Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

Uwo gutegura inzira avuka

Uwo gutegura inzira avuka

LUKA 1:57-79

  • YOHANI UMUBATIZI ARAVUKA AGAHABWA IZINA

  • ZEKARIYA AMENYESHA IGIKORWA YOHANI AZOKORA

Elizabeti arakuriwe. Amaze amezi atatu ari kumwe n’incuti yiwe Mariya. Ubu rero harageze ko Mariya asezera agafata urugendo rurerure asubira iwabo i Nazareti. Mu mezi atandatu ari imbere, na we nyene hazoba hageze ko yibaruka.

Mariya ahakuye ikirenge, Elizabeti aca yibaruka. Ese ukuntu bihimbaye kubona Elizabeti yibaruka neza, kandi we n’ikibondo ciwe bakaba badora! Elizabeti arereka ikibondo ciwe incuti n’ababanyi maze bakanezeranwa na we.

Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yavuga ko umwana w’umuhungu ategerezwa kugenyerwa ku musi ugira umunani avutse, kandi ico gihe nyene yaca ahabwa izina. (Abalewi 12:​2, 3) Bamwe babona ko uwo mwana yokwitiranwa na se ari we Zekariya. Ariko Elizabeti arasemerera ati: “Oya, habe namba! ahubwo niyitwe Yohani.” (Luka 1:​60) Uribuka ko wa mumarayika Gaburiyeli yavuze ko uwo mwana azokwitwa Yohani.

Incuti n’ababanyi barahakana bati: “Nta n’umwe mu ncuti zawe yitwa iryo zina.” (Luka 1:​61) Maze bakoresha ibimenyetso, baraheza babaza Zekariya ingene yipfuza kwita umuhungu wiwe. Zekariya arasaba igisate maze akandika ati: “Yohani ni ryo zina ryiwe.”​—Luka 1:63.

Ivyo bibaye, Zekariya aca asubira kuvuga ku gitangaro. Ngira uribuka ko yabaye umuragi igihe umumarayika yamubwira ko Elizabeti yovyaye umwana w’umuhungu mugabo akanka kuvyemera. Ababanyi biwe babonye Zekariya asubiye kuvuga, barumirwa maze bakibaza bati: “None uyu mwana azomera ate?” (Luka 1:​66) Baratahura ko Imana ifise uruhara mu kuntu Yohani yahawe izina.

Zekariya aruzura impwemu nyeranda maze akavuga ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli, kuko yitayeho abantu biwe akabatunganiriza ukurokoka. Kandi yaduhagurukirije ihembe ry’ubukiriro mu nzu ya Dawidi umusavyi wiwe.” (Luka 1:68, 69) Iryo “hembe ry’ubukiriro” avuga ni Umukama Yezu yari yimirije kuvuka. Zekariya avuga ko nitwamara “gutabarwa mu maboko y’abansi,” Imana izoduha biciye kuri Yezu “agateka ko ku[yi]rangurira igikorwa ceranda ata bwoba mu kudahemuka no mu bugororotsi imbere y[ayo] imisi yacu yose.”​—Luka 1:74, 75.

Ku bijanye n’umwana wiwe, Zekariya avuga ati: “Mugabo weho ga mwana mutoyi, uzokwitwa umuhanuzi wa Musumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Yehova kugira utegure inzira ziwe, kugira uhe abantu biwe ubumenyi bw’ubukiriro biciye ku kubabarirwa ibicumuro vyabo, kubera impuhwe z’ikibabarwe z’Imana yacu. Ku bw’izo mpuhwe umutwenzi uzotugendera uvuye iyo hejuru, kugira ngo abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu bahabwe umuco, kugira ngo ibirenge vyacu birongorwe neza mu nzira y’amahoro.” (Luka 1:​76-79) Ese ingene ayo majambo aremesha!

Ubu wa mwigeme Mariya yashitse iwabo i Nazareti. None biza kugenda gute nivyamenyekana ko yibungenze?