Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 19

Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova

Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Igikorwa c’ubwubatsi kirangurirwa kw’isi yose kirateza imbere ivy’Ubwami

1, 2. (a) Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye bahimbarwa no gukora iki? (b) Ni igiki Yehova aha agaciro?

 KUVA kera na rindi, abasavyi ba Yehova b’intahemuka bamye bahimbarwa no kwubaka inyubakwa zishemeza izina ryiwe. Nk’akarorero, Abisirayeli baragize uruhara n’igishika cinshi mw’iyubakwa rya ya taberenakulo, baratanga cane n’ibikoresho vyayo.​—Kuv. 35:30-35; 36:1, 4-7.

2 Yehova ntabona ko ibikoresho vy’inyubakwa ari vyo ahanini bimutera iteka, eka kandi si vyo aha agaciro cane. (Mat. 23:16, 17) Ico aha agaciro, ari na yo ngabirano imutera iteka kuruta izindi zose, ni ukumusenga kugirwa n’abasavyi biwe, harimwo n’umutima ukunze bagaragaza be n’igikorwa bamurangurira n’umwete. (Kuv. 35:21; Mrk. 12:41-44; 1 Tim. 6:17-19) Ico kintu kirahambaye. Kubera iki? Kubera ko inyubakwa ziza hanyuma zikagenda. Nk’akarorero, ya taberenakulo na rwa rusengero ntibikiriho. Izo nyubakwa zaragiye, ariko Yehova ntiyibagiye ukuntu abasavyi biwe b’intahemuka batanze cane kandi bagakora cane kugira bafashe kuzubaka.​—Soma 1 Abakorinto 15:58; Abaheburayo 6:10.

3. Ni ibiki tuza kwihweza muri iki kigabane?

3 Abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none na bo nyene barakoze cane mu kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo. Kandi ivyo twaranguye tuyobowe n’Umwami wacu Yezu Kristu ntibisanzwe na gato! Biribonekeza ko Yehova yahezagiye utwigoro twacu. (Zab. 127:1) Muri iki kigabane turaza kwihweza bimwebimwe gusa mu bikorwa vyakozwe n’ingene vyateye iteka Yehova. Turaza kwumva kandi ivyo bamwe mu bagize uruhara muri ivyo bikorwa bavuze.

Kwubaka Ingoro z’Ubwami

4. (a) Kubera iki dukeneye n’ibindi bibanza vyo gusengeramwo? (b) Kubera iki ibiro vy’amashami bitandukanye vyashizwe hamwe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Iyubakwa ry’amashami—Guhuza n’ibikenewe biza birahinduka.”)

4 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 16, Yehova adusaba gukoranira hamwe kugira tumusenge. (Heb. 10:25) Amakoraniro yacu arakomeza ukwizera kwacu kandi agatuma turushiriza kugirira igishika igikorwa co kwamamaza. Uko imisi ya nyuma itera ija imbere ni ko Yehova aguma yihutisha ico gikorwa. Ivyo bituma abantu ibihumbi amajana barindiga baza mw’ishirahamwe ryiwe buri mwaka. (Yes. 60:22) Kubera ko abatwarwa b’Ubwami baguma bongerekana, haguma harushiriza gukenerwa inyubakwa zo gucapuriramwo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Turakenera kandi n’ibindi bibanza vyo gusengeramwo.

5. Kubera iki izina Ingoro y’Ubwami ribereye? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Urusengero rw’umuco mushasha.”)

5 Kuva mu ntango z’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye kubona ko bikenewe ko bagira ibibanza vyabo bwite vyo gukoraniramwo. Biboneka ko kimwe mu bibanza vya mbere vyo gusengeramwo cubatswe muri leta ya Virijiniya yo mu Burengero muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1890. Mu myaka ya 1930, abasavyi ba Yehova bari bamaze kwubaka canke gusanura ingoro zitari nke, mugabo ivyo bibanza vyo kugiriramwo amakoraniro ntivyari bwahabwe izina vyisangije. Ariko mu 1935, umuvukanyi Rutherford yaragiye i Hawayi, aho ingoro yariko yubakirwa rimwe n’ibiro vy’ishami bishasha. Igihe bamubaza ukuntu iyo nyubakwa yari ikwiye kwitwa, yishuye ati: “Mubona gute tuyise ‘Ingoro y’Ubwami,’ narirya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ari vyo turiko turakora?” (Mat. 24:14) Bidatevye iryo zina ribereye ryohawe iyo nyubakwa, rigahabwa n’ibibanza vyinshi vyo kugiriramwo amakoraniro bikoreshwa n’amashengero y’abasavyi ba Yehova kw’isi yose.

