Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 35

Insiguro yabaye rurangiranwa

Insiguro yabaye rurangiranwa

MATAYO 5:1–7:29 LUKA 6:17-49

  • INSIGURO YO KU MUSOZI

Yezu ategerezwa kuba arushe inyuma y’ijoro ryose yamaze ariko arasenga, mu nyuma na ho agatora abigishwa 12 kugira babe intumwa ziwe. Ubu burakeye, mugabo aracafise ingoga n’icipfuzo co gufasha abandi. Ivyo arabikora ku nkengera z’umusozi i Galilaya, kumbure hafi y’i Kaperinawumu, ari na ho canecane arangurira igikorwa ciwe.

Hari amasinzi yaje kuri we avuye mu mihingo ya kure. Bamwe baje bava mu bumanuko, i Yeruzalemu no mu turere tw’i Yudaya. Abandi baje bava mu bisagara vy’i Tiro n’i Sidoni biri ku nkengera y’ikiyaga, amaja mu buraruko bushira uburengero. Kubera iki none baje kurondera Yezu? “Baje kumwumviriza no gukizwa indwara zabo.” Kandi ukwo nyene ni ko bigenda: Yezu ‘arabakiza bose.’ Ibaze nawe! Abarwaye bose barakira. Yezu kandi arakiza “abadurumbanywa n’impwemu zihumanye,” ni ukuvuga abantu basinzikajwe n’abamarayika babi ba Shetani.​—Luka 6:17-19.

Ubukurikira, Yezu arondera ahantu hashashe ku musozi, nya masinzi na yo akagandagaza iruhande yiwe. Birashoboka ko abigishwa biwe, na canecane za ntumwa 12, ari bo bari hafi yiwe. Bose barashashaye kwumviriza uwo mwigisha akora ibintu vy’igitangaza. Yezu ashikiriza insiguro ifasha vy’ukuri abariko baramwumviriza. Kuva ico gihe, iyo nsiguro iramaze gufasha n’abandi bantu benshi cane. Na twebwe irashobora kudufasha kuko irimwo ukuri gukomeye gushikirijwe mu buryo bworoshe kandi butomoye. Yezu afatira ku bintu biba mu buzima bwa misi yose kandi abantu bamenyereye. Ivyo bituma abashaka kubaho mu buryo buhimbara Imana bose batahura ibiri muri iyo nsiguro. None ni ibiki bituma iyo nsiguro iba ngirakamaro?

NI BANDE BAHIRIWE VY’UKURI?

Twese turipfuza guhimbarwa. Kubera ko ivyo Yezu abizi, atangura insiguro yiwe mu kwerekana abahiriwe vy’ukuri abo ari bo. Iyumvire nawe ukuntu ivyo bituma bose bamwumviriza babishashaye! Ariko rero, hari ibintu bibazazanira.

Yezu avuga ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo. Hahiriwe abagandaye, kuko bazohozwa. . . . Hahiriwe abashonje kandi banyotewe ubugororotsi, kuko bazohazwa. . . . Hahiriwe abahamwe bahorwa ubugororotsi, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo. Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama . . . babampora. Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza.”​—Matayo 5:3-12.

None ‘ubuhirwe’ Yezu ashaka kuvuga ni nyabaki? Ntashaka kuvuga ukunezerwa canke ugutwengatwenga, nk’igihe umuntu aryoherwa ari kumwe n’abagenzi. Ubuhirwe nyakuri ntibugarukira aho. Burimwo ukwumva ko ushize akanyota, kwumva ko hari ico umaze mu buzima bwawe.

Yezu avuga ko abantu bahiriwe vy’ukuri ari abazi ko bakeneye kugiranira ubucuti n’Imana, abantu bababazwa n’uko ari abacumuzi maze bakiga ivyerekeye Imana hama bakayikorera. Naho bankwa kandi bagahamwa bahorwa gukora ivyo Imana igomba, baranezerwa no kumenya ko bahimbara Imana be n’uko izobaha impembo y’ubuzima budahera.

Yamara rero, abantu benshi biyumvira ko amahera n’ukwinezereza ari vyo bituma umuntu ahimbarwa. Ivyo si vyo Yezu avuga. Yezu akoresha imvugo yo guhushanya ibintu ituma benshi mu bamwumviriza bazirikana, ati: “Muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka ukwirurwa kwanyu kwose. Muragowe mwebwe muhaze ubu, kuko muzosonza. Muragowe, mwebwe muriko muratwenga ubu, kuko muzogandara mukarira. Muzoba mugowe, igihe cose abantu bose bazoba babavuga neza, kuko ibintu nk’ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma.”​—Luka 6:24-26.

Ni kubera iki ubutunzi, agatwengo n’uguhayagizwa n’abantu bitera amagorwa? Ni kubera yuko igihe umuntu afise ivyo bintu akongera akabikunda cane, ashobora gufata minenegwe ivyo gukorera Imana, bigatuma agahimbare nyakuri kamuca mu myanya y’intoke. Yezu ntavuga ko ubukene canke inzara bituma umuntu ahimbarwa. Ariko rero, akenshi usanga abantu bakenye ari bo bemera inyigisho za Yezu, bigatuma bironkera agahimbare nyakuri.

Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Muri umunyu w’isi.” (Matayo 5:13) Birumvikana ko Yezu adashaka kuvuga umunyu nya munyu. Ahubwo umunyu urafasha kuzigama ibintu. Iruhande y’igicaniro mu rusengero rw’Imana usanga hari ikirundo cawo, ukaba ukoreshwa mu kurunga ibimazi. Umunyu kandi ugereranya ukutononekara n’ukutabora. (Abalewi 2:13; Ezekiyeli 43:23, 24) Abigishwa ba Yezu ni “umunyu w’isi” kubera yuko bashobora gufasha abandi kuzigama ubucuti bafitaniye n’Imana no kwirinda kwononekara mu nyifato runtu. Ego cane, ubutumwa bashikiriza burashobora kuzigamira ubuzima abo bose babwemera.

Yezu abwira kandi abigishwa biwe ati: “Muri umuco w’isi.” Itara ntibarishira munsi y’igisimbo, ahubwo barishira hejuru kugira riboneshe. Yezu rero abahimiriza ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.”​—Matayo 5:14-16.

INGINGO NGENDERWAKO ZIHANITSE ABAYOBOKE BIWE BAKWIYE KWISUNGA

Abakuru b’idini ry’Abayuda babona ko Yezu arenga ku mategeko y’Imana, kandi baherutse kuja inama yo kumwica. Yezu rero ababwira icese ati: “Ntimwiyumvire ko naje gusenyura Itegeko canke Abahanuzi. Sinaje gusenyura, ahubwo naje gushitsa.”​—Matayo 5:17.

Ego cane, Yezu arubaha cane amategeko y’Imana, mbere akanahimiriza abandi kubigenza gutyo. Nkako, agira ati: “Uwo wese rero arenga rimwe muri aya mabwirizwa mato hanyuma y’ayandi kandi akigisha abantu kugenza gutyo, azokwitwa ‘muto hanyuma y’abandi’ mu bijanye n’ubwami bwo mw’ijuru.” Ivyo bisobanura ko uwo muntu atazohonyoza ikirenge mu Bwami bw’Imana. Arabandanya ati: “Nayo umuntu wese ayashira mu ngiro kandi akayigisha, uwo azokwitwa ‘umukuru’ mu bijanye n’ubwami bwo mw’ijuru.”​—Matayo 5:19.

Yezu mbere ariyamiriza inyifato ituma umuntu arenga ku mategeko y’Imana. Amaze kwerekana ko itegeko ribuza ‘kwica,’ Yezu yongerako ati: “Umuntu wese abandanya kurakira mwene wabo azobibazwa na sentare.” (Matayo 5:21, 22) Kuguma urakariye uwundi muntu ni bibi cane, kuko bishobora gutuma unamwica. Yezu aca yerekana utwigoro umuntu yogira kugira azigame amahoro. Agira ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.”​—Matayo 5:23, 24.

