Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 21

Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo

Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Ibintu bizoshikana ku ntambara ya Harumagedoni

1, 2. (a) Ni igiki cerekana ko Umwami wacu aganza kuva mu 1914? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kigabane?

 VYARAKOMEZA ukwizera kwihweza ivyo Ubwami bw’Imana bwaranguye hagati y’abansi babwo. (Zab. 110:2) Umwami wacu yarahagurukije ingabo z’abamamaza babikunze. Yarahumanuye yongera aratyorora abayoboke biwe mu vy’impwemu no mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye. Kandi naho abansi b’Ubwami bw’Imana bakoze uko bashoboye kwose ngo baducemwo ibice, turunze ubumwe kw’isi yose muri iki gihe. Ivyo hamwe n’ibindi vyinshi twabonye Ubwami bw’Imana bwaranguye, biratwereka rwose ko kuva mu 1914 Umwami wacu aganza hagati y’abansi b’Ubwami.

2 Vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukora mbere n’ibindi bintu bitangaje. ‘Buzoza’ ‘kujanjagura no guherengeteza’ abansi babwo. (Mat. 6:10; Dan. 2:44) Ariko imbere y’uko ico gihe kigera, hari ibindi bintu bihambaye bizoba. Ni ibihe? Hari ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwishura ico kibazo. Reka twihweze bumwe muri bwo kugira tubone ivyo bintu bikiraririye gushika.

Ibizoba gatoyi imbere y’uko ka “gatikizo ka bukwi na bukwi” gashika

3. Ikintu ca mbere turindiriye ni ikihe?

3 Ugutangaza amahoro. Igihe intumwa Paulo yandikira Abatesalonika, yaravuze ikintu ca mbere turindiriye. (Soma 1 Abatesalonika 5:2, 3.) Muri iryo kete, aravuga “umusi wa Yehova,” uno ukaba uzotangurana n’igitero kizogabwa kuri “Babiloni Akomeye.” (Ivyah. 17:5) Ariko gatoyi imbere y’uko umusi wa Yehova utangura, amahanga azoba avuga ngo “Amahoro n’umutekano!” Iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku kintu kimwe kizovugwa canke ku rukurikirane rw’ibintu bihambaye bizovugwa. Indongozi z’amadini zoba zizobigiramwo uruhara? Kubera ko ziri mu bigize iyi si, zishobora kuzokwifatanya n’amahanga mu kuvuga ngo “Hari amahoro!” (Yer. 6:14; 23:16, 17; Ivyah. 17:1, 2) Ukwo gutangaza amahoro n’umutekano kuzoba kwerekana ko umusi wa Yehova ugira utangure. Abansi b’Ubwami bw’Imana “ntibazogenda barusimvye.”

4. Twungukira gute ku gutahura insobanuro y’ubuhanuzi bwa Paulo buvuga ivy’ugutangaza amahoro n’umutekano?

4 Twungukira gute ku gutahura ico ubwo buhanuzi busobanura? Paulo avuga ati: “Ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma.” (1 Tes. 5:3, 4) Abantu muri rusangi ntibabona iyo ibintu biriko biraba ubu vyerekeza, ariko tweho turahabona. None neza na neza ubwo buhanuzi bwerekeye amahoro n’umutekano buzoranguka gute? Dutegerezwa kurindira tukaraba uko bizogenda. Ku bw’ivyo, “tugume turikanuye kandi tuzigame ubwenge bwacu.”​—1 Tes. 5:6; Zef. 3:8.

