Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibubamfu: Umuryango wa Beteli y’i Brooklyn wahimbaje Noweli irya nyuma mu 1926; iburyo: Abantu barabona ko Ivyabona vya Yehova batandukanye n’abandi

IGIHIMBA CA 3

Ingingo ngenderwako z’Ubwami—Kurondera ubugororotsi bw’Imana

Ingingo ngenderwako z’Ubwami—Kurondera ubugororotsi bw’Imana

MUCIYE hafi yo ku mubanyi wanyu maze uramupepera umuramutsa. Wari wabonye ko yagumye abitegereza mwe n’umuryango wawe. Na we aciye abapepera maze arabakura. Aciye avuga ati: “Nkwibarize? Kubera iki ata ho muhuriye n’abandi?” Uciye umubaza uti: “Kubera iki ubajije gutyo?” Na we ati: “None ntimuri Ivyabona vya Yehova? Ntimumeze nk’abandi. Muratandukanye n’abo mu yandi madini: ntimuhimbaza imisi mikuru, ntimuja muri politike no mu ntambara. Ntimunywa itabi. Kandi umuryango wanyu bisa n’uko ufise ingingo ngenderwako ziri hejuru zigenga ikibereye n’ikitabereye wisunga. Kubera iki hari vyinshi mutandukaniyeko n’abandi?”

Inyishu si iyindi, ni iyi: Turongowe n’Ubwami bw’Imana. Umwami Yezu aguma adutyorora. Aradufasha kugera ikirenge mu ciwe, gutyo tukaguma dutandukanye n’abandi muri iyi si mbi. Muri iki gihimba, tuzobona ukuntu Ubwami burongowe na Mesiya bumaze igihe butyorora abasavyi b’Imana mu vy’impwemu, mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye, no mu bijanye no gutunganya ibintu, vyose bukabigira ku bw’ubuninahazwa bwa Yehova.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 10

Umwami atyorora abayoboke biwe mu vy’impwemu

Noweli n’umusaraba bihuriye ku ki?

IKIGABANE CA 11

Ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye biragaragaza ubweranda bw’Imana

Ivyumba abarinzi barindiramwo be n’ubwinjiriro vya rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa vyaragize insobanuro idasanzwe ku basavyi b’Imana kuva mu 1914.

IKIGABANE CA 12

Turatunganywa kugira dukorere “ya Mana y’amahoro”

Bibiliya ntihushanya umuvurungano n’urutonde, ariko ihushanya umuvurungano n’amahoro. Kubera iki? Inyishu y’ico kibazo ifasha gute abakirisu muri iki gihe?