhagarika buhere. Rimwe na rimwe, abatwarwa ba Kristu babwirijwe kurwanira umwidegemvyo wo kubaho bisunga amategeko y’uwo Mwami Mesiya. None ivyo biratangaje? Oya. N’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya Bibiliya akenshi babwirijwe kurwanira umwidegemvyo wo gusenga Yehova.

3. Ni urugamba uruhe abasavyi b’Imana barwanye mu gihe c’Umwamikazi Esiteri?

3 Nk’akarorero, mu gihe c’Umwamikazi Esiteri, abasavyi b’Imana babwirijwe kurwana kugira ntibicwe. Kubera iki? Wa mushikiranganji wa mbere w’umubisha Hamani yaragiriye inama umwami w’Umuperesi Ahasuwerusi y’uko Abayuda bose baba mu karere atwara bicwa kubera ko ‘amategeko yabo yari atandukanye n’ay’ibindi bisata vyose.’ (Est. 3:8, 9, 13) Yehova yoba yarahevye abasavyi biwe? Oya, yarahezagiye utwigoro Esiteri na Morudekayi bagize mu kurenguka imbere y’umwami w’Ubuperesi kugira bakingire abasavyi b’Imana.​—Est. 9:20-22.

4. Ni ibiki tuza kwihweza muri iki kigabane?

4 Bite ho mu gihe ca none? Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, rimwe na rimwe intwaro z’iyi si zararwanije Ivyabona vya Yehova. Muri iki kigabane, turaza kwihweza uburyo bumwebumwe mwene izo ntwaro zagerageje kuburabuza uburyo bwacu bwo gusenga. Turibanda ku mice nyamukuru itatu: (1) uburenganzira dufise bwo kubaho turi ishirahamwe no gusenga nk’uko twipfuza, (2) umwidegemvyo wo guhitamwo uburyo bwo kuvurwa buhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, (3) uburenganzira abavyeyi bafise bwo kurera abana bisunze ingingo ngenderwako za Yehova. Mu muce umwumwe wose, turaraba ukuntu abenegihugu b’intahemuka b’Ubwami bwa Mesiya barwanye urugamba babigiranye ubutwari kugira bakingire ubwenegihugu bwabo bw’agaciro, turabe n’ukuntu utwigoro twabo twahezagiwe.

Turwana urugamba ngo twemerwe n’amategeko kandi turonke umwidegemvyo ntarengwa

5. Kwemerwa n’amategeko bigirira akamaro akahe abakirisu b’ukuri?

5 Twoba dukeneye kwemerwa n’amategeko y’intwaro z’abantu kugira dusenge Yehova? Oya, mugabo kwemerwa n’amategeko biratuma turushiriza kworoherwa no gukora ibikorwa vyacu bijanye n’ugusenga kwacu, nk’akarorero, kugirira amakoraniro mu mwidegemvyo mu Ngoro z’Ubwami no mu Ngoro z’amateraniro zacu, gucapura no kwinjiza mu gihugu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, no kubwira inkuru nziza abandi bantu ku mugaragaro ata kidutangira. Mu bihugu vyinshi, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko kandi bafise umwidegemvyo wo gusenga nk’uwo abo mu yandi madini yemewe n’amategeko bafise. None bigenda gute igihe intwaro zanse ko twemerwa n’amategeko canke zigerageje kuburabuza umwidegemvyo wacu ntarengwa?

6. Ni ingorane iyihe Ivyabona vya Yehova bo muri Ostraliya bagize mu ntango z’imyaka ya 1940?

6 Ostraliya. Mu ntango z’imyaka ya 1940, buramatari mukuru wa Ostraliya yavuze ko ivyo twemera “birwanya” ugushigikira intambara. Igikorwa cacu caciye kibuzwa. Ivyabona ntibashobora kugira amakoraniro canke kwamamaza ku mugaragaro, Beteli yarugawe, Ingoro z’Ubwami na zo zirafatwa. Gutunga ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya vyari bibujijwe. Inyuma y’imyaka nk’ingahe Ivyabona bo muri Ostraliya bari bamaze bakorera mu kinyegero, baza biruhutsa. Ku wa 14 Ruheshi 1943, Sentare nkuru ya Ostraliya yarakuyeho itegeko ryo kutubuza.

7, 8. Ni urugamba uruhe abavukanyi bacu bo mu Burusiya bamaze imyaka barwana baharanira umwidegemvyo wo gusenga?

