Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibubamfu: Umwamamaji afashwe kubera ariko aramamaza i Eindhoven mu Buholande mu 1945; iburyo: Aho uba, uburenganzira bwo kwamamaza bwoba bukingiwe n’amategeko?

IGIHIMBA CA 4

Intsinzi z’Ubwami—Gutuma inkuru nziza yemerwa n’amategeko

Intsinzi z’Ubwami—Gutuma inkuru nziza yemerwa n’amategeko

URIKO uramamaza inzu ku nzu, maze ugiye wumva ingunga zivugira kure. Ijwi ryazo rigenda rirongerekana. Igihe utanguye kuganira n’umunyamuhana akurikira, uwo muriko murakorana mu ndimiro aciye asamarira umuduga w’abapolisi ushitse ugaca uhagarara. Umupolisi arasohotse maze aregera. Aciye ababaza ati: “Mwe basha, ni mwe mwamye mugenda inzu ku nzu muvuga ivya Bibiliya? Twamye twumva babidogera!” Muciye mwishurana urupfasoni, mumubwira ko muri Ivyabona vya Yehova. Haca haba iki?

Ahanini biza kuvana n’uko ibintu bimaze igihe vyifashe. Mu myaka n’iyindi iheze, ubutegetsi bwo mu gihugu canyu bwagiye burafata gute Ivyabona vya Yehova? Mwoba mufise umwidegemvyo mu vy’ugusenga? Nimba muwufise, ahanini bishobora kuba vyavuye ku kuntu abavukanyi bawe na bashikawe mu vy’impwemu bamaze imyaka mirongo bakora cane “mu kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.” (Flp. 1:7) Aho woba uba hose, kuzirikana inkuru zivuga intsinzi Ivyabona vya Yehova batahukanye mu vy’amategeko, birashobora gukomeza cane ukwizera kwawe. Muri iki gihimba, tuzokwihweza zimwe muri izo nkuru zidasanzwe. Intsinzi twatahukanye ni ikimenyamenya giteye akamwemwe cerekana ko Ubwami bw’Imana bubaho koko, kuko tutari gushika ku bintu vyinshi gutyo ku bushobozi bwacu!

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 13

Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare

Abacamanza bo muri sentare nkuru zimwezimwe zo mu gihe ca none barabona ibintu nka kumwe kwa wa mwigisha w’Itegeko wa kera Gamaliyeli.

IKIGABANE CA 14

Intwaro y’Imana ni yo yonyene dushigikira tudahemuka

Rwa “ruzi” rugereranya uruhamo rwarutswe ku Vyabona vya Yehova kubera batagira aho bahengamiye mu vya politike rwaramizwe n’ikintu kitari citezwe.

IKIGABANE CA 15

Turwanira umwidegemvyo wo gusenga

Abasavyi b’Imana bararwaniye uburenganzira bwo kugamburuka itegeko ry’Ubwami bw’Imana.