Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 21

Mw’isinagogi y’i Nazareti

Mw’isinagogi y’i Nazareti

LUKA 4:16-31

  • YEZU ASOMA MU MUZINGO W’IGITABU CA YESAYA

  • ABANTU B’I NAZARETI BAGERAGEZA KUMWICA

I Nazareti hategerezwa kuba hari uruyogoyogo rwinshi. Imbere y’uko aja kubatizwa na Yohani, hakaba haciye umwaka urenga gatoyi, Yezu yari umubaji. Ariko ubu azwi ko ari umuntu akora ibitangaro. Ababa ng’aho barashashaye kumubona ariko arakora ibitangaro.

Igishika bafise kirongerekana igihe babonye Yezu agiye kw’isinagogi yo ng’aho nk’uko yari asanzwe abigira. Mu bintu bigirwa ng’aho harimwo ugutura isengesho n’ugusoma ibitabu vyanditswe na Musa, nk’uko vyama bigirwa “mu masinagogi . . . buri sabato.” (Ivyakozwe 15:21) Harasomwa kandi ibice bimwebimwe vy’ibitabu vy’ubuhanuzi. Igihe Yezu ahagurutse kugira asome, ashobora kuba amenya abantu benshi bamaze imyaka bahurira aho kw’isinagogi. Nuko bamuhereza umuzingo w’umuhanuzi Yesaya. Atora ahantu handitse ibijanye n’uwo Yehova yarobanuje impwemu, muri iki gihe ico gisomwa kikaba kiboneka muri Yesaya 61:1, 2.

Yezu arasoma ibijanye n’ingene uwo muntu yotangaje ukubohorwa ku mbohe, uguhumurwa ku mpumyi be n’umwaka w’ukwemerwa na Yehova. Yezu ahejeje aca asubiza uwo muzingo umusuku maze akicara. Abantu bose bamuhanga amaso. Nuko arafata ijambo, kumbure akamara umwanya ariko aravuga. Mu vyo avuga harimwo aya majambo y’inkoramutima agira ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse.”​—Luka 4:21.

Abantu baratangara bumvise “amajambo y’igikundiro ava mu kanwa kiwe,” bakabwirana bati: “None uyu si umuhungu wa Yozefu?” Ariko kubera Yezu azi ko bashaka kumubona akora ibitangaza nk’ivyo bumvise, ababwira ati: “Ntimuzobura kunyerekezako iki kigereranyo ngo: ‘Muganga, niwikize; ibintu twumvise ko vyabereye i Kaperinawumu nubikore no ng’aha mu karere iwanyu.’” (Luka 4:22, 23) Biboneka ko abo babanyi biwe ba kera biyumvira ko Yezu yari akwiye kubanza gukiza abantu b’iwabo. Babona rero ko Yezu yabirengagije.

Yezu aramenya ivyo biyumvira, agaca abibutsa ibintu vyashitse muri Isirayeli kera. Ababwira ko muri Isirayeli hari abapfakazi benshi mu gihe ca Eliya, mugabo ko Eliya ata n’umwe yarungitsweko muri abo bagore. Ahubwo yagiye ku mupfakazi atari Umwisirayeli yaba i Zarefati, igisagara kiri hafi y’i Sidoni, aba ari ho akorera igitangaro kirokora ubuzima. (1 Abami 17:8-16) Vyongeye, mu gihe ca Elisha hariho abanyamibembe benshi muri Isirayeli, ariko uwo muhanuzi yahumanuye Namani Umusiriya wenyene.​—2 Abami 5:1, 8-14.

None abo bantu bo mu gisagara Yezu yavukiyemwo bakira gute izo nkuru za kahise zishira ahabona ko ari abikunzi be n’uko batagira ukwizera? Abari aho mw’isinagogi barashavura, bagahaguruka, maze bagahindira Yezu hanze y’igisagara. Bamutwara kw’isonga ry’umusozi wubatseko igisagara ca Nazareti, bakagerageza kumutembagariza epfo. Mugabo Yezu abaca mu myanya y’intoke, akigira ata nkomanzi. Yezu aca amanuka i Kaperinawumu, mu buraruko bushira uburengero bw’inkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya.