Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 20

Ubusuku bwo gutabara

Ubusuku bwo gutabara

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ingene urukundo rwa gikirisu rwigaragaza mu bikorwa iyo hateye icago

1, 2. (a) Ni ingorane izihe abakirisu b’i Yudaya bagize? (b) Ni ikintu kiranga urukundo ikihe bakorewe?

 NI NKO mu 46 Inyuma ya Kristu; Yudaya yugarijwe n’ikigoyi kitagira izina. Abigishwa ba Kristu b’Abayuda bo ng’aho ntibafise amahera yo kugura ibifungurwa vyaduze ibiciro bimwe vy’agacamutwe kubera ko bisigaye ari nk’umuzi w’ibuye. Barashonje, inzara igira ibakureho. Ariko Yehova agira abakingire mu buryo ata bandi bigishwa ba Kristu barigera bakingirwa. Hagira habe iki?

2 Abakirisu b’Abayuda n’abakirisu b’Abanyamahanga b’i Antiyokiya h’i Siriya baraterwa akagongwe n’umubabaro abakirisu b’Abayuda b’i Yeruzalemu n’i Yudaya barimwo, bagaca bakorakoranya amahera yo gufasha bene wabo basangiye ukwizera. Baca bahitamwo muri bo abavukanyi babiri bajejwe amabanga, ari bo Barunaba na Sauli, kugira bashikirize abakurambere bo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu izo mfashanyo zo gutabara abavukanyi babo. (Soma Ivyakozwe 11:27-30; 12:25.) Ibaze ukuntu abo bavukanyi bari bakenye b’i Yudaya bategerezwa kuba barakozwe ku mutima n’ico kintu kiranga urukundo bakorewe n’abavukanyi babo b’i Antiyokiya!

3. (a) Abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none bigana gute abakirisu bo mu ntango b’i Antiyokiya? Tanga akarorero. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Igikorwa ca mbere kinini co gutabara twakoze mu bihe vya none.”) (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza muri iki kigabane?

3 Ico kintu cabaye mu kinjana ca mbere ni yo nkuru ya mbere yanditse ivuga ukuntu abakirisu bo mu gice kimwe c’isi barungikiye imfashanyo yo gutabara abakirisu bo mu kindi gice c’isi. Muri iki gihe turigana abavukanyi bacu b’i Antiyokiya. Igihe tumenye ko abo dusangiye ukwizera bo mu kandi karere bashikiwe n’icago canke ingorane, turabatabara. a Kugira dutahure ukuntu igikorwa cacu co gutabara abashikiwe n’ivyago gifitaniye isano n’ibindi bikorwa vy’ubusuku turangura, reka twihweze ibibazo bitatu bijanye n’ubusuku bwo gutabara: Kubera iki tubona ko igikorwa co gutabara ari ubusuku? Igikorwa cacu co gutabara gifise intumbero izihe? Twungukira gute ku busuku bwo gutabara?

Igituma igikorwa co gutabara ari “igikorwa ceranda”

4. Kubera iki Paulo yabwiye Abakorinto ivy’ubusuku bwa gikirisu?

4 Mw’ikete rya kabiri Paulo yandikiye Abakorinto, yarasiguye ko abakirisu bafise ubusuku bugizwe n’imice ibiri. Naho iryo kete Paulo yaryandikiye abakirisu barobanuwe, ivyo yanditse biraraba n’ “izindi ntama” za Kristu muri iki gihe. (Yoh. 10:16) Umuce umwe w’ubusuku bwacu ni “ubusuku bw’ugusubiza hamwe,” ni ukuvuga igikorwa cacu co kwamamaza no kwigisha. (2 Kor. 5:18-20; 1 Tim. 2:3-6) Uwundi muce ni ubusuku turangurira abo dusangiye ukwizera. Imvugo Paulo yakoresheje mu 2 Abakorinto 8:4 ngo “ubusuku” ishobora kandi guhindurwa ngo “ubusuku bwo gutabara.” Mu mvugo ngo “ubusuku bw’ugusubiza hamwe” no mu mvugo ngo “ubusuku bwo gutabara,” ijambo “ubusuku” ryahinduwe rikuwe mw’ijambo ry’ikigiriki di·a·ko·niʹa. Kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?