Irindi bwirizwa ry’Imana na ryo ribuza kurenga ibigo. Yezu avuga ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntukarenge ibigo.’ Mugabo jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Matayo 5:27, 28) Yezu ntariko avuga iciyumviro c’ubuhumbu gishobora kuza mu muntu akanya gato; ahubwo ashimika ku ngorane ziba igihe umuntu “aguma araba.” Kuguma umuntu araba uwo badasangiye igitsina akenshi birakabura inambu y’umubiri. Igihe akaryo kabonetse rero, yoshobora guca arenga ibigo. None ivyo umuntu yovyirinda gute? Vyoshobora gukenerwa ko afata ingingo ruhasha. Yezu avuga ati: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe. . . . Nimba ukuboko kwawe kw’ukuryo kugutsitaza, guce ugute kure yawe.”​—Matayo 5:29, 30.

Kugira barokore ubuzima bwabo, abantu bamwebamwe baremera gucibwa ukuguru canke ukuboko kurwaye cane. Ntibitangaje rero kubona Yezu avuga ko bihambaye cane ko ‘duta kure’ ikintu cose, mbere naho coba gifise agaciro kanini nk’ijisho canke ukuboko, kugira twirinde ivyiyumviro vy’ubuhumbu n’ingaruka zavyo. Yezu asigura ati: “Wopfuma ubura kimwe mu bihimba vyawe, hako umubiri wawe wose uja muri Gehena” (ikibanza batuririramwo umwavu inyuma y’igisagara ca Yeruzalemu). Ivyo bisobanura ukurandurwa buhere.

Yezu aratanga impanuro y’ico twokora igihe hari uwudukoreye ikibi. Avuga ati: “Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama ry’i buryo, muhindukirize n’irindi.” (Matayo 5:39) Ivyo ntibisigura yuko umuntu atokwikingira canke ngo akingire umuryango wiwe igihe utewe. Yezu avuga ikofe kuko uwo muntu ataba ashaka kutubabaza cane canke kutwica; ahubwo aba ashaka kudusomborotsa. Ashaka kuvuga ko igihe umuntu agerageje kwandurutsa intambara canke induru, haba mu mashi canke mu majambo, dukwiye kumwihoza.

Iyo mpanuro irahuye n’itegeko ry’Imana ridusaba gukunda bagenzi bacu. Ku bw’ivyo, Yezu ahanura abamwumviriza ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” Arasigura igituma, ati: “Kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza.”​—Matayo 5:44, 45.

Yezu aratanga incamake y’ico gihimba c’insiguro yiwe, ati: “Mutegerezwa rero kuba abatagira akanenge, nk’uko So wo mw’ijuru atagira akanenge.” (Matayo 5:48) Birumvikana ko adashaka kuvuga ko abantu bashobora kuba abatagira akanenge ijana kw’ijana. Ariko rero twiganye Imana, turashobora mbere no gukunda abansi bacu. Mu yandi majambo, Yezu agira ati: “Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi.”​—Luka 6:36.

UGUSENGA N’UKWIZIGIRA IMANA

Uko Yezu abandanya insiguro yiwe, ahimiriza abamwumviriza ati: “Murabe neza ntimuze murashitsa ubugororotsi bwanyu imbere y’abantu kugira ngo babitegereze.” Yezu aca yiyamiriza umuntu yiyerekana ko akunda Imana, ati: “Niwafasha umworo, ntuvuze urumbete imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira.” (Matayo 6:1, 2) Vyoba vyiza umuntu atanze atarinze kwiyerekana.

Yezu arabandanya ati: “Igihe musenga, ntimukamere nka ba biyorobetsi; kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu masanganzira y’amayira yagutse kugira abantu bababone.” Ahubwo ahanura ati: “Igihe usenga, niwinjire mu cumba cawe ciherereye hanyuma umaze kwugara umuryango, usenge So ari mu mpisho.” (Matayo 6:5, 6) Yezu ntashaka kuvuga ko ari bibi gusenga ku mugaragaro kuko na we nyene yabigize. Ahubwo ariko yiyamiriza amasengesho agirwa mu ntumbero yo gutangaza abandi.

