Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 43

Ibigereranyo vyerekeye Ubwami

Ibigereranyo vyerekeye Ubwami

MATAYO 13:1-53 MARIKO 4:1-34 LUKA 8:4-18

  • YEZU ATANGA IBIGERERANYO VYEREKEYE UBWAMI

Yezu ashobora kuba ari i Kaperinawumu igihe akarira Abafarizayo. Mu nyuma kuri uwo musi, arava ku nzu abamwo akaja ku Kiyaga c’i Galilaya kiri hafi yo ng’aho, ahantu amasinzi akoraniye. Yezu arurira ubwato akigira hirya mu kiyaga, maze agatangura kwigisha abantu ivyerekeye Ubwami bwo mw’ijuru. Mu kubigisha akoresha imigani, ari vyo bigereranyo. Abamwumviriza baramenyereye vyinshi mu bintu Yezu avuga, ari co gituma biborohera gutahura imice itandukanye iranga Ubwami.

Ubwa mbere, Yezu avuga ibijanye n’umubivyi abiba imbuto. Zimwe zigwa iruhande y’inzira maze zikaribwa n’inyoni. Izindi zigwa ahantu h’urubuyebuye aho zitaronka ivu rikwiye. Imizi yazo ntishobora gushika kure. Ivyo bituma zibaburwa n’uruzuba maze zikuma. Izindi na zo zigwa mu mahwa, hama zigize ngo zirakura nya mahwa agaca azinyoha. Hariho rero n’izigwa mw’ivu ryiza. Izo mbuto zirama, “uru rukama incuro ijana, rurya mirongo itandatu, urundi mirongo itatu.”​—Matayo 13:8.

Mu kindi kigereranyo, Yezu asanisha Ubwami n’igihe umuntu abiba imbuto. Muri ico kigereranyo, imbuto ntizireka gukura igihe uwo mugabo asinziriye canke igihe ari maso. Ivyo biba “mu buryo atazi.” (Mariko 4:27) Zirakura ata kigoro agize hanyuma zikama, maze nya mugabo akimbura.

Yezu aratanga ikigereranyo kigira gatatu kijanye n’ukubiba. Hari umugabo abiba ingano, mugabo ‘igihe abantu basinziriye’ umwansi akaza akabibamwo icatsi kibi. Abashumba biwe baramubaza ko borandura ico catsi. Abishura ati: “Oya; ntimuhave musanga igihe mwegeranya ico catsi kibi mukiranduranye n’ingano. Reka vyompi bikurane kugeza mw’iyimbura; maze mu gihe c’iyimbura nzobwira abashwabuzi nti: Banza mwegeranye icatsi kibi, mugitekere mu mikama mugiturire, muheze mugende mwegeranirize ingano mu kigega canje.”​—Matayo 13:24-30.

Benshi mu bumviriza Yezu barazi ibijanye n’uburimyi. Aravuga n’ikindi kintu bamenyereye, kikaba ari agatete ka sinapi. Karakura kagacika igiti kinini ku buryo inyoni ziza zikibera mu mashami yaco. Ku bijanye n’ako gatete, avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’agatete ka sinapi, ako umuntu yatoye akagatera mw’itongo ryiwe.” (Matayo 13:31) Ariko rero, Yezu ntariko yigisha ibijanye n’ibiterwa. Ariko atanga akarorero kerekana ikura ritangaje, ukuntu akantu gatoyi gashobora gukura kakavamwo ikintu amahero.

Yezu arongera akikora ku kintu benshi mu bamwumviriza bamenyereye. Agereranya Ubwami bwo mw’ijuru n’“umwambiro umugore yafashe akawunyegeza mu ngero zitatu nininini z’ifu.” (Matayo 13:33) Naho uwo mwambiro utaboneka, uranyengetera muri ico gikandu cose ugatuma kivyimba. Utuma haba amahinduka akomeye adashoka yibonekeza.

Ahejeje gutanga ivyo bigereranyo, Yezu ararungika ayo masinzi hama agasubira ku nzu acumbitsemwo. Bidatevye, abigishwa biwe baraza aho ari kugira abasigurire ivyo bigereranyo.

BUNGUKIRA KU BIGERERANYO VYA YEZU

Abigishwa ba Yezu bari bamaze kumwumva akoresha ibigereranyo, ariko ntiyari bwatange ibigereranyo vyinshi ukuraho. Bamubaza rero bati: “Kubera iki ubabwirira mu bigereranyo?”​—Matayo 13:10.

Impamvu ya mbere ni ukugira ashitse ivyo Bibiliya yari yaravuze. Injili ya Matayo igira ati: “Nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo; kugira haranguke ivyavuzwe biciye ku muhanuzi yavuze ati: ‘Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu bigereranyo, namamaze ibintu vyanyegejwe uhereye kw’ishingwa ry’isi.’”​—Matayo 13:34, 35; Zaburi 78:2.

