Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 5

Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?

Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?

LUKA 2:1-20

  • YEZU AVUKIRA I BETELEHEMU

  • ABUNGERE BAZA KURABA UMWANA YEZU

Sezari Ogusito, umwami w’inganji y’Uburoma yategetse ko haba rusansuma rw’abantu bose. Ku bw’ivyo, Yozefu na Mariya bategerezwa gufata urugendo baja mu gisagara Yozefu avukamwo ari co Betelehemu mu bumanuko bwa Yeruzalemu.

I Betelehemu hari isinzi ry’abantu baje kwiyandikisha. Yozefu na Mariya nta handi baronka bashikira atari mu ruhongore, ahantu indogobwa n’ibindi bitungwa birara. Aho ni ho Yezu avukira. Mariya amworosa udutambara maze akamuryamika mu bwato ibitungwa biriramwo.

Imana itegerezwa kuba ari yo yatumye Sezari Ogusito ategeka ko haba urwo rusansuma. Uti kubera iki? Kubera yuko ivyo vyatumye Yezu avukira i Betelehemu, igisagara ca sekuruza Umwami Dawidi. Ivyanditswe vyari vyaravuze imbere y’igihe ko ico gisagara ari co Umutegetsi yari yarasezeranywe yovukiyemwo.​—Mika 5:2.

Mbega ijoro ridasanzwe! Abungere bari mu gahinga baza babona umuco ukayanganira irya n’ino yabo. Ubwo ni ubwiza bwa Yehova! Umumarayika w’Imana abwira abo bungere ati: “Ntimutinye, kuko ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi abantu bose bazogira, kuko uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama, mu gisagara ca Dawidi. Kandi iki ni co kibabera ikimenyetso: Muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.” Ako kanya haca haboneka abandi bamarayika benshi, maze bakavuga bati: “Ubuninahazwa iyo hejuru mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.”​—Luka 2:​10-14.

Abo bamarayika bahavuye, nya bungere bavugana bati: “Tugende dushike i Betelehemu turabe ico kintu cabaye Yehova atumenyesheje.” (Luka 2:​15) Baranyaragasa bagasanga wa mwana Yezu aho nyene wa mumarayika yababwiye. Igihe nya bungere bigana ivyo umumarayika yababwiye, abari ng’aho bose barumirwa. Mariya afata nkama ayo majambo yose, akayashira ku mutima.

Muri iki gihe abantu benshi bemera ko Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama. Ariko muri Kigarama i Betelehemu haba hari imvura nyinshi kandi hakanye. Biranashika hakagwa urubura rumeze nk’ibarafu. Muri ico kiringo c’umwaka, abungere ntibari gushobora kurara hanze bari kumwe n’amasho yabo. N’ikindi kandi, ntivyumvikana ko Umwami w’inganji y’Uburoma yari gusaba abantu basanzwe banka ubutegetsi bwiwe ngo baje kwisansumisha muri ico gihe c’imbeho izura inzara. Biboneka ko Yezu yavutse muri Gitugutu.