6, 7. Kwubaka Ingoro z’Ubwami mu buryo bunyaruka vyamaze iki?

6 Mu myaka ya 1970, igitigiri c’Ingoro z’Ubwami zari zikenewe caraduze bwampi. Abavukanyi bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baciye batanguza uburyo bwiza bwo kwubaka mu misi mikeyi gusa inyubakwa ziteye igomwe kandi zifasha cane. Gushika mu 1983, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada hari hamaze kwubakwa mwene izo Ngoro z’Ubwami zishika nka 200. Kugira abavukanyi barangure ico gikorwa, baratanguye gushiraho Komite z’ubwubatsi z’akarere. Ubwo buryo bwaragenze neza cane ku buryo mu 1986 Inama Nyobozi yaciye yemeza ko ari bwo buryo bwoza burakoreshwa, kandi gushika mu 1987, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hari Komite z’ubwubatsi z’akarere zishika 60. a Mu 1992, mwene izo Komite zari zimaze gushika no muri Afrika y’Epfo, muri Arjantine, mu Budagi, mu Bufaransa, mu Buyapani, muri Espanye, muri Megizike no muri Ostraliya. Vy’ukuri, birakwiriye ko dushigikira abavukanyi bakora cane mu kwubaka Ingoro z’Ubwami n’Ingoro z’amateraniro, kuko igikorwa barangura kiri mu bigize umurimo mweranda.

7 Izo Ngoro z’Ubwami zubatswe mu buryo bunyaruka zarashinze intahe nziza cane mu turere zubatswemwo. Nk’akarorero, hari ikinyamakuru co muri Espanye carimwo ikiganiro cavuga ngo “Ukwizera kurimura imisozi.” Ku bijanye n’iyubakwa ry’Ingoro y’Ubwami nk’iyo yo mu gisagara ca Martos, ico kinyamakuru cabajije giti: “Bishoboka gute ngo muri iyi si y’ubwikunzi abitanze babikunze bo mu mihingo itandukanye [ya Espanye] bagaragaze agatima kazira ubwikunzi mu gufata ingendo baza i Martos kwubaka inyubakwa iheta izindi zose mu kunyaruka kwubakwa, mu kwubakwa neza kandi mu buryo butunganije neza?” Ico kiganiro cishuye ico kibazo mu gusubiramwo amajambo yavuzwe n’umwe muri ivyo Vyabona bitanze, ari yo y’aya: “Ni uko gusa twigishijwe na Yehova.”

Kwubaka mu bihugu bikenye

8. Mu 1999, ni porogarama nshasha iyihe Inama Nyobozi yemeje, kandi kubera iki?

8 Ikinjana ca 20 kiri mu kurangira, mu bihugu aho abavukanyi bakenye, abantu barasegenyutse baza mw’ishirahamwe rya Yehova. Amashengero yaho yarakoze uko ashoboye arubaka ibibanza vyo gusengeramwo. Ariko mu bihugu bimwebimwe, babwirijwe kwihanganira ugutwengwa n’ukubonwa nabi kubera ko Ingoro z’Ubwami zari izisanzwe rwose ugereranije n’ibindi bibanza vyo gusengeramwo. Ariko kuva mu 1999, Inama Nyobozi yaremeje porogarama yo kwihutisha iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Ibihugu bitunze kuruta vyaratanze amahera kugira habe “ukunganya.” (Soma 2 Abakorinto 8:13-15.) Abavukanyi na bashiki bacu bo mu bindi bihugu na bo baritanze baraja gufasha muri ico gikorwa.

9. Kubera iki igikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere wamengo ni amananiza, ariko ni ibiki vyaranguwe?

9 Mu ntango, ico gikorwa wamengo ni amananiza. Raporo yagizwe mu 2001 yerekanye ko mu bihugu 88 bikiri mu nzira y’amajambere hari hakenewe Ingoro z’Ubwami zirenga 18.300. Ariko rero, tubifashijwemwo n’impwemu y’Imana be n’Umwami wacu Yezu Kristu, nta gikorwa kidashoboka. (Mat. 19:26) Mu myaka nka 15, kuva mu 1999 gushika mu 2013, abasavyi b’Imana bari bamaze kwubaka Ingoro z’Ubwami 26.849 mu bijanye n’iyo porogarama. b Yehova aguma ahezagira igikorwa co kwamamaza, ku buryo gushika mu 2013 hari hagikenewe Ingoro z’Ubwami nka 6.500 muri ivyo bihugu, kandi ubu ku mwaka ku mwaka harakenerwa n’izindi amajana n’amajana.

Kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikenye birafise ingorane vyisangije

10-12. Kwubaka Ingoro z’Ubwami vyateye iteka gute izina rya Yehova?

10 Kwubaka izo Ngoro z’Ubwami vyateye iteka gute izina rya Yehova? Raporo yavuye ku biro vy’ishami vyo muri Zimbabwe yavuze iti: “Mu kwezi kumwe gusa inyuma y’ubwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami nshasha, akenshi usanga igitigiri c’abitaba amakoraniro cigwije na kabiri.” Mu bihugu vyinshi, iyo tutararonka ahantu habereye ho gusengera, abantu baragonanwa kwifatanya natwe. Yamara Ingoro y’Ubwami imaze kwubakwa, ntiteba kwuzura abantu, hagaca hakenerwa iyindi. Ariko ukuntu izo nyubakwa zisa si vyo vyonyene bikwegera abantu kuri Yehova. Urukundo nyakuri rwa gikirisu abubaka izo ngoro bagaragaza na rwo nyene ruragira ico ruhinduye ku kuntu abantu babona ishirahamwe ryiwe. Ehe uturorero dukeyi.

11 Endoneziya. Igihe umugabo umwe yari amaze imisi yihweza ingene abavukanyi bubaka Ingoro y’Ubwami yamenya ko bose bari abitanze, yavuze ati: “Muri igitangaza koko! Narabonye ukuntu umwe wese muri mwebwe akorana umutima wiwe wose be n’umunezero naho mudahembwa. Nibaza ko ata rindi dini rimeze nk’iryanyu!”

12 Ukraine. Hari umugore yama imisi yose aca ahariko harubakwa Ingoro y’Ubwami yibwiye yuko abariko bayubaka bari Ivyabona vya Yehova be n’uko iyo nyubakwa yobaye Ingoro y’Ubwami. Yavuze ati: “Narumvise ivy’Ivyabona vya Yehova ndabibwiwe na mwene wacu w’Icabona. Maze kwihweza iki gikorwa co kwubaka, naciye mfata ingingo y’uko nkwiye kuja muri uwu muryango wo mu buryo bw’impwemu. Nariboneye urukundo hano.” Uwo mugore yaremeye kwiga Bibiliya maze abatizwa mu 2010.

13, 14. (a) Wigiye iki ku kuntu abubakanye bamwe bavyifashemwo bamaze kwihweza ibikorwa bikorerwa ahariko harubakwa Ingoro y’Ubwami? (b) Wokora iki kugira wiyemeze neza ko ikibanza canyu co gusengeramwo gitera iteka izina rya Yehova?

13 Arjantine. Hari abubakanye begereye umuvukanyi yari ahagarikiye ubwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami. Umunega yavuze ati: “Tumaze imisi twihweza ingene mukora ibikorwa vyanyu vy’ubwubatsi, rero . . . twafashe ingingo yo kwigira ivy’Imana muri iki kibanza.” Yaciye abaza ati: “Twokora iki ngo tuzoze turaza gusengera ng’aha?” We n’umugore wiwe baremeye kwiga Bibiliya, ariko bavuga ko bobanza kubemerera ko umuryango wose wobaye ari ho uri. Abo bavukanyi baravyemeye banezerewe.

14 Ushobora kuba utaronse agateka ko gufasha kwubaka Ingoro y’Ubwami yanyu, ariko ntikibuza ko ushobora gufasha cane gutuma ikibanza canyu co gusengeramwo gitera iteka izina rya Yehova. Nk’akarorero, urashobora gutumira n’igishika cinshi abo mwigana Bibiliya, abo usubira kugendera, be n’abandi bantu ngo baze ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Urafise kandi akaryo ko gufasha gusukura no kubungabunga ikibanza canyu co gusengeramwo. Ubiteguye neza, woshobora gutanga intererano zo kubungabunga Ingoro y’Ubwami yanyu canke ugatanga intererano zo kwubaka mwene ivyo bibanza vyo gusengeramwo mu yindi mihingo y’isi. (Soma 1 Abakorinto 16:2.) Ivyo bikorwa vyose biratuma izina rya Yehova rishemezwa.

Abakozi ‘bitanga babikunze’

15-17. (a) Vyinshi mu bikorwa vy’ubwubatsi bikorwa na bande? (b) Wigiye iki ku vyavuzwe n’abubakanye bakoreye ku maporoje y’ubwubatsi mu bihugu vyinshi?