7 Uburusiya. Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka mirongo igikorwa cabo carabujijwe n’intwaro y’Abakomunisita, mugabo mu 1991 baratevye baremerwa n’amategeko. Aho Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zisambukiye, twaremewe n’amategeko mu Burusiya mu 1992. Ariko butaraca na kabiri, abaturwanya bamwebamwe, canecane abo mw’idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya, barababajwe n’ukuntu twariko twongerekana ningoga na ningoga. Hagati ya 1995 na 1998, abaturwanya baratwitwariye gatanu batwagiriza ivyaha bitanu. Mu gihe kimwekimwe cose, umushikirizamanza yasanga ata na kimwe cerekana ko hari ikibi twakoze. Ntibataye hasi, mu 1998 barasubiye kutwitwarira. Ubwa mbere twaratsinze, ariko abaturwanya baranse nya rubanza baca barunguruza, maze turatsindwa muri Rusama 2001. Urubanza rwarasubiye gutangura muri Gitugutu muri uwo mwaka, bituma mu 2004 hafatwa ingingo yo guhagarika urwego rwemewe n’amategeko Ivyabona bakoresha i Moscou no kubuza ibikorwa vyarwo.

8 Haciye haba uruhamo rw’urutavanako. (Soma 2 Timoteyo 3:12.) Ivyabona baraturubitswe bongera baragirwako ibitero. Ibitabu vyabo vyarafashwe, gupanga canke kwubaka amazu yo gusengeramwo birabuzwa rwose. Ibaze ukuntu abavukanyi bacu na bashiki bacu bumvise bamerewe igihe bariko bashikirwa n’izo ngorane! Mu 2001 Ivyabona bari barituye ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu maze mu 2004 barayishikiriza n’ayandi makuru. Mu 2010, iyo Sentare yarafashe ingingo. Iyo Sentare yabonye neza ko ukutihanganirana mu vy’idini ari kwo kwari kwaratumye Uburusiya bubuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, ica ivuga ko ata mvo n’imwe yari ihari yo gushigikira ingingo zari zarafashwe n’amasentare ari munsi yayo, kuko ata na kimwe cerekana ko Ivyabona bari barakoze ikintu kibi. Iyo Sentare yavuze kandi ko nya tegeko ryo kubuza Ivyabona ryari rigamije kubaka uburenganzira bahabwa n’amategeko. Ingingo iyo Sentare yafashe yarashigikiye uburenganzira Ivyabona bafise bwo gusenga mu mwidegemvyo. Naho abategetsi batandukanye b’Uburusiya batashize mu ngiro ingingo y’iyo Sentare, abasavyi b’Imana bo muri ico gihugu bararemeshejwe cane n’izo ntsinzi.

Titos Manoussakis (Raba ingingo ya 9)

9-11. Mu Bugiriki, abasavyi b’Imana barwaniye gute umwidegemvyo wo gusengera hamwe, kandi havuyemwo iki?

9 Ubugiriki. Mu 1983, Titos Manoussakis yarapanze icumba muri Heraklion i Kirete kugira ngo umugwi mutoyi w’Ivyabona vya Yehova ukigiriremwo amakoraniro ajanye n’ugusenga. (Heb. 10:24, 25) Ariko bidatevye umupadiri w’umworotodogisi yaritwaye ku bategetsi avuga ko Ivyabona badakwiye gukoresha ico cumba ku bw’ugusenga. Kubera iki? Ngo kubera ko gusa ivyo Ivyabona bemera bitandukanye n’ivyo mw’idini ry’aborotodogisi! Abategetsi baciye batangura kuburanya Titos Manoussakis n’ibindi Vyabona batatu bo ng’aho babagiriza ko bakoze ivyaha. Baratangishijwe ihadabu, bacirwa n’umunyororo w’amezi abiri. Kubera ko Ivyabona ari abenegihugu b’Ubwami bw’Imana, babonye ko urwo rubanza sentare yaciye rwahonyanga umwidegemvyo wabo wo gusenga, baca barwungururiza mu masentare yo muri ico gihugu, barateba baritura na ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

10 Amaherezo, mu 1996 iyo Sentare yarasohoye ingingo itari yitezwe y’agacamugongo ku barwanya ugusenga gutyoroye. Yavuze ko “Ivyabona vya Yehova bakwije ibisabwa kw’ ‘idini rizwi’ nk’uko bivugwa mw’itegeko ry’Ubugiriki,” be n’uko ingingo zafashwe n’amasentare ari munsi yayo “zahonyanze umwidegemvyo wo gusenga w’abitwaye.” Iyo Sentare yasanze kandi Leta y’Ubugiriki atari yo yari ijejwe “kuraba nimba ivyo idini ryemera canke uburyo rikoresha mu kubiserura bihuje canke bidahuje n’amategeko.” Yarafuse ibihano Ivyabona bari baraciriwe, ishigikira umwidegemvyo wabo wo gusenga.