Ariko hari n’iyindi mvo ituma Yezu akoresha ibigereranyo. Birahishura ikiri ku mutima w’abamwumviriza. Benshi muri bo babona ko Yezu ari umutezi w’inkuru w’umuhanga n’umuntu akora ibitangaro. Ntibabona ko ari Umukama bakwiye kwubaha bakongera bagakurikira ata bwikunzi. (Luka 6:46, 47) Ntibashaka ko ubutumwa bwa Yezu buhindura ukuntu babona ibintu canke ingendo yabo.

Mu kwishura abigishwa biwe, Yezu avuga ati: “Ndababwirira mu bigereranyo, kubera ko kuraba baraba bakarabira ubusa, no kwumva bumva bakumvira ubusa, kandi ntibanategera insobanuro; kandi ubuhanuzi bwa Yesaya buriko burabarangukirako, ubuvuga buti: ‘. . . Kuko umutima w’aba bantu udadaraye.’”​—Matayo 13:13-15; Yesaya 6:9, 10.

Ariko abumviriza Yezu bose si uko bameze. Asigura ati: “Amaso yanyu arahiriwe kubera abona, n’amatwi yanyu kubera yumva. Kuko ndababwije ukuri: Abahanuzi benshi n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko muritegereza ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva ntibavyumva.”​—Matayo 13:16, 17.

Ego cane, izo ntumwa 12 n’abandi bigishwa b’intahemuka barakira neza ivyo avuga. Ni co gituma agira ati: “Mwebwe mwarahawe gutegera amabanga meranda y’ubwami bwo mw’ijuru, mugabo bobo ntibabihawe.” (Matayo 13:11) Kubera ko abigishwa biwe bipfuza vy’ukuri gutahura, Yezu arabasigurira ca kigereranyo c’umubivyi.

Avuga ati: “Imbuto ni ijambo ry’Imana.” (Luka 8:11) Ivu na ryo ni umutima. Ivyo birabafasha gutahura ico kigereranyo.

Ku vyerekeye imbuto zaguye iruhande y’inzira, asigura ati: “Shetani a[ra]za, agakura ijambo mu mitima yabo kugira ngo ntibemere ngo bakizwe.” (Luka 8:12) Ku vyerekeye izaguye ahantu h’urubuyebuye, Yezu avuga ko ari abantu bakira ijambo ry’Imana banezerewe mugabo iryo jambo ntirishinge imizi mu mitima yabo. Igihe havyutse “amakuba canke uruhamo kubera iryo jambo,” baca batsitara. Ego cane, “igihe c’ukugeragezwa” gishitse, kumbure barwanijwe n’umuryango canke abandi, baca bagwa.​—Matayo 13:21; Luka 8:13.

Tuvuge iki ku mbuto zigwa mu mahwa? Yezu abwira abigishwa biwe ko izo zigereranya abantu bumvise ijambo ry’Imana. Ariko rero, baca batwarwa n’“amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi.” (Matayo 13:22) Naho bafise iryo jambo mu mutima, riranyohwa ntihagire ico ryama.

Ivu rya nyuma Yezu avuga ni ivu ryiza. Iryo rigereranya abantu bumva ijambo ry’Imana bakaryakira mu mitima yabo, bakaritahura vy’ukuri. None bivamwo iki? ‘Barama ivyamwa.’ Bivanye n’uko ivyabo vyifashe nk’imyaka canke amagara yabo, bose ntibashobora gukora ibingana; umwe yama incuro 100, uwundi 60, uwundi na we 30. Emwe, abahezagirwa mu murimo w’Imana ni “bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye.”​—Luka 8:15.

Ayo majambo ategerezwa kuba akora ku mutima cane abigishwa bagumye bakurikira Yezu barondera ko abasigurira inyigisho ziwe. Ubu baratahura neza ivyo bigereranyo. Yezu ashaka ko babitahura kugira na bo nyene bashobore kubwira ukuri abandi. Abaza ati: “Mbega itara rizanwa ngo rishirwe munsi y’igisimbo co gupimisha canke munsi y’igitanda? None ntirizanwa ngo rishirwe ku gitereko caryo?” Yezu aca abahanura ati: “Uwo wese ari n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize.”​—Mariko 4:21-23.

BARONKA IZINDI NYIGISHO

Yezu amaze gusigurira abigishwa ca kigereranyo c’umubivyi, baripfuza kumenya n’ibindi. Bamusaba bati: “Dusigurire ca kigereranyo c’icatsi kibi mw’itongo.”​—Matayo 13:36.

Mu gusaba ico kintu, abo bigishwa barerekana ko batandukanye cane n’isinzi riri ku nkengera y’ikiyaga. Biboneka ko abo bantu bumva ariko bakaba batipfuza gutahura insobanuro y’ivyo bigereranyo. Bagarukira gusa ku vyiyumviro nyamukuru biri muri ivyo bigereranyo. Yezu arerekana itandukaniro riri hagati y’abo bantu bari ku nkengera y’ikiyaga n’abigishwa biwe bamwegereye kugira abahe izindi nyigisho.

