Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibubamfu: Mushiki wacu wo muri Alabama muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ariko avuza insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Rutherford, mu mpera z’imyaka ya 1930; iburyo: mu Buswise

IGIHIMBA CA 1

Ukuri kw’Ubwami​—Gutanga ibifungurwa vy’impwemu

Ukuri kw’Ubwami​—Gutanga ibifungurwa vy’impwemu

UWO mwigana Bibiliya aratahuye insobanuro y’icanditswe muhejeje gusomera hamwe aca araryohewe cane. Aciye avuga bukebuke ati: “Ugire umbwire ko Bibiliya yigisha yuko dushobora kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera, aha nyene kuri iyi si?” Uwo mwajanye mu ndimiro aciye amwenyura maze amubaza ati: “None ubonye Bibiliya ivuze iki?” Uwo mutohoji ararengewe. Aciye azunza umutwe yemera kandi atangaye akavuga ati: “Sinumva ingene ntari bwigere nigishwa iki kintu!” Uciye wibuka ko yavuze ikintu nk’ico mu mayinga makeyi aheze, igihe yamenya ari bwo bwa mbere ko izina ry’Imana ari Yehova.

Woba umaze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo? Abasavyi b’Imana benshi biramaze kubashikira. Si ibintu vyinshi bishobora kutwibutsa neza ingabirano y’agaciro twahawe y’ubumenyi bwerekeye ukuri! Zirikana gatoyi: Iyo ngabirano wayironse gute? Muri iki gihimba, tuzoca irya n’ino ico kibazo. Ukuntu abasavyi b’Imana bagiye baramurikirwa mu vy’impwemu ni ikimenyamenya gitomoye cerekana ko Ubwami bw’Imana bubaho koko. Umwami wabwo Yezu Kristu aramaze ikinjana akora cane kugira yiyemeze neza ko abasavyi b’Imana bigishwa ukuri.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 3

Yehova arahishura umugambi wiwe

Ubwami bwoba bwari mu mugambi w’Imana wo mu ntango? Yezu yahishuye gute Ubwami bw’Imana?

IKIGABANE CA 4

Yehova arashira hejuru izina ryiwe

Ni igiki Ubwami bw’Imana bwaranguye ku bijanye n’izina ry’Imana? Wewe ubwawe wogira uruhara gute mu bijanye n’ukweza izina rya Yehova?

IKIGABANE CA 5

Umwami atanga umuco ku Bwami

Nurushirize gutahura ivyerekeye Ubwami bw’Imana, abatware n’abatwarwa babwo, be n’uko kudahemuka ari igisabwa.