Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 24

Yezu yongereza igikorwa ciwe i Galilaya

Yezu yongereza igikorwa ciwe i Galilaya

MATAYO 4:23-25 MARIKO 1:35-39 LUKA 4:42, 43

  • YEZU AHETURA I GALILAYA ARI KUMWE N’ABIGISHWA BANE

  • INYIGISHO ZIWE N’IBITANGARO AKORA BIMENYEKANA HOSE

Yezu n’abigishwa biwe bane biriwe bafise akazi kenshi i Kaperinawumu. Ku mugoroba, abantu b’i Kaperinawumu baramuzanira abarwaye kugira abakize. Yezu ntiyigeze aronka akanya na gatoyi ko kuruhuka.

Bukeye mu gaturuturu, Yezu aravyuka akaja hanze wenyene. Aja ahantu ashobora gusenga Se wiwe yiherereye. Ariko ivyo bimara akanya urume rumara. “Simoni n’abari kumwe na we” babonye ko Yezu atari ho ari, baca batangura kumurondera hasi hejuru. Petero ashobora kuba ari imbere muri ico gikorwa kuko Yezu yari yaraye iwe.​—Mariko 1:36; Luka 4:38.

Bamubonye, Petero amubwira ati: “Bose bariko barakurondera.” (Mariko 1:37) Birumvikana ko abantu b’i Kaperinawumu bagomba ko Yezu aguma ng’aho. Kubera yuko bakenguruka ivyo yabakoreye, baragerageza “kumugumya ngo ntaje kure yabo.” (Luka 4:42) Ariko none, ikintu nyamukuru cazanye Yezu kw’isi kwoba ari ugukiza abantu ku gitangaro? Vyongeye, igikorwa ciwe coba kizogarukira muri ako karere gusa? Ivyo Yezu abivugako iki?

Yezu yishura abigishwa biwe ati: “Tugende ahandi, mu tugari two mu micungararo, kugira ngo na ho nyene namamazeyo, kuko ico ari co canzanye.” Yezu mbere abwira abo bantu bashaka kumugumya ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.”​—Mariko 1:38; Luka 4:43.

Ego cane, imvo nyamukuru yatumye Yezu aza kw’isi ni ukwigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ubwo bwami buzokweza izina rya Se bwongere butorere umuti ingorane zose zihanze abantu. Ivyo bitangaro birerekana ko Yezu yarungitswe n’Imana. Imyaka amajana imbere y’aho, Musa na we nyene yarakoze ibitangaro kugira yerekane ko yari yarungitswe n’Imana.​—Kuvayo 4:1-9, 30, 31.

Yezu rero arava i Kaperinawumu akaja kwigisha mu bindi bisagara, ari kumwe n’abigishwa biwe bane. Abo bigishwa ni Petero na mwene wabo Andereya, hamwe na Yohani ari kumwe na mwene wabo Yakobo. Haraciye indwi imwe Yezu abatumiye ngo babe abigishwa ba mbere bamufasha igikorwa.

Urugendo rwo kwigisha i Galilaya Yezu agira ari kumwe n’abo bigishwa bane rugenda neza cane! Nkako, inkuru yerekeye Yezu irakwira hose. “Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose,” mu karere kagizwe n’ibisagara cumi kitwa Dekapoli, mbere no hakurya y’Uruzi Yorodani. (Matayo 4:24, 25) Amasinzi y’abantu avuye muri iyo mihingo, eka mbere n’abavuye i Yudaya, barakurikira Yezu n’abigishwa biwe. Benshi baramuzanira abarwaye kugira abakize. Yezu ntareka ngo baruhire ubusa: arakiza abarwaye akongera akirukana amadayimoni yari yariziziye abantu.