11 Iyo ntsinzi yoba yaratoreye umuti ingorane mu Bugiriki? Oya. Mu 2012, urubanza rusa n’urwo amaherezo rwaratorewe umuti mu gisagara ca Kassandreia co mu Bugiriki, inyuma y’urugamba twari tumaze imyaka 12 turwana mu vy’amategeko. Muri urwo rubanza, uruhamo rwari rwatewe n’umusenyeri w’umworotodogisi. Inama nkuru y’igihugu, ari yo sentare nkuru y’Ubugiriki isasa mu manza za Leta, yafashe ingingo ishigikira Abasavyi b’Imana. Iyo ngingo yarerekanye mw’ibwirizwa nshingiro bwite ry’Ubugiriki ahantu havuga ko umuntu afise uburenganzira bwo kuja mw’idini ashatse, yongera iriyamiriza ikirego Ivyabona vya Yehova baguma bagirizwa c’uko atari idini rizwi. Iyo Sentare yavuze iti: “Inyigisho z’ ‘Ivyabona vya Yehova’ ntizinyegejwe, ku bw’ivyo bakaba bavuga ko ari idini rizwi.” Abo mw’ishengero ritoyi ry’i Kassandreia ubu barahimbarwa kubona bashobora kugirira amakoraniro y’ivy’ugusenga mu Ngoro y’Ubwami yabo bwite.

12, 13. Mu Bufaransa, abaturwanya bagerageje gute gutegura ‘ivyago bakoresheje amategeko,’ kandi havuyemwo iki?

12 Ubufaransa. Bamwebamwe mu barwanya abasavyi b’Imana barakoresheje amayeri yo ‘gutegura ivyago bakoresheje ingingo zishinzwe [canke, “itegeko”].’ (Soma Zaburi 94:20.) Nk’akarorero, nko mu mwaka wa 1995, abategetsi baraba ivy’amakori mu Bufaransa baratanguye gutohoza amahera ishirahamwe Association Les Témoins de Jéhovah rifise, runo rukaba ari rumwe mu nzego zemewe n’amategeko Ivyabona vya Yehova bakoresha mu Bufaransa. Umushikiranganji w’ikigega ca Leta yarahishuye intumbero nyakuri y’iryo tohoza ati: “Iryo tohoza rishobora kuzotuma ubutungane bufata amatungo y’ishirahamwe ryanyu canke rikurikiranweko icaha . . . , ivyo bikaba vyoshobora guhungabanya ibikorwa vy’iryo shirahamwe canke rikabwirizwa guhagarika ibikorwa rirangurira mu karere kacu.” Naho ata ngorane n’imwe iryo tohoza ryerekanye, abategetsi baraba ivy’amakori baratse iryo shirahamwe ikori ry’agacamutwe. Iyo ayo mayeri akunda, nta kundi abavukanyi bari kugira atari ukwugara ibiro vy’ishami bakagurisha n’inyubakwa kugira barihe iryo kori. Ico cari igitero ca mvako ku basavyi b’Imana, ariko ntibaciye batana n’akabando. Ivyabona bariyamirije bivuye inyuma ako karenganyo, amaherezo bungururiza urubanza muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu 2005.

13 Ku wa 30 Ruheshi 2011 ni ho iyo Sentare yashikiriza ingingo yari yafashe. Yavuze ko kuba amategeko atanga uburenganzira bwo kuja mw’idini umuntu ashatse vyari bikwiye gutuma Leta ireka kuraba ko ivyo umuntu yemera mu vy’idini canke uburyo abiserura vyemewe canke bitemewe n’amategeko, kiretse igihe ari ibintu bikomeye. Iyo Sentare yavuze kandi iti: “Iryo kori . . . ryari gutuma iryo shirahamwe ritakaza amatungo nyamukuru yaryo, ntiribe rero rigishobora gutuma abanywanyi baryo barangura mu mwidegemvyo ibikorwa vyose bijanye n’ugusenga kwabo.” Iyo Sentare yose ata n’umwe avuyemwo yafashe ingingo ishigikira Ivyabona vya Yehova. Abasavyi ba Yehova barahimbawe cane igihe amaherezo Leta y’Ubufaransa yasubiza ikori yari yaratse Ishirahamwe hariko n’inyungu kandi nk’uko Sentare yari yarabitegetse igasubiza n’itongo ry’ishami yari yarafasheko ingwati.

