IGIHIMBA CA 1
Ukuri kw’Ubwami—Gutanga ibifungurwa vy’impwemu
UWO mwigana Bibiliya aratahuye insobanuro y’icanditswe muhejeje gusomera hamwe aca araryohewe cane. Aciye avuga bukebuke ati: “Ugire umbwire ko Bibiliya yigisha yuko dushobora kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera, aha nyene kuri iyi si?” Uwo mwajanye mu ndimiro aciye amwenyura maze amubaza ati: “None ubonye Bibiliya ivuze iki?” Uwo mutohoji ararengewe. Aciye azunza umutwe yemera kandi atangaye akavuga ati: “Sinumva ingene ntari bwigere nigishwa iki kintu!” Uciye wibuka ko yavuze ikintu nk’ico mu mayinga makeyi aheze, igihe yamenya ari bwo bwa mbere ko izina ry’Imana ari Yehova.
Woba umaze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo? Abasavyi b’Imana benshi biramaze kubashikira. Si ibintu vyinshi bishobora kutwibutsa neza ingabirano y’agaciro twahawe y’ubumenyi bwerekeye ukuri! Zirikana gatoyi: Iyo ngabirano wayironse gute? Muri iki gihimba, tuzoca irya n’ino ico kibazo. Ukuntu abasavyi b’Imana bagiye baramurikirwa mu vy’impwemu ni ikimenyamenya gitomoye cerekana ko Ubwami bw’Imana bubaho koko. Umwami wabwo Yezu Kristu aramaze ikinjana akora cane kugira yiyemeze neza ko abasavyi b’Imana bigishwa ukuri.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
IKIGABANE CA 3
Yehova arahishura umugambi wiwe
Ubwami bwoba bwari mu mugambi w’Imana wo mu ntango? Yezu yahishuye gute Ubwami bw’Imana?
IKIGABANE CA 4
Yehova arashira hejuru izina ryiwe
Ni igiki Ubwami bw’Imana bwaranguye ku bijanye n’izina ry’Imana? Wewe ubwawe wogira uruhara gute mu bijanye n’ukweza izina rya Yehova?
IKIGABANE CA 5
Umwami atanga umuco ku Bwami
Nurushirize gutahura ivyerekeye Ubwami bw’Imana, abatware n’abatwarwa babwo, be n’uko kudahemuka ari igisabwa.