5. Kubera iki biri n’ico bivuze kuba Paulo yavuze ko igikorwa co gutabara ari ubusuku?

5 Mu gukoresha ijambo rimwe kuri ivyo bikorwa vyompi, Paulo yashize igikorwa co gutabara hamwe n’ubundi bwoko bw’ubusuku bwarangurirwa mw’ishengero rya gikirisu. Imbere y’aho, yari yaravuze ati: “Hari . . . ubusuku butandukanye, yamara hari Umukama umwe; hari kandi uburyo bw’ugukora butandukanye [canke, “hari ibikorwa bitandukanye”], . . . Mugabo [ivyo bikorwa vyose bi]rangurwa n’impwemu imwe nyene.” (1 Kor. 12:4-6, 11) Mu vy’ukuri, Paulo yasanishije ubusuku butandukanye bwo mw’ishengero n’ “igikorwa ceranda.” b (Rom. 12:1, 6-8) Ntibitangaje kuba yabona yuko vyari bibereye ko umwe mu mwanya wiwe awukoresha mu “gukorera aberanda”!—Rom. 15:25, 26.

6. (a) Nk’uko Paulo yabisiguye, kubera iki igikorwa co gutabara kiri mu bigize ugusenga kwacu? (b) Dondora ukuntu igikorwa cacu co gutabara kirangurwa kw’isi yose muri iki gihe. (Raba uruzitiro ruvuga ngo ““ Igihe hateye icago!”)

6 Paulo yarafashije Abakorinto kubona igituma igikorwa co gutabara cari mu bigize ubusuku bwabo n’ugusenga Yehova kwabo. Raba ivyo yavuze: Abakirisu batanga imfashanyo zo gutabara bazitanga kubera ko “[ba]yobokera inkuru nziza yerekeye Kristu.” (2 Kor. 9:13) Ku bw’ivyo, abakirisu babitumwe n’icipfuzo bafise co gushira mu ngiro inyigisho za Kristu, barafasha abo basangiye ukwizera. Paulo yavuze ko ibikorwa vyiza bakorera abavukanyi babo ari “ubuntu buhebuje bw’Imana.” (2 Kor. 9:14; 1 Pet. 4:10) Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1975 waragize ico uvuze ku bijanye no gukorera abavukanyi bari mu nkenero, muri ivyo hakaba harimwo n’igikorwa co gutabara. Wavuze bikwiriye uti: “Ntidukwiye kwigera dukekeranya ko Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kristu baha agaciro cane ico gikorwa.” Ni vyo, igikorwa co gutabara ni umuce uhambaye w’igikorwa ceranda.​—Rom. 12:1, 7; 2 Kor. 8:7; Heb. 13:16.

Igikorwa co gutabara gifise intumbero zitomoye

7, 8. Intumbero ya mbere y’ubusuku bwacu bwo gutabara ni iyihe? Sigura.

7 Ubusuku bwacu bwo gutabara bufise intumbero izihe? Paulo yarishuye ico kibazo mw’ikete rigira kabiri yandikiye Abakorinto. (Soma 2 Abakorinto 9:11-15.) Muri iyo mirongo, arerekana intumbero nyamukuru zitatu dushikako igihe tugize uruhara mu “busuku bw’ico gikorwa gikorerwa abantu,” ari co gikorwa co gutabara. Reka twihweze imwimwe ukwayo.

8 Ubwa mbere, ubusuku bwacu bwo gutabara buraninahaza Yehova. Muri iyo mirongo itanu, raba incuro Paulo yerekeza ivyiyumviro vy’abavukanyi biwe kuri Yehova Imana. Arabibutsa ibijanye n’ “ugukengurukira Imana” be n’ “ugukengurukira Imana kwinshi.” (Umurongo wa 11, 12) Aravuga ko igikorwa co gutabara gituma abakirisu ‘baninahaza Imana’ bakongera bagashemeza “ubuntu buhebuje bw’Imana.” (Umurongo wa 13, 14) Asozera ivy’ubusuku bwo gutabara avuga ati: “Hashimirwe Imana.”​—Umurongo wa 15; 1 Pet. 4:11.