Urashobora kwama usabira abo musangiye ukwizera bariko bararenganywa mu vy’amategeko

14. Ushobora gute kugira uruhara mu rugamba rwo kurwanira umwidegemvyo wo gusenga?

14 Cokimwe na Esiteri na Morudekayi ba kera, muri iki gihe abasavyi ba Yehova bararwanira umwidegemvyo wo gusenga Yehova nk’uko yategetse. (Est. 4:13-16) Woba ushobora kugira uruhara muri urwo rugamba? Cane nyene. Urashobora kwama usabira abo musangiye ukwizera bariko barenganywa mu vy’amategeko. Amasengesho nk’ayo arashobora gufasha cane bene wacu na bashiki bacu bari mu ngorane no mu ruhamo. (Soma Yakobo 5:16.) Yehova yoba yishura ayo masengesho? Intsinzi dutahukana mu masentare zirerekana ko ayishura!—Heb. 13:18, 19.

Umwidegemvyo wo guhitamwo uburyo bwo kuvurwa buhuje n’ivyo twemera

15. Ni ibiki abasavyi b’Imana bitwararika ku bijanye n’amaraso?

15 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 11, abenegihugu b’Ubwami bw’Imana bararonse ubuyobozi butomoye bwo mu Vyanditswe bubasaba kwirinda gukoresha nabi amaraso, ico kikaba ari ikintu ciraye muri iki gihe. (Ita. 9:5, 6; Lew. 17:11; soma Ivyakozwe 15:28, 29.) Naho tutemera guterwa amaraso, twe n’abacu turipfuza kuvurwa mu buryo bwiza bushoboka mu gihe budateye kubiri n’amategeko y’Imana. Amasentare ntahinyuzwa yo mu bihugu vyinshi yaremeje ko abantu bafise uburenganzira bwo guhitamwo canke kwanka uburyo bwo kuvurwa bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima be n’ivyo bemera. Ariko mu bihugu bimwebimwe, abasavyi b’Imana barashikiwe n’ingorane zikomeye muri ivyo. Ehe uburorero bumwebumwe.

16, 17. Ni ikintu ikihe mushiki wacu umwe wo mu Buyapani yagiriwe n’abaganga camubabaje cane, kandi amasengesho yiwe yishuwe gute?

16 Ubuyapani. Inarugo umwe w’imyaka 63 wo mu Buyapani yitwa Misae Takeda yari akeneye kubagwa bikomeye. Kubera ko yari umwenegihugu adahemuka w’Ubwami bw’Imana, yaratomoreye umuganga wiwe ko ashaka kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Ariko haciye amezi, yaramenye ko bamuteye amaraso igihe bariko baramubaga bica biramubabaza cane. Mushiki wacu Takeda yabonye ko ari nk’aho yasambanijwe ku nguvu be n’uko yahenzwe, muri Ruheshi 1993 aca aritwarira abaganga na nya bitaro. Uwo mukenyezi yifata ruto kandi yivugira make yari afise ukwizera kutanyiganyiga. Yarashinze intahe n’ubutinyutsi muri sentare yari yuzuye abantu, aguma ahagaze isaha irenga harya ababurana bahagarara naho ata tuguvu yari yifitiye. Yarengutse muri sentare irya nyuma hasigaye ukwezi kumwe ngo apfe. None ntidushima cane umutima rugabo wiwe n’ukwizera kwiwe? Mushiki wacu Takeda yavuze ko yama yasavye Yehova ngo amuhezagire muri urwo rugamba yariko ararwana. Yari yizigiye adakeka ko amasengesho yiwe yokwishuwe. Yoba none yarishuwe?

17 Haciye imyaka itatu mushiki wacu Takeda apfuye, Sentare ntahinyuzwa y’Ubuyapani yarafashe ingingo imushigikira, iremeza ko kumutera amaraso atabishaka vyari bibi. Ku wa 29 Ruhuhuma 2000, ingingo yafashwe yavuze ko “uburenganzira bwo guhitamwo” mu bihe nk’ivyo “butegerezwa kwubahirizwa nk’ikintu umuntu afitiye uburenganzira.” Kubera ko mushiki wacu Takeda yarwaniye yivuye inyuma umwidegemvyo wo guhitamwo uburyo bwo kuvurwa buhuje n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, ubu Ivyabona vya Yehova bo mu Buyapani barashobora kuvurwa badatinya ko bohava baterwa amaraso ku nguvu.

Pablo Albarracini (Raba ingingo ya 18-20)

18-20. (a) Sentare imwe isubiramwo imanza yo muri Arjantine yashigikiye gute uburenganzira bwo kwanka guterwa amaraso biciye ku gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi? (b) Ku bijanye n’ugukoresha nabi amaraso, twokwerekana gute ko tuyobokera ubutegetsi bwa Kristu?

