Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 36

Intwazangabo y’ukwizera gukomeye

Intwazangabo y’ukwizera gukomeye

MATAYO 8:5-13 LUKA 7:1-10

  • YEZU AKIZA UMUSHUMBA W’INTWAZANGABO

  • ABIZERA BAZORONKA IMIGISHA

Ahejeje gushikiriza ya Nsiguro yo ku musozi, Yezu aca aja mu gisagara ca Kaperinawumu. Abagabo b’inararibonye b’Abayuda baramwegera. Barungitswe n’umuntu wo mu rindi hanga, akaba ari intwazangabo y’Umuroma.

Umushumba iyo ntwazangabo ikunda cane araremvye, akaba ari ku mpfiro. Naho uwo musoda atari Umuyuda, ashaka ko Yezu akiza uwo mushumba wiwe. Abo Bayuda babwira Yezu ko umusuku w’uwo mugabo “aryamye mu nzu kubera ubumuga” be n’uko ‘ababaye bimwe biteye ubwoba.’ (Matayo 8:6) Ku bijanye n’iyo ntwazangabo, abo bagabo b’inararibonye b’Abayuda bamenyesha Yezu ko bibereye ko amufasha. Basigura bati: “A[ra]kunda ihanga ryacu, kandi ubwiwe ni we yatwubakiye isinagogi.”​—Luka 7:4, 5.

Bidatevye, Yezu ajana n’abo bagabo ku nzu ya nya ntwazangabo. Bari mu gushika, nya musoda arungika abagenzi kumubwira bati: “Mutungwa, ntiwigore, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje. Ico ni co catumye mbona ko ntabereye kuza kuri wewe.” (Luka 7:6, 7) Umve yemwe ukuntu yicisha bugufi kandi yari amenyereye gutanga amategeko! Ivyo birerekana ko atandukanye cane n’Abaroma, kuko bobo bafata nabi abashumba.​—Matayo 8:9.

Iyo ntwazangabo irazi neza ko Abayuda birinda kwifatanya n’abatari Abayuda. (Ivyakozwe 10:28) Birashoboka ko ari co gituma isaba abo bagenzi kubwira Yezu bati: “Rivuge, umusavyi wanje akire.”​—Luka 7:7.

Yezu yumvise ayo majambo aratangara maze akavuga ati: “Ndabibabwiye: Mbere no muri Isirayeli sinahasanze ukwizera kwinshi gutyo.” (Luka 7:9) Bagarutse i muhira kwa ya ntwazangabo, ba bagenzi biwe basanga wa mushumba yakize.

Ahejeje gukiza nya mushumba, Yezu aca aboneraho akaryo ko kwemeza yuko abatari Abayuda bafise ukwizera bazokwironkera imigisha. Avuga ko “benshi bo mu mihingo yo mu buseruko no mu burengero bazoza bakicarana na Aburahamu na Izahaki na Yakobo ku meza mu bwami bwo mw’ijuru.” Bite hoho ku Bayuda batagira ukwizera? Yezu avuga ati: “Bazotererwa mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo.”​—Matayo 8:11, 12.

Ku bw’ivyo, Abayuda batemera akaryo bahawe ko kuba aba mbere mu bazofadikanya na Kristu kuganza mu Bwami, bazotaha zirayoye. Mugabo abatari Abayuda bazohabwa ikaze bicarane na we “mu bwami bwo mw’ijuru.”