9. Igikorwa co gutabara gishobora gute gutuma abantu bahindura ivyiyumviro? Tanga akarorero.

9 Cokimwe na Paulo, abasavyi b’Imana bo muri iki gihe babona ko igikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyabo ari akaryo ko kuninahaza Yehova no gushariza inyigisho ziwe. (1 Kor. 10:31; Tito 2:10) Nkako, igikorwa co gutabara akenshi kirafasha cane gukuraho ivyiyumviro bitari vyo abantu bamwebamwe bafise kuri Yehova no ku Vyabona vyiwe. Tubitangire akarorero: Hari umugore yaba mu karere kateyemwo ibihuhusi yari yarashize ku rugi rw’inzu yiwe icandiko kivuga ngo: “Vyabona vya Yehova, ntimuze ng’aha.” Umusi umwe ari i muhira iwe yarabonye abakora ivyo gutabara bariko basanura inzu yononekaye hakurya y’ibarabara. Yaramaze imisi yitegereza nya bakozi b’umutima mwiza, maze arajabuka ibarabara aja aho bari kugira amenye abo ari bo. Aho amenyeye ko ari Ivyabona vya Yehova, yarakozwe ku mutima aca avuga ati: “Nahora ndabiyumvira ukutari ko.” Vyavuyemwo iki? Yaciye akura ca candiko ku rugi.

10, 11. (a) Ni uburorero ubuhe bwerekana ko turiko turashitsa intumbero igira kabiri y’igikorwa cacu co gutabara? (b) Ni agatabu akahe gafasha abakora igikorwa co gutabara? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ikindi gikoresho kigenewe abakora igikorwa co gutabara.”)

10 Ubwa kabiri, ‘turaronsa cane’ abo dusangiye ukwizera “ivyo bakeneye.” (2 Kor. 9:12a) Turashashaye kuronsa abavukanyi bacu na bashiki bacu ivyo bakeneye bimwe vyihuta no kubafasha kugabanya umubabaro. Kubera iki? Kubera ko abagize ishengero rya gikirisu ari “umubiri umwe,” kandi “iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana na co.” (1 Kor. 12:20, 26) Ku bw’ivyo, urukundo n’impuhwe vya kivukanyi biratuma abavukanyi bacu na bashiki bacu benshi muri iki gihe bahagarika ivyo bariko barakora, bagatora ibikoresho vyabo maze bakaja mu turere twateyemwo ivyago kugira batabare abo basangiye ukwizera. (Yak. 2:15, 16) Nk’akarorero, inyuma y’aho mu Buyapani hatereye tsunami mu 2011, ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyararungikiye ikete Komite z’ubwubatsi z’akarere zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kugira bibaze nimba hoboneka “abavukanyi bakeyi babishoboye” boja gufasha gusubira kwubaka Ingoro z’Ubwami mu Buyapani. Uti none vyagenze gute? Mu mayinga nk’angahe, abavukanyi na bashiki bacu nka 600 barasavye kuja gufasha, baremera kwirihira itike y’indege ibashikana mu Buyapani! Ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryavuze riti: “Aho tuboneye ingene abitavye ako kamo bangana, twararengewe.” Igihe umuvukanyi umwe wo mu Buyapani yabaza umwe mu bari baje gutabara bavuye mu bindi bihugu igituma yaje gufasha, yamwishuye ati: “Abavukanyi bacu bo mu Buyapani ni igihimba c’ ‘umubiri wacu.’ Ububabare bafise natwe turabwumva.” Bivuye ku rukundo rwo kwitanga, hari abakora igikorwa co gutabara vyashitse barashira ubuzima bwabo mu kaga kugira bafashe abo basangiye ukwizera. c​—1 Yoh. 3:16.

11 N’abatari Ivyabona barakenguruka igikorwa co gutabara dukora. Nk’akarorero, inyuma y’aho hatereye icago muri Leta ya Arkansas yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2013, hari ikinyamakuru cavuze ukuntu Ivyabona vya Yehova baciye bitanga badatebaganye giti: “Ivyabona vya Yehova barafise abitanga bavyishakiye batunganijwe neza baca bahaseruka iyo hateye icago bagatabara mu buryo bwiza kandi burimwo ubuhanga.” Vy’ukuri, nk’uko intumwa Paulo yabivuze, ‘turaronsa cane’ abavukanyi bacu ivyo bakeneye.

12-14. (a) Kubera iki gushika ku ntumbero igira gatatu y’igikorwa cacu co gutabara bihambaye cane? (b) Ni amajambo ayahe yavuzwe yerekana akamaro ko kubandanya ibikorwa vyo mu vy’impwemu?