18 Arjantine. Abenegihugu b’Ubwami bw’Imana bokwitegura gute mu gihe ingingo y’ivy’ukuvurwa ibwirizwa gufatwa bataye ubwenge? Turitwaza urwandiko rwemewe n’amategeko ruzotuvugira nk’uko Pablo Albarracini yarwitwaza. Muri Rusama 2012, yaratubiranye n’abasuma bariko bagerageza kwiba ahantu maze bamucucagira amasase. Yarajanywe mu bitaro yataye ubwenge, akaba rero atashobora gusigura impagararo yiwe ku bijanye n’uguterwa amaraso. Ariko yari afise agakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi kujujwe neza hari haciye imyaka irenga ine ateyeko umukono. Naho yari aremvye cane abaganga bamwebamwe na bo bakaba babona ko bikenewe ko aterwa amaraso kugira barokore ubuzima bwiwe, abariko baramuvura bari biteguriye kwubahiriza ivyipfuzo vyiwe. Ariko se wiwe, uno akaba atari Icabona ca Yehova, yaragiye muri sentare iramuha uruhusha rwo kurenga ku vyipfuzo vy’umuhungu wiwe.

19 Umushingwamanza w’umugore wa Pablo yaciye yitura sentare isubiramwo imanza. Mu masaha makeyi iyo sentare yari ifuse itegeko ryari ryasohowe na sentare iri munsi yayo, ifata ingingo y’uko ivyipfuzo vy’umurwayi bikwiye kwubahirizwa nk’uko biri mu gakarata kiwe k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi. Se wa Pablo yaciye yungururiza muri Sentare ntahinyuzwa ya Arjantine. Ariko iyo Sentare ntiyashoboye kubona “imvo zotuma hakekeranywa ko [amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi Pablo yari yarateguye avuga ko atemera guterwa amaraso], yayateguye atahura ivyo ariko aragira, kandi afise intumbero n’umwidegemvyo.” Iyo Sentare yavuze iti: “Umuntu wese akomeye kandi akuze arafise ubushobozi bwo gutanga amabwirizwa imbere y’igihe ajanye n’amagara yiwe, kandi yoshobora kwemera canke guhakana uburyo bunaka bwo kuvurwa . . . Umuganga amuvura ategerezwa kwemera ayo mabwirizwa.”

Woba warujuje agakarata kawe k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi?

20 Umuvukanyi Albarracini yarakize neza. We n’umugore wiwe barakenguruka kubona yarujuje agakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi. Mu gutera iyo ntambwe isanzwe yamara ihambaye, yarerekanye ko agamburuka ubutegetsi Kristu afise biciye ku Bwami bw’Imana. Mwe n’umuryango wawe mwoba mwaragize ikintu nk’ico?

April Cadoreth (Raba ingingo ya 21-24)

21-24. (a) Vyagenze gute ngo Sentare ntahinyuzwa ya Kanada ifate ingingo ihambaye ku bijanye n’abana batarashika mu bigero be n’uguterwa amaraso? (b) Ico kintu coremesha gute abasavyi ba Yehova bakiri bato?

21 Kanada. Muri rusangi, amasentare aremera ko abavyeyi bafise uburenganzira bwo gushinga uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kuvura abana babo. Vyarashitse mbere amasentare arafata ingingo z’uko umwana akuze mugabo atarashika mu bigero ahabwa uburenganzira bwo gufata ingingo zijanye no kuvurwa. Ukwo ni ko vyagenze ku mwigeme yitwa April Cadoreth. Igihe yari afise imyaka 14, yarajanywe mu bitaro avirira imbere cane. Amezi makeyi imbere y’aho, yari yarujuje agakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi kerekana neza ko adakwiye guterwa amaraso naho yoba aremvye cane. Umuganga yariko aramuvura yarirengagije ivyipfuzo April yari yaseruye atomora maze ararondera itegeko ryo muri sentare ryo kumutera amaraso. April yaratewe ku nguvu udusashe dutatu tw’utugingo ngengabuzima dutukura. Mu nyuma, ico kintu yakorewe yakigereranije n’ugusambanywa ku nguvu.