Ya makuba akomeye atangura

5. Intango ya ya “makuba akomeye” ni iyihe?

5 Igitero kizogabwa kw’idini. Ibuka ko Paulo yanditse ati: “Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’ ni ho agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene.” Nk’uko iyo umuravyo urabije haca hakurikira umuturagaro, ni ko n’igihe co kuvuga ngo “Amahoro n’umutekano!” kizoca ako kanya nyene gikurikirwa n’ “agatikizo ka bukwi na bukwi.” Ni ibiki bizotikizwa? Hazotangura “Babiloni Akomeye,” ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, iyitwa kandi “wa mumaraya.” (Ivyah. 17:5, 6, 15) Ukwo gutikizwa kw’amadini y’abiyita abakirisu n’ayandi madini yose y’ikinyoma ni yo ntango ya ya “makuba akomeye.” (Mat. 24:21; 2 Tes. 2:8) Benshi ico kintu kizoshika batari baciteze. Kubera iki? Kubera ko gushika ico gihe, uwo mumaraya azoba yibona ko ari ‘umwamikazi atazokwigera abona ikigandaro.’ Ariko bukwi na bukwi azobona ko yihenze. Azokurwaho ningoga na ningoga, nk’aho yoba akuweho “mu musi umwe.”​— Ivyah. 18:7, 8.

6. Ni nde azogaba igitero kuri “Babiloni Akomeye” canke ni igiki kizomugabako igitero?

6 Ni nde azogaba igitero kuri “Babiloni Akomeye” canke ni igiki kizomugabako igitero? Ni “igikoko” gifise “amahembe cumi.” Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana ko ico gikoko ari Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ayo mahembe cumi agereranya intwaro zose zo muri iki gihe zishigikiye ico “gikoko c’ibara ry’agahama.” (Ivyah. 17:3, 5, 11, 12) Ico gitero kizoba gikomeye ku rugero rungana iki? Ibihugu bigize ONU bizosahura ubutunzi bw’uwo mumaraya, bimurotse, ‘bimutongore.’​—Soma Ivyahishuwe 17:16. a

7. Amajambo ya Yezu ari muri Matayo 24:21, 22 yarangutse gute mu kinjana ca mbere, kandi azoranguka gute muri kazoza?

7 Ukugerurwa kw’imisi. Umwami wacu yarahishuye ibizoba ico gihe co muri ya makuba akomeye. Yezu yavuze ati: “Ku bw’abatowe, iyo misi izogerurwa.” (Soma Matayo 24:21, 22.) Ayo majambo ya Yezu yararangutse ku rugero rutoyi mu 66 igihe Yehova ‘yagerura’ igitero ingabo z’Abaroma zagavye kuri Yeruzalemu. (Mrk. 13:20) Ico kintu Yehova yakoze catumye abakirisu b’i Yeruzalemu n’i Yudaya barokoka. Ni ibiki none bizoba kw’isi yose muri ya makuba akomeye yimirije? Yehova abicishije ku Mwami wacu ‘azogerura’ igitero ONU izogaba kw’idini kugira ngo idini ry’ukuri ntiritikizanywe n’iry’ikinyoma. Ku bw’ivyo, amadini yose y’ikinyoma azotikizwa ariko idini rimwe ry’ukuri ni ryo rizorokoka. (Zab. 96:5) Reka ubu na ho twihweze ibizoca biba ico gice ca ya makuba akomeye kimaze kurangira.

Ibintu bizoshikana kuri Harumagedoni

8, 9. Ibintu Yezu yavuze ko bizoba bishobora kuba ari ibihe, kandi abantu bazovyifatamwo gute ku vyo bazobona?

8 Ubuhanuzi Yezu yavuze ku bijanye n’imisi ya nyuma burerekana yuko hari ibintu nka bingahe bikomeye bizoba mu gihe gishikana kuri Harumagedoni. Ibintu bibiri vya mbere tugira twihweze, vyompi biravugwa mu Njili ya Matayo, ya Mariko, n’iya Luka.​—Soma Matayo 24:29-31; Mrk. 13:23-27; Luka 21:25-28.

9 Ibintu bizoba kw’ijuru. Yezu yavuze ati: “Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzotanga umuco wakwo, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru.” Mu vy’ukuri, indongozi z’amadini ntizizoronderwako umuco: ntizizoba zikibonwa ko zishoboye gutanga umuco. Yezu yoba kandi yariko avuga ibintu nsigabwenge bizokwigaragaza kw’ijuru? Kumbure. (Yes. 13:9-11; Yow. 2:1, 30, 31) Abantu bazovyifatamwo gute ku vyo bazobona? Bazogira “umubabaro” kubera ‘batazomenya ingene bobikika.’ (Luka 21:25; Zef. 1:17) Ni vyo, abansi b’Ubwami bw’Imana, kuva ku ‘bami gushika ku bashumba,’ “bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza” kandi bazokwiruka kurondera iyo bihisha. Yamara ntibazoshobora kuronka ahantu hatekanye ho kwihisha bahungira uburake bw’Umwami wacu.​—Luka 21:26; 23:30; Ivyah. 6:15-17.

10. Ni urubanza uruhe Yezu azoca, kandi abashigikira Ubwami bw’Imana n’ababurwanya bazogira iki?

10 Uguca urubanza. Abansi bose b’Ubwami bw’Imana bazobwirizwa rero kubona vyanse bikunze ikintu kizobongerereza ububabare. Yezu avuga ati: “Bazobona Umwana w’umuntu aza mu bicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.” (Mrk. 13:26) Ukwo kugaragaza ububasha mu buryo busiga ubwenge kizoba ari ikimenyetso c’uko Yezu yaje guca urubanza. Mu kindi gice c’ubwo buhanuzi nyene bw’imisi y’iherezo, Yezu aratanga n’ayandi makuru ajanye n’urubanza ruzocibwa ico gihe. Ayo makuru tuyasanga muri wa mugani w’intama n’impene. (Soma Matayo 25:31-33, 46.) Abashigikira Ubwami bw’Imana badahemuka bazocirwa urubanza rw’uko ari “intama” kandi ‘bazoraramika imitwe,’ kuko bazoba babona ko “ukurokoka kwa[bo] kuzoba kuriko kuregereza.” (Luka 21:28) Ariko abarwanya Ubwami bw’Imana bazocirwa urubanza rw’uko ari “impene” kandi ‘bazokwikubitagura ku gikiriza bishwe n’intuntu,’ kuko bazoba babona ko “ukurandurwa kw’ibihe bidahera” kubarindiriye.​—Mat. 24:30; Ivyah. 1:7.

11. Ni igiki dukwiye kwibuka uko dusuzuma ibintu vyimirije kuba?

11 Yezu amaze gucira urubanza “amahanga yose,” hari ibintu bihambaye nka bingahe bizoba bigisigaye kuba imbere y’uko ya ntambara ya Harumagedoni itangura. (Mat. 25:32) Tugira twihweze bibiri muri vyo: igitero ca Gogi n’ugukoraniriza hamwe abarobanuwe. Uko dusuzuma ivyo bintu bibiri, turakeneye kwibuka ko Ijambo ry’Imana ridahishura igihe nyezina ivyo bintu bizoberako. Nkako, birashoboka ko kimwe kizoba ikindi kitararangira.

12. Ni igitero simusiga ikihe Shetani azogaba ku Bwami bw’Imana?

12 Igitero simusiga. Gogi w’i Magogi azogaba igitero ku barobanuwe bazoba bagisigaye kw’isi na bagenzi babo bo mu zindi ntama. (Soma Ezekiyeli 38:2, 11.) Ico gitero kizogabwa ku ntwaro y’Ubwami yashinzwe ni rwo rugamba rwa nyuma Shetani azorwana mu ntambara amaze igihe arwana n’amasigarira y’abarobanuwe kuva yirukanywe mw’ijuru. (Ivyah. 12:7-9, 17) Canecane kuva abarobanuwe batanguye gukoranirizwa mw’ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana, Shetani yaragerageje kwonona ugusagamba kwabo kwo mu vy’impwemu bimuta ku w’amazi. (Mat. 13:30) Ariko amadini yose y’ikinyoma amaze gukurwako, abasavyi b’Imana na bo bagasigara bameze nk’ababayeho “ata ruhome rubakingiye, kandi [batagira] mbere n’igihindizo canke imiryango,” Shetani azoca abona ko ari akaryo keza cane aronse. Azoca atuma abakozi biwe b’ababisha bagaba igitero simusiga ku bashigikira Ubwami bw’Imana.

