Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

Yezu abatizwa

Yezu abatizwa

MATAYO 3:13-17 MARIKO 1:9-11 LUKA 3:21, 22 YOHANI 1:32-34

  • YEZU ABATIZWA AGACA AROBANUZWA IMPWEMU

  • YEHOVA ATANGAZA KO YEZU ARI UMWANA WIWE

Amezi nk’atandatu araheze Yohani Umubatizi atanguye kwigisha. Yezu amusanga aho ari ku Ruzi Yorodani, ubu akaba afise imyaka nka 30. None azanywe n’iki? Ntazanywe no kumuramutsa bisanzwe canke kwirabira gusa ingene igikorwa ca Yohani kiriko kiragenda. Ahubwo, Yezu aje gusaba Yohani ngo amubatize.

Ntibitangaje kubona Yohani agerageza kumubuza akagira ati: “Ni jewe nkeneye kubatizwa nawe, none wewe uze kuri jewe?” (Matayo 3:​14) Yohani arazi ko Yezu ari Umwana adasanzwe w’Imana. Ibuka ko Yohani yiginaguye kubera umunezero akiri mu nda ya nyina wiwe Elizabeti igihe Mariya yaja kumuramutsa afise inda ya Yezu. Nta gukeka ko nyina wa Yohani yahavuye amubwira ivyo bintu. Ashobora kandi kuba yarumvise inkuru y’ingene umumarayika yatangaje ivuka rya Yezu be n’ukuntu abamarayika biyeretse abungere muri rya joro Yezu yavuka.

Yohani arazi ko ibatisimu ariko aratanga igenewe abigaya ibicumuro vyabo. Yamara Yezu nta caha afise. Naho Yohani yanka, Yezu arakovya ati: “Reka bibe iki gihe, kuko ukwo ari ko bitubereye gushitsa ibigororotse vyose.”​—Matayo 3:15.

Kubera iki bibereye ko Yezu abatizwa? Ibatisimu ya Yezu si ikimenyetso c’uko yigaye ibicumuro. Yerekana ko yitanze kugira akore ivyo Se wiwe agomba. (Abaheburayo 10:​5-7) Yezu yahora ari umubaji, ariko ubu harageze ko atangura igikorwa Se wiwe wo mw’ijuru yamurungitse gukora aha kw’isi. Woba wibaza ko hari ikintu kidasanzwe Yohani yiteze ko kiba igihe abatiza Yezu?

Mu nyuma, Yohani yigana ati: “Umwe nyene yandungika kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo wese ubona impwemu imanuka kuri we ikamugumako, uwo ni we abatiza mu mpwemu nyeranda.’” (Yohani 1:​33) Yohani rero ariteze ko impwemu y’Imana iza kuri umwe mu bantu abatiza. Birumvikana rero ko Yohani adatangara igihe Yezu avuye mu mazi maze akabona “impwemu y’Imana imuzako, imanuka imeze nk’inuma.”​—Matayo 3:16.

Ariko si ivyo gusa biba igihe Yezu abatizwa. ‘Ijuru rica ryuguruka’ imbere yiwe. Ivyo bisobanura iki? Bishobora kuba bisobanura ko igihe Yezu yabatizwa yaciye yibuka ubuzima yari afise akiri mw’ijuru. Aca rero yibuka ubuzima yari afise igihe yari umumarayika, ushizemwo n’ibintu Imana yamwigishije imbere y’uko aza kw’isi.

Vyongeye, igihe Yezu abatizwa, ijwi rivuye mw’ijuru rica rigira riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:​17) None iryo jwi ni irya nde? Si ijwi rya Yezu, kuko ari kumwe na Yohani. Ni ijwi ry’Imana. Biratomoye rero ko Yezu ari Umwana w’Imana. Si Imana.

Igihe Yezu yari kw’isi yari umwana w’Imana nka kumwe kwa Adamu wa muntu wa mbere. Umwigishwa Luka amaze kudondora ibatisimu ya Yezu, aca yandika ati: “Igihe [Yezu] yatangura igikorwa ciwe, yari afise imyaka nka mirongo itatu, kandi nk’uko ico gihe vyiyumvirwa akaba yari mwene Yozefu, . . . mwene Heli, . . . mwene Dawidi, . . . mwene Aburahamu, . . . mwene Nowa, . . . mwene Adamu, Adamu umwana w’Imana.”​—Luka 3:​23-38.

Yezu yari Umwana w’Imana kurya nyene na Adamu yari “umwana w’Imana.” Igihe yabatizwa, yaciye agiranira n’Imana ubucuti budasanzwe, aba Umwana wayo yarobanujwe impwemu. Yezu rero arashoboye kwigisha abantu ukuri kwerekeye Imana no kubereka inzira ijana mu buzima. Yezu atanguye igikorwa kizomushikana ku gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure abantu b’abacumuzi.