Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 2

Yezu aterwa iteka ataravuka

Yezu aterwa iteka ataravuka

LUKA 1:34-56

  • MARIYA AJA KURAMUTSA INCUTI YIWE ELIZABETI

Umumarayika Gaburiyeli amaze kubwira Mariya ko azovyara umwana yitwa Yezu be n’uko uwo mwana azoba Umwami ibihe bidahera, Mariya amubaza ati: “Ivyo none bizoshoboka gute, ko ata mugabo turyamana?”​—Luka 1:34.

Gaburiyeli amwishura ati: “Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.”​—Luka 1:35.

Kumbure kugira Gaburiyeli afashe Mariya kwemera ubwo butumwa, yongerako ati: “Ehe Elizabeti incuti yawe na we nyene yarasamye inda y’umwana w’umuhungu mu busaza bwiwe, kandi uku ni ukwezi kwiwe kugira gatandatu, umwe bita umugore w’ingumba; kuko ku Mana ata jambo na rimwe riba akadashoboka.”​—Luka 1:36, 37.

Inyishu Mariya aca atanga irerekana ko yemeye ivyo Gaburiyeli yavuze. Agira ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.”​—Luka 1:38.

Gaburiyeli amaze kugenda, Mariya aritegura ngo aje kuramutsa Elizabeti, uwubana n’umugabo wiwe Zekariya hafi ya Yeruzalemu mu misozi y’i Yudaya. Uvuye aho Mariya aba i Nazareti, urwo ni urugendo rw’imisi itatu canke ine.

Mariya arateba agashika ku muhana kwa Zekariya. Yinjiye mu nzu, araramutsa incuti yiwe Elizabeti. Elizabeti avyumvise, aca yuzura impwemu nyeranda maze akabwira Mariya ati: “Urahezagiwe mu bagore, kandi harahezagiwe n’icamwa co mu nda yawe! Mbega bishobotse bite ngo nterwe ako gateka, ngo nyina w’Umukama wanje aze kuri jewe? Kuko, ehe ijwi ry’indamutso yawe ryabaye rikingwa mu gutwi, uruyoya ruri mu nda yanje ruca rusimbasimbishwa n’akamwemwe kenshi.”​—Luka 1:​42-44.

N’ugukenguruka kwinshi, Mariya asubizayo ati: “Umutima wanje urashimagiza Yehova, kandi ntushobora kureka gusesekara umunezero ku vyerekeye Imana Umukiza wanje; kubera ko yitegereje ubufafara bw’umushumbakazi wiwe. Kuko, ehe kuva ubu amayaruka yose azonyita umuhirwe; kubera ko wa Munyabubasha ankoreye ibikomeye.” Naho Mariya agiriwe ubutoni gutyo, ubuninahazwa bwose abwerekeza ku Mana. Agira ati: “Izina ryiwe ni ryeranda; kandi uko amayaruka agenda arakurikirana, imbabazi ziwe ziba ku bamutinya.”​—Luka 1:​46-50.

Mariya abandanya gushemeza Imana akoresheje amajambo y’ubuhanuzi, ati: “Yakoze ibikomeye n’ukuboko kwiwe, yashwiragije abibona mu vyiyumviro vy’imitima yabo. Yamanuye ku ntebe z’icubahiro abanyabubasha, ashira hejuru abantu batobato; yahagije ivyiza abashonje, abari bafise ubutunzi na bo abarungika imbokoboko. Yaje gutabara Isirayeli umusavyi wiwe, kugira yibuke imbabazi, nk’uko yabibwiye ba sogokuruza, Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe vyose.”​—Luka 1:​51-55.

Mariya agumana na Elizabeti mu kiringo c’amezi nk’atatu, bikaba vyumvikana ko amufasha cane muri ayo mezi ya nyuma y’imbanyi yiwe. Ese ukuntu abo bakenyezi babiri b’abizigirwa bahimbarwa no kumarana igihe bari kumwe, narirya bose bibungenze babifashijwemwo n’Imana!

Wabonye ingene Yezu yatewe iteka ataranavuka? Elizabeti yamwise ngo “Umukama wanje,” umwana ari mu nda yiwe na we ‘aca asimbasimbishwa n’akamwemwe’ igihe Mariya yaseruka. Nk’uko tuza kubibona, ivyo biratandukanye cane n’ingene abandi bafata Mariya n’ico kibondo yimirije kwibaruka.