Agira ati: “Mwitwararike ivyo muriko murumva. Ingero mugeresha, ni yo namwe bazobagererako, egome, muzokwongerwa n’ibindi.” (Mariko 4:24) Abigishwa barumviriza bitonze ivyo ababwira. Kubera ko badafata minenerwe ivyo Yezu ababwira, bararonka izindi nyigisho bakarushiriza gutahura. Yezu rero arabasigurira ca kigereranyo c’ingano n’icatsi kibi nk’uko babimusavye.

Avuga ati: “Umubivyi w’imbuto nziza ni Umwana w’umuntu; itongo ni isi; nayo imbuto nziza, ni abana b’ubwami; mugabo icatsi kibi ni abana ba wa mubisha, umwansi yakibivye na we ni Shetani. Iyimbura ni insozero y’ivy’isi, abashwabuzi na bo ni abamarayika.”​—Matayo 13:37-39.

Yezu amaze gusigura kimwekimwe cose mu bigize ico kigereranyo, aca avuga ingene bizogenda. Avuga ko ku nsozero y’ivy’isi, abashwabuzi ari bo bamarayika bazotandukanya abiyita abakirisu bameze nk’icatsi kibi n’“abana b’ubwami” b’ukuri. “Abagororotsi” bazokwegeranywa maze amaherezo bakayangane “mu bwami bwa Se.” Tuvuge iki ku “bana ba wa mubisha”? Bazotikizwa, ikaba ari yo mvo ituma ‘barira bakongera bagahekenya amenyo.’​—Matayo 13:41-43.

Yezu aca aha abigishwa biwe ibindi bigereranyo bitatu. Ubwa mbere avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’itunga ryanyegejwe mw’itongo, iryo umuntu yubutseko akarinyegeza; maze kubera akanyamuneza agize, aragenda agurisha ivyo afise vyose hanyuma agura iryo tongo.”​—Matayo 13:44.

Arabandanya ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umudandaza w’ingenzi arondera imaragarita nziza. Aronse imaragarita imwe y’agaciro kanini, aragenda, aca agurisha ibintu vyose yari afise, arayigura.”​—Matayo 13:45, 46.

Muri ivyo bigereranyo bibiri, Yezu arashimika ku muntu yemera guheba ikintu kanaka kugira aronke ikintu c’agaciro vy’ukuri. Uwo mudandaza aca agurisha “ibintu vyose yari afise” kugira yironse iyo maragarita y’agaciro kanini. Abigishwa barashobora gutahura ako karorero kerekeye imaragarita y’agaciro kanini. Wa mugabo yabona itunga rinyegejwe mw’itongo na we nyene aca “agurisha ibintu vyose” kugira agure iryo tongo. Muri ubwo burorero bwose, hariho ikintu c’agaciro umuntu ashobora kwironsa kandi akazigama. Ivyo vyogereranywa n’utwigoro umuntu agira kugira yiyegereze Imana. (Matayo 5:3) Bamwe mu bariko barumviriza Yezu baramaze kwerekana ko biteguriye kugira utwigoro dukomeye ngo biyegereze Imana bongere babe abayoboke biwe b’ukuri.​—Matayo 4:19, 20; 19:27.

Mu gusozera, Yezu avuga ko Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’urusenga rufata ifi z’ubwoko bwose. (Matayo 13:47) Igihe ifi ziriko ziratandukanywa, nziza zirabikwa mu bikono, mbi na zo zigatabwa. Yezu avuga ko ari ko bizogenda ku nsozero y’ivy’isi. Abamarayika bazotandukanya ababisha n’abagororotsi.

Yezu ubwiwe yariko araroba mu buryo bw’ikigereranyo igihe yatumira abigishwa ba mbere ngo babe “abarovyi b’abantu.” (Mariko 1:17) Ariko rero, avuga ko ico kigereranyo cerekeye urusenga kizoranguka muri kazoza, ku “nsozero y’ivy’isi.” (Matayo 13:49) Ku bw’ivyo, intumwa n’abandi bigishwa bariko barumviriza Yezu baratahura ko hari ibintu bishimishije cane bizoba muri kazoza.

Abumvise ivyo bigereranyo Yezu atanga ari mu bwato bararonka n’izindi nyigisho. Yezu arerekana ko yiteguriye ‘gusigurira abigishwa biwe ibintu vyose mu mwiherero.’ (Mariko 4:34) “Ame[ze] nk’umuntu, nyen’urugo, asohora mu bubiko bw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ibishaje.” (Matayo 13:52) Mu gutanga ivyo bigereranyo, Yezu ntariko ariyerekana ko ari umwigisha adasanzwe. Ahubwo ariko abwira abigishwa biwe ukuri kumeze nk’itunga ry’agaciro ntangere. Mu vy’ukuri, ni “umwigisha w’abantu” w’umuhanga.