22 April n’abavyeyi biwe barituye ubutungane. Haciye imyaka ibiri, urwo rubanza rwarajanywe muri Sentare ntahinyuzwa ya Kanada. Naho ubiravye April yatsinzwe mu rubanza rwiwe rwo kwerekana ko ibwirizwa nshingiro ryamuhohotera, iyo Sentare yaramusubije amahera yose yari yarasohoye mu kuburana yongera ifata ingingo imushigikira ikongera igashigikira n’abandi bana bakuze mugabo batarashika mu bigero barondera gukoresha uburenganzira bafise bwo kwihitiramwo uburyo bovurwa. Iyo Sentare yavuze iti: “Mu vy’ukuvurwa, abakiri bato batarashikana imyaka 16 bakwiye guhabwa uburenganzira bwo kugerageza kwerekana ko ukuntu babona ingingo yinaka ijanye n’uburyo bwo kuvurwa vyerekana ko bafise umwidegemvyo ku rugero ruhagije wo kugira ivyiyumviro canke bakuze bihagije ku buryo bofata ingingo.”

23 Urwo rubanza rurahambaye cane kuko Sentare ntahinyuzwa yatoreye umuti ikibazo kijanye n’uburenganzira ibwirizwa nshingiro riha abana bakuze mugabo batarashika mu bigero. Imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, sentare yinaka yo muri Kanada yarashobora gutanga uruhusha rwo kuvura mu buryo bunaka umwana atarashikana imyaka 16 mu gihe iyo sentare yaba ibona ko vyoba bigizwe ku neza yiwe. Ariko kuva ifashwe, sentare ntishobora gutanga uburenganzira bwo kuvura abakiri bato batarashikana imyaka 16 mu buryo badashaka, batabanje guhabwa akaryo ko kwerekana ko bakuze bihagije ku buryo bokwifatira ingingo.

“Kumenya ko nagize uruhara na rutoyi mu vyo kugerageza kuninahaza izina ry’Imana no kwerekana ko Shetani ari umubeshi vyatumye nezerwa cane”

24 Vyoba vyari bikwiye ko bamara imyaka itatu barwana urwo rugamba? April avuga ati: “Cane nyene!” Ubu ni umutsimvyi asanzwe kandi afise amagara meza, akaba avuga ati: “Kumenya ko nagize uruhara na rutoyi mu kugerageza kuninahaza izina ry’Imana no kwerekana ko Shetani ari umubeshi vyatumye nezerwa cane.” Ivyashikiye April birerekana ko abakiri bato bashobora kugaragaza umutima rugabo, bakerekana ko ari abenegihugu b’Ubwami bw’Imana b’ukuri.​—Mat. 21:16.

Turwanira umwidegemvyo wo kurera abana hisunzwe ingingo ngenderwako za Yehova

25, 26. Inyuma y’ukwahukana, ni ibiki vyoshobora gushika?

25 Yehova yajeje abavyeyi ibanga ryo kurera abana babo bisunze ingingo ngenderwako ziwe. (Gus. 6:6-8; Ef. 6:4) Ico gikorwa nticoroshe, kandi coshobora kurushiriza kugora igihe abavyeyi bahukanye. Boshobora kutabona kumwe ukuntu abana borerwa. Nk’akarorero, umuvyeyi ari Icabona yoshobora kuba abona rwose ko umwana akwiye kurerwa hisunzwe ingingo ngenderwako za gikirisu, ariko umuvyeyi atari Icabona akaba atabishigikira. Ariko ntiwumve, umuvyeyi ari Icabona akwiye kumenya iki kintu: Naho kwahukana bishobora gusambura ubucuti yari afitaniye n’uwo bari bubakanye, ubucuti bafitaniye n’abana bwo bugumaho.

26 Umuvyeyi atari Icabona yoshobora kwitura sentare ngo imuhe uburenganzira bwo kurera umwana canke abana kugira yitwararike ko baronka indero mu vy’Imana. Hari abavuga ko kurerwa uri Icabona ca Yehova ari bibi. Boshobora kuvuga ko abana batazogirirwa imisi mikuru yabo y’ivuka n’iyindi misi mikuru, be n’uko hamwe boremba cane batazoterwa amaraso bivugwa ko ngo arokora ubuzima. Birashimishije kubona amasentare menshi araba ineza y’umwana aho kuraba nimba babona ko idini ry’umwe mu bavyeyi ryogirira canke ritogirira nabi uwo mwana. Reka turabe uburorero bumwebumwe.

27, 28. Sentare ntahinyuzwa ya Ohio yabonye gute ikirego c’uko ngo umwana arezwe ari Icabona ca Yehova bimugirira nabi?