15 Vyinshi mu bikorwa vyo kwubaka Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, n’inyubakwa z’amashami bikorwa n’abavukanyi be na bashiki bacu bo ng’aho. Ariko akenshi barafashwa n’abavukanyi be na bashiki bacu bo mu bindi bihugu bafise ubuhanga mu vy’ubwubatsi. Bamwe muri abo bitanga babikunze baratunganije ivyabo kugira bamare amayinga atari make bakorera ku maporoje y’ubwubatsi mu bindi bihugu. Abandi na bo baritanze kugira bamare imyaka myinshi mu bwubatsi, bava hamwe barungikwa ahandi.

Timo Lappalainen n’umukenyezi wiwe Lina (Raba ingingo ya 16)

16 Kuba umwubatsi mvamakungu biri n’ingorane vyisangije ariko kandi birimwo ivyiza bihimbaye. Nk’akarorero, Timo na Lina baragiye mu bihugu vyo muri Amerika y’Epfo, Aziya, na Buraya, kwubaka Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, n’ibiro vy’amashami. Timo avuga ati: “Muri iyi myaka 30 iheze nagiye ndava hamwe ndungikwa ahandi uko haciye imyaka nk’ibiri.” Lina, akaba amaze imyaka 25 yubakanye na Timo, avuga ati: “Maze gukorana na Timo mu bihugu cumi. Bisaba inguvu nyinshi n’umwanya mwinshi kugira umenyere imfungurwa nshasha, ikirere gishasha, ururimi rushasha, icibare co kwamamazamwo gishasha, no kugira uronke abandi bagenzi.” c Ako kigoro koba kabaye impfagusa? Lina avuga ati: “Ingorane zatumye twironkera imihezagiro ntangere. Twaragaragarijwe urukundo n’ubwakiranyi vya gikirisu twongera turibonera ko Yehova atwitwararikana urukundo. Twariboneye kandi iranguka rya wa muhango Yezu yaha abigishwa biwe uri muri Mariko 10:29, 30. Twarironkeye incuro ijana abavukanyi na bene wacu na ba mama bo mu vy’impwemu.” Timo avuga ati: “Turaryoherwa cane no gukoresha ubuhanga bwacu mu buryo bwiza bubaho, tukagira uruhara mu kwagura ivyo Umwami atunze.”

17 Darren na Sarah, bakaba barafashije mu maporoje y’ubwubatsi muri Afrika, muri Amerika y’Epfo, muri Amerika yo Hagati, muri Aziya, i Buraya, no muri Pasifike y’Epfo, babona ko baronse ibirengeye ivyo batanze. Naho bagize ingorane, Darren avuga ati: “Kabaye agateka gukorana n’abavukanyi bo mu mihingo itandukanye y’isi. Narabonye ko urukundo twese dukunda Yehova rumeze nk’urunyuzi rukikuje isi yose ruduhuriza hamwe.” Sarah avuga ati: “Narigiye vyinshi kuri bene wacu na basazanje bo mu mico kama itandukanye! Kwibonera utwigoro bagira kugira bakorere Yehova birampa ingoga zo kubandanya ntanga ivyiza kuruta ibindi.”

18. Ubuhanuzi bwo muri Zaburi 110:1-3 buriko buranguka gute?

18 Umwami Dawidi yari yaravuze ko naho abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bogize ingorane, ‘bokwitanze babikunze’ kugira bateze imbere ivy’Ubwami. (Soma Zaburi 110:1-3.) Abagira uruhara bose mu gikorwa gishigikira Ubwami baba bariko bagira ico baterereye mw’iranguka ry’ayo majambo y’ubuhanuzi. (1 Kor. 3:9) Inyubakwa z’ibiro vy’amashami mirongo, Ingoro z’amateraniro amajana, be n’Ingoro z’Ubwami ibihumbi mirongo biri hirya no hino kw’isi ni ikimenyamenya cibonekeza cerekana yuko Ubwami bw’Imana bubaho koko kandi ko ubu buganza. Turi n’agateka ntangere ko gukorera Umwami Yezu Kristu mu gikorwa gitera Yehova iteka akwiriye rwose!

a Mu 2013, abitanze babikunze barenga 230.000 baremerewe gukorana na Komite z’ubwubatsi z’akarere 132 zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Muri ico gihugu, buri mwaka izo komite zarahagarikira ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami nshasha nka 75 zikongera zigafasha gusanura nk’ingoro 900.

b Muri ico gitigiri ntiharimwo Ingoro z’Ubwami nyinshi zubatswe mu bihugu bitari muri iyo porogarama.

c Abubatsi mvamakungu n’abitanze mvamakungu bamara mwinshi mu mwanya wabo bakorera ahabera ibikorwa vy’ubwubatsi, ariko kandi barifatanya n’amashengero yo ng’aho kwamamaza mu mpera z’imishamvu canke ku migoroba.