Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibubamfu: Ikoraniro ryariko ribera ku gahinga i Londres mu Bwongereza mu 1945; iburyo:Iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe muri Malawi muri Afrika mu 2012

IGIHIMBA CA 5

Inyigisho y’Ubwami—Kumenyereza abasuku b’Umwami

Inyigisho y’Ubwami—Kumenyereza abasuku b’Umwami

URAMWENYURIYE mu buryo buremesha umushikirizansiguro ari ku mukiruruko. Ni umuvukanyi akiri muto wo mw’ishengero ryanyu, akaba ariko ashikiriza insiguro ari bwo bwa mbere kw’iteraniro. Igihe uriko urumviriza insiguro yiwe, uratangazwa cane n’ukumenyerezwa abasavyi b’Imana baronka. Uribuka ingene vyamugoye igihe yaja ku mukiruruko ari bwo bwa mbere, ugaca ubona ukuntu atakiri wa wundi uzi! Yarateye imbere cane inyuma y’aho yitabiye Ishure ry’abatsimvyi. We n’umukenyezi wiwe baherutse kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Mu gihe uriko ukomera amashi uwo muvukanyi ku nsiguro nziza cane ashikirije, uraravye hirya no hino ugaca uzirikana inyigisho abasavyi b’Imana bose baronka.

Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’igihe abasavyi b’Imana bose bobaye “abigishijwe na Yehova.” (Yes. 54:13) Ubu turi muri ico gihe. Turigishwa biciye ku bisohokayandikiro vyacu, ku makoraniro, ku materaniro, ku mahwaniro, no ku mashure atandukanye agenewe kudutegura ku bw’ibikorwa dushingwa mw’ishirahamwe rya Yehova. Muri iki gihimba, tuzokwihweza ukuntu izo nyigisho zose ari ikimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana buganza muri iki gihe.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 16

Turakoranira hamwe ku bwo gusenga

Twokwungukira gute cane ku makoraniro yo gusenga Yehova?

IKIGABANE CA 17

Kumenyereza abasuku b’Ubwami

Amashure ya gitewokarasi yateguye gute abasuku b’Ubwami kurangura ibikorwa bashingwa?