13. Yehova azotabara gute abasavyi biwe?

13 Ezekiyeli aravuga ibizoba. Mu buhanuzi bwiwe, avuga ku bijanye na Gogi ati: “Ntuzobura kuza uvuye ahantu hawe, uvuye mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi, wewe n’ibisata vyinshi biri kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi, ishengero ryinshi, emwe, inteko za gisirikare nyinshi. Kandi ntuzobura kuduga gutera igisata canje . . . , nk’ibicu bipfuka igihugu.” (Ezk. 38:15, 16) None Yehova azoca akora iki kuri ico gitero kizoba gisa n’aho kitoshobora guhagarikwa? Avuga ati: “Ubushangashirwe bwanje buzonduga mu zuru.” “Nzomuhamagarirako inkota.” (Ezk. 38:18, 21; soma Zekariya 2:8.) Yehova azoca atabara abasavyi biwe bo kw’isi. Iyo rero izoba ari ya ntambara ya Harumagedoni.

14, 15. Ni ikindi kintu ikihe kizoba haciye igihe kinaka ca gitero simusiga ca Shetani gitanguye?

14 Imbere y’uko twihweza ukuntu Yehova azotabara abasavyi biwe kuri ya ntambara ya Harumagedoni, reka tubanze turabe ikindi kintu gihambaye kizoba. Ico kintu kizoba hagati y’intango ya ca gitero simusiga ca Shetani n’intango y’ukwo kuhaseruka kwa Yehova kuri Harumagedoni. Nk’uko twabibonye mu ngingo ya 11, ico kintu kigira kabiri kizoba ni ugukoraniriza hamwe abazoba basigaye bo mu masigarira y’abarobanuwe.

15 Ugukoraniriza hamwe abarobanuwe. Matayo na Mariko banditse amajambo ya Yezu ajanye n’ “abatowe”, ari bo bakirisu barobanujwe impwemu, mu rukurikirane rw’ibintu bizoba imbere y’uko Harumagedoni itangura. (Raba ingingo ya 7.) Yezu, ariko yivuga bwa Mwami, agira ati: “Maze azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru.” (Mrk. 13:27; Mat. 24:31) Ni igikorwa c’ugukoraniriza hamwe ikihe Yezu ariko aravuga? Ntariko avuga ivyo kudoma ikimenyetso ubwa nyuma ku masigarira y’abakirisu barobanuwe kuko ivyo bizoba gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:1-3) Ahubwo Yezu ariko avuga ikintu kizoba muri ya makuba akomeye yimirije. Biboneka rero ko haciye igihe kinaka ca gitero simusiga Shetani azogaba ku basavyi b’Imana gitanguye, abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bazokoranirizwa mw’ijuru.

16. Abarobanuwe bazoba bazutse, bazogira uruhara uruhe mu ntambara ya Harumagedoni?

16 Ukwo gukoraniriza hamwe amasigarira y’abarobanuwe gufitaniye gute isano n’ikindi kintu kizoca kiba, ari co Harumagedoni? Turavye igihe ukwo gukoranirizwa hamwe kuzobera, duca tubona ko abarobanuwe bose bazoba bari mw’ijuru imbere y’uko intambara y’Imana ya Harumagedoni itangura. Mw’ijuru, bamwe 144.000 bazofadikanya na Kristu kuganza bazoronka ububasha bwo gufatanya na Yezu gukoresha “inkoni y’icuma” yo gutikiza abansi bose b’Ubwami bw’Imana. (Ivyah. 2:26, 27) Maze abarobanuwe bazoba bazutse, bari kumwe n’abamarayika b’abanyabubasha, bazokurikira Kristu wa Mwami w’Umurwanantambara igihe azoba atanguye gutana mu mitwe n’ “inteko za gisirikare nyinshi” z’abansi zizoba zisatiriye ico zigomba gucakira, ni ukuvuga abasavyi ba Yehova. (Ezk. 38:15) Ukwo gutana mu mutwe gukaze nikwaba, intambara ya Harumagedoni izoba itanguye!—Ivyah. 16:16.

Insozero ya ya makuba akomeye

Intambara ya Harumagedoni itanguye!