Ahanura iryo sinzi ati: “Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi nk’uko abanyamahanga bagira.” (Matayo 6:7) Yezu ntashaka kuvuga ko gusenga dusaba ikintu kimwe incuro nyinshi ari bibi. Ahubwo ariko atubuza gusubiramwo “kenshikenshi” amajambo twafashe ku mutwe, tutabanje no kwiyumvira. Aca abaha isengesho ry’akarorero rigizwe n’ibintu indwi. Bitatu vya mbere birashimika ku burenganzira Imana ifise bwo gutegeka hamwe n’imigambi yayo: harimwo ugusaba ko izina ryayo ryezwa, Ubwami bwayo bukaza, ivyo igomba na vyo bigakorwa. Inyuma y’ivyo ni ho dushobora gusaba ivyo dukeneye nk’ibifungurwa, ukubabarirwa ibicumuro, gusaba ngo ntidushikirwe n’ibigeragezo biturengeye hamwe no gukingirwa wa mubisha.

Dukwiye kubona gute ivyo dutunze? Yezu ahimiriza iryo sinzi ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi, aho udukoko n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba.” Mbega impanuro yumvikana! Amatunga arahera, kandi kuba tuyafise nta co bihindura ku kuntu Imana itubona. Ku bw’ivyo, Yezu abandanya ati: “Mwirundanirize amatunga mw’ijuru.” Ivyo tubigira mu gushira igikorwa c’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Nta n’umwe ashobora kutunyaga ubucuti bwiza dufitaniye n’Imana canke impera y’ubuzima budahera iva kuri ubwo bucuti. Amajambo Yezu avuga rero ni ay’ukuri, igihe agira ati: “Aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba.”​—Matayo 6:19-21.

Mu gushimika kuri ico ciyumviro, Yezu atanga ikigereranyo gikurikira: “Itara ry’umubiri ni ijisho. Nimba rero ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose uzokayangana; mugabo nimba ijisho ryawe ari ribi, umubiri wawe wose uzocura umwiza.” (Matayo 6:22, 23) Igihe ijisho ryacu ry’ikigereranyo ribona neza, rica rimera nk’itara rimurikira umubiri wacu. Ariko kugira bigende gutyo, ritegerezwa kuba ryituniye ku kintu kimwe; ahandiho, twoshobora kubona ubuzima mu buryo butari bwo. Kwitunira ku matunga aho gukorera Imana vyoshobora gutuma ‘umubiri wacu wose ucura umwiza,’ kumbure tugatangura kugira ubuzima burimwo tubiri.

Yezu aca atanga ikigereranyo gikora ku mutima, ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.”​—Matayo 6:24.

Bamwe mu bariko barumviriza Yezu bashobora kuba bibaza ingene bazokwironsa ibibabeshaho. Yezu rero arabahumuriza ko badakwiye kwiganyira nimba bashira imbere ugukorera Imana. Ababwira ati: “Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira.”​—Matayo 6:26.

Tuvuge iki ku mashurwe ari kuri uyo musozi? Yezu avuga ko “na Salomo ari Salomo mu buninahazwa bwiwe bwose atari ashajije nka rimwe muri ayo.” Ivyo bisigura iki? “Nimba . . . Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika?” (Matayo 6:29, 30) Yezu abahimiriza ati: “Ntimukigere mwiganyira ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ . . . Kuko So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera. Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.”​—Matayo 6:31-33.

INGENE TWORONKA UBUZIMA

Intumwa n’abandi bantu b’inziraburyarya baripfuza kubaho mu buryo buhimbara Imana, ariko ntivyoroshe uravye ikibano babamwo. Nk’akarorero, Abafarizayo benshi baranebagura abandi bakongera bakabacira urubanza ata mpuhwe. Yezu rero ahanura abamwumviriza ati: “Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa.”​—Matayo 7:1, 2.