27 Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 1992, Sentare ntahinyuzwa ya Ohio yarihweje urubanza aho sebibondo atari Icabona yavuga ko hamwe agahungu kiwe kokura ari Icabona ca Yehova komererwa nabi. Sentare ntoyi yari yaravyemeye, imuha uburenganzira bwo kurera ako gahungu. Nyina wako Jennifer Pater yarahawe uburenganzira bwo kuja aragenda kukaraba, mugabo ategekwa “kutigisha canke kutereka uwo mwana mu buryo na bumwe ivyo Ivyabona vya Yehova bemera.” Iryo tegeko rya sentare ntoyi ryari ryagutse cane ku buryo ryashobora gusobanurwa ko mushiki wacu Pater atari no kuvugana n’agahungu kiwe Bobby ivya Bibiliya canke ingingo ngenderwako zayo zigenga ikibereye n’ikitabereye! Ibaze ukuntu yumvise amerewe! Jennifer yarababaye cane, ariko avuga ko yize kwihangana no kurindira ko Yehova agira ico akoze. Avuga ivyo yibuka ati: “Yehova yamye ari hafi yanje.” Umushingwamanza wiwe afashijwe n’ishirahamwe rya Yehova, yarituye Sentare ntahinyuzwa ya Ohio.

28 Iyo sentare ntiyashigikiye ingingo yari yarafashwe na sentare iri munsi yayo, ica ivuga ko “abavyeyi bafise uburenganzira ntarengwa bwo gutoza indero abana babo, harimwo no kubigisha imico runtu n’imico y’ivy’Imana.” Iyo sentare ntahinyuzwa yavuze ko ata burenganzira sentare iri munsi yayo yari ifise bwo kugabanya ifatiye ku vy’idini uburenganzira umuvyeyi afise bwo kurera umwana, kiretse vyerekanywe ko imico y’ivy’Imana y’Ivyabona vya Yehova yogirira nabi uwo mwana ku mubiri no mu bwenge. Yasanze ata na kimwe cerekana ko ivyo Ivyabona bemera vyogirira nabi nya mwana mu bwenge canke ku mubiri.

Sentare nyinshi zarafashe ingingo zishigikira uburenganzira abavyeyi bakirisu bafise bwo kurera abana

29-31. Kubera iki mushiki wacu umwe wo muri Danemarke yatswe uburenganzira bwo kurera agakobwa kiwe, kandi Sentare ntahinyuzwa ya Danemarke yafashe ingingo iyihe kuri ico kibazo?

29 Danemarke. Anita Hansen yarahuye n’ingorane nk’iyo, igihe uwahoze ari umugabo wiwe yitura sentare ngo imuhe uburenganzira bwo kurera agakobwa kabo Amanda k’imyaka indwi. Naho mu 2000 sentare y’akarere yeguriye ubwo burenganzira mushiki wacu Hansen, se wa Amanda yaciye yungururiza muri sentare nkuru, ino irafuta ingingo yari yarafashwe na sentare y’akarere maze iha se wa Amanda uburenganzira bwo kurera uwo mwana. Sentare nkuru yavuze ko kubera ko abavyeyi batabona ubuzima kumwe bivuye ku vyo bemera mu vy’Imana, sebibondo ari we yoshoboye gutorera umuti iyo ngorane. Twovuga rero ko mushiki wacu Hansen yatswe uburenganzira bwo kurera Amanda kubera ari Icabona ca Yehova!

30 Muri ivyo bihe bitoroshe, mushiki wacu Hansen vyarashika agata umutwe rwose ku buryo abura n’ivyo avuga mw’isengesho. Yigana ati: “Ariko ivyiyumviro biri mu Baroma 8:26 na 27 vyarampojeje cane. Naguma mbona ko Yehova atahura ivyo nshaka kumubwira. Yangumizako ijisho kandi yanguma hafi.”​—Soma Zaburi 32:8; Yesaya 41:10.

31 Mushiki wacu Hansen yarungururije muri Sentare ntahinyuzwa ya Danemarke. Mu ngingo iyo Sentare yafashe, yavuze iti: “Ikibazo c’uwohabwa uburenganzira bwo kurera umwana gikwiye gutorerwa umuti habanje kwihwezwa neza icorushiriza kugirira akamaro uwo mwana.” Vyongeye, iyo Sentare yavuze ko ingingo ijanye n’uwohabwa uburenganzira bwo kurera abana idakwiye gufatwa hisunzwe “inyigisho” z’Ivyabona vya Yehova n’ “ukuntu babona ibintu,” ahubwo ko ikwiye gufatwa hisunzwe ukuntu umwe wese mu bavyeyi avyifatamwo mu matati. Mushiki wacu Hansen yariruhukije cane igihe iyo Sentare yemeza ko ari we muvyeyi abikwiriye igaca imusubiza uburenganzira bwo kurera Amanda.

32. Ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yakingiye gute abavyeyi b’Ivyabona ugukumirwa?