17. Ni ibiki bizoshikira “impene” kuri Harumagedoni?

17 Ugushitsa urubanza. Intambara ya Harumagedoni ni yo nsozero ya ya makuba akomeye. Ico gihe, hari n’ikindi gikorwa Yezu azokora. Uretse ko azoba Umucamanza w’ “amahanga yose,” azoba n’Uwushitsa urubanza ku mahanga, ni ukuvuga abantu bose azoba yaraciriye urubanza ko ari “impene.” (Mat. 25:32, 33) Umwami wacu ‘azokubita amahanga inkota ndende ikarishe.’ Egome, abameze nk’impene bose, kuva ku “bami” gushika ku “bashumba”, “bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera.”​—Ivyah. 19:15, 18; Mat. 25:46.

18. (a) Ibintu bizohinduka gute ku “ntama”? (b) Yezu azosozera gute intsinzi yiwe?

18 Ese ukuntu ibintu bizoba vyahindutse ku bo Yezu azoba yaciriye urubanza rw’uko ari “intama”! Mu gihe hazoba hasigaye gato ngo “isinzi rinini” rizoba risa n’iritagira gitabara rigereranywa n’ “intama” rihonyangwe n’ingabo nyinshi za Shetani zigereranywa n’ “impene,” rizorokoka ico gitero c’umwansi, ribe “[rivuye] muri ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:9, 14) Maze Yezu amaze gutsinda no gukuraho abantu bose banka Ubwami bw’Imana, azojugunyira Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga. Bazogumizwayo imyaka igihumbi bameze nk’abapfuye, ata co bashobora gukora.​—Soma Ivyahishuwe 6:2; 20:1-3.

Ingene twokwitegura

19, 20. Twoshira gute mu ngiro icigwa dukura mu majambo ari muri Yesaya 26:20 na 30:21?

19 Twokwitegurira gute ivyo bintu bikomeye bigiye kuba? Haraciye imyaka nk’ingahe Umunara w’Inderetsi uvuze uti: “Kurokoka bizovana n’ukugamburuka.” Kubera iki? Inyishu tuyisanga mu mburi Yehova yahaye Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni ha kera. Yehova yari yaravuze ko Babiloni yokwigaruriwe. Mugabo none abasavyi b’Imana bobwirijwe gukora iki kugira bitegurire ico kintu? Yehova yavuze ati: “Genda, wa gisata canje, winjire mu vyumba vyawe, wugare imiryango yawe inyuma yawe. Niwinyegeze akanya gatoyi gusa gushika imisibo irenganye.” (Yes. 26:20) Urabona ko ayo mavuga ari muri uyo murongo, ari yo “genda,” “winjire,” “wugare,” “niwinyegeze,” yose ari muri rubwiriza; ni amategeko. Abayuda bogamburutse ayo mategeko bogumye mu mazu yabo, bikinze abasoda bene gutera ico gisagara bobaye bari hanze mu mabarabara. Ku bw’ivyo, borokotse ari uko bagamburutse ubuyobozi bwa Yehova. b

20 Ni icigwa ikihe tuhakura? Cokimwe n’abo basavyi b’Imana ba kera, tuzorokoka ibintu vyimirije ari uko tugamburutse ubuyobozi bwa Yehova. (Yes. 30:21) Ubwo buyobozi tuburonka biciye kw’ishengero. Twipfuza rero gutsimbataza agatima ko kugamburuka tubikuye ku mutima ubuyobozi duhabwa. (1 Yoh. 5:3) Nimba tubugamburuka muri iki gihe, tuzorushiriza kugamburuka tubikunze muri kazoza maze dukingirwe na Dawe wa twese Yehova n’Umwami wacu Yezu. (Zef. 2:3) Ukwo gukingirwa n’Imana kuzotuma twibonera ukuntu Ubwami bw’Imana bukuraho buhere abansi babwo. Ese ukuntu kizoba ari ikintu c’intibagirwa!

a Bisa n’ivyumvikana kuvuga yuko ugutikizwa kwa “Babiloni Akomeye” kuterekeza ku gutikizwa kw’abantu bose bari mu madini ahubwo ko ahanini kwerekeza ku gutikizwa kw’inzego z’amadini. Ku bw’ivyo, benshi mu bahora muri Babiloni bazorokoka ako gatikizo maze kumbure bagerageze kwitandukanya n’idini, n’imiburiburi ku mugaragaro, nk’uko vyerekanwa muri Zekariya 13:4-6.