Nk’uko Yezu avyerekana, birimwo akaga gukurikira abo Bafarizayo bimonogoza mu kunebagura abandi. Agira ati: “Mbega impumyi yoshobora kurongōra impumyi? None zompi ntizizogwa mu cobo?” None abumviriza Yezu bakwiye kubona gute abandi? Ntibakwiye kubanebagura, kuko ico coba ari icaha gikomeye. Ababaza ati: “Ushobora gute kubwira mwene wanyu ngo: ‘Mwene wacu, tega ngukure igikumbi kiri mu jisho ryawe,’ kandi wewe ubwawe utaraba ikigiga kiri muri iryo jisho ryawe? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure nya kigiga mu jisho ryawe, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu.”​—Luka 6:39-42.

Ivyo ntibisobanura ko abigishwa badakwiye kurimbura ibintu bakaraba ikibereye. Yezu abahanura ati: “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa, n’imaragarita zanyu ntimukaziterere imbere y’ingurube.” (Matayo 7:6) Ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ni ukw’agaciro nka kurya kw’imaragarita. Igihe abantu bigenjeje nk’ibikoko ntibakire ukwo kuri kw’agaciro, abigishwa ba Yezu bakwiye kubihoza, bakarondera abokwakira neza.

Yezu aragaruka ku bijanye n’isengesho, maze agashimika ku kamaro ko gukovya muri uwo muce. Agira ati: “Mugume musaba, muzohabwa.” Imana iriteguriye kwishura amasengesho, nk’uko Yezu abishimikako mu kubaza ati: “Ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate . . . mbega azomuha ibuye? . . . Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza ababimusaba!”​—Matayo 7:7-11.

Yezu aca atanga impanuro abantu benshi basanze ari ngirakamaro cane, ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” None twese ntidukwiye gufata nkama iyo mpanuro no kuyishira mu ngiro mu vyo dukorera abandi? Ariko rero, kubishira mu ngiro ntivyama vyoroshe nk’uko Yezu abivuga. Agira ati: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.”​—Matayo 7:12-14.

Kubera ko hari abogerageje kuyovya abigishwa kugira bave mu nzira ijana mu buzima, Yezu abagabisha ati: “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma baza kuri mwebwe bambaye nk’intama mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara.” (Matayo 7:15) Yezu arerekana ko igiti ciza canke kibi kimenyekanira ku vyamwa vyaco. N’abantu ni ukwo nyene. Turashobora rero kumenya abahanuzi b’ikinyoma dufatiye ku nyigisho zabo n’ibikorwa vyabo. Yezu asigura ko ivyo umuntu avuga be n’ivyo akora ari vyo vyerekana ko ari umwigishwa wiwe. Hari abavuga ko Yezu ari Umukama wabo. Ariko bizogenda gute nimba badakora ivyo Imana igomba? Yezu avuga ati: “Nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.”​—Matayo 7:23.

Mu gusozera iyo nsiguro, Yezu avuga ati: “Umuntu wese rero yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara. Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yisuka kuri iyo nzu, ariko ntiyahomvoka kubera ko yari ishinze ku gitandara.” (Matayo 7:24, 25) Ni kubera iki iyo nzu idasenyuka? Ni kubera ko uyo mugabo “yimvye aramanuka epfo ashinga umushinge ku gitandara.” (Luka 6:48) Kwumva amajambo ya Yezu vyonyene rero ntibihagije. Dutegerezwa kwihata “[tu]kayashira mu ngiro.”

Tuvuge iki ku muntu “yumva aya majambo” mugabo “ntayashire mu ngiro”? Ameze “nk’umugabo w’ikijuju yubatse inzu yiwe ku musenyi.” (Matayo 7:26) Imvura, isegenya n’umuyaga vyosenyura iyo nzu.

Ayo masinzi arajorezwa n’ukuntu Yezu yigisha. Abigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nka ba bakuru b’idini. Birashoboka ko benshi mu bamwumviriza bacika abigishwa biwe.