Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Mwamamaji w’Ubwami mugenzi wacu dukunda,

NIWIHE ishusho uri mu bagize umuryango wa Beteli y’i Brooklyn ku wa gatanu mu gitondo igenekerezo rya 2 Gitugutu 1914. Wicaye ku meza usanzwe wicarako mu gitondo, urindiriye ko umuvukanyi C. T. Russell ashika. Ugiye ubona urugi rw’uburiro rwuguruka ugaca ubona umuvukanyi Russell aserutse. Arahagarara gatoyi nk’uko asanzwe abigira akaramutsa n’akamwemwe kenshi umuryango wa Beteli ati: “Mwaramutse mwese.” Ariko aho guca aja kwicara aho asanzwe yicara ku mutwe w’imeza, arakoma amashi agaca ashikiriza itangazo riteye umunezero rigira riti: “Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangiye; igihe c’abami babo caheze!” Birakugora kwigumya ngo ntuserure umunezero, kuko umaze igihe kirekire urindiranye igishika ico kiringo! Mwe n’abandi bo mu muryango wa Beteli murakirana akamwemwe kenshi iyo nkuru mu gukoma amashi umwanya munini muryohewe.

Ubu haraciye nk’ikinjana umuvukanyi Russell avuze ayo majambo ashwangamura. Ni ibiki Ubwami bw’Imana bwaranguye kuva ico gihe? Ni vyinshi cane! Yehova abicishije ku Bwami bwiwe, yagiye aratyorora yongera amenyereza abasavyi biwe, bano bakaba bavuye ku bihumbi bikeyi mu 1914 bashika ku barenga imiliyoni indwi n’igice muri iki gihe. Ni mu buryo bwinshi ubuhe wewe ubwawe wungukiye kuri ukwo kumenyerezwa?

Muri iki gihe, turakunze kwumva abavukanyi bacu bavuga bati: “Umukogote wa Yehova wo mw’ijuru uriko utera uja imbere!” kandi ivyo ni vyo. Ariko mu vy’ukuri uwo mukogote wo mw’ijuru, uwugereranya igihimba kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova, wagumye utera uja imbere wihuta bimwe bidasanzwe kuva mu 1914, nk’uko uzobibona uko uzosoma witonze iki gitabu. Mu ntumbero yo gutuma inkuru nziza yamamazwa kw’isi yose, abamamaji b’Ubwami barakoresheje uburyo butandukanye bwaba bugezweho: uri ibinyamakuru vyo mw’isi, amadefile yo kumenyesha ubutumwa, amasanamu, udukarata two gushinga intahe, amafono, iradiyo, eka mbere na Internet.

Kubera ko Yehova aguma ahezagira igikorwa, ubu turasohora ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya biryoheye ijisho mu ndimi zirenga 670 kandi tukabiha abantu ku buntu. Abitanga n’umutima ukunze barafasha kwubaka Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, n’inyubakwa z’amashami mu bihugu bitunze no mu bihugu bikenye. N’ikindi kandi, iyo hateye icago, abavukanyi na bashiki bacu buzuye urukundo barihutira gutabara abo mu turere tuba twateyemwo icago, bakerekana ko vy’ukuri “[b]avukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imig. 17:17.

Birashika abakuru b’amadini n’abandi baturwanya bagategura ‘ivyago bakoresheje ingingo zishinzwe [canke, “itegeko”]’, ariko birakomeza ukwizera kubona ukuntu utwigoro twabo tubi twagiye turatuma “inkuru nziza itera imbere.”​—Zab. 94:20; Flp. 1:12.

Tubona ko ari agateka kwifatanya namwe ‘bakozi bo mu nzu’ nkatwe. Mumenye ko mwese tubakunda cane. Dusenga dusaba ko iki gitabu cobafasha guha agaciro intoranwa yanyu yo mu vy’impwemu kuruta uko mwahora.​—Mat. 24:45.

Tubipfurije kuroranirwa.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova