Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 42

Yezu akarira Abafarizayo

Yezu akarira Abafarizayo

MATAYO 12:33-50 MARIKO 3:31-35 LUKA 8:19-21

  • YEZU AVUGA IBIJANYE N’“IKIMENYETSO CA YONA”

  • ARIYUMVAMWO ABIGISHWA KURUTA UMURYANGO

Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo barahakwa kurogota ku mpwemu nyeranda kubera banka kwemera ko Yezu yirukana amadayimoni biciye ku bubasha bw’Imana. None bari ku ruhande rwa nde? Ku ruhande rw’Imana canke ku rwa Shetani? Yezu avuga ati: “Nimutume igiti kiba ciza, n’ivyamwa vyaco mubigire vyiza, canke na ho mutume igiti kiba icaboze, n’ivyamwa vyaco ivyaboze; kuko igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco.”​—Matayo 12:33.

Ni akamaramaza kwagiriza Yezu ngo yirukanye amadayimoni kubera akorera Shetani. Nk’uko Yezu yabitomoye muri ya Nsiguro yatanze ari ku musozi, icamwa ciza ntigishobora kuva ku giti kiboze. None icamwa Abafarizayo bama, ni ukuvuga ibirego bitagira mvura bagiriza Yezu, cerekana iki? Cerekana ko baboze. Yezu ababwira ati: “Mwa ruvyaro rw’imamba mwe, mushobora gute kuvuga ibintu vyiza kandi muri babi? Kuko ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga.”​—Matayo 7:16, 17; 12:34.

Ego cane, ivyo tuvuga birahishura ukuntu umutima wacu umeze kandi ni vyo vyisungwa mu kuducira urubanza. Ku bw’ivyo, Yezu avuga ati: “Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa ku Musi w’Urubanza; kuko amajambo yawe ari yo azotuma witwa umugororotsi, kandi amajambo yawe ni yo azogutsindisha.”​—Matayo 12:36, 37.

Naho Yezu akora ivyo bitangaro vyose, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo ntibashirwa. Babwira Yezu bati: “Mwigisha, dushaka kubona ikimenyetso kivuye kuri wewe.” Naho boba bataramubona akora ibitangaro, hariho ikimenyamenya ntaharirizwa c’ivyo akora. Ni co gituma Yezu abwira izo ndongozi z’Abayuda ati: “Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa atari ikimenyetso ca Yona umuhanuzi.”​—Matayo 12:38, 39.

Yezu arabatomorera ico ashatse kuvuga, ati: “Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi runini, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.” Yona yaramizwe n’urufi runini ariko mu nyuma ruramudahwa, amera nk’uwuzuwe mu bapfuye. Yezu rero aramenyesheje ko azopfa hanyuma akazurwa ku musi ugira gatatu. Mu nyuma ivyo biraba, ariko indongozi z’Abayuda zirirengagiza ico “kimenyetso ca Yona,” zikanka kwigaya no guhindura ingendo. (Matayo 27:63-66; 28:12-15) “Abagabo b’i Ninewe” bobo barigaye aho Yona amariye kubaburira. Ni co gituma bazotsindisha iryo yaruka. Yezu avuga kandi ko n’umwamikazi w’i Sheba azobatsindisha biciye ku karorero kiwe. Yaripfuje kwumviriza ubwenge bwa Salomo yongera arabwikugura. Yezu aca ababwira ati: “Ng’aha hari ikiruta Salomo.”​—Matayo 12:40-42.

Yezu agereranya iryo yaruka n’umuntu yavuyemwo impwemu mbi. (Matayo 12:45) Kubera ko uwo muntu ataciye asubiza muri ico kibanza ibintu vyiza, ya mpwemu mbi iragaruka iri kumwe n’izindi ndwi ziyirusha ububi, maze zigacumbika muri we. Muri ubwo buryo nyene, ihanga rya Isirayeli ryarahumanuwe riragirwa rishasha cokimwe n’uwo muntu yavuyemwo impwemu mbi. Yamara iryo hanga ryarateye akagere abahanuzi b’Imana, gushika n’aho ryimonogoza mu kurwanya Yezu kandi bigaragara ko afise impwemu y’Imana. Ivyo birerekana ko iryo hanga ryononekaye gusumba uko ryari mu ntango.

Yezu akiriko aravuga, nyina wiwe na bene wabo barashika bagahagarara inyuma y’iryo sinzi. Abicaye iruhande yiwe bamubwira bati: “Nyoko wawe na bene wanyu bahagaze hanze bashaka kukubona.” Yezu aca yerekana ukuntu yiyumvamwo abigishwa biwe, bano bakaba bameze nka bene wabo, bashikiwe na nyina wiwe. Yerekana abigishwa biwe, akagira ati: “Mawe na bene wacu ni aba bumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.” (Luka 8:20, 21) Gutyo, arerekanye ko ubucuti afitaniye n’abigishwa biwe bukomeye mbere kuruta ubwo afitaniye n’abagize umuryango wiwe. Urazi ingene vyeza umutima kubona twikundanira n’abavukanyi bacu, na canecane igihe abandi badusiga iceyi bakongera bakavuga nabi ibikorwa vyiza dukora!