Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

Mariya yibungenga ata mugabo afise

Mariya yibungenga ata mugabo afise

MATAYO 1:18-25 LUKA 1:56

  • YOZEFU AMENYA KO MARIYA YIBUNGENZE

  • MARIYA YUBAKANA NA YOZEFU

Mariya amaze amezi ane yibungenze. Ibuka ko agisama imbanyi yamaze igihe ari kuramutsa incuti yiwe Elizabeti mu misozi y’i Yudaya. Ubu Mariya yaratashe iwabo i Nazareti. Bigiye kumenyekana ko yibungenze. Ibaze nawe ukuntu bimuhagaritse umutima!

Ikivyunyura, ni uko Mariya arehejwe n’umubaji wo muri ako karere yitwa Yozefu. Nk’uko amategeko Imana yahaye Abisirayeli abivuga, arazi ko igihe umwigeme arehejwe aryamanye n’uwundi mugabo, ategerezwa kwicishwa amabuye. (Gusubira mu vyagezwe 22:23, 24) Naho Mariya ata busambanyi yakoze, nta nkeka ko yibaza ingene yosigurira Yozefu ivy’iyo mbanyi n’ingene ibintu bizohava bigenda.

Narirya Mariya yari amaze amezi atatu atari ho ari, nta gukeka ko Yozefu ashashaye kumubona. Babonanye, Mariya ashobora kuba amumenyesha ko yibungenze, agakora ibishoboka vyose kugira amwumvishe ko vyavuye ku mpwemu nyeranda y’Imana. Yamara rero, birumvikana ko ivyo bintu Yozefu bimugora cane kubitahura no kuvyemera.

Yozefu arazi ko Mariya ari umwigeme yisonera be n’uko bose bamuvuga neza, kandi aramukunda cane. Ariko rero naho yisigura gute, Yozefu abona umengo iyo nda yayitewe n’uwundi mugabo. Yozefu ntashaka ko Mariya yicishwa amabuye canke ngo yambare ibara mu bantu. Ni co gituma afata ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. Ico gihe abantu bareshanije babonwa ko ari nk’aho bamaze kubana, kandi kugira ngo bahebane vyasaba ko haba ukwahukana.

Mu nyuma, Yozefu akiriko ariyumvira ivyo bintu, araja kuryama. Umumarayika wa Yehova aramubonekera mu ndoto, akamubwira ati: “Ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira, kuko icasamwe mu nda yiwe caje bivuye ku mpwemu nyeranda. Azovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu, kuko azokiza abantu biwe ibicumuro vyabo.”​—Matayo 1:20, 21.

Igihe Yozefu yikanguye, ese ukuntu yiruhutsa kubona ico kibazo gitomotse! Aranyaragasa gushira mu ngiro ivyo umumarayika yamubwiye, maze agatwara Mariya iwe. Nka kurya kw’ibirori vy’ubugeni, ico ni ikintu kiba ku mugaragaro cerekana ko Yozefu na Mariya babaye umugabo n’umugore. Yamara rero, ntibarangura amabanga y’abubatse mu gihe Mariya agifise inda ya Yezu.

Haciye amezi atari make, Mariya na Yozefu bategerezwa kugira urugendo bavuye iwabo i Nazareti, Mariya akaba akuriwe. None bagira baje he kandi Mariya ari mu kwibaruka?