Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 19

Yezu yigisha Umusamariyakazi

Yezu yigisha Umusamariyakazi

YOHANI 4:3-43

  • YEZU YIGISHA UMUSAMARIYAKAZI HAMWE N’ABANDI

  • UGUSENGA GUSHIMWA N’IMANA

Mu kuva i Yudaya baja i Galilaya, Yezu n’abigishwa biwe baca mu buraruko mu ntara ya Samariya. Bararushe kubera urugendo. Nko ku mutaga, bahagarara hafi y’igisagara citwa Sikara kugira baruhuke, iruhande y’iriba rishobora kuba ryimbwe na Yakobo canke akaba ari we yaryimbishije kera. Gushika n’ubu, iryo riba riraboneka hafi y’igisagara ca Naplouse.

Yezu akiriko araruhuka iruhande y’iryo riba, abigishwa biwe basimbira mu gisagara kiri hafi yo ng’aho kugura ibifungurwa. Bakiri mu gisagara, umugore w’Umusamariyakazi araza kuvoma amazi. Yezu amubwira ati: “Mpa ico nywa.”​—Yohani 4:7.

Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya ntibacana uwaka kubera ukwinubana gukomeye kumaze igihe hagati yabo. Nya mugore rero aratangara, akabaza Yezu ati: “Bishoboka bite ngo wewe, uri Umuyuda, unsabe ico kunywa, kandi jewe ndi Umusamariyakazi?” Yezu amwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabirano ya gusa y’Imana be n’uwukubwiye ati: ‘Mpa ico kunywa,’ wari kumusaba, na we akaguha amazi mazima.” Asubizayo ati: “Mutungwa, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi, kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi mazima uyakura hehe? None uruta sogokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi we ubwiwe n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe bakaba bararinywako?”​—Yohani 4:9-12.

Yezu avuga ati: “Uwunywa kuri aya mazi wese azokwongera kunyoterwa. Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” (Yohani 4:13, 14) Ego cane, naho Yezu arushe, ntareka kuyagira uwo Musamariyakazi amajambo y’ukuri gutanga ubuzima.

Nuko nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, numpe ayo mazi, kugira sinze nyoterwe canke ngo ngume nza aha hantu kuvoma amazi.” Yezu asa n’uwuhindura ikiyago, akamubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze ng’aha.” Nya mugore yishura ati: “Nta mugabo ngira.” Ategerezwa kuba atangara igihe Yezu amubwira ati: “Uvuze neza uti: ‘Singira umugabo.’ Kuko wagize abagabo batanu, kandi uwo ufise ubu si umugabo wawe.”​—Yohani 4:15-18.

Nya mugore aratahura neza ayo majambo amubwiye, akavuga ajorewe ati: “Mutungwa, ndabona ko uri umuhanuzi.” Aca yerekana ko yitwararika ibintu vy’Imana. Uti gute? Arabandanya ati: “Ba sogokuruza bacu [ni ukuvuga Abasamariya] basengera kuri uyu musozi [ni ukuvuga Umusozi Gerizimu uri hafi y’aho]; mugabo mwebwe [Abayuda] muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera.”​—Yohani 4:19, 20.

Ariko rero, Yezu asigura yuko ikibanza co gusengeramwo atari co gihambaye. Avuga ati: “Isaha igira igere, aho mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu.” Aca abwira uwo mugore ati: “Isaha igira igere, kandi ni bu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.”​—Yohani 4:21, 23, 24.

Ico Imana iraba ku bantu bayisenga mu kuri si ikibanza basengeramwo ahubwo ni ukuntu bayisenga. Nya mugore arumirwa. Avuga ati: “Ndazi yuko Mesiya ariko araza, umwe yitwa Kristu. Aho uwo azoshikira hose, azotumenyesha ibintu vyose adahisha.”​—Yohani 4:25.

Yezu aca ahishura ukuri guhambaye, ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we.” (Yohani 4:26) Ibaze nawe! Uwo mugore yari aje kuvoma amazi. Ariko Yezu amuteye agateka kadasanzwe. Aramutomoreye ko ari we Mesiya, ico kikaba ari ikintu ata muntu n’umwe yari bwakibwire ku mugaragaro.

ABASAMARIYA BENSHI BARIZERA

Abigishwa ba Yezu baragarutse bavuye mu gisagara ca Sikara bazanye ibifungurwa. Bamusanga aho bamusize kw’iriba rya Yakobo, mugabo akaba ariko aganira n’umugore w’Umusamariyakazi. Abigishwa bashitse, nya mugore aca asiga ng’aho umubindi wiwe akinjira mu gisagara.

Nya mugore ashitse mu gisagara, ariganira abantu ivyo Yezu yamubwiye. N’ubujijutsi bwinshi, ababwira ati: “Nimuze murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze.” Hanyuma, kumbure kugira abatere inyota yo kumenya n’ibindi, abaza ati: “Namba ari we Kristu?” (Yohani 4:29) Ico ni ikibazo c’inkoramutima abantu bamye bashaka kumenya kuva mu gihe ca Musa. (Gusubira mu vyagezwe 18:18) Ivyo bituma abantu bo mu gisagara baza kwirabira Yezu.

Muri uwo mwanya, abigishwa baringinga Yezu ngo afungure vya bifungurwa bazanye. Mugabo abishura ati: “Jewe ndi n’ibifungurwa mwebwe mutazi.” Abigishwa baratangara, bakabazanya bati: “Hari uwamuzaniye ico kurya?” Abigiranye umutima mwiza, Yezu arasigura ico ashatse kuvuga akoresheje amajambo y’intibagirwa ku bayoboke biwe bose, ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”​—Yohani 4:32-34.

Yezu ntariko avuga iyimbura rya sayiri ryimirije mu mezi nk’ane ari imbere. Ariko avuga iyimbura ry’ikigereranyo, kuko aca yongerako ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura. Ubu umushwabuzi ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera, kugira umubivyi n’umushwabuzi banezeranwe.”​—Yohani 4:35, 36.

Yezu ashobora kuba abona ivyiza biriko birava mu kiyago yagiranye na wa Musamariyakazi. Abantu benshi b’i Sikara baramwizera bivuye ku vyo uwo mugore avuze, kuko abamenyesha ati: “Yambwiye ibintu vyose nakoze.” (Yohani 4:39) Igihe rero bashitse kw’iriba bavuye i Sikara, baringinga Yezu ngo agume ng’aho kugira abayagire n’ibindi. Yezu aremera maze akaguma aho i Samariya imisi ibiri.

Uko Abasamariya bumviriza Yezu, abandi benshi baramwizera. Babwira wa mugore bati: “Ntitucemeye kubera amajambo yawe; kuko twiyumviye ubwacu kandi tukamenya yuko uyu muntu vy’ukuri ari umukiza w’isi.” (Yohani 4:42) Emwe, uwo Musamariyakazi araduha akarorero keza ko gushingira intahe Kristu mu gutuma abantu bagira inyota yo kumenya amakuru yiyongereye.

Ibuka ko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere, bikaboneka ko ari iyimbura rya sayiri, muri ako karere rikaba riba muri Ndamukiza. Hashobora rero kuba ari muri Munyonyo canke Kigarama. Ivyo bisobanura ko inyuma ya Pasika yo mu 30, Yezu n’abigishwa biwe bamara i Yudaya amezi ashika umunani, bigisha bongere babatiza. Ubu rero bafashe inzira bagana mu buraruko bagiye mu karere iwabo i Galilaya. None ni ibiki biza kubashikira?