32 Ibihugu bitari bimwe vya Buraya. Mu manza zimwezimwe, impari zijanye n’uwo amategeko aha uburenganzira bwo kurera abana zaragiye no mu nzego zirengeye amasentare ntahinyuzwa y’ibihugu. Ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu na yo nyene yarihweje ico kibazo. Mu manza zibiri, iyo Sentare yaremeje ko amasentare ari munsi yayo yo mu bihugu atari yarafashe kumwe abavyeyi b’Ivyabona n’abavyeyi batari Ivyabona yisunze gusa idini. Iyo Sentare yavuze ko ukwo ari ugukumirana, ica ifata ingingo y’uko “gutandukanya abantu hisunzwe canecane ko badasangiye idini ubwavyo bitemewe.” Hari inabibondo asanzwe ari Icabona yungukiye ku ngingo nk’iyo yafashwe n’iyo Sentare y’Abanyaburaya. Yariruhukije maze avuga ati: “Birababaza cane kwagirizwa ko ngirira nabi abana banje kandi nariko ngerageza gusa kubaha ico nabona ko ari ciza kuruta ibindi, ni ukuvuga indero rukirisu.”

33. Abavyeyi b’Ivyabona boshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako iri mu Bafilipi 4:5?

33 Ariko ntiwumve, abavyeyi b’Ivyabona baburanira mu masentare uburenganzira bafise bwo kwinjiza mu mitima y’abana babo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, barihatira kwerekana ko bagira ibitegereka. (Soma Abafilipi 4:5.) Baratahura ko bafise uburenganzira bwo kurera abana babo nk’uko Imana ishaka ariko kandi bagatahura ko n’umuvyeyi atari Icabona agira uruhara mu vyo kurera abana mu gihe ashimye kubigira. Ibanga ryo kurera umwana rihambaye ukungana iki ku muvyeyi w’Icabona?

34. Muri iki gihe abavyeyi bakirisu bokwungukira gute ku karorero k’Abayuda bo mu gihe ca Nehemiya?

34 Akarorero ko mu gihe ca Nehemiya karatanga icigwa. Abayuda barakoze cane mu gusanura no mu gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu. Bari bazi ko ivyo vyobakingiye bigakingira n’imiryango yabo amahanga abanka yari abakikuje. Ku bw’ivyo Nehemiya yabahimirije ati: “Murwanire bene wanyu, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.” (Neh. 4:14) Abo Bayuda babona ko bikwiriye ko barwana urwo rugamba. No muri iki gihe, abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova barihatira kurerera abana babo mu nzira y’ukuri. Barazi ko abana babo basugerezwa n’utwosho tubi kw’ishure no mu kibano. Utwo twosho twoshobora no kwinjira mu ngo biciye ku bimenyeshamakuru. Bavyeyi, ntimwigere mwibagira ko bikwiriye ko murwanira abahungu banyu n’abakobwa banyu kugira mubaronse ahantu hatekanye bazokurira mu vy’impwemu.

Niwizigire udakeka ko Yehova ashigikira ugusenga kw’ukuri

35, 36. Ni ivyiza ibihe twebwe Ivyabona vya Yehova twironkeye kubera twarwaniye uburenganzira bwacu bwemewe n’amategeko, kandi wiyemeje iki?

35 Nta gukeka ko Yehova yahezagiye utwigoro ishirahamwe ryiwe ryo mu gihe ca none ryagize rirwanira uburenganzira bwo gusenga mu mwidegemvyo. Igihe abasavyi b’Imana bariko barwanira ubwo burenganzira bahabwa n’amategeko, akenshi barashoboye gushinga intahe ikomeye muri sentare no ku bantu muri rusangi. (Rom. 1:8) Ikindi ciza cavuye mu ntsinzi nyinshi batahukanye mu vy’amategeko ni uko bakomeje uburenganzira bw’abandi bantu benshi batari Ivyabona. Ariko twebwe abasavyi b’Imana ntituri abaharanira amahinduka mu kibano; eka kandi ntiturondera kwereka abandi ko ari twe turi mu kuri. Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose catumye Ivyabona vya Yehova baharanira mu masentare uburenganzira bahabwa n’amategeko ni ukugira ngo ugusenga gutyoroye kwemerwe kandi gutere imbere.​—Soma Abafilipi 1:7.

36 Ntitwigere dufata minenegwe ivyigwa bijanye n’ukwizera twigira kuri abo barwaniye umwidegemvyo wo gusenga Yehova. Nimuze natwe tugume dufise ukwizera, twizigiye ko Yehova ashigikira igikorwa cacu kandi akabandanya kuduha inkomezi zo gukora ivyo agomba.​—Yes. 54:17.