12 Ubwa gatatu, turafasha abari mu marushwa gusubira ku rutonde rwabo rw’ivy’impwemu. Kubera iki ivyo bihambaye? Paulo avuga ko abaronka imfashanyo baca bagaragaza “ugukengurukira Imana kwinshi.” (2 Kor. 9:12b) Hari ubundi buryo bwiza abari mu marushwa bokengurukiramwo Yehova bwoza buruta gusubira ku rutonde rwabo rw’ivy’impwemu vuba bishoboka? (Flp. 1:10) Mu 1945, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Paulo yaremeye . . . ko intererano zegeranywa kubera ko zafasha . . . abavukanyi bakirisu bakenye kuronka imfashanyo bakeneye, bigatuma bashobora kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa ca Yehova co gushinga intahe ata kibatangira kandi bafise ingoga.” Na twebwe iyo ni yo ntumbero dufise muri iki gihe. Igihe abavukanyi bacu basubiye gukora igikorwa co kwamamaza, barakomeza ababanyi babo bamerewe nabi, na bo nyene bakikomeza.​—Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.

13 Raba bimwe mu vyavuzwe n’abaronkejwe imfashanyo bari bakeneye cane, bagasubira kugira uruhara mu busuku, ivyo bikaba vyarabakomeje. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Wari umuhezagiro ku muryango wacu kuja mu ndimiro. Kugerageza guhoza abandi vyatumye tutaguma twiganyira ku vyacu.” Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Kwitwararika igikorwa co mu vy’impwemu vyatumye ntaguma niyumvira amarorerwa icago cari cakoze. Vyatumye numva ntekaniwe.” Uwundi mushiki wacu yavuze ati: “Kubera ko vyinshi vyari biturengeye, ubusuku bwararonkeje umuryango wanje ubuyobozi. Kuyaga n’abandi icizigiro cacu c’isi nshasha vyatumye turushiriza kwizigira ko ibintu vyose bizogirwa bishasha.”

14 Kwitaba amakoraniro ni ikindi gikorwa co mu vy’impwemu abo dusangiye ukwizera bari mu marushwa bakenera kugira basubire ku rutonde rwabo rw’ivy’impwemu vuba bishoboka. Zirikana ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Kiyoko, ico gihe akaba yari afise hafi imyaka 60. Inyuma y’aho ivyiwe vyose bihitaniwe na ya tsunami agasigarana gusa impuzu n’ibirato yari yambaye, ntiyabona uko yari agiye kubaho. Maze hari umukurambere yamubwiye ko bogiriye ikoraniro ryabo rya gikirisu mu muduga wiwe. Kiyoko avuga ati: “Jewe na nya mukurambere n’umukenyezi wiwe be n’uwundi muvukanyikazi twaricaye muri nya muduga. Iryo koraniro ryari risanzwe ariko ryari nk’igitangaro, ivya tsunami sinasubiye kwibuka. Naragize amahoro yo mu mutima. Iryo koraniro ryaranyeretse ko kwifatanya n’abandi bakirisu bigira ububasha bukomeye.” Uwundi mushiki wacu yaragize ico avuze ku makoraniro yitavye inyuma y’aho habereye icago, ati: “Ntiworaba ingene yamfashije!”​—Rom. 1:11, 12; 12:12.

Ubusuku bwo gutabara burazana ivyiza biramba

15, 16. (a) Ni ivyiza ibihe abakirisu b’i Korinto be n’ab’ahandi boronse batabaye bagenzi babo mu bihe vy’ivyago? (b) Muri iki gihe natwe twungukira gute ku gikorwa co gutabara?

15 Igihe Paulo yariko aravuga ivy’ubusuku bwo gutabara, yarasiguriye kandi Abakorinto ivyiza bo n’abandi bakirisu boronse bagize uruhara muri ico gikorwa. Yavuze ati: “[Abakirisu b’Abayuda b’i Yeruzalemu baronse imfashanyo] baratakamba ku bwanyu, bashashaye kubabona [canke, “kubereka ko babiyumvamwo”] kubera ubuntu buhebuje bw’Imana buri kuri mwebwe.” (2 Kor. 9:14) Egome, agatima k’ugutanga k’Abanyakorinto kotumye abakirisu b’Abayuda basengera abavukanyi babo b’i Korinto, harimwo n’Abanyamahanga, kandi kotumye barushiriza kubiyumvamwo.

16 Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1945 warerekanye ingene amajambo Paulo yavuze ku bijanye n’ivyiza biva mu gikorwa co gutabara yerekeye n’igihe cacu. Wavuze uti: “Igihe abasavyi b’Imana bayiyeguriye bafashije bagenzi babo kuronka ivyo bakeneye, ibaze ukuntu bituma bunga ubumwe!” Ivyo ni vyo nyene bishikira abakora igikorwa co gutabara muri iki gihe. Umukurambere umwe yafashije gutabara igihe hari hateye umwuzure avuga ati: “Gukora igikorwa co gutabara vyatumye numva ndushirije kwiyegereza abavukanyi banje kuruta uko nahora.” Mushiki wacu umwe akenguruka yaronse imfashanyo yabivuze muri ubu buryo: “Umuryango wacu w’abavukanyi ni wo wababa ya Paradizo yo kw’isi.”​—Soma Imigani 17:17.

17. (a) Amajambo ari muri Yesaya 41:13 yerekeye gute igikorwa co gutabara? (b) Vuga uburorero bumwebumwe bwerekana ukuntu igikorwa co gutabara gitera iteka Yehova kandi kigatuma turushiriza kwunga ubumwe. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Kw’isi yose abitanga barakora igikorwa co gutabara.”)

17 Igihe abakora igikorwa co gutabara bashitse ahateye icago c’icaduka, abavukanyi bacu bari mu marushwa baribonera mu buryo budasanzwe ko uwu muhango Imana yatanze ari uw’ukuri: “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’ ” (Yes. 41:13) Mushiki wacu umwe, inyuma y’aho arokokeye icago, yavuze ati: “Ndavye ivyari vyononekaye, naciye mbona ko kabaye, ariko Yehova yarantabaye. Imfashanyo nahawe n’abavukanyi sinoronka uko ndayisigura.” Icago kimaze gukora amarorerwa mu karere kabo, abakurambere babiri baranditse kw’izina ry’amashengero barimwo bati: “Ico kinyamugigima carateje umubabaro mwinshi, ariko Yehova yaradufashije abicishije ku bavukanyi bacu. Twahora dusoma ivyerekeye igikorwa co gutabara, ariko ico gihe twaraciboneye n’amaso yacu.”

Woba wokigiramwo uruhara?

18. Wokora iki nimba ushaka kugira uruhara mu gikorwa co gutabara? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Carahinduye ubuzima bwiwe.”)

18 Woba ushaka guhonja ku munezero uva ku gikorwa co gutabara? Nimba ubishaka, ibuka ko abakora igikorwa co gutabara akenshi batorwa mu bakora mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Nubwire rero abakurambere bawe ko ushaka kwuzuza urukaratasi rwo kubisaba. Umukurambere umwe amenyereye cane igikorwa co gutabara yibutsa iki kintu: “Ntuje mu karere kateyemwo icago utaremererwa na Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago.” Gutyo igikorwa cacu co gutabara kizoheza gikorwe mu rutonde.

19. Ni gute abakora igikorwa co gutabara bagira uruhara runini mu kwerekana ko turi abigishwa ba Kristu vy’ukuri?

19 Vy’ukuri, igikorwa co gutabara ni uburyo buhambaye twerekanamwo ko tugamburuka rya tegeko rya Kristu ryo ‘gukundana.’ Tugaragaje urwo rukundo, tuba twerekanye ko turi abigishwa ba Kristu vy’ukuri. (Yoh. 13:34, 35) Ese ukuntu ari umuhezagiro kuri twebwe muri iki gihe kuba twifitiye abakozi benshi b’umutima ukunze baninahaza Yehova mu gutabara abashigikira Ubwami bw’Imana badahemuka!

a Iki kigabane kivuga igikorwa co gutabara dukorera abo dusangiye ukwizera. Ariko akenshi igikorwa cacu co gutabara kiragirira akamaro n’abatari Ivyabona.​—Gal. 6:10.

b Paulo yakoresheje ijambo di·aʹko·nos (umusuku) mu bwinshi mu kuvuga ‘abakozi b’ishengero.’​—1 Tim. 3:12.

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Gufasha umuryango wacu w’abizera wo muri Bosiniya” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa canke mu giswahili) wo ku wa 1 Munyonyo 1994, urupapuro rwa 23-27.